Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?

Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?

IKIGABANE CA 7

Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?

“Hari igihe niyumvira ko abantu bangaya kubona mfise imyaka 19 yamara nkaba nkiba i muhira, nk’aho umengo umuntu akibana n’abavyeyi ntaba arakura.”—Katie.

“Birandya mu mutwe kubona mfise hafi imyaka 20 ariko nkaba ata jambo mfise ku bijanye n’ubuzima bwanje. Mfise umugambi wo kwimuka nkava i muhira.”—Fiona.

NAHO woba utaragera kwimuka ukava i muhira, ushobora kuba waratanguye kwumva ushaka kwigenga. Ivyo ni ibisanzwe. Nakare, nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, umugambi Imana yari ifise kuva mu ntango wari uw’uko umwana akura, amaherezo agasiga se na nyina maze agashinga urwiwe. (Itanguriro 2:23, 24; Mariko 10:7, 8) Ariko none, womenya gute ko ugeze koko kuva i muhira? Ehe ibibazo bitatu bihambaye ukeneye kwishura. Ica mbere . . .

Kubera iki nshaka kuva i muhira?

Raba impamvu zanditse aha munsi, maze uzihe inomero ukurikije ukuntu zihambaye.

․․․․․ Kugira mpunge ingorane zo muhira

․․․․․ Kugira ndushirize kwishira no kwizana

․․․․․ Kugira ngo abagenzi barushirize kunyubaha

․․․․․ Kugira mfashe umugenzi akeneye uwo baba hamwe

․․․․․ Kugira nitange nje gukorera ahandi hantu

․․․․․ Kugira nimenye mu buzima

․․․․․ Kugira ndemurure umuzigo abavyeyi mu vy’amahera

․․․․․ Ikindi ․․․․․

Izo mpamvu ubwazo si mbi. Ikibazo ni iki: ‘Kubera iki ushaka kwimuka?’ Nk’akarorero, nimba ushaka kwimuka kugira gusa uhunge amategeko yo muhira, hari aho wotangara!

Umwigeme yitwa Danielle, igihe yari afise imyaka 20 yaramaze igihe yaravuye iwabo. Yarahigiye ibintu vyinshi. Avuga ati: “Twese tubwirizwa kubaho hari ibintu bitatworohereza. Igihe wibana, urutonde uba ufise rw’ibikorwa canke iyo ata mahera ufise bituma udakora ivyo wipfuza vyose.” Uwitwa Carmen yarakubitiye hakurya y’amazi amarayo amezi atandatu. Avuga ati: “Ico kintu carandyoheye, mugabo akenshi nabona ko ata mwanya wo kwiruhura ndonka! Nabwirizwa gukora udukorwa dusanzwe two mu nzu, nk’ukugira isuku, gukwamura ivyononekaye, kurandura utwatsi, kumesa, gukoropa, n’ibindi.”

Ntureke ngo abandi batume ufata ingingo gihutihuti. (Imigani 29:20) Naho woba ufise imvo zumvikana zo kwimuka, ivyo vyonyene ntibihagije. Urakeneye kumenya kwitunga, ivyo bikaba bituzanye ku kibazo kigira kabiri . . .

Noba naravyiteguriye?

Kwimuka ukaja kwibana ni nk’ugufata urugendo rurerure uja gutembera mu gahinga. Ubwo wofata urwo rugendo utazi no gushinga ihema, gucana umucanwa, guteka, canke gusoma ikarata? Oya nawe nu! Yamara, hari abakiri bato benshi bava i muhira bafise ubuhanga buke cane mu bijanye no gutunganya ivyo mu rugo.

Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ko ‘umunyabwenge arimbura intambuko ziwe.’ (Imigani 14:15) Kugira tugufashe kumenya nimba witeguriye kwimuka ukaja kwibana, rimbura ivyiyumviro bikurikira. Shira aka kamenyetso iruhande y’ubuhanga umaze kuronka, aka na ko X iruhande y’ubwo ukeneye kugira.

Gukoresha neza amahera: Uwitwa Serena, akaba afise imyaka 19, avuga ati: “Sindigera nsohora amahera yanje bwite. Ndatinya ko hamwe nova i muhira vyohava biba ngombwa ko nitunganiriza ibijanye no gukoresha amahera yanje.” Wokwiga gute gukoresha neza amahera?

Umugani umwe wa Bibiliya uvuga uti: “Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye.” (Imigani 1:5) Rero, ubona gute ubajije abavyeyi bawe amahera umuntu umwe yokoresha ku kwezi mu kuriha inzu canke ingurane y’inzu, kugura ibifungurwa, gutunga umuduga canke kwiyunguruza? Nuce usaba abavyeyi bawe bagufashe kumenya ingene wokoresha amahera yawe no kuriha amafagitire. *

Kwitwararika ivyo mu rugo: Uwitwa Brian w’imyaka 17 avuga yuko ikintu canecane gituma atinya kuva i muhira ari uko yoca abwirizwa kwimesera. Womenya gute ko ugeze kwitunga? Aroni, akaba afise imyaka 20, atanga iyi mpanuro: “Gerageza kubaho indwi yose nk’aho woba wibana. Fungura gusa imfungurwa witeguriye kandi wiguriye amahera wakoreye. Niwambare impuzu wimesurira ukigororera. Niwigirire isuku. Niwimenye mu kwiyunguruza, ata we urinze gusaba ngo akwunguruze.” Iyo mpanuro izogufasha mu buryo bubiri: (1) izokuronsa ubuhanga ngirakamaro, kandi (2) izotuma urushiriza gukenguruka igikorwa abavyeyi bawe bakora.

