Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nosigura gute ukuntu Bibiliya ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

Nosigura gute ukuntu Bibiliya ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

IKIGABANE CA 23

Nosigura gute ukuntu Bibiliya ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

Hariko haraba ibirori vyo gutanga udushimwe. Abagore babiri b’abakinyi rurangiranwa b’amasenema ng’abo barasomanye mu buryo bugera kure, haca humvikana urwamo rwinshi cane. Abarorerezi babanza gutangara gatoyi, bagaca biha akamo babashigikira. Ico kintu abaryamana n’abo basangiye igitsina babona ko ari intsinzi, abandi na bo bakabona ko abo bagore babikoze kugira gusa bavugangwe. Mu misi iri imbere, amasanamu y’ukwo gusomana azoca ku mateleviziyo incuro n’izindi yongere arabwe incuro n’izindi kuri “Internet.”

IVYO bihejeje kuvugwa birerekana iki kintu: si ibintu vyinshi bivugangwa mu bimenyeshamakuru nk’igihe umuntu rurangiranwa yerekanye ko aryamana n’abo basangiye igitsina canke ko agomwa abo mu bitsina vyompi. Bamwe barahayagiza mwene abo bantu ngo ni abarindutsi, abandi na bo bakabatera ivyatsi ngo ni ibihumbu. Abandi benshi na bo bari hagati na hagati, bakabona ko ukuryamana kw’abasangiye igitsina ari ubundi buryo gusa bwo kubaho. Uwitwa Daniel w’imyaka 21 avuga ati: “Nkiri ku ntebe y’ishure, mbere n’abana bataryamana n’abo basangiye igitsina babona ko igihe ubona nabi ico kintu uba winubana ukaba n’uwuhinyura abandi.”

Ukuntu ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina bibonwa vyoshobora gutandukana bivanye n’amayaruka be n’ibihugu. Ariko abakirisu bobo “[ntiba]janwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho.” (Abanyefeso 4:14) Ahubwo riho, bisunga uko Bibiliya ibona ibintu.

None Bibiliya ibona gute ico kintu? Vyongeye, nimba ubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, wokwishura gute abavuga ko winubana, uhinyurana, canke ko mbere uterekwa abaryamana n’abo basangiye igitsina? Ng’ibi ivyo abantu boshobora kuvuga canke kubaza be n’ico wosubizayo.

“Bibiliya ivuga iki ku kuryamana kw’abasangiye igitsina?”

“Bibiliya iratomora yuko Imana yashinze ko ivyo guhuza ibitsina bigirwa gusa hagati y’umugabo n’umugore, na ho nyene bakaba ari abubakanye. (Itanguriro 1:27, 28; Abalewi 18:22; Imigani 5:18, 19) Igihe Bibiliya yiyamiriza ubusambanyi, iba iriko ivuga ukuryamana kw’abasangiye igitsina be n’ukuryamana kutemewe kw’abadasangiye igitsina.” *Abagalatiya 5:19-21.

“Wewe ubona gute ukuryamana kw’abasangiye igitsina?”

“Sinanka abaryamana basangiye igitsina, ariko sinshigikira iyo ngeso.”

Ibuka iki kintu: Nimba wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, iryo ni ihitamwo ryawe kandi urabifitiye uburenganzira. (Yosuwa 24:15) Ntuterwe isoni n’ukuntu ubona ibintu.—Zaburi 119:46.

“None abakirisu ntibakwiye kwubaha abantu bose ata kuraba abo bashima kuryamana na bo?”

“Ego cane. Bibiliya ivuga iti: ‘Mutere iteka abantu b’uburyo bwose,’ canke nk’uko Bibiliya Yera ibivuga, ‘Mwubahe abantu bose.’ (1 Petero 2:17) Ku bw’ivyo, abakirisu ntibanka abaryamana n’abo basangiye igitsina. Baragirira ubuntu abantu bose, ushizemwo n’abaryamana n’abo basangiye igitsina.”—Matayo 7:12.

“None ukuntu ubona ukuryamana kw’abasangiye igitsina ntikuremesha kwinuba ababigira?”

“Habe namba! Sinanka abo bantu, ahubwo nanka iyo ngeso.”

Woshobora kwongerako uti: “Nk’akarorero, jewe sinywa itabi. Mbere ico ciyumviro ubwaco kiranshisha. Mugabo dufate ko wewe urinywa, tukaba rero tutabona ibintu kumwe. Nawe nu sinoca ndakwinuba ndaguhora uko ubona ibintu, nk’uko nyene nzi neza ko na wewe utoca unyinuba umpora uko mbona ibintu, none ndabeshe? Ni ko biri no ku vyiyumviro bitandukanye dufise ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.”

