Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umubabaro uri hano wohera gute?

Umubabaro uri hano wohera gute?

IKIGABANE CA 13

Umubabaro uri hano wohera gute?

“Iyo abandi barengewe n’ingorane, ndahaseruka nkabafasha kuzitunganya no kugarukana umunezero. Ariko ico benshi batamenya ni uko inyuma y’aho nca ntaha nkaja mu cumba canje nkiyuha iryosozi.”—Kellie.

“Iyo mfise intuntu, nca nigunga. Iyo bantumiye ahantu, nca ndondera icitwazo co kutajayo. Ndi karuhariwe mu kunyegeza umuryango umubabaro mba mfise. Bibaza ko vyose ari sawa.”—Rick.

WOBA uragira ivyiyumviro nk’ivyo vya Kellie canke Rick? Nimba umaze kubigira, ntuce wihutira kubona ko hari ikitagenda neza kuri wewe. Ico womenya co, ni uko abantu bose bishika bakagira umubabaro. Mbere n’abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya vyarashika bakagira umubabaro.—1 Samweli 1:6-8; Zaburi 35:14.

Rimwe na rimwe woshobora kumenya icaguteye umubabaro, ahandi na ho ntukimenye. Uwitwa Anna w’imyaka 19 avuga ati: “Si ngombwa urinde kuba uri mu ngorane zikomeye ngo abe ari ho ugira umubabaro. Urashobora kwiyadukiza umwanya uwo ari wo wose, naho ata ngorane woba ufise. Biragoye gusigura, ariko birashika!”

Igihe urengewe n’umubabaro, waba ufise icawuteye canke mbere bikaba bisa n’uko ata cawuteye, wokora iki? Gerageza ibi bikurikira:

1. Biyagire abandi. Igihe Yobu yari yataye umutwe, yavuze ati: “Nzovuga ndundumiwe mu mutima!”—Yobu 10:1.

Kellie avuga ati: “Ntiwokwumva ukuntu numva nduhutse iyo maze kubiyagira umuntu. Mba ngiye naronka umuntu azi ivyo ndiko ndacamwo. Abandi barashobora kumera nk’abururutsa umugozi bakankwega bankura mu cobo, nkaba ndarusimvye!”

Inama tukugiriye: Andika aha munsi izina ry’umugenzi woyagira igihe urengewe n’umubabaro.

․․․․․

2. Vyandike ahantu. Igihe umubabaro utumye urambirwa n’ubuzima, vyoba vyiza ugerageje kwandika ahantu ivyiyumviro vyawe. Mu mazaburi Dawidi yanditse ahumekewe n’Imana, rimwe na rimwe yaraserura umubabaro ukomeye yaba afise. (Zaburi 6:6) Kwandika ukuntu wiyumva birashobora kugufasha “[ku]zigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira.”—Imigani 3:21.

Heather avuga ati: “Kwandika biramfasha gusubiza hamwe ivyiyumviro biba bivurunganye kubera umubabaro. Igihe ushoboye guserura ukuntu wiyumva kandi ugatahura igituma wiyumva gutyo, umubabaro uragabanuka.”

Inama tukugiriye: Koresha igicapo kiri ku rupapuro rwa 93 kugira urabe ingene wovyifatamwo neza mu bihe bitoroshe. Ivyo bizogufasha kugabanya umubabaro.

3. Bishire mw’isengesho. Bibiliya ivuga ko niwasenga Imana uyibwira ibikuraje ishinga, ‘amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda umutima wawe n’ububasha bwawe bwo kwiyumvira.’—Abafilipi 4:6, 7.

Esther avuga ati: “Naragerageza kumenya igituma mfise umubabaro mwinshi, nkabura. Narasavye Yehova ngo amfashe kugira umunezero. Narababazwa cane no kubona mfise umubabaro ata mvo ihari. Nahavuye nikura nya mubabaro ku gakanu. Ntukigere ufatira mu rwara ububasha bw’isengesho!”

Inama tukugiriye: Niwisunge Zaburi 139:23, 24 mw’isengesho wewe ubwawe utura Yehova. Mubwire ibiri ku mutima, umusabe agufashe kumenya ico umubabaro wawe uvako.

Turetse izo nama, urafise ikintu c’agaciro cogufasha, na co kikaba ari Ijambo ry’Imana Bibiliya. Kwuzuza umuzirikanyi wawe ivyiyumviro vyubaka usanga mu nkuru zo muri Bibiliya birashobora kugira ico bifashije ku kuntu wiyumva. (Zaburi 1:1-3) Inama zogufasha gusoma Bibiliya mu buryo buremesha woshobora kuzironka mu kwihweza ibiri ku mpapuro zivuga ngo “Akarorero wokwigana,” mu Gitabu ca 1 n’ica 2. Mu Gitabu ca 2 ku rupapuro rwa 227, uzobona mbere ukuntu intumwa Paulo yavyifatamwo neza igihe vyaba bishitse akiyumva nabi kubera agasembwa.

