IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INTWARO IZIRA IGITURIRE
Ubwami bw’Imana —Intwaro iterekwa igiturire
“Erega abategetsi ni abenegihugu nk’abandi kandi ikibano ni co gituma tumera uko tumeze.” Ivyo vyavuzwe n’umukuru w’ibiro vya Leta ya Nikaragwa bisuzuma ingene amahera akoreshwa, igihe yavuga igituma abona ko gutuza igiturire mu ntwaro ari ikintu kidashoboka.
Nimba ikibano c’abantu kirangwa no kurya igiturire, ntiwumva none ko intwaro ishizweho n’abantu itegerezwa kubamwo abarya igiturire? Asangwa ari ukwo, intwaro itarangwamwo igiturire itegerezwa kuva ahandi atari mu bantu. Bibiliya ivuga ko iyo ntwaro ari Ubwami bw’Imana. Iyo ntwaro ni yo Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba.
Ubwami bw’Imana ni intwaro iriho koko iganza iri mw’ijuru. Izosubirira intwaro z’abantu zose. (Zaburi 2:8, 9; Ivyahishuwe 16:14; 19:19-21) Kimwe mu bintu vyiza Ubwami bw’Imana buzozanira abantu ni ugukuraho igiturire mu ntwaro. Raba ibintu bitandatu biranga ubwo Bwami bizotuma igiturire kivaho mu ntwaro.
1. AHO UBUBASHA BUVA
INGORANE: Amahera igihugu gikoresha atangwa n’abanyagihugu, menshi akaba ava mu makori. Ayo mahera yinjira aratuma bamwebamwe mu bari mu nzego za Leta biyumvira kwiba. Abandi baremera ko abantu babaha igiturire kugira babagabanirize amakori canke ayandi mahera Leta isaba. Leta ica iduza amakori kugira igaruze amahera yahomvye, ivyo na vyo bigatuma igiturire kirushiriza kuba ndanse, bikama ari ukwo. Iyo ibintu vyifashe gutyo, abahagorerwa ni abantu banka ubusuma.
UMUTI: Ububasha Ubwami bw’Imana bukoresha buva ku Mana Mushoboravyose Yehova. * (Ivyahishuwe ) Kugira ngo bushobore kurangura imigambi yabwo, ntibukeneye gutoza amakori. Ubwami bw’Imana buzoronsa abatwarwa babwo bose ivyo bakeneye vyose, kubera ko Imana ifise “ububasha” bwinshi n’umutima wo gutanga ititangiriye itama. 11:15
2. UMUTWARE WABWO
INGORANE: Ku bijanye n’urugamba rwo gutuza igiturire, umwe Susan Rose-Ackerman twavuga mu kiganiro gitangura avuga ati: “Umwera uva i bukuru ugakwira hose.” Kuba Leta igerageza gukuraho igiturire mu gipolisi canke mu bakozi ba duwane ariko ikareka kikabandanya mu bategetsi bakomakomeye, bituma abanyagihugu batayizigira. Naho umutegetsi yoba ari intore gute, nta nyambo ibura agahonzi. Bibiliya ivuga yuko “ata muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza.”
Yezu yaranse kwakira igiturire gisumba ibindi vyose
MUTI: Yezu Kristu, uwo Imana yatoye ngo abe Umutware w’ubwo Bwami, aratandukanye n’abantu badatunganye. We ntashobora kwoshwa ngo akore ibibi. Yezu yaravyerekanye ca gihe yanka kwakira igiturire Shetani yagerageza kumuha gisumba ibindi vyose. Shetani we mutware w’isi, yabwiye Yezu ko aramutse amusenze yomuhaye “ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.” (Matayo 4:8-10; Yohani 14:30) Mbere n’igihe yasinzikarizwa ubuzima gushika apfuye, yari yiyemeje kuguma ari intahemuka ku buryo yanse kunywa umuvinyu uvanze n’ibindi bintu. Uwo muvinyu wari gutuma atimba ntiyumve ububabare, ariko wari gushobora gutuma ataba agikoresha neza ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira. (Matayo 27:34) Yezu yarerekanye yuko akwije ibisabwa vyo kuba Umwami w’ubwo Bwami, Imana ikaba yaramuzuye asubira mw’ijuru.
3. BWAMAHO
INGORANE: Ibihugu vyinshi biragira amatora. Ayo matora yitwa ko atuma abategetsi barya ruswa basubirirwa n’abandi. Ariko ikibabaje ni uko imyiyamamazo be n’amatora usanga birangwamwo ibiturire, mbere no mu bihugu vyitwa ko biteye imbere. Abatunzi barashobora kugira akosho ku bategetsi b’ubu n’abazoba abategetsi muri kazoza mu kubaha intererano mu gihe co kwiyamamaza no mu kubakorera ibindi bintu.
Umucamanza John Paul Stevens wo muri Sentare nkuru yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yanditse avuga yuko ako kosho gashobora gutuma “intwaro yononekara ikaba iyidashigikiwe n’amategeko kandi abanyagihugu ntibabe bakiyizigira.” Ntibitangaje na gato rero kubona abantu benshi kw’isi yose babona ko imigambwe ari yo yageseye mu bijanye n’igiturire kuruta izindi nzego zose.
