Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokwihangana gute uwo twakundana ampevye?

Nokwihangana gute uwo twakundana ampevye?

IKIGABANE CA 31

Nokwihangana gute uwo twakundana ampevye?

“Twari tumaze imyaka 5 turi abagenzi kandi hari haciye amezi 6 tugenderanira ku bwo kuzoreshanya. Igihe yafata ingingo yo kumpeba, ntiyubahutse no kubimbwira. Ntiyasubiye gusa kumvugisha. Numvise nkondotse. Nararengewe n’umubabaro. Naguma nibaza nti: ‘None namukoreye iki?’”—Rasheli.

GUHEBANA n’uwo mwakundana birashobora kukunyaga umunezero wose ugasigara mu marira no mu mwiheburo. Nk’akarorero, Jeff na Susan bari bamaze imyaka ibiri bagenderanira ku bwo kuzoreshanya. Muri ico kiringo ubucuti bwabo bwarakuze, burakomera. Umusi wose Jeff yawumara yandikira Susan ubutumwa bwo kuri telefone burimwo amajambo y’urukundo. Rimwe na rimwe yaramuha ingabirano kugira amwereke ko amuzirikana. Susan avuga ati: “Jeff yarigora akantega ugutwi akongera akantahura. Yaratuma numva ko ndi n’agaciro.”

Jeff na Susan ntibatevye kuvugana ivy’ubugeni bwabo n’aho bobaye bamaze kwubakana. Wanashaka, Jeff yarabajije Susan ingene impeta yokwambara ingana. Ariko bukwi na bukwi Jeff yarahagaritse ubwo bucuti! Susan yarababaye cane. Yarapfa gukora imirimo ya misi yose, mugabo umubabaro wari wose. Agira ati: “Narumva ndushe cane mu bwenge no ku mubiri.” *

Igituma bibabaza

Nimba warashikiwe n’ivyashikiye Susan, woshobora kwibaza uti: ‘Ubwo nzoteba nsubirane?’ Umubabaro ufise urumvikana. Umwami Salomo yanditse ati: “Urukundo rukomeye nk’urupfu.” (Indirimbo ya Salomo 8:6) Rero, guhebana n’uwo mwakundana vyoshobora kuba kimwe mu bintu biteye intuntu kurusha ibindi vyose vyigeze kugushikira. Nkako, hari abavuze ko igihe uhebanye n’uwo mwakundana ari nk’aho ubuzima buba buhagaze. Hari n’aho wosanga uriko uraca muri ibi biringo vy’umubabaro canke ibindi bisa na vyo:

Kutavyemera. ‘Oya nawe nu ntivyaheze! Ejo canke hirya y’ejo azohindura ivyiyumviro.’

Ishavu. ‘Yubahutse gute kunkorera ikintu nk’ico? Aranshisha!’

Akabonge. ‘Nta co abandi bonkundira. Nta wuzopfa ankunze.’

Kuvyemera. ‘Bizohera. Kubabaza birababaza, ariko ndiko ndasubirana.’

Shira umutima mu nda, urashobora gushikira ico kiringo ca nyuma. Umwanya bizofata kugira ushikire ico kiringo uvana n’ibintu nka bingahe, ushizemwo n’igihe mwari mumaranye be n’aho ubucuti bwanyu bwari bugeze. Mu kurindira none, wokwihanganira gute umubabaro ufise mu mutima?

Tera uja imbere

Woshobora kuba umaze kwumva abavuga ko inguma zigenda zirakira uko haca igihe. Mugihebana, woshobora kwumva umengo ayo majambo nta co avuze. Ivyo biterwa n’uko igihe kihaca atari co conyene gituma iyo ngorane ihera. Tubitangire akarorero: Iyo ukomeretse, ugenda urakira uko haca igihe, ariko muri uwo mwanya birababaza. Urakenera guhagarika ivirirana ry’amaraso no kugabanya ububare. Urakenera kandi kurinda ico gikomere ngo nticandure imigera. Ni ko bimeze no ku gikomere co mu mutima. Ugikomereka mu mutima birababaza. Mugabo hariho intambwe ushobora gutera kugira ugabanye ubwo bubabare no kugira ntiwandure umugera w’umujinya. Igihe kizorangura uruhara rwaco, ariko none wewe worangura gute uruhara rukwega? Gerageza gukora ibi bikurikira.

Ntiwitinye kurira. Kurira nta kibi kirimwo. Nakare, Bibiliya ivuga ko hari “igihe co kurira”, eka mbere n’“igihe co kuboroga.” (Umusiguzi 3:1, 4) Gukorora amosozi si ikimenyetso c’ubugoyagoye. Mbere na Dawidi, wa murwanyi w’intatinyurukamvye, igihe yari atuntuye mu mutima, yariyemereye ati: “Ukw ijoro ryije ntotesha uburiri bganje amosozi, uburiri bganje ndayabucuncuburirako.”—Zaburi 6:6, Bibiliya Yera.

Niwitwararike amagara yawe. Kwinonora imitsi no gufungura neza bizogufasha kugarura inguvu watakaje bitewe n’umubabaro wo mutima uva kuri ukwo guhebana. Bibiliya ivuga iti: ‘Kumenyereza umubiri biri n’akamaro.’—1 Timoteyo 4:8.

