Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Vyoba ari bibi kwipfuza ko batakwinjirira mu buzima?

Vyoba ari bibi kwipfuza ko batakwinjirira mu buzima?

IKIGABANE CA 15

Vyoba ari bibi kwipfuza ko batakwinjirira mu buzima?

Shira aka kamenyetso ✔ iruhande y’ukuntu wovyakira habaye ibi bikurikira:

1. Uri mu cumba cawe kandi umuryango urakingiyeko. Ugiye ubona mwene wanyu yirasheyo atadodoye.

□ ‘Nta ngorane. Na je birashika nkabigira.’

□ ‘Nta ndero yoba afise! Hamwe noba ndiko ndambara na ho?’

2. Ni ho ugishika i muhira, maze abavyeyi baciye batangura kukubazagiza ngo “Wari he? Wari mu biki? Wari kumwe na nde?”

□ ‘Nta ngorane. N’ubundi nta co mpora ndabahisha.’

□ ‘Biraryana mu mutwe! Abavyeyi banje ntibanyizigira!’

UKIRI MUTO, ivy’ukurondera ko abandi batamenya akantu kose kakwerekeye nta co vyakubwira. Mutoyi wawe yirashe mu cumba cawe, wararyoherwa n’uko aje. Abavyeyi bawe bakubajije ikibazo, waracishura ata ngorane. Ico gihe, ubuzima bwawe bwari bumeze nk’igitabu kizinguruye. Ariko ubu, ushobora kuba wipfuza kuzinga ico gitabu. Agahungu kamwe k’imyaka 14 kitwa Corey kavuga gati: “Ndashima ko abandi batamenya utuntu tumwetumwe tunyerekeye.” Reka twihweze imice ibiri aho ivyo bishobora kuba urugamba.

Igihe wipfuza kuba uri wenyene

Hariho imvo zumvikana zitari nke zoshobora gutuma wipfuza kuba uri wenyene. Hari aho woba ushaka ‘kuruhuka gatoyi.’ (Mariko 6:31) Canke igihe ushaka gusenga, nk’uko Yezu yahanuye abigishwa biwe, woshobora ‘kwinjira mu cumba cawe ciherereye hanyuma umaze kwugara umuryango, ugasenga So’ wawe wo mw’ijuru. (Matayo 6:6; Mariko 1:35) Ingorane ni uko igihe wugaye umuryango w’icumba cawe (nimba ugifise), abavyeyi bawe bokwiyumvira ko utariko urasenga! Ikindi na co, hari aho abo muvukana batomenya igihe wipfuza kuba uri wenyene.

Ico wokora. Aho guca utera intambara, ubona gute ugize ibi:

● Nimba ari abo muvukana, raba ukuntu mwoshiraho amategeko makeyi y’ishimikiro adakabije kugira uronke umwanya wo kuba uri wenyene. Mubonye bikenewe, nimusabe abavyeyi babibafashemwo. *

● Nimba ari abavyeyi bawe, nugerageze gutahura ukuntu babona ibintu. Uwitwa Rebeka w’imyaka 16 avuga ati: “Birashika abavyeyi banje bakarondera kumenya akantu kose kanyerekeye. Mugabo mvugishije ukuri, na jewe iyaba nari umuvyeyi norondera kumenya akantu kose kerekeye umwana wanje w’umuyabaga, na canecane ndavye ibigeragezo vyose bihanze urwaruka muri iki gihe!” Nk’ukwo kwa Rebeka, woba ushobora kubona ibiba bihagaritse umutima abavyeyi bawe?—Imigani 19:11.

● Niwibaze utibesha uti: ‘Noba naratumye abavyeyi banje bicura ko nkora ibintu bitabereye igihe ndi mu cumba jenyene umuryango wugaye? Noba ndabahisha cane ivyerekeye ubuzima bwanje ku buryo babona ko babwirizwa gukoresha amayeri kugira babimenye?’ Nimba wokwishura ngo “oya” kuri ivyo bibazo mugabo n’ubundi abavyeyi bawe bakaba batakwizigira, nubabwire uko wiyumva utekanye kandi mu rupfasoni. Niwumvirize koko ibibaraje ishinga, kandi urabe neza ko ata kintu uriko urakora gituma iyo ngorane iba.—Yakobo 1:19.

