Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBWAMI BW’IMANA—NI IGIKI BUZOGUKORERA?

Kubera iki wokwitwararika Ubwami bw’Imana?

Kubera iki wokwitwararika Ubwami bw’Imana?

Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bahanga amaso Ubwami bw’Imana. Barigana Yezu, uwigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”Matayo 6:10, Bibiliya Yera.

Igitangaje ni uko abantu benshi banyotewe cane Ubwami bw’Imana, ariko amadini menshi ugasanga yitwararika buhoro ibijanye n’ubwo Bwami. Ku bijanye n’ivyo, umuhinga mu vya kahise yitwa H. G. Wells yaravuze ko bitangaje kubona ukuntu Yezu “yaha agaciro cane inyigisho yatanga yerekeye ico yise Ubwami bw’ijuru” ariko “amadini menshi ya gikirisu akaba adaha agaciro iyo nyigisho . . . mu vyo yigisha.”

Ivyabona vya Yehova bobo baratandukanye n’ayandi madini kuko bashimika cane ku Bwami bw’Imana. Raba nk’akarorero ibijanye n’iki kinyamakuru cacu nyamukuru uriko urasoma, igisohoka mu ndimi 220. Hacapurwa amakopi hafi imiliyoni 46 yaco, kikaba ari co kinyamakuru gikwiragizwa cane kw’isi. None ni ubutumwa nyamukuru ubuhe buri muri iki kinyamakuru? Raba ingene umutwe waco wose uvuga: Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova.  *

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bihatira cane gutangaza Ubwami bw’Imana? Kimwe coco ni uko bemera yuko Ubwami bw’Imana ari bwo butumwa nyamukuru buri mu gitabu gihambaye kuruta ibindi kw’isi, na co kikaba ari Bibiliya. Vyongeye, baremera badakeka yuko Ubwami bw’Imana ari bwo muti rudende w’ingorane zihanze abantu muri iki gihe.

Ivyabona vya Yehova barihatira kwigana akarorero ka Yezu mu kuremesha abantu kwitwararika ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Igihe Yezu yari kw’isi, Ubwami bw’Imana ni bwo yashira imbere mu buzima bwiwe no mu vyo yigisha. (Luka 4:43) Kubera iki Yezu yaha agaciro cane Ubwami bw’Imana? Kandi wokora iki kugira uze wungukire kuri ubwo Bwami? Tukuremesheje kuraba inyishu Bibiliya itanga mu biganiro bikurikira.

^ par. 5 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.