Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza

Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza

INYONGERA

Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza

“Nokora iki ngo umwana wanje anyagire?”

“Noba nkwiye gushingira abana banje isaha yo gutahirako?”

“Nofasha gute umukobwa wanje kubona mu buryo bwiza ibijanye n’ugufungura ivyo kurya bitavyibusha?”

Ivyo ni bikeyi gusa mu bibazo 17 vyishurwa muri iyi Nyongera. Aya mayagwa agabuwe mu bihimba bitandatu kandi baza barakurungika mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro (Igitabu ca 1 n’ica 2), ku bigabane bihuye n’ibiba biriko biravugwa.

Soma ayo mayagwa. Nimba bishoboka, nuyaganire n’uwo mwubakanye, maze ukoreshe impanuro zitangwamwo mu gufasha abana bawe. Inyishu uzosangamwo ni izo kwizigirwa. Ntizishingiye ku bukerebutsi bw’abantu, abo bishika bakihenda, ahubwo zishingiye kw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya.—2 Timoteyo 3:16, 17.

290  Ukuyaga

297  Amategeko

302  Umwidegemvyo

307  Ibitsina n’ugukundana

311  Ibibazo bijanye n’inyiyumvo

315  Ugusenga

 UKUYAGA

Kugiranira impari n’uwo twubakanye canke abana banje hari ikibi kirimwo?

Mu mubano w’abubatse, ukudahuza ntikubura kwaduka. Ariko rero, umuntu ni we yihitiramwo ukuntu agutorera umuti. Impari ziri hagati y’abavyeyi ziragira ingaruka zikomeye ku bana babo. Ico ni ikintu mukwiye kwitwararika, kuko umubano wanyu ari akarorero abana banyu bashobora kuzokwigana nibubaka izabo. Mubona gute mufatiye kuri ukwo kudahuza kugira mwigishe abana banyu uburyo nyabwo bwo gutorera umuti amatati? Gerageza ibi bikurikira:

Niwumvirize. Bibiliya itubwira yuko dukwiye ‘gutebuka kwumva, guteba kuvuga, guteba kuraka.’ (Yakobo 1:19) Ntiwunyure ibintu mu ‘kwishura ikibi ku kindi.’ (Abaroma 12:17) Naho uwo mwubakanye yoba asa n’uwudashaka kwumviriza, wewe urashobora kubigira.

Niwihatire gusigura, aho kunebagura. Nubwire uwo mwubakanye utekanye ukuntu inyifato yiwe yakubabaje. (Nk’akarorero uti: “Birambabaza iyo ugize gutya na gutya.”) Niwirinde kwagiriza no kunebagura. (Nk’akarorero ngo: “Wewe ntumbabaye.” “Ntiwigera untega ugutwi.”)

Nutenyenye. Rimwe na rimwe, ni vyiza kwihoza ico kintu mugasubira kukiyaga mumaze guturura. Bibiliya ivuga iti: “Intango y’amahane ni nk’uwurekuye amazi; nuko rero imbere y’uko haduka imitongano, have.”—Imigani 17:14.

Nimusabane imbabazi, kandi nimba bibereye, muzisabe abana banyu. Uwitwa Brianne w’imyaka 14 avuga ati: “Rimwe na rimwe, abavyeyi bamaze gushwana, baradusaba imbabazi twe na mukuru wanje kuko baba bazi ukuntu bitubabaza.” Kimwe mu vyigwa vy’ingirakamaro kurusha ibindi ushobora kwigisha abana bawe ni ukuvuga wicishije bugufi uti: “Mbabarira.”

Ariko tuvuge iki hamwe ingorane yoba ari iyo guhazuka n’abana bawe? Raba ko utoba uriko urunyura ibintu utabizi. Nk’akarorero, raba ikiganiro gitangurira ikigabane ca 2 ku rupapuro rwa 15 muri iki gitabu. Woba ubona ibintu bimwebimwe nyina wa Rasheli yagize bigatuma impari zivyuka? Wokwirinda gute guhazuka n’umwana wawe w’umuyabaga? Gerageza ibi bikurikira:

● Niwirinde amajambo y’ukurenza urugero nk’aya ngo “Wewe wama . . . ” canke ngo “Wewe ntiwigera . . . ” Amajambo nk’ayo nta kindi avamwo atari ugutuma uwundi aca yisigura. Nakare, ukwo gushobora kuba ari ugukavya, kandi umwana wawe ivyo arabizi. Yoshobora kandi kuba azi ko amajambo y’ukurenza urugero aba mu vy’ukuri avuye kw’ishavu ufise ataba avuye ku kuba atitaho ibintu.

● Aho gukoresha amajambo akaze atangurwa na “wewe,” gerageza guserura ukuntu inyifato y’umwana wawe yakubabaje. Nk’akarorero uti: “Iyo ugize uku n’uku, nca numva . . . ” Naho vyokugora kwemera, inyiyumvo zawe zirahambaye ku mwana wawe w’umuyabaga. Umumenyesheje ukuntu wiyumva, birashoboka cane ko wotuma yoroha mugahuza. *

● Naho bigoye, niwigumye gushika ishavu rihwamye. (Imigani 29:22) Nimba impari zatewe n’udukorwa two muhira umwana wawe atakoze, nimubiyage. Niwandike mu buryo butomoye ivyo ushaka ko akora, kandi nimba bikenewe, werekane neza inkurikizi zizohaba natabikora. Niwumvirize wihanganye iciyumviro c’umwana wawe, naho woba ubona ko atari co. Abana benshi b’imiyabaga baravyakira neza igihe umuntu abateze ugutwi aho kwihariza ijambo.

● Aho guca wiyumvira ko umwana wawe w’umuyabaga yabaye umugarariji, nutahure ko vyinshi mu vyo ubona kuri we biri mu vyerekana ko ariko arakura. Yoshobora kuguhaririza ku kintu kinaka kugira gusa yerekane ko ariko arakura. Niwirinde kuja mu mpari. Uribuka yuko ukuntu uvyifatamwo igihe usomborokejwe biha icigwa umwana wawe w’umuyabaga. Wihanganye ukongera ukiyumanganya, uzoba umuhaye akarorero yokwigana.—Abagalatiya 5:22, 23.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 2, BE N’IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 24

Abana banje bakwiye kumenya ibingana iki ku bijanye na kahise kanje?

Dufate ko uriko usangira udufungurwa n’uwo mwubakanye, umukobwa wawe be n’abagenzi banyu nka bangahe. Ikiyago carese, maze ugiye wumva umugenzi wawe avuze umuntu mwakundanye hanyuma mugahebana imbere y’uko umenyana n’uwo mwubakanye. Umukobwa wawe araguye mu gahundwe. Aciye avuga atangaye ati: “Ntumbwire ko hari uwundi muntu mwigeze gukundana!” Ntiwari bwamutere iyo nkuru. Ubu rero ashaka ko uyimwiganira. None urakora iki?

Akenshi ni vyiza kwakiriza yompi ibibazo vy’umwana wawe. Nakare, igihe cose ariko arakubaza ibibazo yongera yumviriza inyishu umuha, muba muriko murayaga, ico kikaba ari ikintu abavyeyi benshi bipfuza.

None ukwiye kubwira umwana wawe ibingana iki ku bijanye na kahise kawe? Birumvikana ko woshima kutamubwira amakuru ateye ubuyega. Yamara igihe bibereye, guhishurira abana bawe bimwebimwe mu bintu bigoye waciyemwo, birashobora kubafasha. Uti gute?