“None Yezu ntiyigishije kwihanganira abandi? Wumva none abakirisu bari bakwiye kurenza urugero mu kuntu babona ukuryamana kw’abasangiye igitsina?”

“Yezu ntiyaremesheje abayoboke biwe kwemera uburyo bwo kubaho ubwo ari bwo bwose. Ahubwo yigishije ko inzira ijana ku bukiriro yugururiwe ‘umuntu wese amwizera.’ (Yohani 3:16) Kwizera Yezu birimwo no kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu, zino zikaba zibuza ingeso zimwezimwe, harimwo n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.”—Abaroma 1:26, 27.

“Abaryamana n’abo basangiye igitsina ntibashobora guhinduka; bavutse gutyo.”

“Bibiliya nta co ivuga ku kuntu abaryamana n’abo basangiye igitsina baremwe, naho idahakana ko hari ingeso usanga zarashinze imizi rwose mu muntu. (2 Abakorinto 10:4, 5) Naho hari abagomwa abo basangiye igitsina, Bibiliya isaba abakirisu guhunga ivyo kuryamana kw’abasangiye igitsina.”

Inama tukugiriye: Aho kuja mu mpari zijanye n’igituma hari abipfuza kuryamana n’abo basangiye igitsina, nushimike ku vy’uko Bibiliya ibuza iyo ngeso. Woshobora gutanga akarorero uti: “Urazi, abantu benshi bavuga yuko agatima k’ubukazi gashobora kuba mvukanwa, ngo rero abantu bamwebamwe babwirizwa kumera gutyo. (Imigani 29:22) Vyogenda gute hamwe ico ciyumviro coba ari co? Ngira ngo urazi ko Bibiliya yiyamiriza ugutwarwa n’ishavu. (Zaburi 37:8; Abanyefeso 4:31) None twoca tuvuga ko iryo tegeko ari iry’akarenganyo kubera gusa hari aboba bafise agatima k’ubukazi?”

“Bishoboka gute ngo Imana isabe umuntu agomwa abo basangiye igitsina kwirinda kuryamana na bo? Ubwo ni ububisha.”

“Ico kintu gishingiye ku vyiyumviro bitari vyo vy’uko ngo abantu bategerezwa kugira uko inambu y’umubiri igize. Bibiliya iratera iteka abantu mu kubakura amazinda yuko babishatse bashobora guhitamwo kudahaza inambu yabo y’umubiri itabereye.”—Abakolosayi 3:5.

“Naho utaryamana n’abo musangiye igitsina, urakwiye guhindura ukuntu ubona ico kintu.”

“Dufate ko ntemera ivy’ugukira akamari mugabo wewe ukaba uvyemera. None woca umpata ngo mpindure ivyiyumviro ngo ni uko gusa abantu amamiliyoni bakina akamari?”

Ibuka iki kintu: Abaryamana n’abo basangiye igitsina, be n’abandi bantu benshi, barafise ingingo bisunga zigenga ikibereye n’ikitabereye zituma biyamiriza ibintu bimwebimwe, nk’ibiturire, akarenganyo canke intambara. Bibiliya iriyamiriza ivyo bintu; iriyamiriza kandi ingeso zimwezimwe zijanye n’igitsina, harimwo n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.—1 Abakorinto 6:9, 10.

Bibiliya ntirenza urugero, eka kandi ntiremesha kwinubana. Gusa, itegeka abipfuza kuryamana n’abo basangiye igitsina gushitsa ikintu nyene gisabwa ku bipfuza kuryamana n’abo badasangiye igitsina, na co kikaba ari ‘uguhunga ubusambanyi.’—1 Abakorinto 6:18.

Ico womenya co, abantu amamiliyoni bagomwa abo badasangiye igitsina barigumya naho boshikirwa n’inyosha mbi zimeze gute kubera bipfuza kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Muri bo harimwo abatarubaka benshi bafise icizigiro gito co kwubaka be n’abandi benshi bubakanye n’abafise ubumuga butuma badashobora kurangura amabanga y’abubatse. Barabaho bahimbawe naho batarangura amabanga y’abubatse. Abagomwa abo basangiye igitsina na bo nyene barashobora kubigenza gutyo nimba bipfuza koko guhimbara Imana.—Gusubira mu vyagezwe 30:19.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 28

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Hari abakobwa biyumvira ko kuryamana n’abahungu bakundana bituma barushiriza gukundana. Si ko biri! Raba igituma.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Muri Bibiliya, ijambo “ubusambanyi” ntiryerekeza gusa ku guhuza ibitsina. Ririmwo no kumara inambu y’umubiri uwundi muntu hakoreshejwe iminwe canke uguhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke kubicisha mu kibuno.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.”—Abakolosayi 3:5.

