Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki twama mu mpari?

Kubera iki twama mu mpari?

IKIGABANE CA 2

Kubera iki twama mu mpari?

Mu kiganiro gitangura ku rupapuro rukurikira, Rasheli arandurutsa impari mu buryo butatu. Woba ubona ubwo ari bwo? Andika aha munsi inyishu zawe, hanyuma uzigereranye n’iziri mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 20 ruvuga ngo  “Inyishu.”

․․․․․

Ni ku wa gatatu mw’ijoro. Rasheli, umwigeme w’imyaka 17, arahejeje udukorwa twiwe two muhira. Agira rero aze yaruhuka, kandi birakwiriye! Ng’uyo arakije televiziyo maze yicara mu ntebe yikundira.

Apfuye gusa kuyatsa nyina aca aseruka mu muryango, kandi asa n’uwutaryohewe. Aciye amubwira ati: “Rashe! Kubera iki uriko uta umwanya kuri televiziyo kandi wari kuba uriko urafasha mwene wanyu agakorwa ko kw’ishure? Wewe ntiwigera ukora ivyo bakubwiye!”

Rasheli na we ati: “Ehe ng’uyo aratanguye!”, akavugira mu ntamatama, ariko akavuga ku buryo nyina amwumva.

Nyina arunama, akavuga ati: “Uti iki, ga muko?”

Rasheli na we ati: “Nta na kimwe, ma!” akabivuga yiruhutsa, aberanguye amaso.

Nyina aciye ashavura nyagushavura, avuga ati: “Urumva ingene umvugisha!”

Rasheli asubizayo ati: “Weho uriko umvugisha gute?”

Ivy’akaruhuko biraheze . . . ng’izo izindi mpari ziratanguye.

HARI ico ivyo bikwibukije? Mwe n’abavyeyi bawe, mwoba mwama mu mpari? Niba ari ukwo bimeze, fata akanya usuzume uko ibintu vyifashe. Ni ibiki bikunze gutera impari? Shira aka kamenyetso ✔ ahabereye, canke wandike iciyumviro cawe imbere y’ahavuga ngo “Ikindi.”

□ Inyifato

□ Udukorwa two muhira

□ Inyambaro

□ Isaha yo gutahirako

□ Ukwisamaza

□ Abagenzi

□ Abo tudasangiye igitsina

□ Ikindi ․․․․․

Ikibitera caba ikihe, impari ziratuma uranda imitsi, eka mbere n’abavyeyi bawe. Ego ni ko, woshobora kwinumira, ugasa n’uwemera ivyo abavyeyi bakubwira vyose. Ariko none ivyo vyoba ari vyo Imana ishaka? Eka da! Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya igusaba “[gu]tera iteka so na nyoko.” (Abanyefeso 6:2, 3) Ariko kandi ikuremesha gutsimbataza “ubushobozi [bwawe] bwo kwiyumvira” no gukoresha “ububasha bwa[we] bwo kwiyumvira.” (Imigani 1:1-4; Abaroma 12:1) Ivyo ubikoze, ntuzobura kugira ivyiyumviro wemera udakekeranya, bimwe muri vyo bigashobora kuba bitandukanye n’ivy’abavyeyi bawe. Yamara rero, mu miryango ikurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya, abavyeyi n’urwaruka barashobora kuyaga mu mahoro, naho batama bahuza ku kantu kose.—Abakolosayi 3:13.

Woserura gute ivyiyumviro vyawe ikiyago kitiriwe kiravamwo impari zishushe? Biroroshe kuvuga uti: “Iyo ni ingorane y’abavyeyi banje. Nakare ni bo bama bantegeka ico nkora!” Ariko iyumvire gatoyi: Woba ushobora guhindura abandi, ushizemwo n’abavyeyi bawe? Mu vy’ukuri, nta wundi ushobora guhindura atari wewe gusa. Kandi uzi n’inkuru, uranguye uruhara rwawe mu gusukamwo mabisi, vyoshoboka rwose ko abavyeyi bawe baguma batekanye kandi bakagutega ugutwi igihe hari ico ugomba kuvuga.

