Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana​—Musa

Akarorero wokwigana​—Musa

Akarorero wokwigana​—Musa

Musa arafise uturusho twinshi mu buzima. Yakuriye ku kirimba kwa Farawo yongera yigishwa mu bukerebutsi bwose bwa Misiri. (Ivyakozwe 7:22) None inyigisho yaronse azoyikoresha gute? Yoshobora kuzoba rurangiranwa, kuronka itunga n’ububasha. Ariko ntatwarwa n’akosho k’urunganwe canke ivyipfuzo vy’ubwikunzi. Ahubwo gukoresha ubuzima bwiwe mu buryo butangaza benshi. Ahitamwo “gufatanwa nabi n’abantu b’Imana.” (Abaheburayo 11:25) None hoba hari ico ahomba? Eka da! Kubera ko ahitamwo gukorera Imana no gufasha abantu, agira ubuzima buhimbaye kandi bumara akanyota.

Nimba ufise amahirwe yo kuronka inyigisho nziza y’ishimikiro, uzoyikoresha gute? Woshobora kwiruka inyuma y’amahera canke ububasha. Canke na ho, woshobora kuba nka Musa, ugakoresha ubuzima bwawe ikintu c’ingirakamaro koko. Woshobora gukoresha ubwenge bwawe n’inguvu zawe mu gukorera Imana n’abantu nkawe. (Matayo 22:35-40) Nta bundi buzima bumara akanyota nk’ubwo!