Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBUHINGA BWOBA BWARASUBIRIYE BIBILIYA?

Ubuhinga burafise aho bugarukira

Ubuhinga burafise aho bugarukira

Mu myaka ya vuba, harasohotse ibitabu vyinshi birimwo ivyiyumviro vy’abitwa abahakanamana ba none. Ivyo bitabu vyarasomwe n’abantu benshi, bituma abantu babiharirako cane. Ku bijanye n’ivyo bitabu, umuhinga mu vy’udutsi nsozabwenge yitwa David Eagleman yanditse ati: “Bamwebamwe mu babisoma baca biyumvira ko abahinga bazi vyose.” Yongeyeko ati: “Ariko abahinga nyabo bama ari abantu biteguriye kwakira ivyiyumviro bishasha kandi abahinga bama bariko barubura ibintu bishasha bitari vyitezwe.”

Uko imyaka yagiye irarengana, abahinga bakomeye barubuye ibintu bitangaje mu bushakashatsi bagize barondera inyishu z’ibibazo bibaza ku bijanye n’ibiriho. Ariko hari abo vyashitse barihenda cane. Umwe muri bo ni umuhinga akomeye cane yitwa Isaac Newton. Yarerekanye ingene inguvu ibisyo vyo mu kirere bifise zo gukwegakwegana zituma imibumbe, inyenyeri n’ibigwibigwi vy’inyenyeri bidatana. Yaratanguje ubwoko bw’ibiharuro bikoreshwa mu gutunganya orodinateri, mu bijanye n’ingendo zo mu kirere no mu vyo gutohoza ibigize intimatima ya ka gahimba kitwa atome. Ariko rero, Newton yaranagize ubushakashatsi burimwo ibintazi n’amageza bwarondera gutuma ubutare bw’isasu n’ubundi butare bicika inzahabu.

Imyaka irenga 1.500 imbere ya Newton, umuhinga mu vy’imibumbe w’Umugiriki yitwa Ptolémée yarihweza amajuru akoresheje amaso gusa. Yaragenzura ikirere mw’ijoro araba imibumbe kandi yari umuhinga mu vyo gutunganya amakarata. Ariko yiyumvira ko ibiri mu kirere vyose bizunguruka isi. Umuhinga mu vy’imibumbe yitwa Carl Sagan yanditse ku bijanye na Ptolémée ati: “Kubona abantu baramaze imyaka 1.500 bemera iciyumviro ciwe c’uko ibiri mu kirere vyose bizunguruka isi, bitwibutsa ko naho umuntu yoba ari incabwenge gute ashobora kwihenda rwose.”

N’abahinga bo muri iki gihe birashika bakihenda. Boba bazokwigera batahura vyose ku bijanye n’ibiriho? Naho twemera iterambere ubuhinga bushitseko n’akamaro budufitiye, birahambaye ko twibuka ko bufise aho bugarukira. Umuhinga yitwa Paul Davies yavuze ati: “Ntituzopfa dushoboye gusigura ibijanye n’ibiriho vyose mu buryo bwumvikana, bukwiye kandi butagira akanenge.” Ayo majambo arashira ahabona uku kuri ntaharirizwa: Abantu ntibashobora gutahura vyose ku bijanye n’ibiriho. Igihe rero abantu bavuze ko abahinga bashobora gusigura ibiriho vyose, vyoba vyiza umuntu atihutiye kuvyemera.

Vy’ukuri, Bibiliya iraturonsa ivyo ubuhinga budashobora kuturonsa

Ku bijanye n’ibitangaza biri mu bidukikije, Bibiliya ivuga iti: “Raba! Utwo ni udusunwa tw’inzira [z’Imana], vyongeye, ese ingene ivyo twumva ku biyerekeye ari utwongoshwe gusa!” (Yobu 26:14) Haracariho ibintu vyinshi abantu badashobora kubona no gutahura. Haraheze imyaka hafi 2.000 intumwa Paulo yanditse ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!” (Abaroma 11:33) Vy’ukuri, ayo majambo aracari ay’ukuri!