Kubana neza n’abandi: Woba wumvikana n’abavyeyi bawe be n’abo muvukana? Nimba mutumvikana, woshobora kwibwira ko ubuzima buzorushiriza kworoha niwimuka ukaja kubana n’umugenzi. Ariko raba ivyo uwitwa Eva w’imyaka 18 avuga: “Babiri mu bagenzi banje baragiye kubana. Imbere y’uko babana, barakundana cane, mugabo vyaranse ko babandanya kubana. Umwe yari umunyarutonde uwundi na we akaba umunyarwangara. Umwe yaritwararika ivy’ugusenga, uwundi na we akavyitaho buhoro. Emwe, vyaranse ko bahuza!”

Umuti none ni uwuhe? Erin, akaba afise imyaka 18, avuga ati: “Igihe uba i muhira, urashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’ukubana n’abandi. Uriga gutorera umuti ingorane no kwemera guhebera abandi. Narabonye ko abimuka kugira bahunge ukutumvikana n’abavyeyi babo baba bariko biga guhunga ingorane aho kwiga kuzitorera umuti.”

Imirimo ijanye n’ugusenga: Hari abava i muhira barondera gusa guhunga imirimo abavyeyi babo bama bagira ijanye n’ugusenga. Abandi na bo, naho baba bafise umwiyemezo wo kugumana urutonde rwiza rw’ukwiga Bibiliya n’ugusenga, butaraca na kabiri baca batangura kugira utumenyero tubi. Wokwirinda gute ‘gusāba nk’imeri mu bijanye n’ukwizera kwawe’? *1 Timoteyo 1:19.

Yehova Imana ashaka yuko twese twiyemeza neza ko ivyo twemera ari ukuri. (Abaroma 12:1, 2) Niwishingire urutonde rwiza rujanye n’ukwiga Bibiliya be n’ugusenga, uce urugumako. Ubona gute wanditse ku kirangamisi urutonde rw’imirimo ijanye n’ugusenga ukwiye kwama ukora maze ukaraba ko womara ukwezi urukurikiza abavyeyi bawe batiriwe baraguhimiriza kubigira?

Ubwa nyuma, ikibazo kigira gatatu ukeneye kuzirikana ni . . .

Ndiko nerekeza hehe?

Woba ushaka kwimuka kugira wikinge ingorane? Canke, kwoba ari ukugira ngo wiganzure abavyeyi? Nimba ari ukwo, ubwenge bwawe buri ku vyo usize inyuma, ntibutumbereye iyo uriko uraja. Ivyo nta ho bitaniye no kugerageza gutwara umuduga amaso uyahanze kirya kiyo cerekana ibiri inyuma. Ico gihe uguma uraba ivyo uriko urasiga inyuma ku buryo utabona ibiri imbere. Icigwa ni ikihe? Ntiwitunire gusa ku kwimuka, niwimuke ufise mu bwenge umugambi kanaka w’ingirakamaro.

Hari Ivyabona vya Yehova bakigera mu bigero bimuka kugira baje kwamamaza mu bindi bice vy’igihugu cabo canke hakurya y’amazi. Abandi na bo bimuka kugira baje gufasha kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo canke kugira bakorere ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Hari n’ababona ko bakwiye kumara igihe kinaka bibana imbere yo gushinga izabo. *

Intumbero ufise yaba iyihe, nuyizirikaneko witonze. Hari umugani wa Bibiliya uvuga uti: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” (Imigani 21:5) Niwumvirize impanuro abavyeyi bawe baguha. (Imigani 23:22) Nusenge ku bijanye n’ico kibazo hanyuma igihe ufata ingingo, uzirikane ku ngingo ngenderwako za Bibiliya duhejeje kuvuga.

Ikibazo rero si iki: ‘Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?’, ahubwo riho ni iki: ‘Noba niteguriye gutunganya ivyo mu rugo rwanje bwite?’ Nimba wokwishura ego kuri ico kibazo kigira kabiri, hari aho rero woba ugeze kwimuka ukaja kwibana.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 23 Ushaka kumenya n’ibindi, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 19.

^ ing. 27 Ushaka kumenya n’ibindi, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 34 n’ica 35.

^ ing. 32 Mu mico kama imwimwe biramenyerewe ko umwana, na canecane umukobwa, aba iwabo gushika yubatse urwiwe. Bibiliya nta mpanuro idomako itanga kuri ico kibazo.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Umugabo azosiga se na nyina.”—Matayo 19:5.

IMPANURO

Numare igihe kinaka uha abavyeyi bawe amafaranga yose basohora mu kukugurira ibifungurwa, mu kukurihira inzu, n’ibindi. Nimba udashoboye kubigira canke ukaba utovyemera ukiri muhira, ntuzoba mu vy’ukuri uragera kwimuka ngo uje kwibana.

WARI UBIZI . . . ?

Intumbero itumye wimuka irashobora gutuma uzogira umunezero canke ukawubura niwamara kwimuka.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Igitumye nshaka kwimuka ni ukugira ngo ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Naho ubuzima bwo mu rugo iwanyu butoba bworoshe, kutihutira kuva i muhira vyogufasha gute?

● Ukiri i muhira, ni igiki wokora kikagirira akamaro umuryango wawe kikongera kikagufasha kwitegurira gutunganya ivyo mu rugo rwawe bwite?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 52]

Gushaka kwigenga ni ibisanzwe. Ariko nimba ushaka kwimuka kugira gusa uhunge amategeko, nta kindi vyerekana atari uko utaragera koko kwimuka.’’—Aroni

[Ifoto ku rup. 50 na 51]

Kwimuka ukaja kwibana ni nk’ugufata urugendo rurerure uja gutembera mu gahinga. Imbere yo gufata urwo rugendo, urakeneye kubanza kumenya utuntu tumwetumwe twogufasha