Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Antikristu ni nde?

Antikristu ni nde?

Hari isinema iteye ubwoba iheruka gusohoka yitwa Antikristu.

Umugwi umwe w’abaririmvyi uzwi cane wise urukurikirane rumwe rw’indirimbo zawo ngo “Antikristu rurangiranwa” (Antichrist Superstar).

Umufilozofe wo mu kinjana ca 19 yitwa Friedrich Nietzsche yise Antikristu kimwe mu bitabu yanditse.

Abami ba kera barakunda kwita abansi babo ngo ni ba antikristu.

Martin Luther, Umudagi umwe yaharanira cane amahinduka muri Ekleziya, yise abapāpa b’i Roma ngo ni ba antikristu.

KUBONA iryo jambo “antikristu” ryarakoreshejwe ku bintu vyinshi, ushizemwo n’abami be n’amasinema, bituma umuntu aca yibaza ati: None antikristu ni nde? Iryo jambo ryoba rifitaniye isano n’iki gihe? Birumvikana ko aho twotangurira kurondera insobanuro y’iryo jambo antikristu ari muri Bibiliya, aho riboneka incuro zitanu.

ANTIKRISTU ASHIRWA AHABONA

Umwanditsi wa Bibiliya akoresha ijambo “antikristu” ni intumwa Yohani gusa. Yadondoye gute antikristu? Mw’ikete rya mbere yanditse, yavuze ati: “Bana batoyi, iyi ni yo saha ya nyuma, kandi, nk’uko mwumvise yuko antikristu ariko araza, n’ubu haramaze kubaho ba antikristu benshi; ico kikaba ari co tumenyerako yuko iyi ari yo saha ya nyuma. Bavuye muri twebwe, mugabo ntibari abo muri twebwe. . . . Ni nde ari umubeshi atari uwuhakana ko Yezu ari we Kristu? Uyo ni we antikristu, uwuhakana Data n’Umwana.”1 Yohani 2:18,19, 22.

Intumwa Yohani yatahura ko antikristu ari abo bose bakwiragiza ibinyoma n’ibigirankana ku vyerekeye Yezu Kristu n’inyigisho ziwe

Ayo majambo atwigisha iki? Yohani avuga ngo “ba antikristu benshi,” ivyo bikaba vyerekana ko antikristu atari umuntu umwe, ariko ko ari umugwi w’abantu. Abantu canke amashirahamwe bagize antikristu barakwiragiza ibinyoma, bagahakana ko Yezu ari Kristu canke Mesiya, bakagerageza kugoreka isano riri hagati y’Imana n’Umwana wayo Yezu Kristu. Abagize antikristu biyita Kristu canke abamuserukira, ariko kubera ko “bavuye muri twebwe,” barataye inyigisho z’ukuri zo muri Bibiliya. Vyongeye, uwo mugwi wari uhari igihe Yohani yandika iryo kete. Ico gihe yacise “isaha ya nyuma,” bikaba bishoboka ko hari mu mpera z’igihe c’intumwa.

Ni igiki kandi Yohani yanditse ku bijanye na antikristu? Ku vyerekeye abigisha b’ikinyoma, yagabishije ati: “Ijambo ry’irihumekano ryose ryemera icese Yezu Kristu yuko yaje mu mubiri rikomoka ku Mana, mugabo ijambo ry’irihumekano ryose ritemera icese Yezu ntirikomoka ku Mana. Ikigeretseko, iryo ni rya jambo ry’irihumekano rya antikristu mwumvise ko ryariko riraza, ubu rikaba rimaze gushika mw’isi.” (1 Yohani 4:2, 3) Mw’ikete ryiwe rigira kabiri na ho, yabisubiyemwo ati: “Abahendanyi benshi ba[ra]dutse mw’isi, abantu batemera icese Yezu Kristu ko yaje mu mubiri. Uwugira ivyo ni we muhendanyi na antikristu.” (2 Yohani 7) Biratomoye yuko Yohani yatahura ko antikristu ari abo bose bakwiragiza ibinyoma n’ibigirankana ku vyerekeye Yezu Kristu n’inyigisho ziwe.

