Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nomenya gute ko ari urukundo nyakuri?

Nomenya gute ko ari urukundo nyakuri?

IKIGABANE CA 29

Nomenya gute ko ari urukundo nyakuri?

Ishura ibibazo bikurikira:

1. Wosigura gute “urukundo nyakuri”? ․․․․․

2. Wosigura gute “urukundo rw’igihababu”? ․․․․․

3. Wibaza ko ivyo bibiri bitandukaniye he? ․․․․․

BISHOBORA kuba bitakugoye kwishura ivyo bibazo. Nakare, biroroshe kubona itandukaniro riri hagati y’urukundo nyakuri n’urw’igihababu igihe uriko uravyiyumvira gusa.

Ariko rero, ivyo vyose birashobora guhinduka igihe ukubise ijisho umuhungu canke umukobwa ubona ko ari we nyene warondera. Uciye wumva umurwaye ku buryo ubona ko ata kindi kintu gihambaye kuri wewe. Uramukunda vyo gupfa. Ubwo ni vyo? Rwoba ari urukundo nyakuri canke ni urw’igihababu? Wobimenya gute? Kugira turonke inyishu, reka tubanze turabe ingene uko ubona abo mudasangiye igitsina gushobora kuba kwarahindutse muri iyi myaka iheze. Nk’akarorero, zirikana ibibazo bikurikira:

● Ugifise imyaka itanu, wabona gute abo mudasangiye igitsina?

Ubu ubabona gute?

Inyishu utanze zishobora kuba zerekana ko igihe winjira mu buyabaga, watanguye kubona ukundi abo mudasangiye igitsina. Uwitwa Brian w’imyaka 12 avuga ati: “Natanguye kubona abakobwa basigaye ari beza kuruta uko nahora ndababona.” Umwigeme yitwa Elaine w’imyaka 16 aribuka ihinduka haheze imyaka nk’ingahe ribaye. Avuga ati: “Abagenzi banje bose baratanguye kuvuga ivy’abahungu; nanje vyari vyoroshe ko numva nkunze umuhungu wese mbonye.”

None ubu ko utanguye kubona ukundi abo mudasangiye igitsina, ushobora gute gucungera izo nyiyumvo zikomeye? Aho kwibwira ko zitabaho, ivyo akaba ata gukeka ko vyotuma zikomera, urashobora kubona ko ako ari akaryo keza ko kugira ico wize ku bijanye n’ukugomwa umuntu, urukundo rw’igihababu, be n’urukundo nyakuri. Gutahura iyo mice itatu y’ivy’urukundo birashobora kugufasha kwirinda umubabaro udakenewe bikongera bikagufasha kuzoronka uwo mukundana vy’ukuri.

UKUGOMWA Gushingiye ku vyo ubona

“Twe n’abagenzi banje tuguma tuyaga ivy’abakobwa. Turagerageza kuvuga ibindi, ariko umukobwa mwiza apfa kurengana tugaca twibagira ivyo twariko turavuga!”—Alex.

“Umusore andaba mu maso, akamwenyura neza kandi akaba atambuka neza, nokwumva ndamukunze.”—Laurie.

Kugomwa umuntu w’agashusho keza ni ibisanzwe. Ingorane ni uko ivyo ubona inyuma atari vyo wama usanga imbere. Kubera iki? Kubera ko ubwiza bushobora guhenda. Bibiliya ivuga iti: “Umugore mwiza mugabo aca kure ukwiyumvira neza, ni nk’impeta yo ku zuru y’inzahabu ku kinwanwa c’ingurube.” (Imigani 11:22) Ariko ntiwumve, iyo ngingo ngenderwako nyene irakora no ku bahungu.

URUKUNDO RW’IGIHABABU → Rushingiye ku kuntu wiyumva

“Nararwaye cane umuhungu umwe igihe nari mfise imyaka 12. Bimaze guhera, naratahuye igituma namukunda. Vyaterwa gusa n’uko abagenzi banje bose bakunda abahungu, na we akaba yari umuhungu. Ng’ico rero icabitumye!”—Elaine.

“Nararwaye abakobwa benshi, mugabo akenshi natwarwa gusa n’agashusho k’inyuma. Maze kumenya ukuntu nya mukobwa ameze imbere, nasanga tudahuje nk’uko navyibaza.”—Mark.

