Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wotoza indero abana bawe

Ingene wotoza indero abana bawe

“Naguma numviriza imodoka yose irenganye, umutima uri mu kirere. Ryari irya gatatu Jordan atubahiriza amasaha yo gutaha. Naguma nibaza nti: ‘Ari hehe ga yemwe? Ubwo ntiyahuye n’ingorane? Ubwo yoba yiyumvira hoho ko twataye umutwe?’ Yashitse ndi mu guheba ngo nturike.”GEORGE.

“Agakobwa kanje nagiye numva gakoma induru, bica bituma ngira ubwoba bwinshi. Mpindukiye, nagiye mbona kikoreye amaboko kariko kararira. Gasaza kiwe k’imyaka ine kari gahejeje kumukubita.”NICOLE.

“Agakobwa kacu Natalie k’imyaka itandatu karahakanye ata n’udusoni ku maso, gati: ‘Jewe nta mpeta nivye. Ni iyo nitoreye!’ Ukuntu kagumye gahakana vyaratubabaje cane kugeza aho turira. Twari tuzi neza ko kariko karabesha.”STEPHEN.

NIMBA uri umuvyeyi, vyoba vyarashitse ukiyumva nk’abo bavyeyi? Bishitse ugahura n’ibintu nk’ivyo, woba wibaza ingene wotoza indero umwana wawe canke mbere ukibaza nimba ukwiye kubigira? Vyoba ari bibi gutoza indero abana bawe?

INDERO NI IKI?

Muri Bibiliya, ijambo “indero” si icitiranwa gusa c’uguhana. Indero ijana ahanini n’ukwigisha, ukumenyereza n’ugukosora. Nta na rimwe isobanura ugufata umuntu nabi canke bunyamaswa.Imigani 4:1, 2.

Indero ya kivyeyi irashobora kugereranywa no kwitwararika umurima. Umurimyi arategura isi, akavomera igiterwa kandi akagifumbira, akongera akagikingira indwara n’ivyatsi bibi. Uko igiterwa gikura, umurimyi yoshobora gukenera kugituturira kugira agifashe gukura gitumbereye neza. Uwo murimyi aratahura ko gukoresha ubuhinga butandukanye avyitondeye ari vyo bifasha kugira aronke igiterwa kimeze neza. Muri ubwo buryo nyene, abavyeyi baritwararika abana babo mu buryo butandukanye. Ariko birashika bagakenera gutanga indero, na yo ikaba yoshobora kubogora impengamiro mbi hakiri kare, igafasha abana babo gukura batumbereye neza, kurya kw’igiterwa gituturiwe. Ariko rero, igiterwa kibwirizwa gututurirwa mu bwitonzi, ahandiho cokwononekara ubutakivayo. Indero ya kivyeyi na yo nyene ikeneye gutanganwa ubwitonzi n’urukundo.

Imana Yehova ivugwa muri Bibiliya iraha abavyeyi akarorero keza muri ivyo. Indero iha abasavyi bayo bagamburuka bo kw’isi ni ngirakamaro kandi ni nziza cane ku buryo bagera aho ‘bakunda indero.’ (Imigani 12:1) ‘Barafata indero bakagumya, ntibarekure.’ (Imigani 4:13) Uzoshobora gufasha abana bawe kwemera indero niwakurikiza witonze ibintu bitatu nyamukuru biranga indero Imana itanga: (1) itanganwa urukundo, (2) itangwa ku rugero rubereye kandi (3) ntihindagurika.

 INDERO ITANGANWA URUKUNDO

Urukundo ni rwo shingiro ry’indero Imana itanga kandi ni rwo rutuma iyitanga. Bibiliya ivuga iti: “Uwo Yehova akunda a[ra]mukangira, nk’uko se akangira umwana amuhimbara.” (Imigani 3:12) Vyongeye, Yehova ni Imana “y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura.” (Kuvayo 34:6) Ku bw’ivyo, Yehova nta we yigera afata nabi canke bunyamaswa. Eka kandi ntakoresha amajambo akaze canke y’agahemo ababaza, canke ngo yame atora amahinyu, ivyo vyose bikaba bimeze nk’“ugusogota kw’inkota.”Imigani 12:18.

NUMUTEGE YOMPI

Ego ni ko, ntibishoboka ko abavyeyi bigana ijana kw’ijana akarorero katagira agahaze Imana itanga mu bijanye no kwigumya. Bizoshika wumve utagishoboye kwihangana, ariko mu bihe nyene aho usanga bitoroshe, urama wibuka ko igihano gitanganywe ishavu akenshi gicinyiza, kirenza urugero kandi ko ata co gifasha. Vyongeye, guhana umwana ubitumwe n’ishavu canke ukuvunika umutima ntikuba ari ukumutoza indero na gato. Kuba gusa ari ukubura ukwigumya.

Ku rundi ruhande, utoje indero umwana ubitumwe n’urukundo kandi uri n’ukwigumya, birashobora kuvamwo ivyiza vyinshi. Rimbura ukuntu babiri muri ba bavyeyi twavuga mu ntangamarara ari bo George na Nicole, bavyifashemwo.

