Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Kubera iki wokwitaho Bibiliya?

Kubera iki wokwitaho Bibiliya?

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Bosiko ariko arayaga n’umugabo twise Eric.

BIBILIYA IRIMWO INKURU ZA KAHISE Z’UKURI

Eric: Jewe ivy’idini sindavyitaho cane. Rero nibaza ko ata vyinshi twoyaga.

Bosiko: Urakoze kubimbwira. Jewe nitwa Bosiko. Weho witwa nde?

Eric: Eric.

Bosiko: Ndahimbawe no kukumenya.

Eric: Nanje.

Bosiko: Ndakwibarize gato. Woba wakuriye mu muryango ukunda ivyo gusenga?

Eric: Egome. Ariko igihe nava muhira nkaja kuri kaminuza naciye mpagarika ivyo gusenga.

Bosiko: Ndagutahura. Wize ibiki muri kaminuza?

Eric: Nize ivyerekeye imibano na kahise. Namye nkunda ivya kahise k’abantu.

Bosiko: Kwiga ibijanye na kahise biraryoshe cane. Bibiliya na yo nyene iravuga ivya kahise. Woba warigeze gukoresha Bibiliya mu bushakashatsi bwawe?

Eric: Oya ni ukuri. Ndazi ko ari igitabu ciza ariko sinigeze niyumvira ko ari igitabu kivuga ivya kahise.

Bosiko: Ndabona ko uri umuntu yugurutse. Nimba ufise akanya gato nagira ndakwereke uturorero dukeyi tw’inkuru za kahise z’ukuri dusanga muri Bibiliya.

Eric: Sawa. Ariko nta Bibiliya mfise.

Bosiko: Ntaco. Reka dukoreshe rwanje. Inkuru ya mbere tuyisanga mu 1 Ngoma ikigabane ca 29 umurongo wa 26 n’uwa 27. Iyo mirongo ivuga iti: “Nayo Dawidi mwene Yese, aganza Isirayeli yose; imisi yaganje Isirayeli yabaye imyaka mirongo ine. I Heburoni yaganje imyaka indwi, i Yeruzalemu na ho aganza imyaka mirongo itatu n’itatu.”

Eric: None iyi nkuru yerekana gute ko inkuru zo muri Bibiliya ari iz’ukuri?

Bosiko: Mu bisanzwe, hari abantu bigeze kuvuga ko Umwami Dawidi atabayeho.

Eric: Eeee? Kubera iki bavuga ko atabayeho?

Bosiko: Nta bindi bimenyamenya vyinshi vyerekana ko Dawidi yabayeho kiretse ivyo dusanga muri Bibiliya. Ariko rero mu 1993, hari umugwi w’abacukuzi b’ivya kera wubuye ibuye rya kera cane ryanditseko amajambo avuga ngo: “Inzu ya Dawidi.”

Eric: Ni vyo?

Bosiko: Uwundi muntu avugwa muri Bibiliya abantu bigeze kuvuga ko atabayeho ni Ponsiyo Pilato, akaba yari buramatari yatwara mu gihe ca Yezu. We hamwe n’abandi bategetsi bo mu gihe ciwe, baravugwa ng’aha muri Luka ikigabane ca 3 umurongo wa 1.

Eric: Ndabona ko havuga yuko “igihe Ponsiyo Pilato yari buramatari wa Yudaya, Herodi na we . . . yari umutware w’intara ya Galilaya.”

Bosiko: Ni vyo. Abahinga mu vya Bibiliya barakekeranije imyaka n’iyindi ku bijanye n’uko Ponsiyo Pilato yoba yarabayeho. Ubu haraciye nk’imyaka 50 mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu hubuwe ibuye ryaharangatuweko izina Ponsiyo Pilato, ku buryo umuntu ashobora kurisoma neza.

Eric: Emwe, ivyo bintu umbariye sinari bwavyumve.

Bosiko: Ndaryohewe kuba ubimenye.

Eric: Ndakubwije ukuri, Bibiliya namye mbona ko ari igitabu canditswe neza cane, ariko sinigeze mbona ko idufitiye akamaro muri iki gihe cacu. Ishobora kuba irimwo inkuru z’ukuri zijanye na kahise ariko sinibaza ko iri n’akamaro.

BIBILIYA NI IGITABU CA KERA ARIKO GIHUJE N’IGIHE CACU

Bosiko: Abantu benshi biyumvira nkawe. Ariko jewe si ko ndabibona. Uti kuki? Ibintu nyamukuru usanga twebwe abantu dukenera ntibirahinduka kuva abantu batanguye kubaho. Nk’akarorero, twamye dukenera ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Abantu twamye dukenera kuyaga n’abandi no kugira umuryango uhimbawe. Noba mbeshe mvuze ko twese tubona ko ivyo bintu bihambaye?

Eric: Oya ntubeshe.

Bosiko: Bibiliya irashobora kudufasha cane muri iyo mice yose. Twovuga rero ko Bibiliya ari igitabu ca kera ariko gihuje n’igihe cacu.

Eric: Ushaka kuvuga iki?

Bosiko: Nshaka kuvuga yuko naho Bibiliya imaze ibinjana n’ibindi, irimwo impanuro zifise akamaro muri iki gihe cacu nk’uko vyari igihe yandikwa.

Naho Bibiliya imaze ibinjana n’ibindi, irimwo impanuro zifise akamaro muri iki gihe cacu nk’uko vyari igihe yandikwa

Eric: OK. None yodufasha mu biki?

