Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noganira gute n’abavyeyi banje?

Noganira gute n’abavyeyi banje?

IKIGABANE CA 1

Noganira gute n’abavyeyi banje?

“Nta ko ntagize ngo mbwire abavyeyi banje uko niyumva, ariko ntacavuyemwo. Baciye banzibagiza. Nari nariye umutima amenyo ngo ndababwire akambakiye, ariko biba ivy’ubusa!”—Rosa.

UKIRI mutoyi cane, abavyeyi bawe bashobora kuba ari bo bantu ba mbere wirukira kugira ubasabe impanuro. Warabayagira vyose, vyaba ibihambaye canke ibidahambaye. Ntiwitinya kubabwira ivyiyumviro vyawe n’ukuntu wiyumva, kandi warizigira impanuro baguha.

Ariko ubu, ushobora kuba ubona yuko abavyeyi bawe batakigutahura. Umwigeme umwe yitwa Edie avuga ati: “Umusi umwe ku mugoroba turiko turafungura, naratanguye kurira, ndasuka ivyari bindi ku mutima. Abavyeyi banje baranteze ugutwi, mugabo wamengo ntibantahura.” Uti ingaruka yabaye iyihe? Avuga ati: “Naciye nja mu cumba canje, ndarira rero nya kurira!”

Ku rundi ruhande, hari ibihe ushobora kuba uhitamwo kwinumira ntihagire ico ubwira abavyeyi bawe. Agahungu kamwe kitwa Christophe kavuga gati: “Ndayagira ivyanje abavyeyi banje. Mugabo rimwe na rimwe, ndashima ko batamenya akantu kose niyumvira.”

Vyoba ari bibi kugira ivyiyumviro wibikiye? Si ngombwa! Ukire gusa kuba utariko urahendana. (Imigani 3:32) Ariko rero, waba ubona ko abavyeyi bawe batagutahura canke ukaba udashima kugira ico ubabwira, ico womenya co, urakeneye kuyaga n’abavyeyi bawe, kandi na bo barakeneye kwumva iryo ugona.

Ntureke kubayagira!

Kuyaga n’abavyeyi bawe, hari ukuntu bisa n’ugutwara umuduga. Uhuye n’ikintu gitambitse mw’ibarabara, ico twise intambamyi, ntuca utana n’akabando. Uca urondera iyindi nzira. Reka dufate uburorero bubiri.

INTAMBAMYI YA 1 Urashaka kuyagira abavyeyi bawe, mugabo bo basa n’abatumviriza. Umwigeme yitwa Leya avuga ati: “Birangora kuyaga na dawe. Hari igihe mara umwanya ndiko ndamuyagira, agaca avuga ati: ‘Urantunga, burya ni je wariko urabwira?’ ”

IKIBAZO: Bite hamwe mu vy’ukuri Leya yoba afise ingorane ashaka ko bayaga? Arafise n’imiburiburi inzira zitatu.

Inzira A

Gukankamira se. Leya arasemerera ati: “Erega nyumviriza! Ni ikintu gihambaye!”

Inzira B

Kureka kuvugana na se. Leya arinumira, ntasubire kugerageza kubwira ingorane yiwe se.

Inzira C

Kurindira igihe ciza, agasubira kuvyura nya kibazo. Leya mu nyuma arayaga na se amaso mu yandi, canke akamubwira nya ngorane mw’ikete.

Wewe ubona Leya akwiye guhitamwo inzira iyihe? ․․․․․

Reka dusuzume inzira imwimwe yose turabe aho yoshikana.

Se wa Leya ubwenge buri ahandi, akaba rero atazi akabakiye umukobwa wiwe. Rero, Leya niyahitamwo inzira A, se wiwe ntaza kumenya igituma yamukankamiye. Hari aho bitotuma se wiwe arushiriza kumwumviriza, kandi ntibiza kwerekana ko amwubaha be n’uko amutera iteka. (Abanyefeso 6:2) Mu vy’ukuri rero, iyo nzira nta ho ishikana.

