Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBWAMI BW’IMANA—NI IGIKI BUZOGUKORERA?

Ubwami bw’Imana—Igituma Yezu abuha agaciro

Ubwami bw’Imana—Igituma Yezu abuha agaciro

Igihe Yezu yari kw’isi, yarigishije ibintu bitari bike. Nk’akarorero, yarigishije abayoboke biwe ukuntu bosenga, ukuntu bohimbara Imana n’icotuma bahimbarwa vy’ukuri. (Matayo 6:5-13; Mariko 12:17; Luka 11:28) Ariko ikintu Yezu yakunda cane kuvuga kuruta ibindi vyose ni Ubwami bw’Imana.Luka 6:45.

Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ikintu Yezu yashira imbere mu buzima kwari “[ukw]amamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami.” (Luka 8:1) Yarihata akagenda ibilometero amajana mu gihugu cose ca Isirayeli kugira yigishe abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ivyo Yezu yaranguye vyaranditswe muri za Njili zine. Izo Njili ziravuga Ubwami incuro zirenga 100, kandi aho buvugwa henshi ni mu vyo Yezu yavuze. Yamara, ivyo Injili zigana ni bike cane umuntu abigereranije n’ivyo yavuze vyose ku bijanye n’Ubwami bw’Imana!Yohani 21:25.

Kubera iki Yezu yitwararika cane Ubwami bw’Imana igihe yari kw’isi? Ica mbere ni uko Yezu yari azi yuko Imana yamutoye ngo abe Umwami wabwo. (Yesaya 9:6; Luka 22:28-30) Ariko Yezu ntiyarondera kwironkera ububasha n’ubuninahazwa. (Matayo 11:29; Mariko 10:17, 18) Inyungu ziwe bwite si zo zatuma yitwararika cane ivy’Ubwami bw’Imana. Ikintu nyamukuru camye gituma yitwararika cane ivy’Ubwami bw’Imana * ni ico buzokorera abo akunda, ni ukuvuga Se wiwe wo mw’ijuru be n’abayoboke biwe b’intahemuka.

ICO UBWAMI BUZOKORA KU BIJANYE NA SE

Yezu ariyumvamwo cane Se wiwe wo mw’ijuru. (Imigani 8:30; Yohani 14:31) Arakunda cane kamere zihimbaye za Se, nk’urukundo, ikigongwe n’ubutungane. (Gusubira mu vyagezwe 32:4; Yesaya 49:15; 1 Yohani 4:8) Yezu ategerezwa rero kuba ababazwa cane no kwumva ibinyoma bikwiragizwa ku bijanye na Se. Nk’akarorero, abantu bavuka ngo Imana ntiyitaho imibabaro abantu barimwo kandi ngo ni yo ishaka ko dushikirwa n’imibabaro. Iyo ni imwe mu mvo zatuma Yezu yipfuza cane kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” kubera ko yatahura yuko ubwo Bwami buzotuma izina rya Se rikurwako iceyi. (Matayo 4:23; 6:9, 10) None Ubwami bw’Imana buzobikora gute?

Yehova azokoresha ubwo Bwami kugira ngo atume haba amahinduka akomeye kw’isi ku neza y’umuryango w’abantu. Imana “izohanagura amosozi yose” ku maso y’abantu b’intahemuka. Yehova azokuraho ibituma abantu bakorora ayo mosozi. “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuwe 21:3, 4) Biciye kuri ubwo Bwami, Imana izokuraho imibabaro yose ishikira abantu. *

 Ntibitangaje kubona Yezu yaripfuza cane kubwira abantu ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Yari azi yuko ubwo Bwami buzokwerekana ko Se wiwe vy’ukuri afise ububasha n’ikigongwe. (Yakobo 5:11) Yezu yari azi kandi yuko ubwo Bwami bwogiriye akamaro abantu akunda, ni ukuvuga abantu b’abagororotsi.

ICO UBWAMI BUZOKORERA ABANTU B’ABAGOROROTSI

Yezu yarabanye na Se mw’ijuru igihe kirekire imbere y’uko aza kw’isi. Se yaramukoresheje mu kurema ibintu vyose: uri amajuru ateye akoba yuzuye inyenyeri n’ibindi bisyo, uri isi yacu y’akaroruhore be n’ibikoko biyibako. (Abakolosayi 1:15, 16) Ariko mu vyo Yezu yaremye vyose, abantu ni bo yamye “akunda cane.”Imigani 8:31.

