Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?

Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?

IKIGABANE CA 6

Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?

Andika kimwe muri ibi bitigiri: 1, 2, 3, 4 canke 5, kugira werekane ingene imigenderanire ufitaniye n’abo muvukana yifashe. Igitigiri 5 cerekana ko ari myiza cane, 4 ko ari myiza, 3 ko ari myiza buhoro, gutyogutyo. ․․․․․

ABAVUKANA bamwebamwe usanga bakundana cane. Nk’akarorero, uwitwa Felicia, uno akaba afise imyaka 19, avuga ati: “Mwene wacu w’imyaka 16 ari we Irena, ni umwe mu bagenzi banje pfampfe.” Uwitwa Carly na we, akaba afise imyaka 17, avuga ibijanye na musazawe afise imyaka 20 yitwa Eric, ati: “Turumvikana cane. Ntitwigera dushwana.”

Ariko rero, benshi usanga bafitaniye imigenderanire nk’iyo Lauren afitaniye na Marla. Lauren avuga ati: “Twama dushwana ku kantu kose, naho kaba ari akantu ata co kavuze.” Canke ivyawe bishobora kuba bimeze nk’ivyo umwigeme w’imyaka 12 yitwa Alice avuga ku vyerekeye musazawe w’imyaka 14 ari we Deni, ati: “Aranshavuza! Aritera mu cumba canje agatora ibintu vyanje atabinsavye. Deni yifata nk’umwana!”

Woba ufise uwo muvukana agushavuza? Birumvikana yuko abavyeyi bawe bafise ibanga ryo gutuma mu rugo haguma urutonde. Ariko rero, bitebe bitebuke uzokenera kwiga kwumvikana n’abandi. Ivyo urashobora kuvyiga ukiri i muhira.

Nuzirikane ku matati woba warigeze kugiranira n’umwe mu bo muvukana. Mukunda gushwana mupfa iki? Raba urutonde ruri aha hepfo, maze ushire aka kamenyetso ✔ ku kintu kiba kikagushavuza!

Ibintu vyawe. Uwo tuvukana aratora ibintu vyanje atabinsavye.

Ukudahuza kamere. Uwo tuvukana akora ibintu n’ubwikunzi, ata kwiyumvira, canke akarondera kunyigarurira.

Ibintu vy’ibanga. Uwo tuvukana arinjira mu cumba canje atadodoye kibure agasoma ubutumwa narungikiwe kuri Internet canke kuri telefone ngendanwa atansavye uruhusha.

Ikindi ․․․․․

Nimba uwo muvukana yama agushavuza mu kuza arakubwira ivyo ukwiye gukora canke mu kuza arakwinjirira mu buzima, vyoshobora kukugora kwigumya. Mugabo hari umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Gufyonda izuru ni vyo bizana amaraso, kandi kuvyura ishavu ni vyo bizana imitongano.” (Imigani 30:33) Ubitse inzika, bizotuma ukankama, nka kurya nyene gufyonda izuru ryawe bitobura gutuma amaraso ava. Iyo ngorane izoca rero irushiriza kwunyuka. (Imigani 26:21) Ushobora gute none gutuma ishavu ritavamwo impari zikomeye? Ikintu ca mbere wokora ni ukumenya ikintu nyezina kiba cateye iyo ngorane.

Coba ari ikintu ciyadukije canke hari imvo itumye ico kintu gishika?

Ingorane zishika mu bavukana zimeze nk’amahere. Ihere riri ku mubiri usanga ari akantu kavyimvye gasa nabi, mugabo riba ryatewe n’indwara itaboneka umuntu aba yanduye. Muri ubwo buryo nyene, iyo abavukana babiri bagiraniye impari zikomeye, akenshi ziba zerekana ko hari ingorane iziteye.

Woshobora kugerageza kuvura ihere mu kurifyonda. Ariko rero, woba uriko uravura gusa ikimenyetso kikwereka ko wanduye indwara, kandi woshobora gutuma ku mubiri wawe hasigarako inkovu canke ugatuma iyo ndwara wanduye yongerekana. Ikintu ciza kuruta wokora ni ukuvura iyo ndwara wanduye gutyo ugatuma hataza ayandi mahere. Ni na ko bimeze ku bijanye n’ingorane ugiranira n’uwo muvukana. Niwige kumenya imvo iba yatumye haba iyo ngorane, maze urengane ico kintu kiba cabaye, ushike neza na neza ku muzi w’iyo ngorane. Uzoshobora kandi gushira mu ngiro impanuro ya wa Mwami w’inkerebutsi Salomo, uwanditse ati: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe.”—Imigani 19:11.