NIMUSENGE

George avuga ati: “Igihe Jordan yateba agashika, twe n’umukenyezi wanje ryaraniga! Ariko twaragerageje kwigumya turumviriza ivyo adusigurira. Kubera ko bwari bwije, twafashe ingingo yo kuyaga ivy’ico kibazo mu gitondo. Twarasengeye hamwe duca tuja kuryama. Bukeye, twari dushoboye kuyaga ivy’iyo ngorane duturuye no gukora umuhungu wacu ku mutima. Yaremeye n’umutima ukunze ingingo twamufatiye yongera aremera ko yari yigenjeje nabi. Turashima kubona twaratahuye yuko guca wihutira kugira ico ukoze ugishavuye ata co bivamwo. Tubanje gutega amatwi, kenshi wasanga ibintu bica bigenda neza cane.”

NIMUYAGE

Nicole avuga ati: “Narahatswe gusara mbonye ukuntu agahungu kanje kari kababaje mushiki wako ata mvo. Aho kugira ico nkoze ubwo nyene, naciye ndakarungika mu cumba kubera nari nashavuye cane ku buryo ata ngingo ibereye nari gushobora gufata. Mu nyuma maze guturura, naramusiguriye neza yuko gusinda ari bibi, ndamwereka n’ukuntu yababaje mushikiwe. Vyaragenze neza kuko yaciye asaba imbabazi mushikiwe maze amugwa mu nda.”

 Ego cane, gutoza indero mu buryo bubereye vyama nantaryo biva ku rukundo, naho biba birimwo igihano.

INDERO ITANGWA KU RUGERO RUBEREYE

Indero Yehova atanga yama iri “ku rugero rubereye.” (Yeremiya 30:11; 46:28) Ararimbura uko ibintu vyose biba vyifashe, ushizemwo n’ibitaba vyibonekeza. None abavyeyi bomwigana gute? Umwe Stephen twavuga mu ntangamarara asigura ati: “Naho twababajwe cane n’ukuntu Natalie yaguma ahakana ivy’irya mpeta kandi ntidutahure igituma, twaragerageje kurimbura imyaka yiwe n’ubwenge afise uko bungana.”

Umugabo wa Nicole ari we Robert, na we nyene aragerageza kurimbura uko ibintu vyose biba vyifashe. Igihe cose abana bigenjeje nabi, aca yibaza ati: ‘Coba ari ikintu gishika gusa rimwerimwe canke ni akageso? Umwana yoba arushe canke atamerewe neza? Iyi nyifato yoba ari ikimenyetso c’iyindi ngorane?’

Abavyeyi batarenza urugero baratahura kandi ko abana atari abantu bakuze. Intumwa Paulo yariyemereye ico kintu igihe yandika ati: “Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya.” (1 Abakorinto 13:11) Robert avuga ati: “Ikintu kimwe kimfasha kubona ibintu mu buryo buri ku rugero no kudakara cane ni ukwibuka ivyo nakora nkiri agahungu gatoyi.”

Birahambaye ko utitega ibirenze urugero ariko kandi ukirinda gushigikira canke kwirengagiza inyifato mbi. Niwarimbura ivyo umwana wawe ashoboye, ivyo adashoboye be n’ibindi, bizotuma utanga indero iri ku rugero.

INDERO IDAHINDAGURIKA

Muri Malaki 3:6 havuga hati: “Ndi Yehova; [simpinduka].” Abasavyi b’Imana baremera badakeka ico kintu c’ukuri kandi barahumurizwa no kukimenya. Abana na bo nyene barakeneye indero idahindagurika kugira ntibazazanirwe. Nimba ivyo wisunga mu kubatoza indero bihinduka bivanye n’ukuntu umerewe, umwana wawe yoshobora kubura ico afata n’ico areka kandi agacika intege.

Niwibuke ko Yezu yavuze ati: “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.” Ayo majambo arakora no mu bijanye no kurera abana. (Matayo 5:37) Nuzirikane witonze imbere yo kubwira umwana ibihano uzomuha kandi uzi neza ko utazobishira mu ngiro. Ubwiye umwana ko azohabwa igihano kanaka aramutse yigenjeje nabi, niwitwararike kubishitsa.

Igihe abavyeyi bahana neza amakuru birafasha cane kugira batange indero idahindagurika. Robert asigura ati: “Igihe bishitse nkemerera abana bacu ikintu umukenyezi wanje yari yabankiye, menye ko yari yabankiye nca nisubirako kugira nshigikire umukenyezi wanje.” Bishitse abavyeyi ntibumvikane ku kuntu botunganya ikibazo kanaka, ni vyiza ko babiganira biherereye bakagira ingingo bapfunditse.

INDERO IRAHAMBAYE

Niwigana Yehova mu gutanga indero iranga urukundo, iri ku rugero kandi idahindagurika, urashobora kwizigira ko abana bawe bazokwungukira ku twigoro ugira. Indero utangana urukundo yoshobora gufasha abana bawe kuzoba abantu bakuze, bitwararika ibintu kandi babona ibintu mu buryo buri ku rugero. Na Bibiliya irabivuga iti: “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”Imigani 22:6.