Ivyo Yezu yakoze kw’isi vyose yabikoze kubera urukundo yakunda abantu. Kuva mu ntango, yaratomoye yuko yaje kw’isi kugira “[a]menyeshe inkuru nziza” abari bayikeneye cane. (Luka 4:18) Ariko Yezu ntiyavuga gusa ivyo gufasha abantu. Akatari gake yarerekanye mu bikorwa urukundo yakunda abantu. Nk’akarorero, igihe Yezu yabona abantu isinzi bari baje kumwumviriza, “ba[ramuteye] ikigongwe, na we akiza abarwayi babo.” (Matayo 14:14) Igihe umugabo umwe arwaye indwara isesereza yabwira Yezu ko abishatse ashobora kumukiza, Yezu yumvise amukunze. Yarabwiye uwo mugabo abigiranye ikigongwe ati: “Ndabishaka. Humanuka,” maze aramukiza. (Luka 5:12, 13) Igihe Yezu yabona umugenzi wiwe Mariya ariko aririra musazawe Lazaro yari yapfuye, vyatumye “[a]niha mu mutima, abura amahoro,” “arakorora amosozi.” (Yohani 11:32-36) Yaciye akora ikintu c’agatangaza. Yarazuye Lazaro, hakaba hari haheze imisi ine apfuye!Yohani 11:38-44.

Naho Yezu yakoreye abantu ivyo vyiza, yaratahura yuko vyomaze igihe gito. Yari azi yuko impera n’imperuka abantu bose yakijije indwara bosubiye kurwara, abo yazuye na bo bagasubira gupfa. Ariko rero, yari azi kandi yuko Ubwami bw’Imana bwotumye izo ngorane zivaho ubutakigaruka. Ni co gituma Yezu yamamaza n’umwete “inkuru nziza y’ubwami,” aho gukora ibitangaro gusa. (Matayo 9:35) Ibitangaro yakoze vyari imponjo gusa y’ivyo Ubwami bw’Imana bugiye kuzokora kw’isi yose. Raba ivyo Bibiliya isezerana ku bijanye n’ico gihe.

  • Indwara ntizizoba zikiriho.

    “Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka. Ico gihe uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze.” Vyongeye, “nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”Yesaya 33:24; 35:5, 6.

  • Nta rupfu ruzoba rukiriho.

    “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”Zaburi 37:29.

    “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.”Yesaya 25:8.

  • Abapfuye bazozuka.

    “Abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe ba[zivemwo].”Yohani 5:28, 29.

    “Hagiye kubaho izuka.”Ivyakozwe 24:15.

  • Nta wuzobura aho aba canke ngo abure akazi.

    “Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. . . . Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”Yesaya 65:21, 22.

  • Nta ntambara izoba ikiriho.

    “Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.”Zaburi 46:9.

    “Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.”Yesaya 2:4.

  • Nta nzara izoba ikiriho.

    “Isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo; Imana, Imana yacu, izoduhezagira.”Zaburi 67:6.

    “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”Zaburi 72:16.

  • Nta bukene buzoba bukiriho.

    “Umworo [nta]zokwama yibagirwa.”Zaburi 9:18.

    “Azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza.”Zaburi 72:12, 13.

Uzirikanye iyo mihezagiro Ubwami bw’Imana buzozana, woba ubona igituma Yezu abuha agaciro cane? Igihe yari kw’isi, yari ashashaye cane kubwira abantu bose ibijanye n’ubwo Bwami, kuko yari azi yuko buzokuraho ingorane zose ziduhanze.

Iyo mihezagiro Bibiliya isezerana ko Ubwami bw’Imana buzozana, yoba igushimisha? Nimba igushimisha, wobigenza gute kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ubwo Bwami? Vyongeye, wokora iki kugira ngo uze wungukire ku mihezagiro ubwo Bwami buzozana? Ikiganiro ca nyuma c’uru rukurikirane kirishura ivyo bibazo.

^ par. 5 Igituma iki kiganiro cerekana ko Yezu n’ubu acitwararika ivy’Ubwami bw’Imana ni uko ari muzima mw’ijuru. Kuva asubiyeyo, Ubwami bw’Imana bwagumye ari co kintu yitwararika cane.Luka 24:51.

^ par. 8 Wipfuza kumenya igituma Imana yabaye irareka abantu bagashikirwa n’imibabaro, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.