Naho inzira B yoba ari yo yoroshe, si yo nziza kurusha izindi. Uti kubera iki? Kubera ko ‘imigambi ipfa ahatagira ikiyago c’akabanga.’ (Imigani 15:22) Kugira Leya atorere umuti ingorane ziwe, arakeneye kuyaga na se, kandi no kugira se wiwe amufashe, arakeneye kumenya ibiba mu buzima bwiwe. Kureka kuvugana na se nta co bishikako.

Ariko ku nzira C, Leya ntareka ngo intambamyi imutangire bibe biheze. Ahubwo riho, aragerageza kuyaga na we iyo ngorane ikindi gihe. Ahisemwo na ho kwandikira ikete se wiwe, hari aho vyotuma aca yumva yorohewe. Kwandika ikete vyoshobora kandi gutuma aserura neza ivyo ashaka kuvuga. Se niyasoma iryo kete, araza kumenya ico yashaka kumubwira, ivyo bikaba vyoshobora kumufasha gutahura neza ingorane umukobwa wiwe afise. Uca ubona ko inzira C igirira akamaro Leya na se wiwe.

Ni izindi nzira izihe Leya yoba afise? Raba ko hari iyo wokwiyumvira, uce uyandika aha munsi, wandike n’aho yoshikana.

․․․․․

INTAMBAMYI YA 2 Abavyeyi bawe barashaka ko muyaga, mugabo weho ukumva ata vyo ushaka. Umwigeme umwe yitwa Sara avuga ati: “Nta kintu kibabaza nko gucucagirwa ibibazo ukiva kw’ishure ubwenge bwayamye. Mba nshaka kwiyibagiza ivyo kw’ishure, ariko abavyeyi bagaca batangura kumbazagiza ngo: ‘Wiriwe ute? Hari ingorane wagize?’ ” Nta gukeka ko abavyeyi ba Sara babaza ivyo bibazo babigiranye intumbero nziza. Ariko Sara we yidoga ati: “Ntivyoroshe kuvuga ivyo kw’ishure kandi wiruhiye, n’umutwe washushe.”

IKIBAZO: Ico gihe none Sara yokora iki? Nk’uko twabibonye mu karorero ka mbere, arafise n’imiburiburi inzira zitatu.

Inzira A

Kwanka kuvuga. Sara aravuga ati: “Ndabasavye mumpe amahoro! Ubu sinshaka kuvuga!”

Inzira B

Kuvuga. Naho yashushe umutwe, arishura abavyeyi biwe, ariko akabishura atabishaka.

Inzira C

Kwigiza inyuma ukuyaga ivyo kw’ishure, mugabo bakabandanya bayaga ibindi. Sara arasaba ko boyaga ivyo kw’ishure ikindi gihe, igihe abona ko azoba atekanye. Maze aca ababaza iki kibazo, arondera vy’ukuri kumenya: “Mbwira! Mwiriwe gute?”

Wewe ubona Sara akwiye guhitamwo inzira iyihe? ․․․․․

N’ubu reka dusuzume inzira imwimwe yose turabe aho yoshikana.

Sara umutwe washushe, akaba adashaka kuvuga. Niyahitamwo inzira A, umutwe uza kuguma ushushe, ariko kandi araza kwumva yiyagirije kubera yakankamiye abavyeyi biwe.—Imigani 29:11.

Bisubiye, abavyeyi biwe ntibaza gushimishwa n’ukurandamuka kwiwe canke agacerere gaca gakurikira. Hari aho bohava bicura ko hari ikintu ariko arabahisha. Hari n’aho mbere boca bagerageza gutuma agira ico avuze, ivyo na vyo bikaba vyorushiriza kumubabaza. Impera n’imperuka, iyo nzira nta ho ishikana.

