Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Norushiriza gute kwiyizigira?

Norushiriza gute kwiyizigira?

IKIGABANE CA 12

Norushiriza gute kwiyizigira?

Ego Oya

Iyo wiravye mu cirore, woba ushima uko uboneka? □ □

Woba wibaza ko ufise ubuhanga abandi boshima? □ □

Woba ushobora kunanira akosho k’urunganwe? □ □

Woba wemera amahinyu afise ishingiro abandi bagutora? □ □

Woba wihanganira ibintu bitari vyo abandi bakuvugako? □ □

Woba wiyumvamwo ko ukundwa? □ □

Woba witaho amagara yawe? □ □

Woba uryoherwa igihe abandi bibagendeye neza? □ □

Muri rusangi, woba ubona ko uroranirwa mu vyo ukora? □ □

Nimba wishuye ngo “oya” ku bibazo nka bingahe muri ivyo,hari aho ukutiyizigira kwoba kwaraguhumye amaso ntubone aho ukomeye. Iki kigabane kigenewe kugufasha kuhabona!

ABAKIRI BATO benshi usanga bafise amakenga ku kuntu basa, ku bushobozi bafise no ku kuntu ivyabo vyifashe, bigereranije n’abandi. Nawe kwoba ari ukwo? Nimba ari ukwo, nturi wenyene!

“Utunenge mfise turanca intege. Akenshi ndinegura bimwe bibi.”—Leticia.

“Ushake ube mwiza gute, ntubura guhura n’abantu bakurusha ubwiza.”—Haley.

“Iyo ndi mu bandi ndumva ubuyega. Ndatinya ko nohava mboneka ko ata co maze.”—Rasheli.

Nimba nawe bishika ukiyumva gutyo, rema ntiwihebure. Imfashanyo irahari. Raba ibintu bitatu bizotuma urushiriza kubona ivyawe mu buryo bwiza.

Niwitange

Icanditswe c’ishimikiro. “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”—Ivyakozwe 20:35.

Ico bisobanura. Ufashije abandi uba wifashije. Uti gute? Umugani umwe wa Bibiliya uvuga uti: “Uwutanga cane azodoheshwa, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi.” (Imigani 11:25) Si agaseseshwarumuri, gufasha abandi biratuma urushiriza kwumva ko hari ico umaze! *

“Ndazirikana ico nokorera abandi maze nkagerageza kugira ico mfashije umuntu wo mw’ishengero. Gukunda abandi no kubitwararika birampimbara.”—Breanna.

“Kubwira abandi inkuru nziza biraryoshe ntiworaba. Bituma ureka kwiyumvira ivyawe ukiyumvira ivy’abandi.”—Javon.

Uragaba: Ntufashe abandi kubera gusa ico uzohakura. (Matayo 6:2-4) Gutanga utabitumwe n’imvo nziza nta co bimaze. Akenshi abandi ntibabura kubona ko ari ubwiyorobetsi!—1 Abatesalonika 2:5, 6.

Jako nawe. Iyumvire umuntu woba warafashije. Yari nde? Wamufashije iki?

․․․․․

Mu nyuma wumvise umerewe gute?

․․․․․

Iyumvire uwundi muntu wofasha, uce wandika aha munsi ico womufasha.

․․․․․

Nurondere abagenzi

Icanditswe c’ishimikiro. “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”—Imigani 17:17.

Ico bisobanura. Umugenzi mwiza arashobora kugushigikira bimwe bikomeye mu bihe vy’amagorwa. (1 Samweli 18:1; 19:2) Mbere kumenya gusa ko hari uwukubabaye birashobora kukuremesha. (1 Abakorinto 16:17, 18) Niwiyegereze rero abakugirako akosho keza.

“Abagenzi nyakuri ntibaguta iyo udendebukiwe.”—Donnell.

“Rimwe na rimwe, ikiba gihambaye kuruta ibindi ni ukumenya ko hari uwukubabaye koko. Ivyo birashobora gutuma wumva ko uri n’agaciro.”—Heather.

Uragaba: Uraraba neza ntiwiyerekane uko utari kugira gusa wemerwe n’abagenzi. (Imigani 13:20; 18:24; 1 Abakorinto 15:33) Gukora ibintu bitaranga ubukerebutsi kugira gusa utangaze abandi bizotuma wumva witetereje bitume kandi wumva ko ugendera ku bandi.—Abaroma 6:21.

Jako nawe. Andika aha munsi izina ry’umugenzi yogufasha kurushiriza kwiyizigira.

