IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | SHETANI YOBA ABAHO?
Twoba dukwiye gutinya Shetani?
Uwo mwuka ntugira ibara kandi ntumota. Biragoye cane kumenya ahantu uri. Woshobora kwica umuntu atabizi. Abarenga nk’ica kabiri c’abicwa n’ubumara kw’isi yose usanga bishwe n’uwo mwuka witwa monoxyde de carbone. Ariko rero, ntuhagarike umutima. Hariho uburyo bwogufasha kumenya ahari uwo mwuka ukawikingira. Abantu benshi barashira mu mazu utwuma tuvuza induru igihe twumvise uwo mwuka. Bumvise iyo nduru, baca bagira ico bakoze.
Cokimwe n’uwo mwuka, Shetani na we nyene ntaboneka, biragoye cane ko abantu bamumenya kandi arateye akaga rwose. Ariko Imana irashobora kudufasha. Nta mvo yotuma utinya Shetani uramutse urondeye kwungukira ku bintu bikurikira Imana idufashisha:
Ubushobozi bwo kwihitiramwo. Muri Yakobo 4:7 hatubwira hati: “Murwanye Shetani, na we azobahunga.” Naho Shetani afise ubushobozi, ntashobora kuguhata ngo ukore ivyo udashaka. Ihitamwo ni rwawe. Muri 1 Petero 5:9 hagira hati: “[Shetani] mumurwanye mukomeye mu kwizera.” Wibuke ko Yezu amaze kwiyamiriza incuro zitatu ibigeragezo vya Shetani yivuye inyuma, ari ho Shetani yamureka. (Matayo 4:11) Na wewe urashobora guhitamwo kumurwanya.
Kugiranira ubucuti n’Imana. Muri Yakobo 4:8 haturemesha hati: “Mwiyegereze Imana.” Yehova ubwiwe agusaba ngo ugiranire ubucuti na we. Wobishikako gute? Ico woherako ni ukwiga vyinshi ku vyerekeye Imana biciye kuri Bibiliya. (Yohani 17:3) Ivyo uzokwiga ku vyerekeye Yehova bizotuma umukunda maze urwo rukundo rukuvyurire umutima wo gukora ivyo agomba. (1 Yohani 5:3) None niwarushiriza kwiyegereza So wawe wo mw’ijuru, na we azoca akora iki? Muri Yakobo hishura yuko Imana “na yo izo[kwi]yegereza.”
Ugukingirwa n’Imana. Mu Migani 18:10 dusoma duti: “Izina rya Yehova ni umunara ukomeye. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa.” Ivyo ntibisigura yuko izina ry’Imana ry’uruharo ari nk’igiheko kidukingira. Ahubwo bisigura yuko abubaha cane izina ry’Imana bashobora gusaba ko Imana ibakingira umwanya uwo ari wo wose.
Akarorero twokurikiza. Mu Vyakozwe 19:19 haratubwira ikintu cotwigisha cerekeye abantu b’i Efeso bari baherutse kuba abakirisu, hati: “Abatari bake mu bahora bagira ivy’amageza bashira hamwe ibitabu vyabo, babituririra imbere ya bose. Baharurira hamwe ibiciro vyavyo basanga biciye ibiceri vy’ifeza ibihumbi mirongo itanu.” * Abo bakirisu baraturiye ibintu vyose vyari bifitaniye isano n’ubupfumu bataravye igiciro cavyo. Ako ni akarorero keza cane kuri twebwe. Iyi si yuzuyemwo ibintu vy’ubupfumu n’ivy’amashetani. Mbere n’ibintu vy’ubupfumu biboneka ko ata co bitwaye vyoshobora gutuma amashetani akugirako akosho. Birahambaye ko wamirira kure ibintu nk’ivyo naho vyosaba ko uheba ibingana iki.
Rogelio umwe avugwa mu kiganiro gitangura, yarinze ashikana imyaka 50 ataremera ko Shetani abaho. Ariko mu nyuma yarahinduye ivyiyumviro. Kubera iki? Avuga ati: “Nararonse Bibiliya ari bwo bwa mbere mu buzima bwanje. Ivyo nize mw’Ijambo ry’Imana vyaranjijuye ko Shetani abaho. Vyongeye, birankingira akosho kiwe.”
“Ivyo nize mw’Ijambo ry’Imana vyaranjijuye ko Shetani abaho. Vyongeye, birankingira akosho kiwe”
Woshima kubaho igihe Shetani azoba atakiriho? Birashoboka. Bibiliya yaravuze yuko Shetani, uwuzimiza abantu benshi, hazogera igihe “araririzwa muri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku.” (Ivyahishuwe 20:10) Birumvikana ko umuriro buriro n’amazuku ata co vyokora ku kiremwa kitaboneka. Ico kiyaga c’umuriro n’amazuku kigereranya rero ukurandurwa ubutakigaruka. Shetani azokurwaho ubutagisubira kubaho. Ese ingene abakunda Imana bazokwiberaho mu munezero!
Mu kurindira, nugume wiga ivyo ushoboye vyose ku vyerekeye Yehova be n’ivyo agomba. * Ese ukuntu bizoba bihimbaye kubaho ushobora kuvuga vy’ukuri uti: “Shetani ntabaho!”
^ par. 8 Nimba ivyo biceri vy’ifeza vyari amadenariyo y’amaroma, vyangana n’umushahara w’umusi umwe w’abakozi 50.000, akaba yari amahera menshi cane!
^ par. 11 Wipfuza kumenya n’ibindi ku co Bibiliya ivuga ku vyerekeye Shetani n’ivy’ubupfumu, raba ikigabane ca 10 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Urashobora gusaba ico gitabu Icabona ca Yehova.