Nk’akarorero, umwe Alice twavuga mu ntango yavuze ku bijanye na musazawe Deni ati: “Aritera mu cumba canje agatora ibintu vyanje atabinsavye.” Ico ni ikintu kiba kibaye. Ariko none, wiyumvira ko imvo nyezina ituma akora ico kintu iba ari iyihe? Birashoboka cane ko iba ijanye n’ukutubaha. Alice yoshobora gutorera umuti iyo ngorane mu kubwira Deni ngo ntaze yigere yinjira mu cumba ciwe canke ngo akoreshe ibintu vyiwe. Mugabo ivyo vyotorera umuti gusa ico kintu kiba cabaye kandi vyoshobora kuvyura ayandi matati. Ariko rero, Alice ashoboye kujijura Deni ngo aze arubahiriza ibintu vyiwe, nta gukeka ko ubucuti bafitaniye bworushiriza kumera neza.

Niwige gutorera umuti amatati canke kuyirinda

Ariko ntiwumve, kumenya ibintu bitaboneka bituma haba ingorane hagati yawe n’uwo muvukana ni kimwe gusa mu bintu bigufasha kuzitorera umuti. Wokora iki none kugira ngo utorere umuti ikintu kinaka gituma haba ingorane wongere wirinde gutuma isubira kwaduka? Nugerageze gukurikiza ibintu bitandatu bikurikira.

1. Nimwumvikane ku mategeko amwamwe y’ishimikiro. Subira utereze akajisho ku vyo werekanye ko vyateje ingorane hagati yawe n’uwo muvukana. Nimurabe yuko mwoba mushobora gushiraho amategeko amwamwe mwempi mwumvikanyeko, yotorera umuti ikintu kitaboneka gituma haba ingorane. Nk’akarorero, nimba mushwana mupfa ibintu vyawe, itegeko rya mbere ryoshobora kuba iri: “Imbere y’uko umuntu atora ikintu c’uwundi, akwiye kubanza kukimusaba.” Itegeko rigira kabiri ryoshobora kuba iri: “Umuntu akwiye kwubahiriza uburenganzira uwo bavukana afise bwo kuvuga ati: ‘Oya, ntukoreshe ico kintu.’” Igihe mushiraho ayo mategeko, nimuzirikane kw’itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) Ivyo bizobafasha gushiraho amategeko mwe n’uwo muvukana mushobora gukurikiza. Nimuheze mubiyage n’abavyeyi banyu kugira ngo mwiyemeze neza yuko bashima ayo mategeko.—Abanyefeso 6:1.

2. Wewe ubwawe nubeho wisunga ayo mategeko. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha? Wewe wamamaza ngo: ‘Ntiwibe,’ uriba?” (Abaroma 2:21) Ushobora gute gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako? Nk’akarorero, nimba wipfuza ko uwo muvukana yubahiriza ibintu vyawe vy’ibanga, na wewe rero ukwiye kubanza kudodora imbere y’uko winjira mu cumba ciwe kibure ukabanza kumusaba uruhusha imbere y’uko usoma ubutumwa aba yarungikiwe kuri Internet canke kuri telefone ngendanwa.

3. Ntiwihutire gushavura. Kubera iki iyo ari impanuro nziza? Kubera yuko, nk’uko umugani umwe wo muri Bibiliya ubivuga, “ibipfu [ari] vyo gusa bishavura ningoga kandi bikabika inzika.” (Umusiguzi 7:9, Contemporary English Version) Nimba ushavura ningoga, uzoba wigorewe. Egome, abo muvukana bazokora canke bavuge ibintu bikubabaza. Mugabo niwibaze uti: ‘Noba narigeze kubakorera ikintu nk’ico?’ (Matayo 7:1-5) Uwitwa Jenny avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 13, niyumvira ko ndi umuntu w’intore mu bandi bose be n’uko iciyumviro canje ari co cama gihambaye kuruta ibindi vyose be n’uko categerezwa kwemerwa. Mutoyi wanje ubu ariko aca mu kiringo nk’ico. Ndagerageza rero kudashavuzwa n’ivyo aba avuze.”

4. Nubabarire abandi kandi wibagire. Ingorane zikomeye zirakeneye kuganirwako no gutorerwa umuti. Ariko none woba utegerezwa kwama uhora uwo muvukana agakosa kose akoze? Igihe ufise umutima ukunze wo “kwirengagiza ikigabitanyo,” Yehova Imana arabishima. (Imigani 19:11) Uwitwa Alison w’imyaka 19 avuga ati: “Twe na mwene wacu Rasheli akenshi turatorera umuti ivyo tudahurizako. Twempi turihutira gusabana ikigongwe maze tugaca dusigura ico twibaza ko ari co cateje iyo ngorane. Rimwe na rimwe ndirinda kugira ico mvuze ku bijanye n’ingorane yinaka. Akenshi, bukeye birarushiriza kunyorohera kubabarira no kwibagira, kandi nsanga mbere atari ngombwa ko nsubira kuvuga ibijanye n’iyo ngorane.”