Urukundo rw’igihababu womengo ni urukundo nyakuri. Nkako, urukundo nyakuri rurimwo n’inyiyumvo. Mugabo urukundo nyakuri n’urw’igihababu bishingiye ku bintu bitandukanye cane. Umuntu agira urukundo rw’igihababu iyo akanzwe n’ibiboneka inyuma. Vyongeye, rutuma atabona utunenge tw’uwo wundi muntu, akagagamisha kamere nziza afise. Ku bw’ivyo, urukundo rw’igihababu rumeze nk’ikirimba c’umusenyi; ntiruragama. Umukobwa umwe yitwa Fiona avuga ati: “Rumara umwanya urume rumara. Urashobora kugomwa umuhungu uno musi, ariko haciye ukwezi ukagomwa uwundi kwa kundi nyene!”

URUKUNDO NYAKURI Rushingiye ku vyo uba uzi

“Ku bijanye n’urukundo nyakuri, nibaza ko uba ufise imvo yo kugomwa umuntu, imvo nziza atari imvo y’ubwikunzi.”—David.

“Kuri jewe, bisa n’uko urukundo nyakuri rukwiye kugenda rurakura uko haca igihe. Mu ntango muba muri abagenzi bashika. Mu nyuma ugenda urakunda ivyo uba umaze kumenya kuri nya muntu, maze ugatangura kumwiyumvamwo kuruta uko vyahora.”—Judith.

Urukundo nyakuri rushingiye ku kuba uzi neza aho umuntu akomeye n’aho ahobahoba. Ntibitangaje rero kubona Bibiliya ivuga ko urukundo rutagarukira ku nyiyumvo gusa. Ivuga ko urukundo “[rwi]yumanganya kandi rugira ubuntu. . . . Rurenzako muri vyose, rwemera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.” (1 Abakorinto 13:4, 7, 8) Urukundo nyakuri rutuma umuntu yifata muri ubwo buryo yisunze ubumenyi, ntapfe ivyo yemeye canke ngo atwarwe n’ukutamenya.

Akarorero k’urukundo nyakuri

Inkuru yo muri Bibiliya ya Yakobo na Rasheli irerekana neza urukundo nyakuri ico ari co. Abo babiri bahuriye kw’iriba, aho Rasheli yari yajanye intama za se kunywa amazi. Yakobo yaciye yumva amugomwe. Kubera iki? Kimwe coco, Rasheli “yari mwiza ku mubiri akaba na mwiza mu maso.”—Itanguriro 29:17.

Ariko rero, uribuka ko urukundo nyakuri rudashingiye gusa ku kuntu umuntu asa. Hari ikindi kintu Yakobo yabonye kuri Rasheli uretse ubwiza bwiwe gusa. Nkako, Bibiliya ivuga ko bidatevye, Yakobo yateye n’iyindi ntambwe turetse ukumugomwa gusa. Igira iti: “Yarakunda Rasheli.”—Itanguriro 29:18.

None urukundo rwabo rwari ruhereye aho? Oya, kubera ko vyari bikibandanya. Se wa Rasheli yararindirije Yakobo imyaka indwi imbere y’uko amumuha. Kaba kari akarenganyo canke katari ko, urukundo rwa Yakobo rwari rugejejwe. Iyo ruba urukundo rw’igihababu, Yakobo ntiyari kumurindira. Urukundo nyakuri ni rwo rwonyene rushobora kugumaho naho hoca igihe kingana iki. Uti none vyagenze gute? Bibiliya ivuga iti: “Yakobo akora imyaka indwi ngo aze ahabwe Rasheli, mugabo mu maso yiwe iba nk’imisi mikeya kubera urukundo yamukunda.”—Itanguriro 29:20.

