Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Sinokwiyahura bigahera biheze?

Sinokwiyahura bigahera biheze?

IKIGABANE CA 14

Sinokwiyahura bigahera biheze?

“GUPFA bindutiye kubaho.” Ni nde yavuze ayo majambo? Umuntu atemera Imana? Umuntu yari yarahevye Imana? Umuntu Imana yari yarakuyeko amaboko? Nta n’umwe muri abo. Uwavuze ivyo yari Yona, umugabo yihebeye Imana mugabo yari yibabariye.—Yona 4:3.

Bibiliya ntivuga ko Yona yagira yiyake ubuzima. Ariko rero, ico kintu yasavye yihebuye kirahishura uku kuri gutuma umuntu azirikana: n’umusavyi w’Imana birashika akarengerwa n’umubabaro.—Zaburi 34:19.

Hari abakiri bato bagira umubabaro mwinshi gushika n’aho babona ko ata co babereyeho. Boshobora kwiyumva nk’umwigeme w’imyaka 16 yitwa Laura, uwavuze ati: “Haraciye imyaka biza birashika nkarwara akabonge. Akenshi ndiyumvira kwiyahura.” Nimba uzi umuntu yavuze ko ashaka kwiyahura, canke wewe ukaba umaze kugira ico ciyumviro, wokora iki? Reka twihweze twitonze igituma ico ciyumviro gishobora kuza.

Ibitera umwiheburo

Kubera iki vyoshika umuntu akiyumvira kwiyaka ubuzima? Hari imvo nyinshi. Kimwe coco, tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” kandi imiyabaga myinshi irakarirwa cane n’imikazo yo mu buzima. (2 Timoteyo 3:1) Ikindi na co, agasembwa twebwe abantu dufise karashobora gutuma bamwebamwe bishiramwo ivyiyumviro bibi cane ku biberekeye no ku vyerekeye ibibakikije. (Abaroma 7:22-24) Rimwe na rimwe, ivyo biterwa n’ugukorerwa amabi. Ahandi na ho, vyoshobora guterwa n’indwara. Biri n’ico bivuze kubona mu gihugu kimwe biharurwa yuko ibice birenga 90 kw’ijana vy’abiyahuye bari bafise indwara yo mu mutwe. *

Mu vy’ukuri, nta n’umwe adashikirwa n’ivyago. Kanatsinda, Bibiliya ivuga yuko “ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.” (Abaroma 8:22) Aho harimwo n’urwaruka. Nkako, ibintu bibabaza biba birashobora kugirira nabi cane urwaruka, nk’akarorero:

Ukubura incuti canke umugenzi

Amatati yo mu muryango

Kunanirwa kw’ishure

Guhebwa n’uwo mwari mukundanye

Gukorerwa amabi (ku mubiri canke mu vy’igitsina)

Tuvugishije ukuri, urwaruka nka rwose bitebe bitebuke rurashikirwa na kimwe canke vyinshi muri ivyo duhejeje kuvuga. Ni kubera iki hari abo vyorohera kuvyihanganira kurusha abandi? Abahinga bavuga ko urwaruka ruca rushaka guheba kurwana urwo rugamba ari rurya ruba rwumva rwihebuye kandi rutagira gitabara. Mu yindi mvugo, urwaruka nk’urwo ntirubona iyo ruriko ruraja. Ntibaba vy’ukuri bashaka gupfa, ahubwo baba bashaka gusa ko umubabaro wabo urangira.

Ubwo koko nta cizigiro?

Hari aho woba uzi umuntu ashaka cane ko umubabaro arimwo urangira, ku buryo yisabira gupfa. None ico gihe wokora iki?

Nimba ufise umugenzi ari n’intuntu nyinshi gushika aho yipfuza gupfa, numuhimirize kurondera imfashanyo. Hanyuma, avyemera canke avyanka, uce ubibarira umuntu akuze adafata ibintu minenegwe. Ntuhagarike umutima ngo mwoca mwankana. Ubivuze hari aho worokora ubuzima bwiwe!

Ariko bite ho hamwe wewe ubwawe woba umaze kwiyumvira kwiyahura? Ntuvyigumizemwo. Raba uwo ubiyagira, yaba umuvyeyi, umugenzi, canke uwundi muntu akubabaye, azogutega ugutwi kandi atazokwiyumvira ko uriko urafyina. Niwavuga ingorane zawe nta co uzohomba, ahubwo uzokwunguka. *

Ego ni ko, ingorane ufise ntizizoca zihera ngo ni uko uziyagiye abandi. Mugabo kuziyagira umuntu wizigiye vyoshobora kuba ari vyo nyene ukeneye kugira ubone ivyawe mu buryo bwiza. Vyoshobora no kugufasha kubona ubundi buryo bwiza wovyifatamwo.

Ibintu birahinduka

Igihe ufise intuntu, niwibuke iki kintu: Naho ibintu vyoba bisa n’ivyifashe nabi gute, uko igihe kihaca bigenda birahinduka. Umwanditsi wa zaburi Dawidi, uwari yarabonye ivyago vyinshi, igihe kimwe yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Wampinduriye ikigandaro canje kiba ugutamba.”—Zaburi 30:11.

