Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuki abahungu batankunda?

Kuki abahungu batankunda?

IKIGABANE CA 27

Kuki abahungu batankunda?

Arazi ko nzwi cane. Namubwiye ko abandi bahungu bankunda. Yatwenze igihe namubwira ko abagenzi banje ari uturofa. Kandi arazi ko nciye ubwenge kuko maze kumukosora nka kangahe. None arindiriye iki kurivuga?

Ni mwiza, mugabo umenga arafyina cane! Ntandeka ngo mvuge. N’iyo mvuze, aca ankosora! Numva nomubisa nkigira.

WOBA ubona ko abahungu batagukunda? Abakobwa benshi ni ko babibona, mbere n’abo wiyumvira ko ata ngorane boba babifisemwo! Fata nk’akarorero uwitwa Joanne. Ni mwiza, araciye ubwenge, kandi arazi kuvuga neza. Yamara agira ati: “Akenshi mbona ko abahungu batankunda. Na bakeyi nashimye banyitayeho akanya isase ariko ntibongeye kumvugisha!”

Ni ibiki abasore bashima mu mwigeme? Ni ibiki badashima? Wokora iki ngo ushimwe n’umusore ameze neza?

Ivyo wokora

Numenye uko umeze. Ukimara gutangura ubuyabaga, ushobora kuba warumvise urushirije gukunda abahungu. Ushobora kuba warumvise ukwegerewe n’abarenga umwe. Ivyo ni ibisanzwe. Mugabo, iyo uca uha umutima wawe umuhungu wa mbere wabonye ukumva urajanywe, vyari guhakwa kukubuza gukura mu bijanye n’inyiyumvo no mu bijanye n’ubucuti ufitaniye n’Imana. Kugira utsimbataze kamere nziza, ‘uhindure umuzirikanyi wawe’ umenye ibihambaye, no kugira ngo ushike ku migambi imwimwe wishingiye, bisaba umwanya.—Abaroma 12:2; 1 Abakorinto 7:36; Abakolosayi 3:9, 10.

Ni ivy’ukuri ko abahungu benshi bakunda abakobwa bapfa kwemera ivyo bababwiye vyose canke bataramenya utuntu n’utundi. Ariko rero, abo bahungu ahanini baba bakwegerewe n’agashusho k’inyuma k’umukobwa, ntibaba bakwegerewe n’ico ari koko. Ico ukwiye kumenya ni uko umusore w’ubwenge arondera umukobwa ashobora kugira ico aterereye ku bucuti bwabo.—Matayo 19:6.

Ivyo abahungu bavuga: “Ndabishima igihe umukobwa atagendera ku vyiyumviro vy’abandi, igihe yiyumvamwo neza ko ari umuntu ashitse.”—James.

“Noshima umukobwa avugisha ukuri, avugana urupfasoni kandi adapfa kwemera gusa ivyo mvuze. Naho yoba ari mwiza, sindyoherwa n’umukobwa anshirira aho nshaka.”—Darren.

Ubona gute ivyiyumviro vy’abo bahungu?

․․․․․

Niwubahe abandi. Kurya nyene ushaka gukundwa, ni ko n’abahungu uzi bipfuza rwose kwubahwa. Ntibitangaje kubona Bibiliya ibwira umugabo ko akwiye gukunda umugore wiwe ariko ikabwira umugore ko akwiye kugirira umugabo wiwe “icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:33) Ivyo birahuye n’ivyavuye mw’itohoza rimwe ryagizwe ku basore nk’amajana angahe: abarenga 60 kw’ijana bavuze ko bashima icubahiro kuruta urukundo. Mu bagabo babajijwe na ho, abarenga 70 kw’ijana na bo nyene ni ryo hitamwo bagize.

