Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gupfa kwiryamanira bitwaye iki?

Gupfa kwiryamanira bitwaye iki?

IKIGABANE CA 26

Gupfa kwiryamanira bitwaye iki?

“Abakiri bato barakwegana kugira gusa barabe ko boshika ku guhuza ibitsina no kugira barabe abo boshobora kuryamana uko boba bangana.”—Penny.

“Abahungu barabivuga badahisha. Barihaya ko bafise umukobwa bakundana ariko bakaba baryamana n’abandi bakobwa benshi.”—Edward.

ABAKIRI BATO benshi muri iki gihe barihaya yuko bapfa kwiryamanira n’abandi ata n’ubugenzi bafitaniye. Hari n’abafise abo bashobora kuza bariryamanira, batiriwe baritera ivyo bita ngo ni ingorane ziva ku gukundana.

Ntutangare nimba nawe wumva umenga wobijamwo! (Yeremiya 17:9) Umwe Edward twavuga, agira ati: “Hari abakobwa benshi bansaba ngo turyamane. Kwanka ni rwo rugamba rutoroshe mbwirizwa kurwana narirya ndi umukirisu. Kubahakanira si icoroshe!” Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe ukwiye kugumiza ku muzirikanyi hagize uwubigusaba?

Numenye igituma ari bibi

Ubusambanyi ni icaha gikomeye cane ku buryo abaza barabukora “batazotorana ubwami bw’Imana.” (1 Abakorinto 6:9, 10) Ivyo ni ko biri, baba ari abantu baryamana bitwa ngo barakundanye canke bakaba ari abapfa kwiryamanira gusa. Kugira unanire inyosha mbi muri ivyo bihe vyompi, utegerezwa kubona ingeso y’ubusambanyi nk’uko Yehova ayibona.

“Ndemera ntakeka ko kubaho nk’uko Yehova ashaka ari bwo buryo bwo kubaho bwiza kurusha ubundi bwose.”—Karen, muri Kanada.

“Ibuka ko uri umwana wa naka, ko ufise abagenzi benshi, be n’uko uri uwo mu bagize ishengero. Hamwe wokworohera inyosha mbi, abo bose woba ubahemukiye!”—Peter, mu Bwongereza.

Niwabona ubusambanyi nk’uko Yehova abubona, uzoshobora ‘kwanka ikibi,’ naho coba kiryohera umubiri.—Zaburi 97:10.

Icanditswe wokwisomera: Itanguriro 39:7-9. Raba ukuntu Yozefu yanse ashikamye igihe yariko yoshwa ngo asambane be n’icamufashije kubigira.

Niwishimire ivyo wemera

Urwaruka rurakunze gushigikira rwivuye inyuma ivyo rwemera. Uri n’agateka ko gushigikira ingingo ngenderwako z’Imana biciye ku kuntu wigenza. Ntuterwe isoni n’ukuntu ubona ivyo guhuza ibitsina imbere yo kwubaka.

“Kuva mu ntango, nutomore yuko ufise ingingo wisunga zigenga inyifato runtu.”—Allen, mu Budagi.

“Abahungu twigana kw’ishure ryisumbuye bari bazi ico ndi, kandi bari bazi yuko hamwe bogerageza kundyosharyosha boba bariko barata umwanya.”—Vicky, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Igihe uburaniye ivyo wemera, uba werekanye ko uriko uraba umukirisu ahumuye.—1 Abakorinto 14:20.

Icanditswe wokwisomera: Imigani 27:11. Raba ukuntu igihe ukoze ibigororotse bishobora gukora ku mutima Yehova.

Niwerekane ko udafyinata!

Kuvuga ngo oya birahambaye. Ariko hari abokwiyumvira ko uriko urigirisha.

“Ibintu vyose bikwerekeye, ushizemwo ukuntu wambara, ukuntu uvuga, abo uvugisha be n’ukuntu ushikirana n’abantu, bikwiye kwerekana ko oya yawe ari oya.”—Joy, muri Nijeriya.

“Urakwiye gutomora ko utazopfa wemeye gukora ikintu nk’ico. Ntiwigere wemera utuntu abahungu baguhendesha. Barashobora kudufatirako, nk’aho umengo hari ideni ubafitiye.”—Lara, mu Bwongereza.

Yehova azogufasha niwerekana ko udafyinata. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi, afatiye ku vyari vyaramushikiye, yarashoboye kuvuga ku bijanye na Yehova ati: “Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka.”—Zaburi 18:25.

Icanditswe wokwisomera: 2 Ngoma 16:9. Raba ukuntu Yehova ashashaye gufasha abashaka gukora ibigororotse.

Nube umuntu abona kure

Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Ivyo wovyiyerekezako gute? Mu kuba umuntu abona kure.

“Uko bishoboka kwose, nuce kure abantu bavuga ivyo bintu.”—Naomi, mu Buyapani.

“Ntuhishure amakuru akwerekeye, nka aderese yawe canke inomero zawe za telefone.”—Diana, mu Bwongereza.

Nurabe ukuntu uvuga, ukuntu wigenza, abagenzi bawe be n’ahantu ukunda gutemberera. Ca wibaza uti: ‘Hoba hari ibintu ngira ntabizi vyoshobora gutuma abandi bansaba ngo turyamane?’

Icanditswe wokwisomera: Itanguriro 34:1, 2. Raba ukuntu umwigeme umwe yitwa Dina yikwegeye akarambaraye kubera yari ahantu hatabereye.

Ibuka ko gupfa kwiryamanira gusa ari ikintu gikomeye kuri Yehova Imana, kandi na wewe ukwiye kukibona gutyo. Ushikamye ku bigororotse, urashobora kugumana ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana kandi ukaguma wiyubashe. Nk’uko umwigeme yitwa Carly abivuga, “kubera iki woreka uwundi muntu akakugira igikoresho co guhaza ivyipfuzo vyiwe? Nubumbatire ico wabiriye akuya!”

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Abahungu bavuga ko bagomwa koko abakobwa bameze gute? Inyishu yogutangaza!

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka [Imana ize i]basange mutagirako agatosi, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro.”—2 Petero 3:14.

IMPANURO

Nuryohore kamere zawe zo mu mutima. (1 Petero 3:3, 4) Uko urushiriza kuba umuntu mwiza, ni ko uzokundwa n’abantu beza kuruta.

WARI UBIZI . . . ?

Yehova yateguye ko guhuza ibitsina biba isôko ry’umunezero hagati y’abubakanye. Ashaka ko ubigira muri ubwo buryo yabitegekanije, udashikirwa n’uguhagarika umutima, ingorane be n’ukwicuza bikunda guterwa n’ubusambanyi.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ivyomfasha kwigana umwiyemezo Yozefu yari afise wo kuguma atyoroye mu vy’inyifato runtu ni ibi: ․․․․․

Nzokwirinda kugwa mw’ikosa Dina yaguyemwo ninakora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Naho uguhuza ibitsina kutemewe gushobora kuryohera umubiri munyagasembwa, kubera iki ari bibi?

● Uzokora iki nihagira uwugusaba ngo muhuze ibitsina?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 185]

“Nushikame! Igihe umusore umwe yarondera kunkwegera amfashe ku rutugu, namubwiye nti: ‘Nkura ukuboko ku rutugu!’ nca ngenda ndamuraba urujisho.”—Ellen

[Ifoto ku rup. 187]

Gupfa kuryamana n’uwo ari we wese ni ukwitesha agaciro