Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nonanira gute inyosha mbi?

Nonanira gute inyosha mbi?

IKIGABANE CA 9

Nonanira gute inyosha mbi?

Karen amaze iminuta cumi gusa ari mu rubanza, maze agiye abona abahungu babiri baje bafise amakarato nk’angahe. Ibiri muri yo si ikinyegezwa. Imbere y’aho, yari yumvise abo bahungu nyene bavuga yuko muri urwo rubanza haza kuba hari agacupa gakwiye.

Karen agiye yumva inyuma yiwe ijwi amenyereye rimubwira riti: “Uhagaze ng’aho ukora iki ga muntu abisha ibirori?” Arahindukira kuraba umugenzi wiwe Jessica, uno akaba afise amacupa abiri y’inzoga acugururwa. Jessica aca amuhereza rimwe, akavuga ati: “Ntumbwire ko ukiri umwana ku buryo utokwiryohera na gatoyi!”

Karen arashaka kwanka, mugabo akosho karakomeye kuruta uko yari avyiteze. Jessica ni umugenzi wiwe, kandi Karen ntashaka kwitwa umuntu abisha ibirori nk’uko Jessica yamwise. Uretse n’ivyo, Jessica ni umwigeme ameze neza. Kandi ko na we nyene ariko aranywa, none ingorane iri hehe? Karen yibwira ati: ‘Ni akayoga gusa. Si nk’ukunywa ibiyayuramutwe canke ugusambana.’

IGIHE umuntu akiri muto, aroshwa nabi mu buryo bwinshi. Akenshi aroshwa n’abo badasangiye igitsina. Uwitwa Ramon, akaba afise imyaka 17, avuga ati: “Kw’ishure abakobwa ntibaguha agahengwe. Barakunda kugukorakora bakaraba aho ubareka ngo bashikane. Naho ubiyama ntibumva!” Uwitwa Diyana, na we nyene akaba afise imyaka 17, yasanze ivyo ari ukuri. Avuga ati: “Hari umuhungu yaje aho ndi maze ankikuza ukuboko. Naciye ndamukubita ku kuboko, ndamubwira nti: ‘Ivyo ugira ni ibiki? Sindanakuzi!’ ”

Hari aho na wewe woba uriko uroshwa nabi, kandi ukaba ubona umengo ako kosho ntikigera gahera. Inyosha mbi idahera yogereranywa n’umuntu aguma adodora ku rugi rwawe kandi udashaka ko hagira uwukugora. Woba uhura n’inyosha mbi kenshi kuruta uko wari uvyiteze? Nk’akarorero, woba woshwa gukora kimwe muri ibi bikurikira?

□ Kunywa itabi

□ Kuraba amashusho y’ubushegabo

□ Kunywa inzoga

□ Gusambana

□ Kunywa ibiyayuramutwe

□ Ikindi ․․․․․

Nimba hari ico washizeko aka kamenyetso ✔ muri ivyo, ntuce ubona ko utabereye kuba umukirisu. Urashobora kwiga gucungera ivyipfuzo bibi no kunanira inyosha mbi. Uti gute? Kumenya ibitera inyosha mbi birafasha. Reka turabe bitatu.

1. Kuba tudatunganye. Kubera ko abantu bose ari abadatunganye, barafise impengamiro yo gukora ibintu bibi. Mbere n’intumwa Paulo, uwari umukirisu ahumuye, yariyemereye atarya umunwa ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” (Abaroma 7:21) Emwe, n’umuntu yoba agororotse kurusha abandi birashika akagira “icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso.” (1 Yohani 2:16) Ariko rero, igihe umuntu agumye yiyumvira ibimwosha nabi, nta kindi bivamwo atari ukwunyura ibintu, kuko Bibiliya ivuga iti: “Icipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro.”—Yakobo 1:15.