Reka turabe rero ico wewe wokora kugira urangize impari. Ushize mu ngiro izi nama zikurikira, hari aho wotangaza abavyeyi bawe biciye ku buhanga bushasha bwo kuyaga uzoba wubuye, eka na wewe nyene ugatangara.

Niwiyumvire imbere yo kwishura. Igihe wumva ko usagirijwe, ntupfe kurekura ikintu ca mbere kikuje mu mutwe. Nk’akarorero, dufate ko nyoko wawe akubwiye ati: “Kubera iki utogeje ivyombo? Wewe ntiwigera ukora ivyo bakubwiye!” Hari aho woca wumva wokwishura uti: “Kubera iki uguma ungora?” Mugabo nukoreshe ubwenge bwawe. Gerageza kubona ukuntu nyoko wawe yiyumva, ufatiye ku vyo avuze. Akenshi, amajambo nka “wama” canke “ntiwigera,” ntakwiye gufatwa ukwo nyene. Yamara rero, aba yerekana inyiyumvo yinaka iba itaseruwe. Uti nk’iyihe?

Hari ari aho nyoko wawe yoba ashavuye, akaba yumva arengewe n’ibikorwa vyo muhira. Yoshobora kuba ashaka gusa kumenya ko utamutanye ibikorwa. Hamwe vyoba ari ukwo bimeze, kuvuga ngo “Kubera iki uguma ungora?”, nta handi vyogushikana atari ku mpari! Rero, aho kumwishura gutyo, ubona gute umuhoyahoye? Nk’akarorero, woshobora kuvuga uti: “Mbabarira ma! Ngira ndavyoze ubu nyene.” Uragaba: Ntubivugane agahemo. Wishuranye ugutahura, hari aho nyoko wawe yokworoha akakubwira ingorane nyakuri iyo ari yo. *

Andika aha munsi amajambo so wawe canke nyoko wawe ashobora kuvuga agahava agushavuza, utabaye maso.

․․․․․

Ubu na ho, iyumvire inyishu irangwa ugutahura wotanga igatuma aturura.

․․․․․

Nuvugane urupfasoni. Umwigeme yitwa Michelle, afatiye ku vyo amaze kubona, arazi yuko ukuntu avugisha nyina wiwe bihambaye. Avuga ati: “Ingorane yaba iyihe, ikibazo kiguma ari ca kindi: mama ntashima ijwi nkoresha.” Nimba nawe bikunda kukugendera gutyo, niwige kuvuga utekanye kandi buhorobuhoro, wongere wirinde kuberangura amaso canke kugira ikindi kimenyetso cerekana ko ushavuye. (Imigani 30:17) Wumvise vyanse ko wigumya, nuture isengesho rigufi mu gacerere. (Nehemiya 2:4) Ariko ntiwumve, ntukwiye gusenga urondera ko Imana igufasha ‘kwiganzura abavyeyi bawe,’ ahubwo ni ukugira ngo ubandanye kwigumya, ntusongere isibe.—Yakobo 1:26.

Andika aha munsi ivyo ukunze kuvuga canke ivyo ukunze kugira vyoba vyiza wirinze.

Ivyo ukunze kuvuga:

․․․․․

Ivyo ukunze kugira (ibimenyetso vy’umubiri):

․․․․․

Niwumvirize. Bibiliya ivuga iti: “Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ugucumura.” (Imigani 10:19, Bibiliya Yera) Rero, raba neza ko ureka so wawe canke nyoko wawe akavuga, kandi ukamutega yompi. Ntumuciremwo kugira wisigure. Wewe gusa umviriza. Mu nyuma, nibarangiza kuvuga, uzoronka umwanya uhagije wo kubaza ibibazo canke kwerekana aho uhagaze. Ariko udadaje ukaguma urondera guserura ukuntu wewe ubona ibintu muri uwo mwanya, nta kindi vyovamwo atari ukwunyura ibintu. Naho woba ufise n’ibindi ushaka kuvuga, kumbure uwo mwanya ni “igihe co kunuma.”—Umusiguzi 3:7.