Nk’akarorero, raba amakuru intumwa Paulo yigeze guhishura ku bimwerekeye. Yavuze ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje. . . . Ewe jewe ndagowe!” (Abaroma 7:21-24) Yehova Imana yarahumetse ayo majambo ngo yandikwe yongere azigamwe muri Bibiliya kugira tuyungukireko. Kandi turayungukirako koko. Nakare, ni nde muri twebwe atariyumva nk’ukwo Paulo yabivuze atarya umunwa?

Muri ubwo buryo nyene, abana bawe bumvise amahitamwo meza wagize be n’amakosa wakoze birashobora kubafasha kurushiriza kwiyumvamwo ko ubatahura. Ego ni ko, ntimwarutse mu gihe kimwe. Ariko naho ibihe vyahindutse, uko umuntu asanzwe ameze ntikwahindutse; eka n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe ntizahindutse. (Zaburi 119:144) Kuganira ku ngorane waciyemwo n’ukuntu wazitsinze birashobora gufasha abana bawe b’imiyabaga gutunganya ingorane zabo. Umusore umwe yitwa Cameron avuga ati: “Iyo umenye ko abavyeyi bawe baciye mu ngorane zisa n’izawe, uca ubona ko ari abantu nkawe.” Yongerako ati: “Igihe usubiye kugira ingorane, uca wibaza nimba na bo nyene barayiciyemwo.”

Uragabe! Si ngombwa ngo inkuru zose ubabwiye zisozerwe n’impanuro. Ni ivy’ukuri ko wohava utinya yuko umwana wawe w’umuyabaga yobitahura nabi canke mbere akabona ko ari n’imvo yumvikana yo gukora ayo makosa nyene. Ariko rero, aho gusozera werekana icigwa ushaka ko akura muri ico kiyago (Nko mu kuvuga ngo: “Ni co gituma udakwiye kwigera . . . ”), nuvuge muri make ingene wiyumva. (Nk’akarorero uti: “Ntereje amaso inyuma, ndicuza kubona narakoze ico kintu kubera ko . . . ”) Gutyo, umwana wawe arashobora gukura icigwa c’ingirakamaro ku vyagushikiye atiriwe ariyumvamwo ko yahawe impanuro bitari ngombwa.—Abanyefeso 6:4.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 1

Nokora iki ngo umwana wanje anyagire?

Igihe abana bawe bari bakiri batoyi, bashobora kuba barakuyagira akantu kose. Ubabajije ikibazo, baca bacishura ata ngorane. Washaka, akenshi ntiwirirwa urababaza ibibazo; amakuru yarisuka nk’amazi adudubiza mw’iriba. Ariko ubu bamaze kuba imiyabaga, kuyaga na bo vyoshobora kuba ari nk’ukuvoma amazi mw’iriba ryakamye. Wibwira uti: ‘Ko bayaga n’abagenzi babo, kubera iki jewe batonyagira?’

Agacerere kabo ntigatume uca wiyumvira ko batakigukunda canke ko badashaka ko umenya ibiba mu buzima bwabo. Ico womenya co, ubu ni ho nyabuna bagukeneye. Kandi uzi n’inkuru, itohoza ryagizwe rihishura yuko benshi mu miyabaga baba bagiha agaciro impanuro z’abavyeyi babo, mbere bakazirutisha izo bahabwa n’urunganwe rwabo canke ibimenyeshamakuru.

Kubera iki none batinya cane kukubwira iryo bagona? Raba ivyo bamwebamwe mu rwaruka bavuga ku bijanye n’igituma bareka kuyaga n’abavyeyi babo, uce wibaza ibibazo bica bikurikira wongere usome ivyanditswe vyatanzwe.

“Birangora kuyaga na papa kubera ko afise vyinshi akora ku kazi no mw’ishengero. Mu vy’ukuri, bisa n’uko hatigera haboneka umwanya ubereye wo kuganira na we.”—Andrew.

‘Noba naratumye ntabizi abana banje b’imiyabaga babona ko mfise vyinshi nkora ku buryo ntoronka umwanya wo kuganira na bo? Nimba ari ukwo biri, nokora iki ngo ndushirize kuba umuntu yegereka? Ni ryari notegekanya umwanya wo kuza ndayaga n’abana banje?’—Gusubira mu vyagezwe 6:7.

“Narituye mawe niyuha iryosozi kugira ndamubwire ibijanye n’umuntu twari twashwanye kw’ishure. Nashaka ko ampoza, ariko yaciye ampambarira. Kuva ubwo, nta kintu na kimwe gihambaye nasubiye kumubwira.”—Kenji.

‘Igihe abana banje baje kumbwira ingorane bafise, nca nkora iki? Naho vyoba bikenewe ko bakosorwa, noba nokwiga kubanza kwumviriza ndabigiranye impuhwe imbere yo gutanga impanuro?’—Yakobo 1:19.

“Bisa n’uko igihe cose abavyeyi batubwiye ngo tubayagire ntibaza gushavura, kitabuza ko bashavura. Duca twumva ko baduhemukiye.”—Rasheli.

‘Umwana wanje ambwiye ikintu kinshavuza, nokora iki ngo since ntwarwa n’ishavu?’—Imigani 10:19.

“Ni kenshi nabwira mawe ibintu vy’ibanga binyerekeye agaca aja kubibwira abagenzi biwe. Naramaze igihe kitari gito ntamwizigira.”—Chantelle.

‘Noba nitwararika inyiyumvo z’umwana wanje mu kutamena amabanga aba yarambwiye?’—Imigani 25:9.

“Hari ibintu vyinshi nshaka kuyaga n’abavyeyi banje. Ico nkeneye gusa ni uko bamfasha gutanguza ikiyago.”—Courtney.

‘Noba nokwibwiriza kuyaga n’umwana wanje w’umuyabaga? Ni imyanya iyihe ibereye twoyagirako?’—Umusiguzi 3:7.

Kubera ko uri umuvyeyi, birahambaye ko uguma urondera uturyo two kuyaga n’umwana wawe. Raba ivyashikiye umwigeme w’imyaka 17 yitwa Junko wo mu Buyapani. Avuga ati: “Igihe kimwe narahishutse mawe ko numva nisanzuye iyo ndi kumwe n’abanyeshure bagenzanje kurusha iyo ndi kumwe n’abandi bakirisu. Bukeye nasanze ku meza yanje ikete mama yanyandikiye. Muri iryo kete yarambwiye ukuntu na we nyene yigeze kwiyumvamwo ko ata bagenzi afise mu bo basangiye ukwemera. Yaranyibukije abantu bo muri Bibiliya bakoreye Imana naho ata muntu yariho wo kubaremesha. Yarankeje kandi kubona nari naragize akigoro ko kurondera abagenzi beza. Naratangajwe no kumenya yuko atari jewe jenyene nagize iyo ngorane. Na mawe yari yarayigize, kandi narahimbawe cane no kumenya ico kintu, ku buryo nakoroye amosozi. Nararemeshejwe cane n’ivyo mawe yambwiye, kandi vyarampaye ingoga zo gukora ibigororotse.”

Nk’uko nyina wa Junko yabibonye, abana b’imiyabaga baroroherwa no kuyagira abavyeyi igihe baba bazi neza ko batazobatwenga canke ngo babanebagure, baramutse bababwiye ivyo biyumvira n’ukuntu biyumva. Ariko none wokora iki nimba umwana wawe w’umuyabaga asa n’uwubabaye canke mbere asa n’uwushavuye igihe ariko arakuvugisha? Niwirinde guca ugira uko agize. (Abaroma 12:21; 1 Petero 2:23) Ahubwo riho, naho vyoba bisa n’ibigoye, numwereke biciye ku karorero umuha ukuntu ushaka ko yovuga be n’ukuntu ushaka ko yokwigenza.

