Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?
IKIGABANE CA 24
Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?
Sandra amaze amezi abiri gusa azinanye na Mike, ariko yumva nk’aho bamenyanye kuva kera cane. Bama bandikiranira kuri telefone, bakamara amasaha bavugana kuri telefone, kandi iyo bariko barayaga, umwe arashobora gusozera iciyumviro c’uwundi! Ubu, bicaye mu muduga uhagaze ahantu mu kajoro ku kwezi. Mike agomba ko bakora n’ibindi uretse kuganira gusa.
Mu mezi 2 aheze, bagarukiriza ku gufatana amaboko no gusomana gato. Sandra ntashaka ko bashika kure, ariko kandi ntashaka ko Mike amuheba. Nta wundi atuma yumva ko ari mwiza cane, ko afise agaciro kanini. Yibwira ati: ‘Nakare, ko Mike dukundana . . . ’
WOSHOBORA kuba ubona aho ivyo biza kubashikana. Ariko ico woshobora kuba udatahura ni ukuntu guhuza ibitsina vyotuma ibintu bihinduka bikaba nabi cane hagati ya Mike na Sandra. Rimbura iki kintu:
Igihe wirengagije itegeko rinaka rigenga ibiriho, nka bwa bushobozi isi ifise bwo kwikwegerako ibintu, uribonerako. Ni ko bigenda n’igihe wirengagije itegeko rijanye n’ukwigenza runtu, nka rimwe rivuga riti: ‘Nimwirinde ubusambanyi.’ (1 Abatesalonika 4:3) Ni ingaruka izihe ziva ku kugambarara iryo tegeko? Bibiliya ivuga iti: “Uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.” (1 Abakorinto 6:18) Uti gute? Raba ko wotondeka mu kibanza gikurikira ingaruka mbi zitatu zishobora gushikira abahuza ibitsina imbere yo kwubaka izabo.
1 ․․․․․
2 ․․․․․
3 ․․․․․
Ubu na ho tereza akajisho ku vyo wanditse. Woba washizemwo nk’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, gutwara inda utipfuza canke kutaba ugitoneshwa n’Imana? Nta gukeka ko izo ari inkurikizi zibabaje zishobora gushikira umuntu wese arenze itegeko ry’Imana ryo kwirinda ubusambanyi.
Naho ari ukwo, woshobora kwumva umengo worenga iryo tegeko, ukibwira uti: ‘Nta co nzoba.’ Nakare, n’abandi bose barabigira! Kw’ishure abo mu runganwe rwawe barigamba ko bahora baja mu vyo guhuza ibitsina kandi ukamengo nta co baba. Kumbure, nka kumwe kwa Sandra yavuzwe mu ntango, wiyumvira mbere yuko guhuza ibitsina n’umugenzi wawe bizotuma murushiriza gukundana. Nakare, hari uwoshima ko bamutwenga ngo aracari isugi? None umuntu ntiyopfuma abikora?
Banza uzirikane gatoyi! Ubwa mbere hoho, si bose babigira. Ego ni ko, woshobora gusoma ibitigiri vyerekana yuko abakiri bato benshi cane bisuka mu vyo guhuza ibitsina. Nk’akarorero, icigwa cagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cerekanye yuko igihe abakiri bato bo muri ico gihugu barangije amashure yisumbuye, 2 kuri 3 muri bo baba bamaze gushurashura. Ariko kandi ivyo bisobanura yuko 1 kuri 3, ico kikaba ari igitigiri kitari gito, aba atarakora ico kintu. None tuvuge iki kuri abo baba bamaze kubikora? Abashakashatsi basanze abakiri bato benshi nk’abo baca bashikirwa na kimwe canke ibirenga muri ibi bintu bibi bikurikira.
IKINTU KIBI CA 1 UKWIYAGIRIZA. Benshi mu bakiri bato bisutse mu vyo guhuza ibitsina batarubaka izabo, bavuga yuko mu nyuma bicujije.
IKINTU KIBI CA 2 UKUTIZIGIRANA. Iyo abantu bamaze guhuza ibitsina, umwe wese aca atangura kwibaza ati: ‘Ni nde wundi bamaze guhuza ibitsina?’
IKINTU KIBI CA 3 KUVUNIKA UMUTIMA. Imbere muri bo, abakobwa benshi boshima kugira umuntu abakingira, atari uwubungukirako. Vyongeye, abahungu benshi biyumvamwo buhoro umukobwa aba yaremeye ko basambana.
Ikigeretse kuri ivyo, abahungu benshi bavuze yuko batokwigera bubakana n’umukobwa bigeze guhuza ibitsina. Uti kubera iki? Kubera yuko bashima kwubakana n’umuntu ataja mu buhumbu!