․․․․․

Ubona gute uravye ukuntu womarana umwanya n’uwo muntu?—Menya neza: Si ngombwa ngo abe uwo mu runganwe rwawe.

Uguye mu makosa, ntuyagumemwo

Icanditswe c’ishimikiro. “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.”—Abaroma 3:23.

Ico bisobanura. Uvyemere canke ureke, uri umunyagasembwa. Ivyo bisobanura yuko bizoshika ukavuga canke ugakora ikintu kibi. (Abaroma 7:21-23; Yakobo 3:2) Naho udashobora kwirinda gukora amakosa, urashobora gucungera ukuntu uvyifatamwo igihe uyakoze. Bibiliya ivuga iti: “Umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, a[ra]subira kuvyuka.”—Imigani 24:16, Bibiliya Yera.

“Rimwe na rimwe turikengera igihe tugereranije aho tugoyagoya n’aho abandi bakomeye.”—Kevin.

“Umwe wese arafise kamere nziza na kamere mbi. Dukwiye kwishimira izo nziza maze tukaryohora izo mbi.”—Lauren.

Uragaba: Udusembwa ufise ntutugire icitwazo co kuguma ukora ibicumuro. (Abagalatiya 5:13) Gukora ikibi nkana bizotuma utakaza ugushimwa guhambaye kuruta ukundi kwose, ni ukuvuga ugushimwa na Yehova Imana!—Abaheburayo 10:26, 27.

Jako nawe. Andika aha munsi kamere woshima kuryohora.

․․․․․

Andika itariki y’uno musi iruhande y’iyo kamere. Nugire ubushakashatsi ku kuntu woyiryohora, maze haciye ukwezi usuzume iterambere ugezeko.

Agaciro nyakuri ufise

Bibiliya ivuga yuko “Imana iruta imitima yacu.” (1 Yohani 3:20) Ivyo birashobora gusobanura yuko ishobora kubona muri wewe agaciro woba utibonamwo. None udusembwa twawe twoba duhindura agaciro ufise? Dufate ko ufise inoti ya 10.000 itabutse gatoyi. None woca uyita canke ukabona ko ata gaciro ifise ngo ni uko itabutse? Oya nawe nu! Igumana agaciro ka 10.000, yaba itabutse canke idatabutse.

Ukwo ni ko n’Imana ibona agaciro ufise. Utunenge twawe ntidutuma itabona agaciro ufise. Irabona utwigoro ugira kugira uyihimbare kandi iraduha agaciro, naho woba ubona umengo nta co tuvuze! Nkako, Bibiliya igukura amazinda yuko ‘Imana atari iyitagororotse ngo yibagire igikorwa cawe n’urukundo werekanye ko ufitiye izina ryayo.’—Abaheburayo 6:10.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Vyoba bishika ukumva urengewe n’umubabaro mwinshi? Nimba bishika, wokora iki?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 21 Nimba uri Icabona ca Yehova, zirikana ku munezero mwinshi ushobora kwironkera mu kubwira abandi ubutumwa bw’Ubwami.—Yesaya 52:7.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”—Abagalatiya 6:4.

IMPANURO

Ntiwibwire ngo ‘Vyama binta ku w’amazi’ canke ngo ‘Nta ciza nigera nkora.’ Imvugo nk’izo zo kurenza urugero nta kindi zimara atari ukuguca intege. Ahubwo riho, niwemere ko hari aho ugoyagoya ariko ubone n’aho ukomeye.

WARI UBIZI . . . ?

Ukuntu wibona birashobora kugira ico bikoze ku kuntu abandi bakubona . . . eka mbere n’ukuntu bagufata.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Abo mu runganwe rwanje nibanebagura, nzoca ․․․․․

Niniraba nkibonamwo ubugoyagoye gusa, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki abakiri bato ari bo bakunda kutiyigizira?

● Kubera iki ari vyiza kwiyizigira ariko bitarenze urugero?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 88]

Umuntu arashobora kuba ari mwiza cane mugabo akiyumvira ko ari mubi, canke na ho akaba atari mwiza cane mugabo akiyumvira ko ari we mwiza kurusha abandi. Vyose bivana n’ingene umuntu abona ibintu.’’—Alyssa

[Ifoto ku rup. 90]

Agaciro k’amahera ntikagabanuka ngo ni uko atabutse. N’agaciro ufise imbere y’Imana ntikagabanuka ngo ni uko uri umunyagasembwa