Ibuka iki kintu: Igihe abana b’imiyabaga bariko barakura baja mu bigero, baba bariko baca mu kiringo c’amahinduka. Abahinga bavuga yuko muri ico kiringo inyifato y’imiyabaga iza irahindagurika, hamwe bakifata nk’abantu bakuze ugereranije n’imyaka bafise, ahandi na ho bakifata rwana. Ubonye ico kintu ku mwana wawe w’umuyabaga wokora iki, na canecane igihe ubonye yifata rwana ugereranije n’imyaka afise?

Niwirinde guca umunebagura waratse canke guca muhazuka nk’abana. Ahubwo numufashe kuzirikana nk’umuntu ariko arakura. (1 Abakorinto 13:11) Nk’akarorero, inyifato y’ubwana igubutse umwana wawe w’umuyabaga akavuga ati: “Kubera iki uguma ungora?”, wohakwa guca wishurana ishavu. Ariko rero, ubigenjeje gutyo uba wishe ikiyago, kandi murahakwa guca muja mu mpari. Mugabo woshobora kwivugira gusa uti: “Bisa n’uko ushavuye. Ubona gute tubiyaze mu wundi mwanya umaze guturura?” Aho uba ubishoboye. Uba uciriye inzira ikiyago, aho gutuma haba impari.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 1 N’ICA 2

 AMATEGEKO

Noba nkwiye gushingira abana banje isaha yo gutahirako?

Kugira tugufashe kwishura ico kibazo, fata ko ushikiwe n’iki kintu: Isaha umuhungu wawe yabwirizwa gutahirako imaze kurengako iminuta 30, maze ugiye wumva urugi rwuguruka gahorogahoro. Wibwiye uti: ‘Yibaza ko namaze kuja kuryama.’ Ariko nturaja kuryama. Nkako, kuva isaha yabwirizwa gutahirako ishitse, wagumye wicaye hafi y’umuryango. Ubu rero umuryango urataburuye maze murahuje amaso. Uza kuvuga iki? Uza gukora iki?

Hari ibintu nka bingahe bishoboka. Woshobora kwihoza ico kintu, ukibwira uti: ‘Abahungu ni ko bameze.’ Canke woshobora kurenza urugero mu bundi buryo, ukavuga uti: “Kuva ubu ntuzosubira gucaruka!” Aho guca utwarwa n’ishavu, banza wumvirize, urabe ko hatoba hariho imvo yumvikana yatumye ateba. Woshobora guca uboneraho akaryo ko kumwigisha icigwa gihambaye. Uti gute?

Inama tukugiriye: Numubwire ko muzobiganira bukeye. Maze akaryo kabereye kabonetse, nimwicare muganire ukuntu mwotorera umuti ico kibazo. Hari abavyeyi bagerageje iki kintu: Bishitse umwana wabo agataha isaha bumvikanye yarenze, asubiye gusohoka, iyo saha baca bayikurako iminuta 30. Ariko nimba uwo mwana yama ataha ku gihe bigatuma aboneka ko ari umwizigirwa, mwoshobora kuraba ko mutomwongera umwidegemvyo utarenze urugero, mbere rimwe na rimwe mukongereza isaha abwirizwa gutahirako. Birahambaye ko umwana wanyu amenya neza isaha vyitezwe ko aba yatashe be n’ingaruka zizoshika natubahiriza iyo saha. Mukwiye rero guca mukurikiza ivyo mwasezeranye.

Ariko rero, uribuka ko Bibiliya ivuga iti: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane.” (Abafilipi 4:5) Rero, imbere yo gushinga isaha umwana wawe abwirizwa gutahirako, hari aho woshima kubanza kubiyaga na we, ukamureka akavuga isaha we abona ko yotahirako, akerekana n’imvo zitumye ayihitamwo. Ntiwirengagize iciyumviro ciwe. Nimba yarerekanye ko yitaho ibintu, hari aho woshima kumwemerera ivyo asavye nimba vyumvikana.

Kwubahiriza umwanya birahambaye mu buzima. Gushingira umwana wawe isaha yo gutahirako, si ukumurinda gusa akaga kohava kamushikira. Ni ukumwigisha ikintu kizomufasha n’igihe azoba amaze kuva i muhira.—Imigani 22:6.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 3, BE N’IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 22

Notunganya gute amatati ngiranira n’abana banje ku bijanye n’inyambaro?

Raba ikiganiro kiri mu ntango z’urupapuro rwa 77 muri iki gitabu. Fata ko Sandra ari umukobwa wawe. Urabonye agahuzu kagufi cane yambaye: kuri wewe ni nk’aho ari gusa. Ubwo nyene uciye umubwira uti: “Duga wihindure, atari aho na ho ntuva ng’aha!” Ni ivy’ukuri ko ivyo umubwiye yoshobora kubikora. Nakare, nta kundi ari bugire atari ukugamburuka. Ariko none womwigisha gute guhindura ukuntu abona ibintu atari guhindura gusa impuzu?

● Ubwa mbere, niwibuke ibi: Umwana wawe w’umuyabaga abwirizwa kurazwa ishinga n’ingaruka z’ukutambara rupfasoni nk’uko zikuraje ishinga canke mbere zikamuraza ishinga kugusumvya. Imbere mu mutima, ntiyoshima kuboneka nk’igipfu canke kwiha amenyo y’abatwenzi. Numusigurire wihanganye ko impuzu zitaranga urupfasoni zidatuma umuntu ashimwa, umwereke n’igituma. * Numugire inama y’izindi yokwambara.

● Ubwa kabiri, nturenze urugero. Niwibaze uti: ‘Iyo mpuzu yoba iteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, canke ni uko gusa itangwa neza?’ (2 Abakorinto 1:24; 1 Timoteyo 2:9, 10) Nimba ari kubera gusa itakugwa neza, woba womureka akayambara?

● Ubwa gatatu, ntumubwire gusa impuzu zitabereye izo ari zo. Numufashe kuronka izibereye. Ubona gute wikoze ku vyiyumviro vyo kwifashisha biri ku rupapuro rwa 82 n’urwa 83 muri iki gitabu kugira umufashe kuzirikana? Bizogusaba umwanya n’akigoro, ariko ntibizoba impfagusa!

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 11

Noba nkwiye kureka umwana wanje agakina udukino dukinwa hakoreshejwe icuma c’ubuhinga bwa none?

Udukino dukinwa hakoreshejwe icuma c’ubuhinga bwa none twarahindutse cane ugereranije n’uko twari tumeze ukiri umuyabaga. Ko uri umuvyeyi, wofasha gute umwana wawe kubona ingeramizi ziri muri utwo dukino maze akazirinda?

Kwiyamiriza utwo dukino twose iyo tuva tukagera canke kwemeza ushikamye ko kudukina ari uguta umwanya, nta kintu kinini vyomara. Ibuka yuko udukino twose atari tubi. Ariko rero, turashobora kugira umuntu umuja watwo. Nusuzume rero umwanya umwana wawe amara adukina. Nurabe kandi udukino asa n’uwukunda utwo ari two. Woshobora no kumubaza ibibazo nk’ibi:

● Ni agakino akahe gakundwa na benshi cane mu bo mwigana?

● Ako gakino karimwo ibiki?

● Wibaza ko ari kubera iki benshi cane bagakunda?

Woshobora gusanga umwana wawe azi vyinshi kuri mwene utwo dukino kuruta uko wavyiyumvira! Ashobora no kuba yarakinye udukino ubona ko duteye amakenga. Usanze yaradukinye, ntuce urakara. Nubonereho akaryo ko kumufasha gutsimbataza ububasha bwo gutegera.—Abaheburayo 5:14.

