Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kunywa ukarenza urugero hari ikibi kirimwo?

Kunywa ukarenza urugero hari ikibi kirimwo?

IKIGABANE CA 34

Kunywa ukarenza urugero hari ikibi kirimwo?

Wokwishura gute ibi bibazo bikurikira? Shira aka kamenyetso ✔ mu kumba gahuye n’inyishu yawe.

Hoba hari abo mu runganwe rwawe banywa inzoga batarashikana imyaka canke banywa bakarenza urugero?

□ Ego □ Oya

Vyoba birashika abo mu runganwe rwawe bakaguhata ngo unywe inzoga?

□ Ego □ Oya

Woba umaze kunywa ukarenza urugero?

□ Ego □ Oya

KUNYWA ukarenza urugero bisobanura iki? Hari abavuga ko ari ukunywa gusa kugira uborerwe. Raporo imwe y’Urwego rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rujejwe ivyo kwirinda kurenza urugero mu kunywa no kwizizirwa n’inzoga yaragerageje kubitomora. Iyo raporo ivuga ko kunywa ukarenza urugero “mu bisanzwe bisigurwa ko ari ukunywera rimwe ibirahuri bitanu canke birenga ku bagabo, n’ibirahuri bine canke birenga ku bagore.” (Ico kirahuri kingana n’inusu y’icupa.)

Nimba bimaze gushika ukumva wonywa ukarenza urugero canke ukumva wonywa kandi utarashikana imyaka isabwa n’amategeko, nturi wenyene. Urwaruka rwinshi ruranywa inzoga zirenze urugero. * Ariko niwibaze uti: ‘Mu vy’ukuri ni igiki gituma nshaka kunywa inzoga, kandi zishobora kungirako ingaruka izihe?’ Nk’akarorero, wokwishura gute ibi bibazo bisaba kwishura ngo “ni vyo” canke “si vyo”? Shira aka kamenyetso ✔ mu kumba gahuye n’inyishu yawe, uce wihweza ukuntu ibintu vyifashe koko.

a. Abana b’imiyabaga banywa inzoga kubera gusa ibaryohera.

□Ni vyo □ Si vyo

b. Kubera ko abana b’imiyabaga baba bakiri bato kandi bakaba bafise amagara meza, inzoga zirenze urugero ntizibagirira nabi nk’abakuze.

□Ni vyo □ Si vyo

c. Kunywa ukarenza urugero ntibishobora kukwica.

□Ni vyo □ Si vyo

d. Bibiliya iriyamiriza kunywa inzoga.

□Ni vyo □ Si vyo

e. Kugira amagara mabi ni yo ngaruka yonyene yo kunywa ukarenza urugero.

□Ni vyo □ Si vyo

a. Abana b’imiyabaga banywa inzoga kubera gusa ibaryohera. Inyishu—Si vyo. Mw’itohoza ryagizwe muri Ostraliya ku bijanye n’ukunywa inzoga, ibice 36 kw’ijana vy’abakiri bato babajijwe bavuze ko mu manza ahanini banyoye kugira bagire nk’urunganwe rwabo. Mw’itohoza ryagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ibice 66 kw’ijana bavuze ko banywa kubera akosho k’urunganwe. Ariko rero, abarenga ica kabiri bavuze kandi ko banywa kugira biyobagize ingorane.

b. Kubera ko abana b’imiyabaga baba bakiri bato kandi bakaba bafise amagara meza, inzoga zirenze urugero ntizibagirira nabi nk’abakuze. Inyishu—Si vyo. Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Discover) kigira giti: “Itohoza riheruka kugirwa ryerekana ko abanywa inzoga bakiri bato baba bariko barashira ubuzima bwabo mu kaga.” Uti kubera iki? Ico kiganiro kivuga giti: “Imiyabaga inywa inzoga zirenze urugero yoshobora kuba iriko ironona igice kinini c’ubushobozi bw’ubwonko bwayo.”

Kwama umuntu anywa inzoga birashobora kandi gutuma arushiriza kugira amahere, agira iminkanyari hakiri kare, agira ibiro vyinshi, yizizirwa n’inzoga be n’ibiyayuramutwe. Birashobora kandi kwonona cane ubwonko, igitigu n’umutima.

c. Kunywa ukarenza urugero ntibishobora kukwica. Inyishu—Si vyo. Inzoga zirenze urugero ziratuma ubwonko butaronka umwuka wa ogisijeni, bigatuma ibintu bimwebimwe bihambaye cane mu mibiri bishobora gutangura gukora nabinabi amaherezo bikareka gukora. Ibimenyetso vy’ico kintu vyoshobora kuba ukuyogwa, uguta ubwenge no kudahema neza. Hari n’igihe umuntu ashobora gupfa.

d. Bibiliya iriyamiriza kunywa inzoga. Inyishu—Si vyo. Bibiliya ntiyiyamiriza kunywa inzoga, eka kandi ntibuza abakiri bato kwinezereza. (Zaburi 104:15; Umusiguzi 10:19) Ariko ntiwumve, kugira unywe utegerezwa kuba umaze gushikana imyaka isabwa n’amategeko.—Abaroma 13:1.