Kwubaha ntibisobanura ko uca uheba uburenganzira ufise bwo kugira iciyumviro gitandukanye n’ic’uwundi no kugiserura. (Itanguriro 21:10-12) Mugabo uburyo userura iciyumviro cawe burashobora gukwēgēra umusore canke bukamwigizayo. Nimba wama umuvuguruza canke ukama umukosora, yoshobora kwiyumvira ko utamwubaha. Ariko werekanye ko utahura ukuntu abona ibintu maze ukagira ico uvuze ku vyo ubona ko ari vyiza, birashoboka rwose ko azokwemera iciyumviro cawe kandi akagishima. Ariko ntiwumve, umusore abona kure azoraba kandi yuko ufatana icubahiro abo mu muryango iwanyu be n’abandi.

Ivyo abahungu bavuga: “Niyumvira ko icubahiro ari co kintu gihambaye kuva mu ntango y’ubugenzi. Urukundo naho rwoza mu nyuma nta ngorane.”—Adrian.

“Igihe umukobwa aba ashoboye kunyubaha, nca mbona ko n’ukunkunda abishoboye.”—Mark.

Ubona gute ivyiyumviro vy’abo bahungu?

․․․․․

Ambara rupfasoni kandi ugire isuku. Ukuntu wambara n’ukuntu witunganya ni nk’ivyuma bisamiriza ivyiyumviro vyawe n’ingeso zawe. Utaranavugisha umuhungu, impuzu wambaye ziba zamaze kumuhishurira vyinshi ku bikwerekeye. Nimba wambara impuzu zitunganije neza kandi z’urupfasoni, bizotanga ubutumwa bwiza cane. (1 Timoteyo 2:9) Nimba wambara izikaburira abandi inambu y’umubiri canke ugapfa uko wambaye, ubutumwa utanga buzokwibonekeza neza, kandi buzoba ari bubi!

Ivyo abahungu bavuga: “Ukuntu umukobwa yambara kurahishura vyinshi ku kuntu abona ubuzima. Igihe yambara izikabura inambu y’umubiri canke agapfa uko yambaye, binyereka ko arondera hasi hejuru ko bamubona.”—Adrian.

“Ndakunda umukobwa afata neza imishatsi yiwe, amota neza, kandi afise akajwi keza. Narigeze kugomwa umukobwa mwiza, ariko isuku rike ryiwe ryaciye rivyica.”—Ryan.

“Igihe umukobwa yambara impuzu zikabura inambu y’umubiri, ntibibura gutuma abantu bamuraba. Ariko umukobwa nk’uwo si we nipfuza ko twogiranira ubugenzi.”—Nicholas.

Ubona gute ivyiyumviro vy’abo bahungu?

․․․․․

Ico udakwiye gukora

Nturondere gukwegakwega abahungu. Abagore barafise ubushobozi bwo gukwēgēra cane abagabo. Ubwo bushobozi burashobora gukoreshwa neza canke nabi. (Itanguriro 29:17, 18; Imigani 7:6-23) Hamwe woza urapimira ubwo bubasha ku muhungu wese muhuye, urahakwa kuzobonwa nk’uwurondera gukwegakwega abahungu.

Ivyo abahungu bavuga: “Kwicara gusa iruhande y’umukobwa mwiza ibitugu bigakoranako, birashobora gutuma wumva uryohewe. Niyumvira rero ko umukobwa aza aragukorako muriko murayaga aba ariko arondera kugukwegakwega.”—Nicholas.

“Mu gihe umukobwa yama arondera gukora ku kuboko umuhungu wese bari kumwe canke akama atereza akajisho ku muhungu wese arenganye, nca mbona ko arondera gukwegakwega abahungu; uwo sindaba.”—José.

Ntube ikimata. Igihe umusore n’inkumi babiranye, baca baba ico Bibiliya yita “umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Ico gihe, umugabo n’umugore bompi baraheba mwinshi mu mwidegemvyo bashobora kuba bari bafise batarubaka; mu vy’ukuri baca biheberanira. (1 Abakorinto 7:32-34) Ariko rero, nimba uriko urarondera gusa kumenya umusore kanaka, nta burenganzira uba ufise bwo kwitega ko akwihebera nk’ukwo kw’abubakanye, kandi na we nyene ni ko kw’ukwo. * Ico ukwiye kumenya ni iki: wemeye ko afise uburenganzira bwo kwifatanya n’abandi bagenzi, yoshobora kwumva urushirije kumuryohera. Kandi ingene akoresha uwo mwidegemvyo bizokubwira vyinshi ku kuntu ameze.—Imigani 20:11.