5. Nimusabe abavyeyi banyu babatature. Nimba mwe n’uwo muvukana mudashobora gutorera umuti ikintu gihambaye catumye mugiranira ingorane, kumbure abavyeyi banyu barashobora kubafasha kugiranira amahoro. (Abaroma 14:19) Ariko rero, uribuka yuko ubushobozi bwo gutorera umuti amatati mutarinze kwitura abavyeyi banyu ari ikintu cerekana ko umuntu ahumuye vy’ukuri.

6. Nushime kamere nziza z’abo muvukana. Nta gukeka ko abo muvukana bafise kamere ushima. Niwandike ikintu kimwe ushima ku bijanye n’umwumwe wese mu bo muvukana.

Izina

․․․․․

Ico nshima kuri we

․․․․․

Aho kuguma wiyumvira gusa amakosa y’abo muvukana, ubona gute urondeye akaryo ko kubabwira ico ushima kuri bo?—Zaburi 130:3; Imigani 15:23.

Bibiliya iremera icese yuko uwo muvukana yoshobora kutazokwama ari we mugenzi somambike kuruta abandi bose uzogira. (Imigani 18:24) Mugabo urashobora gukomeza ubugenzi ufitaniye na bo ‘nimwabandanya kwihanganirana,’ n’igihe bakoze ikintu cotuma ‘ubidogera.’ (Abakolosayi 3:13) Ubigenjeje gutyo, hari aho wosanga ivyo abo muvukana bagira bitagushavuza cane, kandi na wewe hari aho ivyo ugira bitobashavuza rwose!

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Womenya gute ko ugeze kwimuka ukava i muhira?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.”—Abafilipi 4:5.

IMPANURO

Nimba ufise uwo muvukana mutumvikana, nubone ibintu mu buryo bwiza: ariko aragufasha kwiga ibintu bizokugirira akamaro mu buzima!

WARI UBIZI . . . ?

Niwimuka ukava i muhira, rimwe na rimwe uzosanga uri kumwe n’abantu bagutera ishavu, nk’akarorero, abo mukorana canke abandi basa n’abatisonera, batababara abandi kandi bikunda. I muhira ni ho hantu wokwigira gutorera umuti ingorane mwene izo mu mahoro.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Amategeko y’ishimikiro amwamwe nokwumvikanako n’uwo tuvukana (abo tuvukana) ni aya: ․․․․․

Nogabanya gushavuza abo tuvukana hamwe nogira ibi ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki bihambaye gutandukanya ikintu kiba kibaye n’ingorane nyamukuru yagiteye?

● Kuba ufise abo muvukana bigufitiye akamaro akahe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 46]

Iyo mba ntafise abo tuvukana, ibintu vyiza kuruta ibindi vyose nibuka ntivyari kuba vyarabaye. Abafise abo bavukana, nobabwira nti: ‘Ntimubafate nk’aho ata co bamaze!’—Marilyn

[Uruzitiro ku rup. 42]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Numenye ingorane nyakuri iyo ari yo

Woba wipfuza gukarisha ubuhanga ufise mu bijanye no kumenya ibintu bitera ingorane hagati y’abavukana? Nimba uvyipfuza, soma wa mugani wa Yezu w’umwana yavuye i muhira akaja gusesagura intoranwa yiwe. (Luka 15:11-32) Niwihweze neza ukuntu mukuruwe yavyifashemwo igihe uwo mwana yagaruka i muhira. Nuce wishura ibibazo bikurikira.

Ni igiki catumye mukuruwe avyifatamwo gutyo? ․․․․․

Wibaza ko mu vy’ukuri ingorane yari ihagaze hehe? ․․․․․

Se wabo yagerageje gute gutorera umuti iyo ngorane? ․․․․․

Uwo muhungu mukuru yari akeneye gukora iki ngo atorere umuti iyo ngorane? ․․․․․

Ubu na ho niwiyumvire impari ziherutse kuba hagati yawe n’uwo muvukana. Nuce wandika inyishu zawe iruhande y’ibi bibazo. ․․․․․

Ni igiki cakweze izo mpari? ․․․․․

Wibaza ko mu vy’ukuri ingorane yari ihagaze hehe? ․․․․․

Ni amategeko y’ishimikiro ayahe mwoshobora kwumvikanako yotorera umuti ico kibazo akongera agatuma hadasubira kuba izindi mpari? ․․․․․

[Ifoto ku rup. 43]

Ingorane ziba hagati y’abavukana zimeze nk’amahere; kugira uzitunganye urakeneye gutorera umuti imvo zitaboneka ziba zaziteye, ntiwibande gusa kuri izo ngorane