Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana​—Yobu

Akarorero wokwigana​—Yobu

Akarorero wokwigana​—Yobu

Yobu isi yose yamuguyeko. Ubwa mbere, aratakaza ivyari bimubeshejeho vyose. Ubwa kabiri, arabura abana biwe. Ubwa gatatu, ararwara. Ivyo vyose bishika nk’aka kanya kandi atari avyiteze. Yobu avuga yihebuye cane ati: “Umutima wanje wumva vy’ukuri ushishwe n’ubuzima bwanje.” Avuga yuko ‘yuzuye agateterwe be n’uko abogaboga amarushwa.’ (Yobu 10:1, 15) Ariko naho ari mu vyago, aranka gutera ibitugu Umuremyi wiwe. (Yobu 2:10) Amahinduka amushikira mu buzima ntamuhindura. Yobu rero ni akarorero keza k’ukwihangana.

Igihe uhanzwe n’ingorane, na wewe woshobora kwumva ‘ushishwe n’ubuzima bwawe.’ Ariko rero, nka kumwe kwa Yobu, urashobora kwerekana ko udahindurwa n’amahinduka agushikira, ko utageza kuva ku mwiyemezo ufise wo gukorera Yehova Imana. Yakobo yanditse ati: “Raba! Abihanganye tubita abahirwe. Mwarumvise ivya kwa kwihangana kwa Yobu mwongera murabona icavuyemwo gitanzwe na Yehova, murabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.” (Yakobo 5:11) Yaritayeho Yobu, na wewe arakwitayeho!