Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana​—Rusi

Akarorero wokwigana​—Rusi

Akarorero wokwigana​—Rusi

Umupfakazi Rusi ni akarorero keza k’ukudahemuka. Yahisemwo kugumana na inabukwe Nawomi ageze mu za bukuru, aho gusubira mu buzima bwiza kuruta bwo mu gisagara ciwe c’amavukiro. Naho iryo hitamwo rituma amahirwe yo kuronka umugabo agabanuka, agumiza ubwenge ku kintu gihambaye rwose. Urukundo akunda Nawomi be n’icipfuzo afise co kwibanira n’abasavyi ba Yehova biramurutira icipfuzo co kuronka uwo bubakana.—Rusi 1:8-17.

Woba uriko uriyumvira kwubaka urwawe? Niwigane Rusi rero. Aho gutwarwa n’inyiyumvo, niwibaze kamere nziza wotsimbataza zogirira akamaro uwo muzokwubakana. Nk’akarorero, woba uri intahemuka kandi ukaba n’umuntu yitanga? Woba wisunga ingingo ngenderwako z’Imana, n’igihe nyene umubiri wawe munyagasembwa ukugobereye ngo uzirenge? Rusi ntiyarondeye umugabo hasi hejuru. Ariko yahavuye aronka umunega ahumuye bahuje kamere, n’ikiruta vyose, akunda Imana. Na wewe vyoshobora kukugendera gutyo.