Igihe urondera abagenzi

Mu gihe c’ubuyabaga, ni ibisanzwe ko ugiranira ubugenzi n’abandi atari abo mu muryango wanyu. Ni ibisanzwe kandi ko abavyeyi bawe bibaza abagenzi bawe abo ari bo be n’ivyo ukora igihe uri kumwe na bo. Mugabo rimwe na rimwe woshobora kwumva umengo amakenga yabo ararenze urugero. Uwitwa Amy w’imyaka 16 avuga ati: “Nshaka gukoresha telefone ngendanwa yanje no kwandikiranira ubutumwa n’abandi, abavyeyi banje batiriwe barandungurukira inyuma uko haciye iminuta cumi bambaza uwo turiko turavugana.”

Ico wokora. Aho kureka ngo abagenzi bawe babe intandaro yo kutumvikana n’abavyeyi bawe, ubona gute ugize ibi:

● Menyesha abavyeyi bawe abagenzi bawe abo ari bo, witwararike yuko babamenya. Nakare, ntiwoshima ko abavyeyi bawe barinda guperereza kugira babamenye. Ariko none hari ukundi bogira nimba ubahisha abagenzi bawe? Urama wibuka ibi: uko abavyeyi bawe barushiriza kumenya abo mumarana umwanya, ni ko bazorushiriza kudahagarika umutima biyumvira ko uzohitamwo abagenzi babi.

● None mu vy’ukuri, ingorane yoba ari uko bashaka kumenya akantu kawe kose, canke ni uko hari ivyo ubahisha? Uwitwa Brittany w’imyaka 22 avuga ati: “Nimba ukibana n’abavyeyi bawe maze hakaba hari ikibahagaritse umutima, niwibaze uti: ‘Ko ivyo nkora atari bibi, none nobinyegereza iki?’ Nimba na ho ushaka kubinyegeza, hari ikindi kintu uriko urahisha.”

Ico wokora ngo ntibakwinjirire mu buzima

Ubu na ho, iyumvire ico wokora ngo abandi ntibakwinjirire mu buzima mu muce kanaka ufise ku mutima. Andika ku mirongo ikurikira inyishu wotanga ku bibazo bijanye n’izi ntambwe zikurikira:

Intambwe ya 1: Numenye ingorane aho ihagaze. Ni mu muce uwuhe ushaka ko abandi barushiriza kutakwinjirira mu buzima?

․․․․․

Intambwe ya 2: Nugerageze gutahura abavyeyi bawe. Wibaza ko ari igiki coba kibahagaritse umutima?

․․․․․

Intambwe ya 3: Rondera umuti w’ingorane. Ni gute wohava usanga uriko wunyura ingorane utabizi? Ubona ari ibiki wohindura ufatiye ku nyishu watanze? Woshima ko abavyeyi bawe batunganya gute ibikuraje ishinga?

․․․․․

Intambwe ya 4: Nimubiganire. Vuga ingene wotangura kuyaga n’abavyeyi bawe ibijanye n’ukutakwinjirira mu buzima.

․․․․․

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba warabuze umuvyeyi? Nimba waramubuze, ni igiki cokwirura?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 14 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 6 c’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe, umukozi atagira ikimutetereza.”—2 Timoteyo 2:15.

IMPANURO

Igihe uyaga n’abavyeyi bawe ibijanye n’ukutakwinjirira mu buzima, ntiwidoge. Nuserure amakenga ufise. Ivyo bitandukaniye he? Widoze uba uriko wibanda ku bintu bibi wiyumvira ko abavyeyi bawe bakora. Useruye amakenga ufise birabafasha mwese kwibanda ku gutora umuti.

WARI UBIZI . . . ?

Uko uganira n’abavyeyi bawe utabahisha, ni ko barushiriza kutakwicura.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira abavyeyi banje banyizigire (canke basubire kunyizigira) nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki abavyeyi bawe bafise uburenganzira bwo kurondera kumenya ivyerekeye ubuzima bwawe?

● Wihase ugatsimbataza ubuhanga bwo kuyaga n’abavyeyi bawe, vyogufasha gute kuyaga n’abandi bantu bakuze muri kazoza?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 108]

Abavyeyi bawe ntibipfuza ko hogira ikintu kibi kigushikira, ni co gituma vyoshika bagasa n’abakwinjirira mu buzima. Womengo si vyiza. Mugabo mvugishije ukuri, iyaba nari umuvyeyi na jewe ni ko nogira.’’—Alana

[Ifoto ku rup. 109]

Ukwizigirwa ni nk’umushahara: ukuronka ugukoreye