Nta gukeka ko Dawidi atari yizigiye ko ukwo gutamba kuzokwamaho ibihe vyose. Afatiye ku vyari vyaramushikiye, yari azi ko mu buzima ingorane zigenda hanyuma zikagaruka. Woba umaze kwibonera ko ivyo ari ukuri ufatiye ku ngorane zigushikira? Ntihabuze n’imiburiburi izo ubu woba ubona umengo zirakurengeye. Ariko niwihangane. Ibintu birahinduka, akenshi bikamera neza. Rimwe na rimwe, ingorane zoshobora guhwama mu buryo utari witeze. Mu bindi bihe na ho, woshobora kubona uburyo bwo kuzihanganira utari wariyumviriye. Ico ukwiye kugumiza ku muzirikanyi ni iki: ingorane zitesha umutwe ntizamaho ibihe bidahera.—2 Abakorinto 4:17.

Agaciro k’isengesho

Uburyo bwo kuyaga ushobora kuronka buruta ubundi bwose ni isengesho. Urashobora gusenga nka kumwe kwa Dawidi, uwavuze ati: “Mana, nunserangure umenye umutima wanje. Nunsuzume umenye ivyiyumviro vyanje bidurumbanya, urabe ko muri jewe hari inzira n’imwe ibabaza, unyobore mu nzira y’igihe kitagira urugero.”—Zaburi 139:23, 24.

Isengesho si nk’ikibando co kwishimikiza gusa. Ni ukuyaga koko na So wawe wo mw’ijuru, umwe ashaka ko ‘umusukira ibiri mu mutima wawe.’ (Zaburi 62:8) Rimbura uku kuri kw’ishimikiro kwerekeye Imana:

Irazi ibituma ugira intuntu.—Zaburi 103:14.

Irakuzi neza kuruta uko wiyizi.—1 Yohani 3:20.

‘Irakubabaye.’—1 Petero 5:7.

Mw’isi nshasha yayo, “izohanagura amosozi yose ku maso” yawe.—Ivyahishuwe 21:4.

Igihe biba bitewe n’indwara

Nk’uko twamaze kubivuga, ivyiyumviro vyo kwiyahura akenshi biterwa n’indwara yinaka. Nimba ari ko bimeze kuri wewe, ntugire isoni zo kurondera imfashanyo. Yezu yaremeje ko abarwaye bakeneye umuganga. (Matayo 9:12) Biraremesha kumenya yuko indwara nyinshi zishobora kuvurwa. Kandi wivuje, vyoshobora gutuma wumva akarusho! *

Bibiliya iratanga umuhango uhumuriza vy’ukuri w’uko mw’isi nshasha y’Imana ata “wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ ” (Yesaya 33:24) Imana ivuga ko ico gihe ‘ivya kera bitazokwibukwa, eka mbere bitazoza mu mutima.’ (Yesaya 65:17) Mu kurindira ico gihe, nukore uko ushoboye kwose ngo wihanganire ingorane zo mu buzima, wizigiye yuko igihe Imana yashinze nicagera, akabonge kazoba ari umugani.—Ivyahishuwe 21:1-4.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 9

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Abavyeyi bawe bashaka kumenya akantu kose kaba mu buzima bwawe, mbere n’ibintu udashaka ko bamenya. Vyoba bishoboka ko haba ibintu bimwebimwe biba ibanga ryawe?

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 7 Ariko rero, birashimishije kubona benshi mu rwaruka bafise indwara yo mu mutwe badaca biyahura.

^ ing. 18 Abakirisu bafise intuntu bari n’iyindi mfashanyo bokwikorako: abakurambere b’ishengero.—Yakobo 5:14, 15.

^ ing. 31 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 13 c’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”—Abafilipi 4:6, 7.

IMPANURO

Wumvise udendebukiwe, nuce ugira agasiporo ko gutambuka unyaruka. Kuja hanze ukinonora imitsi birashobora gutuma utekana kandi ukiyumva neza.

WARI UBIZI . . . ?

Kwiyahura ntibigirira nabi gusa bene kwiyahura, ariko kandi biragirira nabi n’ababo baba basigaye.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Numvise ata co maze kandi ntakundwa, nzoca nitura (andika izina ry’uwo muntu) ․․․․․

Ikintu ciza canshikiye mu buzima nozirikanako nkenguruka ni ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Mbere n’ingorane zikomeye ntizamaho. Kuzirikana kuri ico kintu vyogufasha gute?

● Ni mu buryo ubuhe uwiyahuye aba aremetse ingorane ziwe uwundi?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 104]

Vyarashika akabonge kanje kagakomera cane ku buryo nipfuza gupfa, ariko ubu ubuzima bwanje bwarasubiranye, nkaba nabishitseko kubera nashishikaye gusenga nkongera nkivuza.’’—Heidi

[Uruzitiro ku rup. 100]

Igihe wumva urengewe

Mbere n’abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya vyarashika bakumva barengewe n’amaganya yo mu buzima. Ehe uburorero bumwebumwe.

Rebeka: “Nimba uku ari ko biri, none mbereyeho iki?”—Itanguriro 25:22.

Musa: “Ndakwinginze unyice bihere biheze, . . . noye kwitegereza ivyago vyanje.”—Guharūra 11:15.

Eliya: “Ewe Yehova, nkuraho, kuko ntaruta ba sogokuruza banje.”—1 Abami 19:4.

Yobu: “Iyaba wompishije mu kuzimu, . . . ukanshingira igihe ugaheza ukanyibuka!”—Yobu 14:13.

Abo bantu bose duhejeje kuvuga, ivyabo vyahavuye bigenda neza, mu buryo batari biteze. Numenye neza ko nawe bishobora kugenda gutyo!

[Ifoto ku rup. 102]

Ivyiyumviro vy’ukwihebura bimeze nk’ibicu vy’imvura y’igihuhusi: haciye igihe birahera