Numubaze ibibazo bizotuma atahura igituma aryoherwa n’udukino duteye amakenga. Nk’akarorero, woshobora kumubaza uti:

● Woba wumva umengo urakumiriwe kubera utarekuriwe gukina ako gakino?

Urwaruka rumwerumwe rwoshobora gukina agakino kanaka kugira ruronke ico ruzoyaga n’urundi rwaruka. Nimba ari ukwo biri ku mwana wawe, ntiwotunganya ico kibazo nk’uko wogitunganya usanze aryoherwa n’udukino turimwo ubukazi buteye ikinya canke ivy’ubuhumbu.—Abakolosayi 4:6.

Ariko tuvuge iki nimba umwana wawe aryoherwa n’ibintu bitabereye biri mu gakino kanaka? Hari urwaruka rwoca ruvuga ko ubukazi bwo muri utwo dukino ata ngaruka mbi burugirako. Bibwira bati: ‘Kuba ndadukina ntibisobanura ko noca ndabikora.’ Nimba umwana wawe ari ukwo abona ibintu, numufashe kuzirikana kuri Zaburi 115. Nk’uko amajambo y’ico canditswe avyerekana neza, Imana ntiyanka gusa ukuba inkazi ariko kandi iranka n’ugukunda ubukazi. Iyo ngingo ngenderwako nyene irakora no mu bijanye n’ubuhumbu canke iyindi ngeso iyo ari yo yose yiyamirizwa n’Ijambo ry’Imana.—Zaburi 97:10.

Nimba umwana wawe afise ingorane mu bijanye n’utwo dukino, gerageza ibi bikurikira:

● Ntureke ngo dukinirwe ahantu hihishije, nko mu cumba.

● Nushireho amategeko, nk’akarorero: nta gukina utaraheza udukorwa baguhaye kw’ishure ngo ukorere i muhira, utaraheza gufungura canke utaraheza ibindi bikorwa bihambaye.

● Nushimike ku vy’uko ibikorwa bisaba gukoresha inguvu ari vyo vyiza kuruta.

● Nucungere abana bawe igihe bariko barakina utwo dukino, canke n’ikirushirije kuba ciza, uze uracishamwo ukinane na bo.

Ariko ntiwumve, kugira ufashe abana bawe guhitamwo neza ivyo bokina, ukwiye kuba utanga akarorero keza. Niwibaze rero uti: ‘Ni ibiganiro n’amasenema bwoko ki ndaba kuri televiziyo?’ Ntiwihende, nimba ufise ubuzima burimwo tubiri, abana bawe ntibazobura kubimenya!

RABA IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 30

Bite ho hamwe umwana wanje yoba ari umuja wa telefone ngendanwa, wa orodinateri canke w’ikindi cuma c’ubuhinga bwa none?

Umwana wawe w’umuyabaga yoba amara umwanya urenze urugero kuri Internet, akaba yandikiranira n’abandi kuri telefone ubutumwa burenze urugero, canke akaba akunda akuma kiwe k’imiziki kuruta uko agukunda? Nimba ari ukwo biri, wokora iki?

Hari aho woca gusa umwaka ico cuma. Mugabo ntuce ubona ko ivyuma vyose vy’ubuhinga bwa none ari bibi. Nakare, na wewe ushobora kuba ukoresha ivyuma kanaka vy’ubuhinga bwa none abavyeyi bawe batakoresheje. Rero, aho guca umwaka ico cuma ciwe, kiretse hamwe hoba hariho imvo ifashe yotuma ubigira, ubona gute uciye uboneraho akaryo ko kumwigisha gukoresha neza ivyuma vy’ubuhinga bwa none? Ivyo wobigira gute?

Nimwicare muyage ico kintu. Ubwa mbere, nuserure amakenga ufise. Ubwa kabiri, niwumvirize ivyiyumviro aserura. (Imigani 18:13) Ubwa gatatu, nimurondere umuti nyawo. Ntutinye gushinga uturimbi ntarengwa, mugabo nturenze urugero. Umwigeme umwe w’umuyabaga yitwa Ellen avuga ati: “Igihe nari mfise ingorane ijanye no kwandikiranira n’abandi ubutumwa kuri telefone, abavyeyi banje ntibaciye bantwara telefone; barashizeho ubuyobozi nokurikiza. Ukuntu batunganije iyo ngorane vyaramfashije kutarenza urugero mu bijanye no kwandika ubutumwa kuri telefone, n’igihe nyene bataba bariko barancungera.”

Bite none nimba umwana wawe aciye yiregura canke yivumbura? Ntuce wiyumvira ko impanuro wamuhaye zaciye mu gutwi kumwe zisohokana mu kundi. Ahubwo riho, niwihangane, umuhe akanya ko kuzirikana kuri ico kintu. Hari aho yoba abona ko ivyo wamubwiye ari vyo, akaba azohindura ibikenewe. Abakiri bato benshi bameze nk’uwitwa Hailey, uwavuze ati: “Igihe abavyeyi bambwira ko orodinateri yanje yangize umuja, vyabanje kumbabaza. Ariko mu nyuma, uko narushiriza kuzirikana kuri ico kintu, ni ko narushiriza kubona ko batari bihenze.”

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 36

 UMWIDEGEMVYO

Umwana wanje nomuha umwidegemvyo ungana gute?

Ico kibazo coshobora gusa n’ikitoroshe igihe ari ibijanye n’ibintu vy’ibanga. Nk’akarorero, dufate ko umuhungu wawe ari mu cumba ciwe, umuryango ukaba ukingiyeko. Woba ukwiye kwiterayo utadodoye? Canke dufate ko umukobwa wawe yasize telefone ngendanwa yiwe igihe yariko yihuta aja kw’ishure. Woba ukwiye gusoma ubutumwa buri muri yo?

Ivyo bibazo ntivyoroshe kwishura. Kubera ko uri umuvyeyi, urafise uburenganzira bwo kumenya ibiba mu buzima bw’umwana wawe w’umuyabaga ukagira n’ibanga ryo kumukingira. Ariko ntushobora kwama umeze nk’umupolisi aguma ashinze ijisho akantu kose umwana akora. None wokwirinda gute kurenza urugero?

Ubwa mbere, numenye ko kuba umwana w’umuyabaga yipfuza ko batamwinjirira mu buzima bitama bisobanura ko ariko akora ibintu bitabereye. Akenshi ni ikintu gisanzwe, gishikira umuntu ariko arakura. Ivyo birafasha abana b’imiyabaga kwirwanako igihe bironderera abagenzi be n’igihe bazirikana ku ngorane zabo bakoresheje ‘ububasha bwabo bwo kwiyumvira.’ (Abaroma 12:1, 2) Birabafasha kandi gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira, iyo ikaba ari kamere ihambaye cane izobafasha kuba abantu bakuze bitaho ibintu. Biranabaronsa akaryo ko kuzirikana imbere yo gufata ingingo canke imbere yo kwishura ibibazo bigoye.—Imigani 15:28.

Ubwa kabiri, nutahure yuko kugerageza gucungera akantu kose kaba mu buzima bw’umwana wawe w’umuyabaga vyoshobora gutuma agira umujinya canke akagarariza. (Abanyefeso 6:4; Abakolosayi 3:21) Ivyo vyoba bisobanura ko ukwiye guca umurekerana? Eka data! Erega uguma uri umuvyeyi wiwe. Ariko rero, intumbero ni iy’uko umwana wawe agira ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; Imigani 22:6) Rero, kumuyobora ni vyo vyiza kuruta kumucungera.