2. Akosho kava hanze. Inyosha mbi ziri ahantu hose. Uwitwa Trudy agira ati: “Kw’ishure no ku kazi, abantu bamiza mu kanwa ivy’igitsina. Kuri televiziyo no mu masenema, vyama vyerekanwa nk’ikintu kiryoshe cane, gikwegera rwose. Ni gake berekana ingaruka mbi zavyo!” Trudy afatiye ku vyamushikiye arazi ukuntu urunganwe n’ibimenyeshamakuru bishobora kugira akosho gakomeye. Avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 16, nibaza ko dukundana n’umuhungu umwe. Mawe yaranyicaritse ambwira ko ibintu bibandanije gutyo, uburuhiro notwaye inda. Narababajwe cane no kwumva mama anyiyumvirako ikintu nk’ico! Haciye amezi abiri, inda twari tureha.”

3. “Ivyipfuzo bijana n’ubuto.” (2 Timoteyo 2:22) Muri ivyo vyipfuzo harashobora kujamwo icipfuzo ico ari co cose urwaruka rugira, nko kwipfuza cane kwemerwa n’abandi canke kwerekana ko uri umuntu akuze. Ivyo vyipfuzo ubwavyo si bibi, ariko iyo bidacungerewe, birashobora gutuma kunanira inyosha mbi birushiriza kugora. Nk’akarorero, kwipfuza cane kwerekana ko uri umuntu akuze birashobora kugushikana ku gutera akagere imico myiza wigishijwe i muhira. Ivyo ni vyo vyashikiye Steve igihe yari afise imyaka 17. Avuga ati: “Naragararije abavyeyi banje nkora ibintu vyose bari barambujije, ivyo vyose ndabigira butaraca na kabiri mbatijwe.”

Ingene wonanira inyosha mbi

Tuvugishije ukuri, ivyo bintu duhejeje kuvuga birakomeye cane. Ariko ntiwumve, urashobora kunanira inyosha mbi. Uti gute?

● Ubwa mbere, numenye inyosha mbi ikubangamira kuruta izindi. (Ushobora kuba wamaze kubigira ku rupapuro rwa 65.)

● Ubukurikira, niwibaze uti: ‘Ni ryari vyoshoboka cane ko iyo nyosha mbi inshikira?’ Shira aka kamenyetso ✔ iruhande ya kimwe muri ibi bikurikira:

□ Ndi kw’ishure

□ Ndi jenyene

□ Ndi ku kazi

□ Ahandi ․․․․․

Kumenya igihe inyosha mbi ishobora kuza vyoshobora no kugufasha kuyizibukira. Fata nk’akarorero inkuru iri mu ntango y’iki kigabane. Ni ikimenyetso ikihe Karen yari yabonye kimwereka ko hari guhava haba ingorane mu rubanza yagiyemwo?

․․․․․

Yari kwirinda gute iyo nyosha mbi kuva mu ntango?

․․․․․

● Ko umaze kumenya inyosha mbi iguhanze iyo ari yo be n’igihe ishobora kuza, uriteguriye rero kugira ico ukoze. Ikintu ukwiye gukora imbere y’ibindi vyose ni ukwiyumvira ukuntu wogabanya canke ugakura mu nzira ibigushira imbere y’iyo nyosha mbi. Andika aha munsi ivyo wokora.

․․․․․

(Uturorero: Nimba igihe uvuye kw’ishure wama uhura n’abo mwigana bakwosha ngo munywe itabi, kumbure woshobora guca mu yindi nzira kugira ubazibukire. Igihe uri kuri “Internet,” nimba ukunze kubona hiyadukije amashusho yerekana ubushegabo, woshobora kuraba ko utoshira muri orodinateri yawe porogarama zizibira ayo mashusho n’iyindi mihora yose irimwo amashusho nk’ayo. Woshobora kandi gukoresha amajambo atomoye igihe urondera amakuru kanaka.)

Ariko ntiwumve, ntushobora kwirinda inyosha mbi zose. Bitebe bitebuke, ntuzobura guhura n’iyikomeye bimwe bidasanzwe, kumbure mu gihe utari uyiteze. Wokora iki none?