Nimba uri umukobwa, ivyo vyoba bigutangaza canke mbere bikagushavuza? Nuce wibuka iki kintu: Ibishikira abahuza ibitsina imbere y’uko bubaka izabo biratandukanye cane n’ivyerekanwa mu masenema no kuri televiziyo. Inzego z’ivy’ukwisamaza zirahayagiza uguhuza ibitsina kw’imiyabaga, zigatuma kuboneka nk’ukwinezereza ata co gutwaye, nk’aho mbere umengo ni urukundo nyakuri. Ariko ntuhendwe ubona! Abogerageza kukuryosharyosha ngo uje mu vyo guhuza ibitsina utarubaka urwawe boba bariko bironderera inyungu zabo gusa. (1 Abakorinto 13:4, 5) Nakare, ubwo umuntu agukunda koko yorondera kukugirira nabi ku mubiri no mu mutima? (Imigani 5:3, 4) Vyongeye, umuntu akwitwararika vy’ukuri yoba yogerageza gushira mu kaga ubucuti ufitaniye n’Imana?—Abaheburayo 13:4.
Indirimbo ya Salomo 2:16) Muri make, uzomubera intwari!
Nimba uri umusore kandi ukaba ufise umukobwa mugenderanira ku bwo kuzoreshanya, ivyavuzwe muri iki kigabane bikwiye gutuma uzirikana kuri iyo migenderanire yanyu. Niwibaze uti: ‘Noba nitaho koko umukunzi wanje?’ Nimba umwitaho, wovyerekana gute mu buryo bwiza? Mu kugira inkomezi canke uburindutsi bwo gukurikiza amategeko y’Imana, ubukerebutsi bwo kwirinda ivyotuma mugwa mu kaga, be n’urukundo rwo kwitaho ineza yiwe. Nimba ufise izo kamere, birashoboka rero ko uwo mwigeme mukundanye azokwiyumva nka wa Mushulamukazi yigenza runtu, uwavuze ati: “Umukunzi wanje ni uwanje, nanje nkaba uwiwe.” (Abaroma 1:24) Ntibitangaje rero kubona abantu benshi mu nyuma baca bumva badahimbawe kandi ata co bamaze, nk’aho boba basamaye bakareka umuntu akiba ikintu c’agaciro kiri mu bibagize! Ntureke ngo ivyo bigushikire. Igihe hagize uwugerageza kukuryosharyosha ngo muhuze ibitsina mu kuvuga ngo “Iyaba unkunda, wari kwemera,” nuce umubwira ushikamye uti: “Iyaba unkunda ntiwari kubinsaba!”
Waba uri umuhungu canke umukobwa, hamwe woja mu vyo guhuza ibitsina utarubaka urwawe, woba witesheje agaciro mu kwiyaka ikintu c’agaciro. (Umubiri wawe uri n’agaciro kanini cane ku buryo utowikura. Niwerekane ko ugamburuka ushikamye itegeko ry’Imana risaba kwirinda ubusambanyi. Maze umusi uri izina niwubaka urwawe uzoshobora guhuza ibitsina n’uwo mwubakanye. Kandi uzoshobora kubiryohererwa bimwe vyuzuye udahagarika umutima, uticuza kandi udashikirwa n’izindi nkurikizi zikunda gushikira abahuza ibitsina batarubaka izabo.—Imigani 7:22, 23; 1 Abakorinto 7:3.
RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 4 N’ICA 5
Ingeso yo kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene ni mbi ku rugero rungana iki?
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Nimuhunge ubusambanyi. . . . Uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.”—1 Abakorinto 6:18.
IMPANURO
Ku bijanye n’inyifato ukwiye kugira uri kumwe n’abo mudasangiye igitsina, ng’iyi ingingo ngenderwako nziza wokurikiza: Nimba ari ikintu utoshima ko abavyeyi bawe bakubona uriko urakora, ntugikore rero.
WARI UBIZI . . . ?
Iyo umuhungu amaze kuryamana n’umukobwa bakundanye, birashoboka cane ko aca amuheba agafatana n’uwundi.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Igihe ndi kumwe n’uwo tudasangiye igitsina, nkwiye kwirinda ibi bintu: ․․․․․
Uwo tudasangiye igitsina niyashaka ko tubonanira ahantu hihishije, nzomubwira nti: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Naho guhuza ibitsina imbere yo kwubaka urwawe vyoshobora gukwēgēra umubiri munyagasembwa, kubera iki udakwiye kubigira?
● Uzokora iki nihagira uwugusaba ngo muhuze ibitsina?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 176]
“Kubera ko uri umukirisu, urafise kamere zizotuma abandi bagukunda. Ubwirizwa rero kuba maso ukanka igihe hari uwugusavye ngo mugire ubuhumbu. Nuhe agaciro izo kamere. Ntuzipfishe ubusa!”—Joshua
[Ifoto ku rup. 176, 177]
Guhuza ibitsina utarubaka urwawe ni nko gufata igicapo ciza ukagishira imbere y’umuryango ngo baze baracihanaguzako imbere yo kwinjira