“ABAHANUZI B’IKINYOMA” NA “WA MUNTU W’UBUGARARIJI”

Yezu yagabishije abayoboke biwe yuko abahanuzi b’ikinyoma boje “bambaye nk’intama ariko imbere muri bo ari amabingira y’amarara”

Imbere y’uko Yohani yandika ivyerekeye abo bigisha b’ikinyoma, Yezu Kristu yari yarahanuye abayoboke biwe ati: “Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma baza kuri mwebwe bambaye nk’intama mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara.” (Matayo 7:15) Intumwa Paulo na we nyene yagabishije abakirisu b’i Tesalonika ati: “Ntihagire uwubaryosharyosha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi [wa Yehova] utazoza bwa buhuni butabanje kuza na wa muntu w’ubugarariji agahishurwa, wa mwana wo kuranduka.”2 Abatesalonika 2:3.

Rero, mu kinjana ca mbere abahanuzi b’ikinyoma n’abahuni bari baratanguye gukora, bagerageza kuzimiza ishengero rya gikirisu. Abantu bose b’ico gihe bagira uruhara mu gukwiragiza ibinyoma ku vyerekeye Yezu Kristu n’inyigisho ziwe, Yohani yabise “antikristu.” Paulo na we yabise “wa mwana wo kuranduka,” ivyo bikaba vyerekana ingene Yehova ababona.

URABA MASO KU BIKORWA VYA ANTIKRISTU MURI IKI GIHE

Bite ho muri iki gihe? N’ubu, abantu n’amashirahamwe bagize antikristu bararwanya Kristu n’inyigisho ziwe. Barakwiragiza ibinyoma n’ibigirankana mu ntumbero yo gutuma abantu badatahura Data, ari we Yehova Imana, be n’Umwana wiwe Yezu Kristu. Turakwiye rero kwiyubara ku vyerekeye izo nyigisho z’ikinyoma. Reka twihweze uburorero bubiri.

Amadini aramaze ibinjana n’ibindi akwiragiza inyigisho y’Ubutatu, avuga yuko Data n’Umwana bagize Imana imwe. Antikristu rero aratuma abantu badatahura Yehova Imana na Yezu Kristu abo ari bo. Ivyo bituma abakunda Imana bibagora kwigana Yezu Kristu no kwiyegereza Imana nk’uko Bibiliya ibituremesha.1 Abakorinto 11:1; Yakobo 4:8.

Mu gusongera isibe, amadini aremesha abantu gukoresha amabibiliya atarimwo izina ry’Imana ari ryo Yehova. Muri Bibiliya yo mu ntango iryo zina riboneka incuro nka 7.000, ariko ntikibuza ko baryirengagiza. None ingaruka ni izihe? Ivyo bituma Imana y’ukuri irushiriza kuba amayobera.

Ku rundi ruhande, kumenya izina ry’Imana ari ryo Yehova, vyarafashije abantu benshi bakunda Imana kuyiyegereza. Ivyo ni vyo vyashikiye Richard, uwayaze n’Ivyabona vya Yehova babiri. Avuga ati: “Baranyeretse muri Bibiliya ko Imana y’ukuri yitwa Yehova. Naratangajwe cane no kumenya ko Imana ifise izina, kuko ntari bwigere ndaryumva.” Kuva ico gihe, yaragize amahinduka mu buzima bwiwe kugira ahuze n’ivyo Bibiliya idusaba maze ahimbare Yehova. Yongerako ati: “Kumenya izina ry’Imana vyaramfashije kuyiyegereza.”

Antikristu aramaze ibinjana ayovya abantu amamiliyoni mu vy’Imana. Ariko twize Ijambo ry’Imana Bibiliya turamenya antikristu uwo ari we tukava mu nyigisho ziwe z’ikinyoma.Yohani 17:17.