Igihe umubabaro wanse guhera

Uwitwa Ryan avuga ati: “Hari igihe mu gitondo numva nopfuma nigumira mu gitanda aho kuvyuka ngo nsubire kwirirwa ata co nimariye.” Ryan arwaye akabonge kadahera, kandi si we wenyene. Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko nk’uwukiri muto 1 kuri 4 arwara ubwoko bunaka bw’akabonge imbere y’uko agera mu bigero.

Womenya gute ko urwaye akabonge? Ng’ibi ibimenyetso bimwebimwe: Ihinduka rikomeye mu kuntu umerewe no mu nyifato, kwigunga, kutaba ukiryoherwa cane n’ibikorwa nka vyose, ihinduka rikomeye mu kuntu wari umenyereye gufungura no gusinzira, no kwumva rwose ata co umaze canke kwiyagiriza ata mpamvu.

Ego ni ko, nka twese birashika tukagira kimwe canke vyinshi muri ivyo bimenyetso. Ariko rero, nimba ivyo bimenyetso bibandanije mu kiringo kirenga amayinga nk’angahe, ubona gute uyaze n’abavyeyi bawe ibijanye no kubonana na muganga? Muganga arashobora kugufasha kumenya ko umubabaro ufise woba ari indwara. *

Nimba urwaye akabonge kadahera, nta giteye isoni kirimwo. Benshi mu bakarwaye baravuwe maze baratangura kwiyumva neza, ico kikaba kumbure ari ikintu bataheruka! Umubabaro ufise waba uterwa n’akabonge canke ntube uterwa na ko, niwibuke aya majambo ahumuriza ari muri Zaburi 34:18, agira ati: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Bite ho hamwe woba urengewe n’umubabaro gushika n’aho wiyumvira kwiyahura?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 22 Igihe umubabaro ubandanije, hari urwaruka ruca rwiyumvira kwiyahura. Nimba ico ciyumviro kimaze kukuzamwo, nyaragasa ubiyagire umuntu akuze wizigira.—Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 14 c’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”—Zaburi 34:18.

IMPANURO

Igihe ubabaye, nuce wandika ukuntu wiyumva be n’ico wibaza ko coba cabiteye. Hashize ukwezi, nusome ivyo wanditse. Ukuntu wiyumva kwoba kwarahindutse? Nimba kwarahindutse, andika icagufashije.

WARI UBIZI . . . ?

Kurira ni vyiza, naho woba uri umuhungu. Igihe kimwe, Umwami Dawidi yiyemereye ati: “Ukw ijoro ryije ntotesha uburiri bganje amosozi.”—Zaburi 6:6, Bibiliya Yera.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ngo umunezero ugaruke, ndashobora gukora ibi: ․․․․․

Kwifatanya n’abagenzi bakurikira bizomfasha kugabanya umubabaro: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kurira vyoba biri n’akamaro?

● Kuja mu bandi bishobora gute kugufasha kwihanganira umubabaro?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 96]

Iyo mbabaye, mba nkeneye kwirinda kwigunga. Ego ni ko, noshobora gukenera kuba ndi jenyene kugira nsubize hamwe ivyiyumviro nshobore kumbure no kwiyuha iryosozi. Ariko inyuma y’ivyo, ndazi yuko mba nkeneye kuja mu bandi kugira niyibagize ivyari bimbabaje.’’—Christine

[Igicapo/​Amafoto ku rup. 93]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Kugira umubabaro ugabanuke

Uzuza iki gicapo

Ikibaye

Umwigisha atumye numva ko ata co maze

Kuvyifatamwo nabi

Nca mpeba kwihata ngo menye muri ico cigwa

Kuvyifatamwo neza

Icogufasha: Raba ikigabane ca 20 c’iki gitabu

Ikibaye

Umugenzi anyirengagije

Kuvyifatamwo nabi

Nca ngenda ndamuvugavuga mu bandi

Kuvyifatamwo neza

Icogufasha: Raba ikigabane ca 10mu Gitabu ca 2

Ikibaye

Abavyeyi banje bagira bahukane

Kuvyifatamwo nabi

Nca mbikira inzika umwe muri bo canke bompi

Kuvyifatamwo neza

Icogufasha: Raba ikigabane ca 4 c’iki gitabu

Ikibaye

․․․․․

Kuvyifatamwo nabi

․․․․․

Kuvyifatamwo neza

․․․․․

Ikibaye

․․․․․

Kuvyifatamwo nabi

․․․․․

Kuvyifatamwo neza

․․․․․

[Ifoto ku rup. 95]

Ubifashijwemwo n’abandi ukagira n’akigoro, urashobora kuva mu mubabaro wogereranywa n’icobo