Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nkwiye kumenya iki ku bijanye n’ukunywa itabi?

Nkwiye kumenya iki ku bijanye n’ukunywa itabi?

IKIGABANE CA 33

Nkwiye kumenya iki ku bijanye n’ukunywa itabi?

Raba ivyo vyiyumviro, uce ushira aka kamenyetso ✔ mu kumba kari iruhande y’ico ubona ko cerekana uko umeze.

□ Ndashaka kumenya ibintu

□ Ndi mu myitwarariko

□ Nshaka kwemerwa n’abandi

□ Ndarajwe ishinga n’ibilo mfise

NIMBA hari akumba washizemwo akamenyetso mu turi ku rupapuro rwa 237, hari ico rero uhuriyeko n’urunganwe rwawe runywa itabi canke rwiyumvira kurinywa. * Nk’akarorero:

Gushitsa icipfuzo co gushaka kumenya ibintu. “Naribaza ukuntu itabi rimeze. Ni kwo kwakira isigareti nari mpawe n’umukobwa twigana maze ninyavya ahantu, ndagakwega.”—Tracy.

Kwiyibagiza ibintu bitesha umutwe no gushaka kwemerwa n’abandi. “Kw’ishure abana waza wumva ngo ‘Nkeneye agasigareti,’ bamaze kugakwega bagaca biruhutsa ngo ‘Ahuuu, ubu rero ni sawa!’ Mu bihe naba nshushe umutwe, nanje narumva ndagashatse.”—Nikki.

Guta ibilo. “Hari abakobwa banywa itabi kugira bagumane akabiri gatogato, kuko ari vyo vyoroshe cane kuruta ukwirinda indya zivyibusha!”—Samantha.

Ariko imbere y’uko udomeka isigareti yawe ya mbere canke iyikurikira, banza uzirikane. Ntube nk’ifi icakiye igera ririko icambo. Ego ni ko, iyo fi yoshobora kuryoherwa gatoyi, ariko ica ihasiga ubuzima! Aho kuba nk’iyo fi, nukurikize nyabuna impanuro Bibiliya itanga, ukoreshe “ubushobozi bwa[we] bwo kwiyumvira butomoye.” (2 Petero 3:1) Ishura ibi bibazo bikurikira.

Ni ibiki uzi koko ku bijanye no kunywa itabi?

Shira akamenyetso ahabereye.

a. Kunywa itabi biragabanya imyitwarariko.

□ Ni vyo □ Si vyo

b. Noshobora gusohora hafi umwotsi wose nakweze.

□ Ni vyo □ Si vyo

c. Kunywa itabi nta ngaruka bizogira ku magara yanje ubu nkiri muto.

□ Ni vyo □Si vyo

d. Kunywa itabi bizotuma abo tudasangiye igitsina barushiriza kunshima.

□ Ni vyo □ Si vyo

e. Nyoye itabi ni je nigirira nabi, nta wundi ngirira nabi.

□ Ni vyo □ Si vyo

f. Ndarinywa canke ntarinywa, Imana nta co biyibwira.

□ Ni vyo □ Si vyo

Inyishu

a. Si vyo. Naho kunywa itabi bituma uwiziziwe na ryo yumva aruhutse gatoyi, abahinga basanze ubumara bw’itabi bwitwa nikotine bwongereza koko urugero rw’inkabuzo zituma umuntu agira imyitwarariko.

b. Si vyo. Ivyigwa bimwebimwe vyagizwe vyerekana ko ibice birenga 80 kw’ijana vy’umwotsi w’itabi uba wakweze biguma mu mubiri wawe.

c. Si vyo. Naho urushiriza kugeramirwa uko unyoye isigareti, hariho ingaruka nkeyi zica zitangura ubwo nyene. Hari abaca bizizirwa n’itabi banyoye isigareti imwe gusa. Ubushobozi bw’amahaha yawe buragabanuka, ugashobora no kurwara inkorora idahera. Urukoba rwawe ruragira iminkanyari hataragera. Kunywa itabi biratuma ibihimba vyawe vy’irondoka bihakwa kudakora neza, ukaza urafatwa n’ubwoba, ukagira n’akabonge.

d. Si vyo. Umushakashatsi Lloyd Johnston yasanze imiyabaga inywa itabi “ishimwa buhoro na benshi cane mu bo badasangiye igitsina.”

e. Si vyo. Umwotsi abantu bakwega uvuye ku bariko baranywa itabi uhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi uko umwaka utashe. Uragirira nabi umuryango wawe n’abagenzi bawe.

f. Si vyo. Abashaka guhimbara Imana bategerezwa kwiyuhagira “ubuhumane bwose bw’umubiri.” (2 Abakorinto 7:1) Nta gukeka ko kunywa itabi bihumanya umubiri. Uhisemwo kuba uwuhumanye, ukigirira nabi ukagirira nabi n’abandi mu kunywa itabi, ntushobora kuba umukunzi w’Imana.—Matayo 22:39; Abagalatiya 5:19-21.