Nugire umutima wo gusaba imbabazi. Vyama ari vyiza kuvuga ngo “mbabarira” ku kintu cose uba wakoze kigatuma haba amatati. (Abaroma 14:19) Mbere urashobora no kuvuga ko ubabajwe no kubona habaye amatati. Nimba ubona vyokugora kubivuga amaso mu yandi, niwandike agakete. Nuce ‘utera iyindi ntambwe’ mu guhindura inyifato iyo ari yo yose yakweze amatati. (Matayo 5:41) Nk’akarorero, nimba impari zavyuwe n’agakorwa utakoze, ubona gute uciye utangaza abavyeyi bawe mu kugakora? Naho utoba ukunda ako gakorwa, ubwo kugakora ntivyoba ari vyiza kuruta kwibonerako inkurikizi zohaba abavyeyi bawe babonye ko katarakorwa? (Matayo 21:28-31) Zirikana ivyiza uzokwironkera niwashitsa uruhara rwawe mu kugabanya ingorane hagati yawe n’abavyeyi bawe.

Imiryango irangwamwo agahimbare irabamwo ingorane, mugabo irazi ingene izitorera umuti mu mahoro. Nukurikize inama wagiriwe muri iki kigabane, maze uzokwibonera yuko ushobora kuganira n’abavyeyi bawe mbere n’ibibazo bigoye, mutiriwe muraja mu mpari!

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba ubona ko abavyeyi bawe bakwiye kuguha umwidegemvyo wiyongereye? Nimba ari ukwo biri, wokora iki?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 26 Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 21.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure.”—Imigani 15:28.

IMPANURO

Igihe abavyeyi bawe bariko barakuvugisha, nuzimye iradiyo, ushire ku ruhande igitabu canke ikinyamakuru uriko urasoma, hanyuma ugume ubaraba.

WARI UBIZI . . . ?

Kwihatira gutunganya amatati canke kuyakinga biratuma urushiriza kworoherwa mu buzima. Nakare, Bibiliya ivuga yuko “umuntu w’ubuntu bwuzuye urukundo yigirira neza.”—Imigani 11:17.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Impanuro yo muri iki kigabane nkwiye canecane kwihatira gukurikiza ni ․․․․․

Niyemeje gutangura gukurikiza iyo mpanuro kuva (andika itariki) ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki bamwe mu runganwe rwawe babona ko kuba umuhanga mu vyo guharira ari vyiza?

● Kubera iki Yehova Imana abona ko umuntu w’umunyabihari ari igipfu?—Imigani 20:3.

● Ni ivyiza ibihe uzokwironkera niwagabanya ingorane hagati yawe n’abavyeyi bawe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 18]

Rimwe na rimwe mama arangwa mu nda, akambwira ati: ‘Mbabarira,’ kandi birandyohera. Ingorane ziba ziheze. Na jewe ndagerageza kumwigana. Kurengera ubwibone maze nkavuga ata buryarya ngo “mbabarira” birafasha cane, naho mu vy’ukuri bitoroshe.’’—Lauren

 [Uruzitiro ku rup. 20]

Inyishu

1. Kuvugana agahemo (“Ehe ng’uyo aratanguye!”) nta kindi vyavuyemwo atari ukwunyura ishavu rya nyina.

2. Mu kugira ico kimenyetso n’amaso (kuberangura amaso), Rasheli yariko ararukwega.

3. Kutishurana urupfasoni (“Weho uriko umvugisha gute?”) vyama bisongera isibe.

[Ifoto ku rup. 19]

Guharira n’umuvyeyi ni nko kwiruka uri kuri ico cuma. Urakoresha inguvu nyinshi ariko kubera ko kitagenda, nta ho uja; uguma aho nyene