Niwitegure

Igihe Yezu yariko “ageragezwa na Shetani,” yaciye amwiyama ubwo nyene. (Mariko 1:13) Kubera iki? Kubera yuko yari asanzwe azi aho ahagaze ku bijanye n’ibibazo vyavyuwe. Yezu yari asanzwe yariyemeje kugamburukira Se wiwe ibihe vyose. (Yohani 8:28, 29) Ntiyariko arajajura igihe yavuga ati: “Namanutse mva mw’ijuru atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse.”—Yohani 6:38.

Ku rupapuro rukurikira, andika imvo zibiri zikwiye gutuma unanira inyosha mbi ikunze kugushikira cane be n’ibintu bibiri wokora ngo uyinanire.

Igituma ukwiye kuyinanira:

1 ․․․․․

2 ․․․․․

Ivyo uzokora ngo uyinanire:

1 ․․․․․

2 ․․․․․

Uribuka ko igihe woroheye inyosha mbi, uba ubaye umuja w’ivyipfuzo vyawe. (Tito 3:3) Kubera iki none woreka ukaganzwa n’ivyipfuzo vyawe? Ba umugabo ubiganze aho kureka ngo bibe ari vyo bikuganza. (Abakolosayi 3:5) Vyongeye, nusenge Imana uyisaba ngo igufashe kuguma ubiganza.—Matayo 6:13. *

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 15

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba uherutse kwumva ufise intege nke? Raba ingene worushiriza kugira amagara meza kandi ugasubira kugira ingoga!

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 43 Raba kandi ikigabane ca 33 n’ica 34 c’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Imana ni inyizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo kugira mushobore kucihanganira.”—1 Abakorinto 10:13.

IMPANURO

Koresha igicapo kivuga ngo “Guhangana n’akosho k’urunganwe” kiri ku rupapuro rwa 132-133 mu Gitabu ca 2, kugira utegekanye ukuntu uzovyifatamwo nihagira uwugerageza kukwosha nabi.

WARI UBIZI . . . ?

Imana yari yaravuze ko Yezu yobaye intahemuka, mugabo ivyo ntibisobanura yuko Yezu yari nk’ikimashini gikora ivyo catamitswe. Yari afise uburenganzira bwo kwihitiramwo. Ni we yihitiyemwo kuba intahemuka, si ikintu cari carapfunditswe imbere y’igihe. Ico ni kimwe mu vyatumye asenga cane igihe yari mu kigeragezo.—Abaheburayo 5:7.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira nkomeze umwiyemezo wanje wo kunanira inyosha mbi, nzokora ibi: ․․․․․

Abantu, ibibanza be n’ibintu nzokwirinda ni ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Ibiremwa bitunganye vyoba bishobora kwoshwa nabi?—Itanguriro 6:1-3; Yohani 8:44.

● Igihe unaniye inyosha mbi, ukudahemuka kwawe kugira ingaruka iyihe ku bandi?—Imigani 27:11; 1 Timoteyo 4:12.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 68]

Ikimfasha ni uko nzi ko nshigikiwe na Mushoboravyose be n’uko igihe ico ari co cose nshobora kumusaba ngo amfashe!’’—Christophe

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 67]

Zirikana iki kintu!

Ako kuma ubona kameze nk’isaha, kitwa rugenimpande. Urushinge rwako rwama rwerekeza mu buraruko. Ariko ufashe isumaku ukayishira iruhande yako, urushinge rwako ntiruba rucerekeza mu buraruko, ruca ruhindukira rukaraba iyo nya sumaku iri. Ntirusubira rero kwerekana ibiri vyo.

Ijwi ryo mu mutima ryawe rimeze nk’ako kuma. Nimba ryaramenyerejwe neza, rizokwereka aho twokwita mu buraruko, rigufashe gufata ingingo zibereye. Mugabo kwifatanya n’abagenzi babi, abameze nk’isumaku, birakugirako akosho ku buryo utaba ukibona neza ikibereye. Icigwa ni ikihe? Gerageza kuzibukira abantu n’ibintu vyohava bituma utabona ibintu mu buryo bubereye!—Imigani 13:20.

[Ifoto ku rup. 69]

Igihe woroheye inyosha mbi, uba ubaye umuja w’ivyipfuzo vyawe