Inzira B biboneka ko ari nziza kuruta inzira A, kuko n’imiburiburi Sara n’abavyeyi biwe bariko barayaga. Ariko rero, kubera ko ico kiyago kitavuye ku mutima, yaba Sara canke abavyeyi biwe, nta n’umwe aza gushika ku co ashaka, ni ukuvuga kuyaga bisanzuye kandi ata guhishanya.

Ariko ku nzira C, Sara araza kwumva aruhutse kubera ko kuyaga ivyo kw’ishure vyigijwe inyuma. Abavyeyi biwe baraza gushima akigoro yagize ko kuyaga na bo; rero, na bo nyene baraza kunezerwa. Bisa n’uko iyo nzira ari yo ifise amahirwe yo kuroranirwa kubera ko bose bariko bakurikiza ingingo ngenderwako iri mu Bafilipi 2:4 igira iti: “Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.”—Bibiliya Yera.

Niwirinde gutuma bagutahura nabi

Uribuka yuko amajambo uvuga be n’ico abavyeyi bawe baca batahura bitama bihura. Nk’akarorero, dufate ko abavyeyi bawe bakubajije igituma usa n’uwutamerewe neza. Nawe uti: “Nimunyirekere.” Mugabo abavyeyi bawe baciye batahura ko uvuze ngo: “Sindabizigiye rwose ku buryo nogira ico ndababwiye. Sindababwira ingorane yanje, nzoyibwira abagenzi banje.” Gerageza gukora uwu mwimenyerezo, ushireko inyishu zawe. Dufate ko ufise ingorane itoroshe, maze abavyeyi bawe bakaba bagusavye ko bogufasha.

Hamwe wovuga uti: “Nta ngorane. Ndavyimenyera.”

Hari aho boca batahura ko uvuze uti: ․․․․․

Vyoba vyiza wishuye uti: ․․․․․

Muri make wokora iki? Nuhitemwo witonze amajambo uvuga. Nuyavugane urupfasoni. (Abakolosayi 4:6) Abavyeyi bawe nubabone nk’abagenzi, ntubabone nk’abansi. Kandi ico womenya co ni iki: Urakeneye intererano y’abantu bose bogufasha gutorera umuti ingorane zigushikira.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Bite ho nimba kuyaga n’abavyeyi atari yo ngorane, mugabo ingorane ikaba ari uko igihe cose muyaze, haba impari?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Mvuga ibivuye ku mutima kandi mvugisha ukuri.”—Yobu 33:3, The Holy Bible in the Language of Today ya William Beck.

IMPANURO

Nimba bikugora kwicara ukayaga n’umuvyeyi wawe ingorane yinaka, nimuyiganire muriko muragendagenda, muri ku rugendo n’umuduga canke muriko murasuma.

WARI UBIZI . . . ?

Nka kurya nyene bishobora kukugora kuyaga n’abavyeyi bawe ibibazo bikomeye, ni ko na bo nyene igihe bagerageza kuyaga nawe ivyo bibazo boshobora kwumva batorohewe kandi bakumva umengo nta vyo bashoboye.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ninasubira kwumva ntashaka kuvugana n’abavyeyi banje, nzoca ․․․․․

Abavyeyi nibangobera kuyaga ku kintu ntashaka, nzovuga nti: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Mu bijanye n’ukuyaga, kubera iki ari vyiza guhitamwo igihe kibereye?—Imigani 25:11.

● Kubera iki ari vyiza ko wigora ukayaga n’abavyeyi bawe?—Yobu 12:12.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 10]

Kuyaga n’abavyeyi ntivyama vyoroshe, ariko iyo wuguruye umutima ukabayagira, uca wumva umengo wiremuruye urubuye amahanga mu mutima.’’—Devenye

[Ifoto ku rup. 8]

Nka kurya nyene uhuye n’intambamyi mw’ibarabara bidasobanura ko biba biheze, urashobora kurondera ukuntu woyaga n’abavyeyi bawe!