Ni ibiki ushobora kwigira ku karorero ka Yakobo na Rasheli? Yuko urukundo nyakuri rugumaho naho hoca igihe kingana iki. N’ikindi kandi, ntirushingiye gusa ku kuntu umuntu asa. Washaka, uwo mwoshobora kuzokwubakana yoshobora kuba atari umuntu uca ugomwa cane ukimukubita ijisho. Nk’akarorero, uwitwa Barbara yarahuye n’umusore yiyemerera ko ataciye agomwa rwose akimukubita ijisho. Yibuka ibi: “Ariko maze kumumenya neza, ibintu vyarahindutse. Narabonye ukuntu Stephen yitaho abandi be n’ukuntu yama ashira ineza y’abandi imbere. Izo ni zo kamere nari nzi ko zotuma umuntu aba umunega mwiza. Yarandyoheye, nca ntangura kumukunda.” Erega bararushinze ruraguma.

Nihagera ko ugenderanira n’umuntu ku bwo kuzoreshanya, uzomenya gute ko waronse urukundo nyakuri? Umutima wawe woshobora kukubwira ko ari sawa, ariko uriheka ku muzirikanyi wawe wamenyerejwe na Bibiliya. Uragerageza kumenya n’ibindi kuri nya muntu uretse ishusho yiwe y’inyuma. Urareka hace umwanya ubwo bucuti butsimbatare. Uribuka ko urukundo rw’igihababu akenshi rumara umwanya urume rumara. Urukundo nyakuri rugenda rurakomera uko haca igihe maze rukaba “umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”—Abakolosayi 3:14.

Numenye neza ko ushobora kuronka mwene urwo rukundo, hamwe wokwiga kutagarukira gusa ku kugomwa (ku vyo ubona) be no ku rukundo rw’igihababu (ku nyiyumvo). Impapuro zitatu zikurikira zizobigufashamwo.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 1 N’ICA 3

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Dufate ko waronse urukundo nyakuri. Womenya gute ko ugeze kwubaka urwawe?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Amazi menshi ubwayo ntashobora kuzimya urukundo, eka n’inzuzi ubwazo ntizishobora kurukukumura.”—Indirimbo ya Salomo 8:7.

IMPANURO

Kugira ubone aho ugeza mu kumenya umuntu wiyumvamwo, niwishure ibibazo biri mu Gitabu ca 2 ku rupapuro rwa 39 (ku bakobwa), no ku rwa 40 (ku bahungu).

WARI UBIZI . . . ?

Abakiri bato bafyinata mu kuza barunga ubucuti n’abo badasangiye igitsina bagaca babivamwo, ni nk’aho baba bariko barimenyereza kwahukana nibamara kwubaka izabo.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira menye yuko inyiyumvo mfitiye umuntu zoba ari igihababu canke urukundo, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki Imana yaremye abantu ku buryo bumva bakwēgērewe cane n’abo badasangiye igitsina?

● Kubera iki ivyitwa ngo ni ugukundana kw’imiyabaga biruhira gusambuka?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 207]

“Urukundo nyakuri rurashobora gutsinda intambamyi, ariko urw’igihababu ruca ruhera igihe ibintu bihindutse canke iyo hadutse ingorane. Bifata igihe kugira ngo urukundo nyakuri rutsimbatare.”—Daniella

[Uruzitiro ku rup. 209]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Iyaba ari wewe wokora iki?

Mike na Judy bamaze amezi atatu bamenyanye, Judy akaba avuga ko amukunda vyo gupfa. Mike yama amwitwararika cane, mbere akamubwira uko yokwambara, abo bogendana n’abo batogendana. Gushika mu ndwi iheze, yamufata nk’umuganwakazi. Ico gihe Mike yarakubise ikofe Judy aho amuboneye ariko avugana n’uwundi muhungu.

Mike avuga ati: “Judy akwiye kumenya ko ntinya kumutakaza. Nkako, kwiyumvira honyene ko uwundi muhungu ashobora kumuntwara biransaza! Sindyohewe no kubona narakubise Judy. Ariko nabigize kubera ntashobora mbere kwihanganira kumubona aravye uwundi muhungu. Ariko kandi naramusavye imbabazi!”

Judy avuga ati: “Abavyeyi banje bavuga ko Mike anyifatira mu minwe, ariko ni umuntu gusa agendera ku ngingo zihanitse. Nshatse kuvuga ko atarigera agerageza kumpata ngo dukore ubuhumbu. Igihe yankubita ikofe na ho, ivyo nkaba ntabibwiye abavyeyi banje, ni uko nariko ndavugana n’uwundi muhungu. Vyongeye, Mike arafuha, ivyo rimwe na rimwe bikaba bindyohera. Nta ngorane, yaransavye ikigongwe, kandi yarambwiye ko atazosubira.”

