Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Twoba tuzoteba tukaronka intwaro imwe iganza isi yose?
Iyumvire ukuntu abantu bohungukira mu gihe isi yose yoba iganzwa n’intwaro imwe! Muri iki gihe, abantu benshi bararembejwe n’ubukene mu gihe usanga abandi batunze cane. Ariko intwaro iganza isi yose itahura ivyo abanyagihugu bayo bakeneye, irashobora kwitwararika kuronsa abantu bose ivyo bakeneye. Woba wibaza ko abantu bazoshobora gushinga intwaro nk’iyo?—Soma Yeremiya 10:23.
Kuva kera na rindi, intwaro ntizashoboye kuronsa abanyagihugu bazo ivyo bakeneye, na canecane abakene. Intwaro zimwezimwe usanga zikandamiza. (Umusiguzi 4:1; 8:9) Ariko Imana Mushoboravyose yarasezeranye kuzana intwaro izosubirira izindi ntwaro zose. Umutegetsi w’iyo ntwaro azokwitwararika vy’ukuri abantu atwara.
Ni igiki Ubwami bw’Imana buzokora?
Yehova Imana yaratoye Umutegetsi w’isi abikwiye, na we akaba ari Yezu Umwana wayo. (Luka 1:31-33) Igihe Yezu yari kw’isi, yaritwararika gufasha abantu. Niyaganza isi, azotuma abantu bo mu mahanga yose bunga ubumwe yongere abakureko imibabaro yose.
Abantu bose boba bazokwemera ko Yezu ababera Umutegetsi? Oya. Ariko Yehova arihangana. (2 Petero 3:9) Ariko araha abantu akaryo ko kwemera ko Yezu ababera Umutegetsi. Vuba, Yezu agiye gukuraho abantu bose babi maze atume kw’isi yose haba amahoro n’umutekano.