Bosiko: Bibiliya irimwo impanuro zodufasha kubona amahera mu buryo bubereye canke kugira ubuzima bwo mu rugo burangwa agahimbare canke kumenya ingene twoshobora kubera abandi abagenzi beza. Twovuga ko Bibiliya ari igitabu kitwereka ingene twobaho turoraniwe. Nk’akarorero, kuba umunega mwiza no guhagarikira urugo muri iki gihe ni ikintu kitoroshe. Ni ko nawe ubibona?

Eric: Uvuze ukuri nk’ukurima. Jewe n’umukenyezi wanje tumaze nk’umwaka twubakanye ariko ntivyama bitworohera guhuza.

Bosiko: Ni ukuri ndagutahura. Ariko Bibiliya irimwo impanuro zoroshe zoshobora gufasha. Raba nk’akarorero mu Banyefeso ikigabane ca 5. Reka dusome umurongo wa 22, 23 be n’uwa 28. Ubona wosoma iyo mirongo?

Eric: Egome. Havuga hati: “Abagore bayobokere abagabo babo nk’uko bayobokera Umukama, kubera ko umugabo ari umutwe w’umugore wiwe nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero, akaba umukiza w’uyo mubiri.” Umurongo wa 28 na wo uvuga uti: “Ukwo ni ko abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda.”

Bosiko: Urakoze cane. Ubona ubuzima bwo mu rugo butoba bwiza hamwe umugabo n’umugore bompi bokwihatira gushira mu ngiro iyo mpanuro?

Eric: Ego ndavyibaza. Ariko vyoroshe kuvuga ntivyoroshe gukora.

Bosiko: Twese karacamwo bikatugora. Ni co gituma muri Bibiliya hariho umurongo uturemesha gukora ibitegereka. * Mu migenderanire iyo ari yo yose umuntu agiranira n’abandi, ategerezwa gukora ibitegereka akirinda kudadaza. Jewe n’umugore wanje twasanze Bibiliya ishobora kudufasha gukora ibitegereka.

Eric: Birumvikana.

Bosiko: Ivyabona vya Yehova barafise umuhora uriko amakuru meza yerekeye imiryango be n’ubuzima bwo mu rugo. Nimba ufise akanya ndashobora kukwereka akarorero k’ivyo dusanga kuri uwo muhora.

Eric: Ego. Ndafise akanya gatoyi.

Bosiko: Ni vyiza. Uwo muhora ni www.pr418.com. Ku ntango ni aha.

Eric: Aya mafoto ni meza.

Bosiko: Aya mafoto yerekana ukuntu twamamaza inkuru nziza kw’isi yose. Turashitse rero aho twarondera. Ni aha havuga ngo “Abubatse be n’abavyeyi.” Aha munsi hariho ibiganiro vyinshi bigufi bivuga ibintu bitandukanye bishobora gushika mu buzima. Hoba hari ico washimye?

Eric: Ego. “Gutunganya ingorane mu mubano.” Nibaza ko iki kiganiro comfasha!

Bosiko: Iki kiganiro kirerekana ibintu bine umuntu yokora kugira ngo atorere umuti ingorane. Raba nk’akarorero iyi ngingo. Eri ubona woshima kuyisoma?

Eric: Ego. Ivuga iti: “Nimba uguseruriranira akari ku mutima ari yo maraso aha ubuzima umubano w’abubatse, urukundo n’icubahiro rero ni vyo mutima be n’amahaha vy’ubucuti bwo mu mubano.” Mbona babisigura neza.

Bosiko: Urakoze gusoma. Urabona ko batanze umurongo wo muri Bibiliya. Uwufyonzeko uca wuguruka.

Eric: Ni vyo. Ndabona ari Abanyefeso 5:33. Havuga hati: “Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.”

Bosiko: Woba wabonye ko ico canditswe gishimika ku gutanga ico uwundi yiteze kuronka?

Eric: Ushatse kuvuga iki?

Bosiko: None si ivy’ukuri yuko umugabo yipfuza ko umugore wiwe amwubaha? Umugore na we, ntiyipfuza none ko umugabo amwereka ko amukunda vy’ukuri?

Eric: Uvuze ukuri.

Bosiko: Nka hamwe umugabo yoza arereka umugore wiwe ko amukunda, wumva none bitoca vyoroha ko umugore amwubaha?

Eric: Umengo vyokworoha.

Bosiko: Urabona rero ko uwo murongo umwe gusa wo muri Bibiliya, naho haheze imyaka nka 2.000 wanditswe, ushobora gufasha umugabo n’umugore baramutse bashize mu ngiro ivyo uvuga. Ivyo vyotuma urukundo n’icubahiro birangwa mu mubano wabo.

Eric: Emwe, sinari nzi ko Bibiliya irimwo ibintu nk’ibi.

Bosiko: Ni vyiza kuba ubitahuye, Eri. Noshima ko dusubira kubonana kugira ngo menye ico wiyumvira kuri aka gatwe kavuga ngo “Intambwe zine zo gutunganya ingorane” muri iki kiganiro nyene co kuri uyu muhora wacu. *

Eric: Nta ngorane. Turaza kukirabira hamwe n’umukenyezi wanje.

Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Ntuze witinye kubaza Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

^ par. 63 Wipfuza ayandi makuru, raba ikigabane ca 14 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.