Ivyo abahungu bavuga: “Niyumvira ko umukobwa aba ari ikimata igihe ashaka kumenya akantu kose nkora, kandi bigasa n’uko adashobora kubandanya ubuzima bwa misi yose canke gukora ibindi bimuhimbara tutari kumwe.”—Darren.

“Igihe umukobwa tuba duherutse guhura aza aranyandikira ubutumwa kandi akaguma arondera kumenya uwo turi kumwe, na canecane amazina y’abakobwa turi kumwe, iyo iba ari imburi.”—Ryan.

“Umukobwa atakureka ngo umarane umwanya n’abagenzi bawe b’abahungu kandi agashavuzwa n’uko utama umutumira ngo mwamane, aba ari ikimata kandi ntandyohera.”—Adrian.

Ubona gute ivyiyumviro vy’abo bahungu biri munsi y’ako gatwe?

․․․․․

Numenye agaciro ufise

Ushobora kuba uzi abakobwa bokora ibishoboka vyose kugira ngo umuhungu ababone yongere abashime. Abandi na bo boshobora gutitura ingingo ngenderwako bisunga barondera gusa umuhungu bakundana canke uwo bokwubakana. Ariko rero, ya ngingo ngenderwako ivuga ngo ‘wimbura ico ubiba’ irakora muri uwo muce. (Abagalatiya 6:7-9) Nimba utiha agaciro ntugahe n’ingingo ngenderwako wihatira kubaho wisunga, urahakwa gusanga ushimwe n’abahungu bataguha agaciro canke batagaha ingingo ngenderwako wisunga.

Ico womenya co, si abahungu bose bazogukunda, kandi ivyo birashobora kuba vyiza! Mugabo nimba witwararika ubwiza bwawe bwo ku rukoba be n’ubwiza bwawe bwo mu mutima, uzoba “uw’agaciro kanini mu maso y’Imana” kandi uzoshimwa n’umusore muzoba mukwiranye neza.—1 Petero 3:4.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Bite ho nimba uri umuhungu ukaba wibaza uti: ‘Kuki abakobwa batankunda?’

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 30 Ariko ntiwumve, igihe umusore n’inkumi bareshanije, umwe wese aba ari n’ico abazwa imbere y’uwundi.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Igikundiro coshobora guhendana, n’ubwiza bwoshobora kuba ubusa; mugabo umugore atinya Yehova ni we yihesha ugushemezwa.”—Imigani 31:30.

IMPANURO

Ntiwipodore cane! Kwipodora birenze urugero bishobora gutuma abandi bakubona ukutari ko, bakabona ko wishima canke urondera hasi hejuru ko bakubona.

WARI UBIZI . . . ?

Nimba wama usaba ushimitse umuhungu ngo ntihagire uwundi yitwararika atari wewe gusa, woshobora kwonona ubucuti mufitaniye.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kamere nzokwitwararika kuryohora ni ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Wokwerekana gute ko wubahiriza ivyiyumviro vy’umusore n’inyiyumvo ziwe?

● Wokwerekana gute ko wiha agaciro?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 190]

“Mvugishije ukuri, iyo mbonye abakobwa bezabeza, nca numva ndabakunze. Ariko ivyo ntibiteba guhinduka iyo nsanze umukobwa nagomwe ata migambi itomoye kandi y’ingirakamaro afise. Ariko rero, igihe aba azi ingene azokoresha ubuzima bwiwe, na canecane igihe aba amaze gushika ku migambi imwimwe mu yo yishingiye, birashobora gutuma ndushiriza kumukunda.”—Damien

[Ifoto ku rup. 191]

Urukundo n’icubahiro ni nk’amapine abiri y’ikinga. Yose arakenewe