Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

4-A

Ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi​—Gushika ku busuku bwa Yezu

Ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi​—Gushika ku busuku bwa Yezu

Ivyo mu Njili zine bishikirizwa uko vyagiye birakurikirana

Ibi bicapo birafise amakarata bijanye yerekana ingendo Yezu yagize ariko aramamaza. Utumenyetso tumeze nk’imyampi turi ku makarata ntitwerekana neza na neza inzira yaciyemwo ariko canecane twerekana akarere yaciyemwo. Indome “nk.” zisobanura “nko,” “Kyg.” na zo zisobanura “Ikiyaga.”

Gushika ku busuku bwa Yezu

IGIHE

IKIBANZA

IVYABAYE

MATAYO

MARIKO

LUKA

YOHANI

3 M.K.

Yeruzalemu, urusengero

Umumarayika Gaburiyeli aramenyesha Zekariya ibijanye n’ivuka rya Yohani Umubatizi

   

1:5-25

 

nk. 2 M.K.

Nazareti; Yudaya

Umumarayika Gaburiyeli aramenyesha Mariya ibijanye n’ivuka rya Yezu; aja kuramutsa incuti yiwe Elizabeti

   

1:26-56

 

2 M.K.

Imitumba y’i Yudaya

Yohani Umubatizi aravuka agahabwa izina; Zekariya aravuga ubuhanuzi; Yohani yogumye mu bugaragwa

   

1:57-80

 

2 M.K., nk. 1 Git.

Betelehemu

Yezu aravuka; “Jambo acika umubiri”

1:1-25

 

2:1-7

1:1-5, 9-14

Hafi y’i Betelehemu; Betelehemu

Umumarayika amenyesha inkuru nziza abungere; abamarayika bashemeza Imana; abungere baza kuraba urwo ruyoya

   

2:8-20

 

Betelehemu; Yeruzalemu

Yezu agenyerwa (ku musi ugira 8); abavyeyi bamuzana mu rusengero (haciye imisi 40)

   

2:21-38

 

1 M.K. canke 1 N.K.

Yeruzalemu; Betelehemu; Misiri; Nazareti

Abaragurira ku nyenyeri baja kumuraba; umuryango uhungira mu Misiri; Herodi yica abahungu b’inzoya; umuryango ugaruka uvuye mu Misiri bagacumbika i Nazareti

2:1-23

 

2:39, 40

 

12 N.K., Pasika

Yeruzalemu

Yezu afise imyaka cumi n’ibiri ari ku rusengero abaza ibibazo abigisha

   

2:41-50

 
 

Nazareti

Agaruka i Nazareti; aguma agamburukira abavyeyi; ariga umwuga wo kubaza; Mariya ararera abandi bahungu bane, hamwe n’abakobwa (Mt 13:55, 56; Mr 6:3)

   

2:51, 52

 

29, mu mpeshi

Mu gahinga, Uruzi Yorodani

Yohani Umubatizi atangura ubusuku bwiwe

3:1-12

1:1-8

3:1-18

1:6-8, 15-28