Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana​—Timoteyo

Akarorero wokwigana​—Timoteyo

Akarorero wokwigana​—Timoteyo

Timoteyo agira ave i muhira, atari ukugira ahunge umuryango wiwe, ariko kugira ngo afadikanye n’intumwa Paulo mu gikorwa c’ubumisiyonari! Timoteyo ashobora kuba ariko arasozera imyaka yiwe y’ubuyabaga, kandi aramaze kuba umusore yitwararika ibintu “[a]vugwa neza n’abavukanyi b’i Lusitira no muri Ikoniyo.” (Ivyakozwe 16:2) Paulo arizigiye ko Timoteyo ashobora kurangura ibintu bikomeye mu gikorwa c’Imana. Kandi arabirangura koko! Mu myaka ikurikira, Timoteyo aragira ingendo nyinshi, agenda arashinga amashengero yongera akomeza abavukanyi. Kamere nziza Timoteyo afise zituma akundwa na Paulo ku buryo haciye imyaka 11 Paulo abwira Abafilipi ati: “[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu koko.”—Abafilipi 2:20.

Woba witeguriye gukoreshwa mu gikorwa c’Imana? Nimba uvyiteguriye, emwe, imihezagiro myinshi irakurindiriye! Yehova araha agaciro vy’ukuri abakiri bato ‘bitanga babikunze.’ (Zaburi 110:3) Vyongeye, urashobora kwemera udakeka ko Yehova Imana ‘atari uwutagororotse ngo yibagire igikorwa cawe.’—Abaheburayo 6:10.