Ubwa gatatu, nuganire na we ico kibazo. Niwumvirize ibimuraje ishinga. Ubona rimwe na rimwe womuhebera? Numumenyeshe ko niyaguma ari umwizigirwa utazomwinjirira mu buzima. Numwereke ibihano azofatirwa niyagambarara, kandi bibaye nkenerwa ubishitse. Numenye neza ko ushobora guha umwidegemvyo ku rugero runaka umwana wawe w’umuyabaga utarinze kudohoka kw’ibanga ryawe ryo kuba umuvyeyi yitaho ibibondo.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 3 N’ICA 15

Ni ryari umwana wanje akwiye guhagarika amashure?

“Abigisha banje bararambira!” “Kw’ishure baduha udukorwa twinshi cane two gukorera i muhira!” “Honyene kuronka amanota yo kwunguruzwa ni urugamba, nirirwa ndiruhiriza iki?” Ivyo bintu biratuma urwaruka rumwerumwe rwumva rwoheba ishure rutararonka ubumenyi buzorufasha kwitunga. Nimba umwana wawe ashaka guheba ishure, wokora iki? Gerageza ibi bikurikira:

Suzuma ukuntu ubwawe wabona ivy’ukwiga n’ingene ubibona ubu. Ishure woba waribona nk’uguta umwanya, nk’agasho wabwirizwa kugumamwo gushika umusi uzoshobora kwikorera ibintu bihambaye kuruta? Nimba ari ukwo waribona, abana bawe na bo nyene boshobora kuribona gutyo. Ico womenya co ni uko kuronka inyigisho ihagije bizobafasha kuronka “ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira,” izo zikaba ari kamere bakeneye kugira bashike ku migambi yabo.—Imigani 3:21.

Nubaronse ibikoresho. Hari abakiri bato usanga boshobora kuronka amanota meza kuruta ariko bakaba batazi gusa ukuntu bokwiga, canke bakaba badafise ahantu habereye ho kwigira. Ahantu heza ho kwigira haba hari imeza itarunzeko ibintu, hakaba n’umuco ukwiye be n’ibikoresho vy’ubushakashatsi. Urashobora gufasha umwana wawe gutera imbere, haba mu bijanye n’ugusenga canke mu bindi, mu kumuronsa ahantu habereye ho kuzirikanira ivyiyumviro bishasha.—Gereranya na 1 Timoteyo 4:15.

Nubigiremwo uruhara. Abigisha n’abajejwe gutanga impanuro nubabone nk’abo mufadikanije igikorwa, ntubabone nk’abansi bawe. Nubonane na bo. Numenye amazina yabo. Nuganire na bo imigambi umwana wawe afise n’ingorane agira. Nimba umwana wawe bimugora kuronka amanota meza, gerageza kumenya igituma. Nk’akarorero, yoba abona ko aramutse aronse amanota meza cane bizoca bituma abandi bamumerera nabi? Hoba hari ingorane afitaniye n’umwigisha? Ivyigwa vyoba bimugora? Ivyigwa bikwiye gufasha umwana wawe gutera imbere mu bumenyi aho kumubera amananiza. N’ikindi kandi, yoba ataronka amanota meza bitumwe n’ingorane y’amagara, nk’ukutabona neza canke ingorane yo gutahura ibintu?

Uko urushiriza kugira uruhara mu nyigisho umwana wawe aronka mu vy’Imana no mu bindi, ni ko arushiriza kugira amahirwe yo kuroranirwa.—Zaburi 127:4, 5.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 19

Nzomenya gute ko umwana wanje ageze kwimuka akava i muhira?

Umwe Serena avugwa mu kigabane ca 7 c’iki gitabu aratinya kwimuka akava i muhira. Imwe mu mvo zibituma ni iyihe? Avuga ati: “N’igihe mba ngomba kugura ikintu n’amahera yanje bwite, papa ntankundira. Avuga ko iryo ari ibanga ryiwe. Ni co gituma kwiyumvira honyene ndiko ndirihira ibintu nkenera, bintera ubwoba.” Nta gukeka ko se wa Serena ata mutima mubi abigirana; mugabo none wibaza ko ariko arategura umukobwa wiwe kuzokwitwararika urugo rwiwe bwite?—Imigani 31:10, 18, 27.

Woba ukingira birenze urugero abana bawe, bakaba rero batariko barategurwa ngo baze birwaneko mu buzima? Wobimenya gute? Raba ibi bintu bine bikurikira, bikaba bivugwa no mu kigabane ca 7, munsi y’agatwe kavuga ngo “Noba naravyiteguriye?”, mugabo ubu ubirabe bwa muvyeyi.

Gukoresha neza amahera. Abana bawe bakuze boba bazi ibiciro vy’ibifungurwa, vy’ugupanga inzu be n’ivy’ibindi bintu umuryango ukenera? (Abaroma 13:7) Boba birinda gufata ideni bidakenewe? (Imigani 22:7) Boba bashobora gukoresha neza amahera baronka, bakabaho bisunze uburyo bafise? (Luka 14:28-30) Boba bamaze kugira umunezero uva ku kuronka ikintu baguze amahera bakoreye? Boba bamaze kugira umunezero unahambaye kuruta uva ku gutanga umwanya wabo n’ubutunzi bwabo kugira bafashe abandi?—Ivyakozwe 20:35.

Kwitwararika ivyo mu rugo. Abakobwa bawe be n’abahungu bawe boba bazi guteka? Woba warabigishije kumesa no kugorora? Nimba batwara umuduga, boba bashoboye gukora ata co bononye udukorwa dusanzwe two kuwubungabunga, nk’uguhindura amavuta canke ipine yatobotse?

Kubana neza n’abandi. Igihe habaye ukutumvikana hagati y’abana bawe bakuze, woba imisi yose uca ubashingira ukuntu bakwiye gutunganya iyo ngorane, canke warabamenyereje kwitunganiriza ingorane mu mahoro maze bakakubwira ico bashitseko?—Matayo 5:23-25.

Imirimo ijanye n’ugusenga. Woba utamika abana bawe ivyo bakwiye kwemera, canke woba ubibumvisha ku buryo bajijuka? (2 Timoteyo 3:14, 15) Aho kwama wishura ibibazo vyose bafise mu vy’idini no mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye, woba ubigisha gutsimbataza “ubushobozi bwo kwiyumvira”? (Imigani 1:4) Woba ushaka ko biyigisha Bibiliya nk’uko ubigira, canke ushaka barushirizaho? *

Nta gukeka ko kumenyereza abana bawe muri iyo mice bisaba umwanya n’akigoro gakomeye. Mugabo ca gihe kibabaje ariko kandi giteye umunezero co kwimuka bakava i muhira nicagera, uzobona ko utaruhiye ubusa.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 7

 IBITSINA N’UGUKUNDANA

Noba nkwiye kuyaga n’umwana wanje ibijanye n’igitsina?

Abana basigaye batangura kwumva ibijanye n’igitsina bakiri bato cane. Bibiliya yari yaravuze kuva kera ko “imisi ya nyuma” yoranzwe n’“ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” aho abantu bobaye “batagira ukwigumya” bakaba n’“abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” (2 Timoteyo 3:1, 3, 4) Ingeso isigaye yiraye y’abantu bapfa kwiryamanira ni kimwe mu bintu vyinshi vyerekana ko ubwo buhanuzi ari ubw’ukuri.

Ibintu ntibikimeze nk’uko vyari igihe waruka. Ariko rero, hari ukuntu ingorane zo muri ico gihe zisa n’iz’ubu. Ntiwumve rero urengewe canke utewe ubwoba n’utwosho tubi dukikuje abana bawe. Ahubwo niwiyemeze kubafasha gukora ivyo intumwa Paulo yahimirije abakirisu, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.000. Yababwiye ati: “Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana kugira ngo mushobore guhagarara mushikamye imbere y’amayeri ya Shetani.” (Abanyefeso 6:11) Ikizwi coco, abakirisu benshi b’urwaruka bariko bararwana urugamba rwiza kugira bakore ibigororotse, naho bakikujwe n’utwosho tubi. Wofasha gute abana bawe kubigenza gutyo?