Jako nawe: Hari ibimenyetso ubona muri ubwo bucuti vyerekana ko imbere atari heza? Nimba ubibona, ni ibihe? ․․․․․

Ubona Judy akwiye gukora iki? ․․․․․

Iyaba ari wewe, wokora iki? ․․․․․

[Uruzitiro ku rup. 210]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Iyaba ari wewe wokora iki?

Ethan amaze amezi abiri agenderanira na Alyssa, kandi aramaze kubona ko Alyssa ashwana cane, canecane n’abavyeyi biwe. Nkako, Alyssa yama yahazutse n’abavyeyi biwe, kandi akenshi aratsinda. Aho ashize ntarekura, gushika n’aho abavyeyi biwe bamuhebera. Alyssa yarigamvye abwira Ethan ko abavyeyi biwe yabifatiye mu minwe.

Ethan avuga ati: “Alyssa ntarya umunwa. Aho ashize nta wukurayo, naho boba ari abavyeyi biwe. Se wiwe birashika agaterana ishavu; ntibitangaje rero kubona Alyssa amurakarira. Ariko Alyssa ntakankama vyonyene. Kugira se na nyina bamuhe ico ashaka, arashobora kugira ibishoboka vyose: kwaba ari ukurira, ugufyura umunwa, canke kuba inka n’imirima.”

Alyssa avuga ati: “Sindaba ngo uri nde canke ngo uri iki; ndakubwira ntarya umunwa bigaca aho bishatse. Ethan wanje ivyo arabizi. Aramaze kubona ingene mfata abavyeyi banje.”

Jako nawe: Hari ibimenyetso ubona muri ubwo bucuti vyerekana ko imbere atari heza? Nimba ubibona, ni ibihe? ․․․․․

Ubona Ethan akwiye gukora iki? ․․․․․

Iyaba ari wewe, wokora iki? ․․․․․

[Uruzitiro ku rup. 211]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Ni urukundo nyakuri canke ni urw’igihababu?

Muri ibi bintu vyavuzwe n’abo bantu, gerageza gutora amajambo abuze. Nuce wuzuza ivyo bibanza bigaragara ukoresheje urukundo nyakuri canke urukundo rw’igihababu.

1. “․․․․․ ntirubona kandi rushima kwigumira gutyo. Ntirushima kubona ibintu nk’uko biri koko.”—Calvin.

2. “Nimba mbwirizwa kwifata uko ntari ndi kumwe n’umukobwa niyumvamwo, urwo ni ․․․․․.”—Thomas.

3. “Uwo muntu yoshobora kugira ikintu kikubabaza. Ariko nimba ari ․․․․․, ntuca umuheba, ahubwo muragerageza gutorera umuti iyo ngorane.”—Ryan.

4. “Iyo ari ․․․․․, wirabira gusa ibintu muhuriyeko.”—Claudia.

5. “Iyo ari ․․․․․, ntugerageza guhisha ico uri.”—Eve.

6. “ ․․․․․ ni uburyo burimwo ubwikunzi bwo kwironkera ico wipfuza, kumbure kugira gusa uvuge ko ufise umuhungu mukundanye.”—Allison.

7. “ ․․․․․ rurabona utunenge n’utugeso tw’uwundi ariko rukavyihanganira.”—April.

8. “Iyo ari ․․․․․, ntushobora gusigura igituma umwiyumvamwo, uramwiyumvamwo gusa.”—David.

9. “Iyo ari ․․․․․, ubona ko uwo wundi muntu ari mweranda.”—Chelsea.

10. “Iyo ari ․․․․․, ntubona abo mudasangiye igitsina nk’uko wahora ubabona, kuko wumva utohemuka.”—Daniel.

Inyishu: Urukundo rw’igihababu: 1, 2, 4, 6, 8, 9. Urukundo nyakuri: 3, 5, 7, 10.

[Ifoto ku rup. 206, 207]

Urukundo rw’igihababu rumeze nk’ikirimba c’umusenyi; ntiruragama. Mu kanya gatoyi ruba rukamanganye