IMPANURO

Naho inyifato y’abandi yoshobora kukubabaza, niwirinde kuvuga nk’uwibona ubugororotsi. Mu vy’ukuri, barafise uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo bemera, nk’uko nawe ubufise.

WARI UBIZI . . . ?

Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bari bahoze baryamana n’abo basangiye igitsina barashoboye guheba iyo ngeso mbi, baba ‘abogejwe’ imbere y’Imana.—1 Abakorinto 6:9-11.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nihagira uwuvuga yuko ukuntu Bibiliya ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina kwataye igihe, nzomubwira nti: ․․․․․

Kugira nerekane ko ntanka abaryamana n’abo basangiye igitsina ahubwo ko nanka iyo ngeso, nzovuga nti: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki Imana ifise uburenganzira bwo gushingira abantu amategeko agenga inyifato runtu?

● Wungukira gute ku gukurikiza amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 170]

“Kw’ishure hari umuhungu yabona ko ndi umumenja kubera niyamiriza ukuntu abayeho. Ariko maze kumusigurira ko atari we niyamiriza, agatahura kandi ko ntiyamiriza gusa ukuryamana kw’abasangiye igitsina ahubwo ko niyamiriza ubwoko bwose bw’ubuhumbu, yaciye atangura kunyubaha, mbere akaza aramvugira igihe abandi bandwanije.”—Aubrey

[Uruzitiro ku rup. 168]

Bite ho ku bagomwa abo mu bitsina vyompi?

Naho iyo ngeso iri mu bantu bo mu bitsina vyompi, bisa n’uko irushiriza kwigaragaza mu bakobwa. Bamwe babitumwa n’urusaku. Uwitwa Lisa w’imyaka 26 avuga ati: “Igihe mu masenema, kuri televiziyo canke mu miziki herekanywe ivy’abakobwa bariko barasomana, imiyabaga ica yumva yobigerageza, na canecane igihe itabona ko ari bibi.”

Abandi na bo bisa n’uko baba bagomwa vy’ukuri abo basangiye igitsina. Uwitwa Vicky w’imyaka 13 avuga ati: “Narahuriye ku rubanza n’abakobwa babiri baryamana n’abo mu bitsina vyompi. Mu nyuma hari umugenzi yambwiye ko bangomwe. Nahavuye ntangura kwandikiranira ubutumwa n’umwe muri bo, gutyo ntangura kumwiyumvamwo.”

Woba urigera wiyumva nk’ukwo kwa Vicky? Benshi boguhimiriza kwemera gusa ko ari ukwo wimereye, ugaca uvyatura. Ariko rero, ukwiye kumenya ko kugomwa abo musangiye igitsina akenshi usanga ari ikintu gusa c’akanya gatoyi. Vicky ni ko yasanze bimeze. Na Lisette w’imyaka 16 ni ko yabisanze. Avuga ati: “Kubwira abavyeyi banje uko niyumva vyaratumye numva nduhutse. N’ikindi kandi, biciye ku cigwa c’ibinyabuzima nize kw’ishure, naramenye ko mu myaka y’ubuyabaga, urugero rw’inkabuzo zo mu mubiri rushobora kuza rurahindagurika cane. Niyumvira ata kwihenda yuko iyaba abakiri bato bazi vyinshi ku bijanye n’imibiri yabo, botahuye yuko kugomwa uwo musangiye igitsina ari ikintu c’akanya gato, kandi vyotuma batiyumvamwo ko babwirizwa kuba abantu baryamana n’abo basangiye igitsina.”

Naho woba wumva ko ico kintu atari ic’akanya gato ariko ko gisa n’icashinze imizi cane muri wewe, numenye ko Bibiliya igusaba gukora iki kintu gishoboka: Urashobora guhitamwo kudatwarwa n’ivyipfuzo bibi, uko vyoba bimeze kwose.

[Ifoto ku rup. 169]

Ku bijanye n’ivyiyumviro vyemerwa na benshi, abakirisu baragira uburindutsi bwo kutajana n’agakuku