Uburyo bumwe, ni ukuyaga na bo ukoresheje ibigabane wahisemwo vyo mu gihimba ca 4 c’iki gitabu canke vyo mu gihimba ca 1 n’ica 7 mu Gitabu ca 2. Ivyo bigabane birimwo ivyanditswe bituma umuntu azirikana. Bimwe muri ivyo vyanditswe biravuga uburorero bw’abantu babayeho koko bashigikiye ibigororotse bakironkera imihezagiro canke abirengagije amategeko y’Imana bakibonerako. Ibindi na vyo birimwo ingingo ngenderwako zishobora gufasha abana bawe kubona agateka gahambaye bo hamwe nawe mufise ko kubaho mwisunga amategeko y’Imana. Ubona gute uravye ukuntu mwosuzumira hamwe ayo mayagwa vuba?

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 23, ICA 25, N’ICA 32, BE  , BE  , BE  , BE N’IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 4-6, ICA 28, N’ICA 29

Noba nkwiye kureka umwana wanje akaja mu vyo gukundana?

Bitebe bitebuke, abana bawe bazohura n’ikibazo kijanye n’ivyo gukundana. Uwitwa Phillip avuga ati: “Nta n’ico nirirwa ndagira! Abakobwa ni bo bansaba ngo dusohokane, ngaca nibaza nti: ‘Mbe nkore iki ga basha?’ Biragoye kwanka kubera ko bamwe muri bo basa n’irirenga!”

Ikintu ciza kuruta ibindi wewe umuvyeyi wokora ni ukuyaga n’umwana wawe w’umuyabaga ibijanye n’ugukundana, kumbure ukoresheje ikigabane ca 1 co mu Gitabu ca 2. Gerageza kumenya ukuntu umwana wawe yiyumva ku bijanye n’ingorane ahangana na zo kw’ishure, mbere no mw’ishengero rya gikirisu. Rimwe na rimwe ibiganiro nk’ivyo birashobora kuba mu bihe bisanzwe, nk’‘igihe mwicaye mu nzu be n’igihe mugenda ku nzira.’ (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Uko mwobigenza kwose, uribuka ko ukwiye ‘gutebuka kwumva, ugateba kuvuga.’—Yakobo 1:19.

Nimba umwana wawe akubwiye ko hari uwo badasangiye igitsina yiyumvamwo, ntuce uta umutwe. Umwigeme umwe w’umuyabaga avuga ati: “Igihe papa yamenya ko hari umuhungu dukundana, yaciye ashavura cane! Yaragerageje kuntera ubwoba mu kumbaza ibibazo vyinshi bijanye n’uko noba ngeze kwubaka, ivyo bikaba bishobora gutuma uwukiri muto aca yumva yobandanya nya bucuti kugira yereke abavyeyi biwe ko bihenda!”

Nimba umwana wawe w’umuyabaga azi ko ivy’ugukundana udashaka no kubicisha mu kanwa, hoshobora gushika ikintu kibabaje: Yoshobora guca akundana n’umuntu mu kinyegero. Umwigeme umwe avuga ati: “Iyo abavyeyi baciye batwarwa n’ishavu, abana baca bashaka kurushiriza kunyegeza nya bucuti. Ntibahagarika. Ahubwo baca barushiriza kubigira mu kinyegero.”

Nimwaganira ata guhishanya uzokwibonera ivyiza vyinshi. Umwigeme w’imyaka 20 yitwa Brittany avuga ati: “Abavyeyi banje twama tuyaga ivy’urukundo ata guhishanya. Birahambaye ko bamenya umuhungu niyumvamwo, kandi niyumvira ko ivyo ari vyiza! Papa aca ayaga n’uwo muhungu. Iyo hari ikintu giteye amakenga, abavyeyi banje barabimbwira. Akenshi nca ndamwikuramwo ibintu bikiri hafi.”

Ariko rero, umaze gusoma ikigabane ca 2 co mu Gitabu ca 2, woshobora kwibaza uti: ‘Umwana wanje yoba azoja mu vy’ugukundana ntabizi?’ Raba ivyo abakiri bato bamwebamwe bavuga ku bijanye n’igituma hari abumva boja mu vy’ugukundana mu kinyegero, uce uzirikana ku bibazo bica bikurikira.

“Hari abana bumva batagira uwubaremesha i muhira, bagaca bahitamwo kurondera uwo bakundana abiremeshereza.”—Wendy.

Bwa muvyeyi, wokwiyemeza gute ko witaho neza ivyo abana bawe bakeneye mu vy’inyiyumvo? Hoba hari ivyo woryohora muri ivyo? Nimba bihari, ni ibihe?

“Igihe nari mfise imyaka 14, umuhungu umwe twandikiranira yaransavye ngo dukundane. Naremeye. Niyumvira ko vyobaye vyiza ndonse umuhungu tugenda dufatanye.”—Diane.

Iyo Diane aza kuba ari umukobwa wawe, ico kibazo wari kugitorera umuti gute?

“Telefone ngendanwa zituma vyoroha gukundana n’umuntu mu kinyegero. Abavyeyi ntibamenya n’ibiriko biraba!”—Annette.

Ni ingingo izihe wofata ku bijanye n’ukuntu abana bawe bakoresha telefone ngendanwa?

“Gukundana mu kinyegero birarushiriza kworoha igihe abavyeyi bataguma bakurikiranira hafi ivyo abana babo bakora be n’abo babikorana.”—Thomas.

Hoba hari ukuntu worushiriza gukurikirana ibiba mu buzima bw’umwana wawe w’umuyabaga ariko kandi ukamuha umwidegemvyo ubereye?

“Akenshi iyo abana bari muhira, abavyeyi si ho baba bari. Canke na ho barabizigira birenze urugero bakabareka bagasohokana n’abandi bantu.”—Nicholas.

Abagenzi somambike b’umwana wawe ni bande? Woba vy’ukuri uzi ivyo bakora igihe bari kumwe?

“Umwana arashobora gukundana mu kinyegero igihe abavyeyi bamuzitira birenze.”—Paul.

Ushobora gute kureka ‘ukugira ibitegereka kwawe kukamenyekana,’ utiriwe urarenga ku mategeko n’ingingo ngenderwako vyo muri Bibiliya?—Abafilipi 4:5.

“Ngitangura ubuyabaga, narikengera kandi naripfuza cane ko abandi bambona. Naratanguye kwandikira kuri ‘Internet’ umuhungu wo mw’ishengero ribanyi maze ndamukunda. Yatuma numva ko mfise agaciro.”—Linda.

Woba ubona uburyo bwiza bumwebumwe ivyo Linda yari akeneye vyari gushobora kwitwararikwa i muhira?

Ubona gute ukoresheje ikigabane ca 2 co mu Gitabu ca 2 hamwe n’iki gihimba c’Inyongera mu kuganira n’umwana wawe? Umuti nyawo wotuma umwana wawe adakora ibintu mu kinyegero ni ukuganira bivuye ku mutima kandi ata guhishanya.—Imigani 20:5.

RABA IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 1-3

 IBIBAZO BIJANYE N’INYIYUMVO

Nokora iki umwana wanje avuze ko agomba kwiyahura?