Ni imice iyihe ijanye n’amagara yawe wokenera kwitwararika?

․․․․․

Guma ufise vyinshi ukora. Ntureke gukora ibintu ukunda. Ntiwigungire ukwawe, canecane muri ico gihe c’umubabaro. (Imigani 18:1) Kwifatanya n’abakubabaye bizogufasha kuguma wiyumvira ibintu vyubaka.

Ni amahangiro ayahe wokwishingira?

․․․․․

Senga Imana uyibwire uko wiyumva. Ivyo vyoshobora kuba urugamba. Hari n’abaca biyumvira ko bahemukiwe n’Imana igihe bahebanye n’uwo bakundana. Bibwira bati: ‘Narasenze ndasubira nsaba Imana ngo ndonke umukunzi, none ehe raba ibibaye!’ (Zaburi 10:1) Ariko none, ubwo vyoba bibereye ko Imana tuyibona nk’umuranzi wo mw’ijuru arangira abantu abo bokwubakana? Habe namba! Eka kandi si yo yobibazwa igihe umwe mu bari bakundanye adashimye ko imigenderanire yabo ibandanya. Ico tuzi co kuri Yehova ni iki: ‘Arakubabaye.’ (1 Petero 5:7) Numubwire rero mw’isengesho ukuntu wiyumva. Bibiliya ivuga iti: “Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.”—Abafilipi 4:6, 7.

Ni ibintu bitomoye ibihe wobwira Yehova mw’isengesho igihe wihatira kwihanganira umubabaro uva ku guhebana n’uwo mwakundana?

․․․․․

Raba imbere

Umaze gusubirana, vyoba vyiza usuzumye witonze ivyabaye mu bucuti bwawe n’uwo mwari mukundanye. Nimba wumva wobigira, hari aho wosanga ari ngirakamaro wanditse inyishu wotanga ku bibazo biri mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 224 ruvuga ngo “Nokwigira iki kuri ukwo guhebana?”

Ni ivy’ukuri yuko ubucuti bwanyu butashitse ku co wari witeze. Mugabo ntiwibagire iki kintu: Igihe hari imvura y’igihuhusi, biroroshe ko umuntu aguma yibanda ku kirere cirabura no ku mvura iriko iragwa. Ariko rero, nya mvura irateba igahita ikirere kikaba igikeye. Abakiri bato twavuze muri iki kigabane bariboneye ko ibintu vyatevye bikagenda neza. Numenye udakekeranya ko na wewe bishobora kukugendera gutyo!

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Ni intambwe izihe wotera kugira wikingire abarondera kugushurashuza?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Naho muri iki kigabane havugwamwo abakobwa, ibivugwamwo birabaraba n’abahungu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“[Yehova] akiza abavunitse umutima, agatubika ahantu habababaza.”—Zaburi 147:3.

IMPANURO

Umwe Susan twavuga mu ntango z’iki kigabane yaragize urutonde rw’ivyanditswe agumana hafi, kugira aze arabisoma igihe yumvise arengewe n’umubabaro. Kumbure na wewe urashobora kubigenza gutyo ukoresheje ivyanditswe bimwebimwe vyatanzwe muri iki kigabane.

WARI UBIZI . . . ?

Abakiri imiyabaga benshi cane bagenderanira ku bwo kuzoreshanya usanga batubakana; n’abagize ngo barubakana, benshi muri bo barahukana.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Tumaze guhebana n’uwo twakundana, kugira ubuzima bubandanye nzokora ibi: ․․․․․

Ivyo noryohora kugira ngo nze ndavyifatemwo neza kuruta nihagira uwundi tugiranira imigenderanire ni ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Ubucuti wari ufitaniye na nya muntu bwakwigishije iki ku bikwerekeye?

● Wize iki ku bijanye n’abo mudasangiye igitsina?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 227]

Uko haca igihe ni ko urushiriza kubona ibintu neza. Mu nyuma, umubabaro uzogabanuka ku buryo uzoshobora kubona ibintu mu buryo bwiza, ukumva ko ivyabaye vyaheze. N’ikindi, urashobora kumenya vyinshi ku bijanye n’uko umeze be na kamere woshima ko uwo muzokwubakana yoba afise hamwe n’ivyo wokwirinda ngo igiti ntikigukore mu jisho kabiri.’’—Corrina

[Uruzitiro ku rup. 224]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Nokwigira iki kuri ukwo guhebana?

Yoba yarakubwiye imvo yatumye aguheba? Nimba yarayikubwiye, nuyandike aha munsi, naho woba ubona ko itari ifashe. ․․․․․

Ni izindi mvo izihe wibaza ko zoba zarabitumye? ․․․․․

Utereje amaso inyuma, ubona hari ico wari gukora kugira ntimuhebane? Nimba kihari, ni igiki? ․․․․․

Ivyabaye vyoba vyarakweretse imice worushirizamwo kuba umuntu ahumuye n’umukirisu mwiza kuruta? ․․․․․

Ni igiki woshima gukosora niwagiranira ubucuti n’uwundi muntu, nimba kihari? ․․․․․

[Ifoto ku rup. 223]

Guhebana n’uwo mwakundana ni nk’ugukomereka: birababaza ariko haciye igihe urakira