Ingene wonanira akosho

None uzokora iki nihagira uwuguha itabi? Kumwishura mu majambo asanzwe ariko atarimwo ugufyina nk’aya ngo “Oya urakoze, sinywa itabi,” akenshi bizogira akamaro. Akobeje na ho, canke mbere akagucokora, uribuka ko kutanywa itabi ari ihitamwo ryawe. Woshobora kuvuga uti:

● “Narasuzumye inkurikizi zavyo nsanga atari ahanje.”

● “Ndacakeneye kubaho no guhema neza.”

● “None simfise uburenganzira bwo kwihitiramwo?”

Ariko rero, cokimwe n’urwaruka twamaze kuvuga muri iki kigabane, hari aho wosanga ikikwosha gusumba ibindi kiva imbere muri wewe. Nimba ari ukwo biri, urashobora kunanira ico cipfuzo mu kuzirikana ku bibazo nk’ibi:

● ‘Ubwo kunywa itabi hari ico bizonyungura koko? Nk’akarorero, hamwe nohitamwo kurinywa kugira gusa nemerwe n’abandi, bazoca none banyemera kandi ata bindi duhuriyeko? Noba nshaka kwemerwa n’abantu boryoherwa no kumbona ndiko nonona amagara yanje?’

● ‘Kunywa itabi bizontwara amahera angana iki, bigire n’ingaruka iyihe ku magara yanje no ku cubahiro abandi bamfitiye?’

● ‘Ubucuti mfitaniye n’Imana noba noshima kubukaba isigareti?’

Bite ho nimba umaze kwizizirwa n’itabi? Wokora iki kugira ngo uvavanure na ryo?

Ingene woriheba

1. Niwiyumvishe igituma ugomba kuriheba. Andika imvo ufise zituma ushaka kuriheba, maze wame uziterezako akajisho. Kwipfuza kuba uwudahumanye imbere y’Imana birashobora kuba imvo ikomeye yotuma uriheba.—Abaroma 12:1; Abanyefeso 4:17-19.

2. Nurondere imfashanyo. Nimba wahora unywa itabi mu mpisho, harageze ko ubibwira abandi. Bwira abo wahora ubinyegeza ko ugira urihebe, wongere ubasabe bagufashe. Nimba ushaka gukorera Imana, yisabe igufashe.—1 Yohani 5:14.

3. Shinga igenekerezo ryo kuriheba. Niwihe indwi zibiri canke zidashika, maze wandike ku kirangamisi cawe umusi wiyemeje kuriheberako. Bwira umuryango n’abagenzi ko kuri iryo genekerezo uzohagarika kunywa itabi.

4. Sakambura hose maze urite. Imbere y’uko ushikira igenekerezo ryo kuriheba, nusakambure mu cumba cawe, mu muduga wawe no mu vyambarwa vyawe urabe itabi ryose ryoba ririyo maze urite. Nute ibibiriti na birya bashiramwo umunyota w’itabi.

5. Niwihanganire ingaruka zogushikira umaze kuriheba. Nunywe umutobe w’ivyamwa mwinshi canke amazi menshi, kandi wongereze umwanya uryama. Niwibuke ko izo ngaruka ari iz’igihe gito, mu gihe ivyiza bivamwo vyovyo bizogumaho!

6. Niwirinde ivyotuma usubira kurishaka. Nuce kure ibintu be n’ahantu vyotuma usubira gushaka itabi. Hari n’aho wokenera kuvavanura n’abagenzi bawe banywa itabi.—Imigani 13:20.

Ntuhendwe ubona

Uko umwaka utashe, amahinguriro y’itabi arasohora imiliyaridi z’amadolari mu guhaya itabi. Wibaza ko ari bande canecane arondera gukwegakwega? Hari urwandiko rw’ihinguriro rimwe ry’itabi rugira ruti: “Urwaruka rw’ubu ni rwo rushobora kuba abakiriya b’ejo.”

Ntureke ngo abahagarikiye amahinguriro y’itabi bagukore mu mipfuko. Ni iki cotuma wemera icambo cabo? Baba bo canke abo mu runganwe rwawe banywa itabi, nta n’umwe agushakira ineza. Bime amatwi wumvirize nyabuna impanuro zo muri Bibiliya, maze wige “ibikwungura.”—Yesaya 48:17.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Abagenzi bawe boba bakuremera ngo unywe inzoga? Raba igituma ukwiye kumenya urugero rwawe ntarengwa.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Naho iki kigabane kivuga abanywa itabi, ingorane n’ingeramizi zivugwamwo zirerekeye n’abarihekenya.

ICANDITSWE NYAMUKURU

‘Duce kure ikintu cose gihumanya imibiri yacu.’—2 Abakorinto 7:1, Contemporary English Version.