Mu mihingo imwimwe y’isi, kwiyahura biriraye rwose mu rwaruka. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kwiyahura ni co kintu kigira gatatu gihitana urwaruka rwinshi ruri hagati y’imyaka 15 na 25, kandi muri iyi myaka 20 iheze, igitigiri c’urwaruka rwiyahura ruri hagati y’imyaka 10 na 14 carigwije na kabiri. Abageramiwe cane ni abafise ingorane zo mu mutwe, abo mu miryango irimwo abantu biyahuye, be n’abigeze kugerageza kwiyahura. Ng’ibi bimwebimwe mu bimenyetso vyerekana ko uwukiri muto yoba ariko yiyumvira kwiyahura:

● Kwikumira

● Ihinduka mu kuntu asanzwe afungura no mu kuntu asanzwe asinzira

● Kutaba akiryoherwa n’ibikorwa yahora akunda

● Ihinduka rikomeye muri kamere yiwe

● Kunywa ibiyayuramutwe canke inzoga nyinshi

● Gutanga ibintu vy’agaciro yari afise

● Kuyaga ivy’urupfu canke kwitaho cane ibintu bivuga ivy’urupfu

Rimwe mu makosa akomeye kuruta ayandi umuvyeyi ashobora gukora ni ukwirengagiza ivyo bimenyetso. Ikimenyetso cose ubonye ntugifate minenegwe. Ntiwihutire kuvuga ko umwana wawe ariko aca mu bihe bigoye gusa.

N’ikindi kandi, ntugire isoni zo gusabira umwana wawe imfashanyo nimba arwaye akabonge gakomeye canke iyindi ndwara yo mu mutwe. Nimba na ho wicuze ko umwana wawe w’umuyabaga ariko yiyumvira kwiyahura, nubimubaze. Iciyumviro c’uko ngo mubiyaze gusa vyoca bimuremesha kwiyahura, si co. Urwaruka rwinshi rurumva ruruhuriwe igihe abavyeyi batanguje ico kiyago. Igihe rero umwana wawe w’umuyabaga yiyemereye ko yiyumvira kwiyahura, gerageza kumenya nimba amaze gutegura uko azobigira, usanze amaze kubitegura uce urondera kumenya aho agejeje mu kubitegura. Usanze yabiteguye mu buryo bugera kure, nuce wihutira kugira ico ukoze.

Ntiwibwire ko akabonge kazokwiheza. Naho koba koko gasa n’akariko karahera, ntiwibaze ko ingorane ziheze. Ahubwo riho, ico coshobora kuba ari co kiringo giteye akaga kurusha ibindi. Kubera iki? Kubera ko igihe umuyabaga ari mu kabonge gakomeye yoshobora kwumva abuze ico afata n’ico areka ku buryo atokwiyahura. Ariko igihe akabonge kariko karahera maze agasubira kugira ingoga, yoshobora guca aronka inguvu zo kwiyahura.

Birababaje koko kubona hari abakiri bato baca biyumvira kwiyahura iyo bari mu mwiheburo. Igihe abavyeyi n’abandi bantu bakuze kandi bitaho ibintu bitwararitse ivyo bimenyetso maze bakagira ico bakoze, boshobora ‘kuyagisha abadendebukiwe n’ijwi ryirura’ bakongera bakabera ubuhungiro urwaruka.—1 Abatesalonika 5:14.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 13 N’ICA 14, BE N’IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 26

Noba nkwiye kunyegeza abana banje intuntu mfise?

Kubura uwo mwubakanye birababaza. Yamara rero, ivyo bigushikiye mu gihe umwana wawe w’umuyabaga akeneye ko umufasha. Womufasha gute kwihanganira intuntu afise, utirengagije iyo nawe ufise? Gerageza ibi bikurikira:

Ntuhishe ukuntu wiyumva. Vyinshi mu bintu vy’ingirakamaro umwana wawe amaze kwiga yabirabiye kuri wewe. No kwihanganira intuntu azovyigira kuri wewe. Rero, ntubone ko ubwirizwa kumuhisha intuntu yose ufise kugira abone ko uzi kwigumya. Na we arahakwa guca akwigana. Ariko iyo useruye umubabaro ufise mu mutima, arahakura icigwa c’uko kenshi ari vyiza guserura inyiyumvo aho kuzicuvya be n’uko ari ibisanzwe kwumva ababaye canke mbere ashavuye.

Nuremeshe umwana wawe w’umuyabaga kuvuga. Numuremeshe guserura ikiri ku mutima utiriwe uramuhata. Abaye nk’uwugonanwa, ubona gute muganiriye ku kigabane ca 16 c’iki gitabu? Nimuyage kandi ku bintu vyinshi vyiza mwibuka ku wo mwari mwubakanye yasandavye. Ntutinye kuvuga ko bizokugora kubaho mutari kumwe. Kukwumva userura ingene wiyumva bizomufasha kumenya ingene na we nyene yobigira.

Niwemere ko hari ivyo udashoboye. Birumvikana ko ushaka kuguma hafi umwana wawe w’umuyabaga muri ico gihe kigoye. Ariko niwibuke ko urupfu rw’uwo mwari mwubakanye wikundira rwagusizemwo imvune ikomeye. Rero, woshobora kumara igihe wumva ko hari ukuntu inguvu zagabanutse, haba mu mutima, mu bwenge canke ku mubiri. (Imigani 24:10) Ku bw’ivyo, hari aho wokenera gusaba imfashanyo abandi bantu bakuze bo mu muryango n’abagenzi bahumuye. Gusaba imfashanyo vyerekana ko uri umuntu ahumuye. Mu Migani 11:2 havuga hati: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.”

Imfashanyo iruta izindi zose ushobora kuronka ni iyiva kuri Yehova Imana, we asezeranira abamusenga ati: “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’”—Yesaya 41:13.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 16

Nofasha gute umukobwa wanje kubona mu buryo bwiza ibijanye n’ugufungura ivyo kurya bitavyibusha?

Nimba umukobwa wawe afise ingorane mu bijanye n’ugufungura, wokora iki? * Banza utahure igituma afise iyo ngorane.

Biramaze kwibonekeza ko benshi mu bafise ingorane mu vy’ugufungura baba badashima ukuntu baboneka inyuma kandi bakaba bashaka ko akantu kose kaba akatagira akanenge, bakitega ibintu birenze urugero ku biberekeye. Uraraba neza ntuhave utuma umukobwa wawe amera gutyo. Numuremeshe.—1 Abatesalonika 5:11.

Vyongeye, nusuzume witonze ukuntu wewe ubwawe ubona ibijanye n’ibifungurwa be n’ibilo. Woba ushimika birenze urugero kuri ivyo ibintu utanabizi, haba mu vyo uvuga canke mu karorero utanga? Ibuka ko urwaruka rurazwa ishinga rwose n’ukuntu ruboneka. Mbere no kwijajurira ubwira umwana wawe ko avyibushe birenze canke ko ari gasongo birashobora guhungabanya umuzirikanyi wiwe uhuha.

Umaze kuzirikana cane kuri ico kintu ujanisha n’isengesho, nugirane n’umukobwa wawe ikiyago kivuye ku mutima. Kugira ubishikeko, gerageza ibi bikurikira:

● Nutegure witonze ivyo uzovuga n’igihe co kubivuga.

● Numutomorere amakenga ufise be n’uko wipfuza kumufasha.

● Nimba aciye yiburanira, ntibigutangaze.

● Niwumvirize wihanganye.

N’igihambaye kuruta, nushigikire utwigoro agira arondera gutsinda iyo ngorane. Nimumushigikire uko mugize umuryango!

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 10, BE N’IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 7

  UGUSENGA

Nobandanya gute kwigisha abana banje ivy’Imana igihe bageze mu buyabaga?