UMUTI: Nta busuma bujanye n’amatora canke ukwiyamamaza bishobora kuba mu Bwami bw’Imana kubera ko ari intwaro idahindagurika kandi yamaho. (Daniyeli 7:13, 14) Kubera ko umutegetsi w’ubwo Bwami yatowe n’Imana, iyo ntwaro ntishirwaho n’abantu canke ngo bashobore kuyikuraho. Kuba iyo ntwaro izokwamaho, biradukura amazinda yuko ivyo izokora bizozanira abantu ivyiza biramba.
4. AMATEGEKO YABWO
INGORANE: Ushobora kuba wiyumvira ko gushinga amategeko mashasha bituma ibintu bimera neza. Ariko rero, abahinga bavuga yuko kugwiza amategeko kenshi bituma haboneka uturyo two kurya canke gutanga igiturire. Vyongeye, kugira ngo amategeko agenewe kugabanya igiturire ashirwe mu ngiro, akenshi bitwara uburyo bwinshi ariko ntihagire ikintu kinini bivamwo.
UMUTI: Amategeko y’Ubwami bw’Imana araruta kure n’iyo amategeko y’intwaro z’abantu. Nk’akarorero aho gutanga urutonde rw’amategeko menshi, Yezu yatanze gusa itegeko rikunze kwitwa Itegeko ry’agakura. Yavuze ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) N’ikiruta ivyo, amategeko y’Ubwami bw’Imana ntashimika gusa ku vyo umuntu akora, arashimika no ku mvo zituma abikora. Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:39) Birumvikana ko Imana ishobora kubona abakurikiza n’abadakurikiza ayo mategeko kubera ko ibona ibiri mu mutima.
5. BURAHINDURA IMITIMA Y’ABANTU
INGORANE: Imvo zituma igiturire kiba ndanse ni umwima n’ubwikunzi. Yaba abategetsi yaba abanyagihugu, bose baragaragaza umwina n’ubwikunzi. Ya mangazini yasenyuka i Séoul twavuga mu kiganiro co mu ntango, abayubatse barahaye igiturire abategetsi. Bari bazi ko kubaha igiturire vyotumye bakoresha amahera make kuruta ayo bokoresheje bubakishije ibikoresho bikwije ibisabwa, bagakurikiza n’amategeko agenga ubwubatsi.
Kugira ngo igiturire gituzwe, abantu bategerezwa kwigishwa ukuntu botsinda umwina n’ubwikunzi vyashinze imizi muri bo. Ariko rero, intwaro z’abantu nta cipfuzo be n’ububasha zifise vyo gutanga iyo nyigisho.
* Iyo nyigisho irabafasha “guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wa[bo].” (Abanyefeso 4:23) Barigishwa kwikuramwo umwina n’ubwikunzi, bakabaho babumbwa n’ivyo bafise bakitwararika n’abandi.
6. ABATWARWA BABWO
INGORANE: Naho ibintu vyoba bitunganijwe neza gute, abantu bakigishwa neza gukora ikibereye, ntihobura abantu bakunda igiturire no kugunga abandi. Abahinga berekana yuko ico ari co gituma intwaro z’abantu zidashobora gukuraho igiturire. Ico intwaro zishoboye gusa ni ukugabanya igiturire n’ingaruka zaco.
UMUTI: Amasezerano y’Ishirahamwe mpuzamakungu ajanye no kurwanya igiturire yerekana yuko kugira ngo igiturire kiveho, intwaro zikwiye kuremesha abantu kuba “intungane, kwirinda ubusuma no kwitaho ibanga bajejwe.” Naho uwo ari umugambi mwiza, Ubwami bw’Imana ntiburemesha gusa abantu kugira ivyo bintu, ahubwo riho ni vyo busaba abatwarwa babwo. Bibiliya ivuga yuko “abanyamunoho” be n“ababeshi” batazotorana Ubwami.
Abantu barashobora kwiga gukurikiza amategeko ya Yehova agenga inyifato runtu nk’uko abakirisu bo mu ntango babigize. Nk’akarorero, igihe umwigishwa yitwa Simoni yashaka guha amahera intumwa kugira agure impwemu nyeranda, baranse ayo mahera maze bamubwira bati: “Niwigaye ubwo bubi bwawe.” Simoni amaze kubona ko icipfuzo ciwe ari kibi, yaciye asaba intumwa ngo zimusengere ku Mana kugira atsinde ico cipfuzo kibi.
ICO WOKORA NGO UBE UMUTWARWA W’UBWO BWAMI
Urashobora kuba umutwarwa w’Ubwami bw’Imana naho woba uva mu gihugu ikihe. (Ivyakozwe 10:34, 35). Inyigisho ubwo Bwami buriko buratanga hirya no hino kw’isi izokwereka ukuntu ivyo wobishikako. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kukwereka ukuntu babigenza mu kwigisha abantu Bibiliya babasanze i muhira iwabo ku buntu. Iyo nyigisho imara umwanya mutoyi, naho yoba iminota cumi buri ndwi. Mu vyo izogufasha kumenya, harimwo ibijanye n’“inkuru nziza y’ubwami bw’Imana” n’ukuntu ubwo Bwami buzokuraho igiturire mu ntwaro. (Luka 4:43) Turagusavye urondere Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu canke uje ku muhora wacu jw.org.