Ariko rero, Bibiliya iratugabisha ku bijanye no kunywa tukarenza urugero. Mu Migani 20:1 havuga hati: “Umuvinyu ni umushinyaguzi, inzoga iboreza irasebagirika, kandi uwuzimizwa na yo wese si inkerebutsi.” Inzoga irashobora gutuma ukora ivy’ubusazi! Ego ni ko, yoshobora gutuma ugira umunezero w’akanya gato, mugabo unyoye iyirenze urugero, ‘irakomora nk’inzoka,’ ikagusiga mu ngorane nyinshi.—Imigani 23:32.

e. Kugira amagara mabi ni yo ngaruka yonyene yo kunywa ukarenza urugero. Inyishu—Si vyo. Uborewe, uba urushirije kwishira mu kaga k’ibitero vy’ubwoko bwose, harimwo n’ugufatwa ku nguvu. Muri ico gihe nyene, woshobora no kubangamira abandi mu kwigenza uko utahora wigenza. Bibiliya ikugabisha yuko igihe unyoye ukarenza urugero “utazoshobora kwiyumvira neza canke kuvuga neza.” (Imigani 23:33, Today’s English Version) Muri make, uzoboneka nk’ikijuju! Izindi ngaruka zibabaje zoshobora kuba izi: ukwonona ubugenzi, kudakora neza kw’ishure no ku kazi, kumenyekana mu nyamiramabi ko uri inkozi y’ikibi, be n’ubukene.—Imigani 23:21.

Igihambaye kuruta, iyumvire ingene kunywa ukarenza urugero bishobora kwonona ubucuti ufitaniye n’Imana. Yehova Imana ashaka ko umukorera n’“umuzirikanyi wawe wose,” atari umuzirikanyi wononywe bidakenewe no kunywa inzoga zirenze urugero. (Matayo 22:37) Ijambo ry’Imana ntiryiyamiriza gusa “kunywa umuvinyu birenze urugero” ariko kandi ririyamiriza “guhiganwa mu kunywa.” (1 Petero 4:3) Ku bw’ivyo rero, kunywa ukarenza urugero birateye kubiri n’ivyo Umuremyi wacu agomba kandi bizotuma utagiranira ubugenzi somambike na we.

Uzohitamwo iki?

Woba uzopfa kwigana urunganwe rwawe runywa inzoga zirenze urugero? Bibiliya ivuga iti: “Ntimuzi yuko nimba mugumye mwishikiriza umuntu nk’abashumba bamugamburukira muba muri abashumba biwe kuko mumugamburukira?” (Abaroma 6:16) Ubwo koko urashaka kuba umushumba w’urunganwe rwawe canke w’inzoga?

Ukwiye gukora iki nimba umaze kugira akamenyero ko kunywa ukarenza urugero? Nuce urondera imfashanyo mu maguru masha mu kuganira n’umuvyeyi canke umugenzi ahumuye. Niwiture Yehova Imana mw’isengesho, umwinginge agufashe. Nakare, Yehova ni “imfashanyo yoroshe kuronka mu gihe c’amarushwa.” (Zaburi 46:1) Kubera yuko kunywa ukarenza urugero no kunywa utarashikana imyaka isabwa n’amategeko akenshi biterwa n’akosho k’urunganwe, hari aho wokenera kugira amahinduka akomeye mu kuntu uhitamwo abagenzi. * Kugira ayo mahinduka ntibizokworohera, mugabo ubifashijwemwo na Yehova birashoboka.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Urashobora gutsinda ukwizizirwa n’ibiyayuramutwe. Raba ingene wobigenza.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 11 Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Bigirwa na bande?”, ruri ku rupapuro rwa 249.

^ ing. 32 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 8 n’ica 9 c’iki gitabu be n’ikigabane ca 15 c’Igitabu ca 2.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Imborerwa . . . [i]zoja mu bworo.”—Imigani 23:21.

IMPANURO

Numenye imvo zituma ushaka kunywa inzoga. Nuce ugerageza kwiyumvira ubundi buryo bwiza ushobora kwinezereza canke kugabanya amaganya.

WARI UBIZI . . . ?

Ivyigwa vyagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyerekana ko abanyeshure “bakunda kunywa bakarenza urugero usanga bishoboka cane ko basiba ivyigwa, bacerwa gutanga udukorwa bahabwa gukorera i muhira, ko bakomereka, ko bonona ibintu, incuro umunani kurusha abatanywa ngo barenze urugero.”

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Abo mu runganwe rwanje nibashaka ko nifatanya na bo mu kunywa inzoga zirenze urugero, nzovuga nti: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki abo mu runganwe rwawe bashaka ko abandi bifatanya na bo mu kunywa inzoga zirenze urugero?

● Kunywa inzoga zirenze urugero vyoba bizotuma ushimwa n’abo mudasangiye igitsina? Kubera iki wishuye gutyo?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 250]

“Igihe abo twigana bampaye inzoga, nca ndababwira ko nshobora kwiryohera ntarinze kunywa.’’—Mark

[Uruzitiro ku rup. 249]

 Bigirwa na bande?

Twisunze icigwa cagizwe ku bana bo mu mashure yisumbuye mu Bwongereza, muri Ekose no muri Pays des Galles, ica kane c’abana b’imyaka iri hagati ya 13 na 14 “bavuze ko bamaze ‘gutererayo’ n’imiburiburi ibirahuri bitanu icarimwe.” Hafi ica kabiri c’abana bose b’imyaka iri hagati ya 15 na 16 babajijwe bavuze ko na bo nyene bamaze kubigira. Urwego rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rujejwe amagara y’abantu no kubafasha rwerekana ko “nk’imiyabaga 10.400.000 b’imyaka iri hagati ya 12 na 20 bavuze ko banywa inzoga. Muri abo, abashika 5.100.000 baranywa bakarenza urugero, 2.300.000 na bo ni abanywi ba cane banywa bakarenza urugero n’imiburiburi gatanu mu kwezi.” Icigwa cagizwe muri Ostraliya cerekanye ko muri ico gihugu abakobwa ari bo banywa bakarenza urugero kurusha abahungu, bakaba banywa ibirahuri biri hagati ya 13 na 30 mu kiringo kimwe!

[Ifoto ku rup. 251]

Inzoga irashobora gukomora nk’inzoka