IMPANURO

Niwirinde ivyitwazo, nk’ukwiyumvira ngo ‘Nza gukwega rimwe gusa.’ Akenshi bituma uca usubira kurinywa.—Yeremiya 17:9.

WARI UBIZI . . . ?

Itabi badatumura, nk’iryo bahekenya, rirashobora kurekura bwa bumara bwitwa nikotine bwinshi kurusha amasigareti, kandi ririmwo ubumara nka 25 butera kanseri butuma uwurinywa ahakwa cane kurwara kanseri yo mu muhogo no mu kanwa.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Abo twigana nibampata ngo nywe itabi, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Naho usanzwe uzi akaga ko kunywa itabi, kubera iki woshobora kwumva ushaka kurinywa?

● Ni igiki cakujijuye ko kunywa itabi ari bibi?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 240]

Igihe hagize uwumpa itabi, ndimwenyurira gusa nkamubwira nti: ‘Oya urakoze, sinshaka kwikwegera kanseri.’’’—Alana

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 241]

Marijuwana yoba mu vy’ukuri ari mbi ukuraho?

Uwitwa Ellen wo muri Irilande avuga ati: “Hari abavuga ko kunywa urumogi rwitwa marijuwana ari uburyo bwo kwiyobagiza ingorane, be n’uko ata ngaruka mbi rugira.” Woba umaze kwumva amajambo nk’ayo ku bijanye na marijuwana? Gereranya ivyiyumviro bimwebimwe bitari vyo abenshi bemera be n’uko ibintu biri koko.

Iciyumviro kitari co. Marijuwana nta kibi cayo.

Uko ibintu biri koko. Ingaruka zayo z’igihe kirekire zizwi canke ziyumvirwa ni izi: ukwononekara kw’ubushobozi bwo kwibuka n’ubwo kwiga, ugutuma abasoda b’umubiri badakora, ukwononekara kw’ibihimba vy’irondoka. Irashobora gutuma umuntu aza aragira amaganya, akarwara indwara y’ukutabona ibintu nk’uko biri be n’iy’ugutinya cane abantu. Abana bavyawe n’abagore banywa marijuwana barahakwa kugira ingorane zijanye n’inyifato, kuba abasamara, kandi birarushiriza kubagora gufata ingingo.

Iciyumviro kitari co. Umwotsi wa marijuwana si mubi nk’uw’itabi.

Uko ibintu biri koko. Umwotsi wa marijuwana urashobora gutuma imiheha yawe y’impemu yihomamwo ibintu bimeze nk’ikaburimbo incuro zine kurusha umwotsi w’itabi, kandi urinjiza mu maraso yawe umwuka w’ubumara (monoxide de carbone) incuro zitanu kurusha umwotsi w’itabi. Imisogoto itanu ya marijuwana irashobora kurekurira mu mubiri ubumara butera kanseri bungana n’ubworekurwa n’ipaki yose y’itabi.

Iciyumviro kitari co. Marijuwana ntiyizizira umuntu.

Uko ibintu biri koko. Imiyabaga ifise ingorane zo mu mutwe canke izijanye n’inyiyumvo irashobora kwizizirwa ningoga na marijuwana. Abandi na bo ishobora kubizizira haciye igihe kirekire bayinywa. N’ikindi kandi, ivyigwa vyagizwe vyerekana ko imiyabaga inywa marijuwana ihakwa rwose kunywa ibindi biyayuramutwe, nka kokayine.

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 244, 245]

Ingaruka itabi rigira ku mubiri wawe

Raba abantu bafise amagara meza berekanwa ku mashusho ahayagiza itabi uce uyagereranya n’aya yerekana ingaruka rigira koko ku mubiri wawe.

Akanwa n’umuhogo Rirashobora gutera kanseri

[Ifoto]

Ururimi rurwaye kanseri

Umutima Riratuma imitsi itwara amaraso idadarara ikongera ikaziba, rigatuma umutima utaronka umwuka wa ogisijeni ukwiye, kandi rikongereza incuro zine akaga ko kurwara umutima

[Ifoto]

Umutsi wazivye

Amahaha Rironona udusaho tw’impemu, rigaturira imiheha impemu zicamwo, kandi rikongereza gushika ku ncuro 23 akaga ko kurwara kanseri y’amahaha

[Ifoto]

Ihaha ry’umunywi w’itabi

Ubwonko Rirongereza gushika ku ncuro zine akaga ko gufatwa n’indwara yonona ubwonko

Urukoba Rirashobora gutuma umuntu asaza hataragera

Amenyo Rituma ahindura ibara

Umushishito Riratera kanseri

Urwagasha Riratera kanseri

Agasaho k’umukoyo Riratera kanseri

Amafyigo Riratera kanseri

[Ifoto ku rup. 239]

Nka kurya kw’ifi icakiye icambo, umunywi w’itabi araryoherwa mugabo akibonerako