Bibiliya ivuga ko Timoteyo yigishijwe ivy’Imana “guhera mu buhinja,” kandi na wewe ushobora kuba wararonkeje iyo nyigisho abana bawe. (2 Timoteyo 3:15) Ariko rero, igihe abana bawe babaye imiyabaga, hari aho wokenera guhindura uburyo wari usanzwe ubigisha. Ubu abana bawe bariko barakura. Bariko baratangura gutahura ibibazo bigoye batari gutahura neza bakiri batoyi. Ubu ni ho canecane ukeneye gukabura ‘ububasha bwabo bwo kwiyumvira.’—Abaroma 12:1.

Igihe Paulo yandikira Timoteyo, yaravuze ibintu Timoteyo yari ‘yarize akumvishwa akavyemera.’ (2 Timoteyo 3:14) Abana bawe b’imiyabaga ubu boshobora kuba bakeneye ‘kwumvishwa bakemera’ ukuri kwo muri Bibiliya bize kuva mu bwana. Kugira ubakore ku mutima, urakeneye gukora n’ibindi, ntubabwire gusa ivyo bakwiye gukora canke kwemera. Barakeneye kuvyisuzumira. None wobafasha gute? Nuhere ku kubaha uturyo twinshi two kuzirikana no kuyaga ku bibazo nk’ibi:

● Nemezwa n’iki ko Imana ibaho?—Abaroma 1:20.

● Menyeshwa n’iki ko ivyo abavyeyi banje banyigisha muri Bibiliya ari ukuri?—Ivyakozwe 17:11.

● Nemezwa n’iki ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zimfitiye akamaro?—Yesaya 48:17, 18.

● Menyeshwa n’iki ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buzoranguka?—Yosuwa 23:14.

● Nemezwa n’iki ko ata na kimwe muri iyi si coza kiruta “agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu”?—Abafilipi 3:8.

● Inkuka y’incungu Kristu yatanze isobanura iki kuri jewe?2 Abakorinto 5:14, 15; Abagalatiya 2:20.

Hari aho wogonanwa gufasha abana bawe b’imiyabaga kuzirikana ku bibazo nk’ivyo, utinya ko batazoshobora kuvyishura. Ariko ivyo ni cokimwe no kugonanwa gutereza amaso kuri mwene ka kantu kerekana ukuntu ibitoro biri mu muduga wawe bingana, utinya ko wohava usanga urushinge rwerekana ko vyakamye. Nimba rwerekana ko vyakamye, ni vyiza ko ubimenya amazi atararenga inkombe! Muri ubwo buryo nyene, ubu abana bawe b’imiyabaga bakiba i muhira, ni co gihe co kubafasha gusuzuma ibibazo bijanye n’ukwizera, ‘ukabumvisha bakemera.’ *

Uribuka ko atari bibi umwana wawe abajije ati: “Kubera iki ndavyemera?” Uwitwa Diane w’imyaka 22 aribuka ko yagize ico kintu akiri umuyabaga. Avuga ati: “Sinashaka kwijijanya imitima ku bijanye n’ivyo nemera. Kuronka inyishu zitomoye kandi z’ukuri vyatumye ntahura igituma mpimbarwa no kuba ndi Icabona ca Yehova! Igihe cose bambajije ikibazo ku kintu ntakora, aho guca nishura ngo: ‘Idini ndimwo rirabibuza,’ navuga nti: ‘Mbona ko atari vyiza.’ Mu yindi mvugo, naratsimbataje ukubona ibintu nk’uko Bibiliya ibibona.”

Inama tukugiriye: Kugira urabe aho ububasha bwo kuzirikana bw’umwana wawe w’umuyabaga bugera ku bijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, igihe ingorane yadutse numusabe yishire mu kibanza c’umuvyeyi. Nk’akarorero, dufate ko umukobwa wawe agusavye uruhusha rwo kuja mu rubanza wewe uzi (kumbure na we nyene azi) ko rutoba rubereye. Aho kumwankira gusa, woshobora kumubwira uti: ‘Nshaka ko wishira mu kibanza canje. Genda uzirikane kuri urwo rubanza ushaka kujamwo, ugire ubushakashatsi (kumbure mu kigabane ca 37 c’iki gitabu no mu kigabane ca 32 c’Igitabu ca 2), maze ejo uzoze tubiyage. Jewe nzoja mu kibanza cawe, ndagusabe kuja muri urwo rubanza, nawe uzoba nk’umuvyeyi wanje, umbwire ko vyoba ari vyiza canke atari vyiza kujayo.’

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 38, BE  , BE  , BE N’IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 34-36

Umwana wacu w’umuyabaga ntagikunda ibijanye n’ugusenga. Twokora iki?

Ntuce wihutira kubona ko umwana wawe w’umuyabaga yiyamirije ukwizera kwawe. Akenshi, haba hariho ikintu kibitumye. Nk’akarorero, ashobora kuba:

● Ariko arahangana n’akosho k’urunganwe, akaba rero atinya kuboneka ko atameze nk’abandi kubera ko yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya

● Abona ko urundi rwaruka (mbere n’abo bavukana) bavyifatamwo neza cane mu bijanye no kubaho rukirisu bigatuma abona ko atoshobora kubigana

● Ashashaye rwose kuronka abagenzi mugabo akaba yumva irungu canke ko ata kibanza afise mu bo basangiye ukwizera

● Abona abandi bakiri bato bitwa ngo ni abakirisu bafise ubuzima burimwo tubiri

● Ariko yihatira kugira akaranga kiwe bwite gutyo akaba yumva abwirizwa gukekeranya ku bijanye n’ivyo wemera kandi uha agaciro

● Abona ko abo bigana bakora ibintu bitabereye bigasa n’uko ata ngaruka mbi zibashikira

● Ariko arondera gushimwa n’umuvyeyi atizera

Biri n’ico bivuze kubona ibintu nk’ivyo bidafitaniye isano cane n’ivyo wemera. Bifitaniye isano cane n’ivyo umuntu aba ariko aracamwo, bigatuma atoroherwa no kugendera ukwizera kwiwe. Wokora iki none kugira uremeshe umwana wawe w’umuyabaga?

Niworoshe ibintu ariko ntudohoke. Gerageza gutahura icaciye intege umwana wawe w’umuyabaga, maze ugire ivyo uhinduye kugira ngo aronke akayaga keza gatuma atera imbere mu bijanye n’ugusenga. (Imigani 16:20) Nk’akarorero, igicapo kivuga ngo “Guhangana n’akosho k’urunganwe” kiri ku rupapuro rwa 132 n’urwa 133 mu Gitabu ca 2 kirashobora gutuma ashira umutima mu nda ku buryo adatinya guhangana n’abanyeshure bagenziwe. Canke na ho, nimba umwana wawe w’umuyabaga yumva irungu, hari aho wokenera kugira ico ukoze ukamufasha kuronka abagenzi beza.

Numuronderere uwumufasha. Rimwe na rimwe abakiri bato birabagirira akamaro hagize uwundi muntu akuze atari uwo mu muryango abaremesha. Woba uzi umuntu akunda cane ivy’ugusenga yoshobora kubera kirumara umwana wawe w’umuyabaga? Ubona gute uringanije ivy’uko yomarana umwanya n’umwana wawe? Intumbero yawe si iyo guheba ibanga ufise. Mugabo niwibuke Timoteyo. Yarungukiye cane ku karorero k’intumwa Paulo, kandi na Paulo yarungukiye cane ku gufadikanya na we igikorwa.—Abafilipi 2:20, 22.

Mu gihe umwana wawe w’umuyabaga akiba iwawe, urafise uburenganzira bwo gusaba ko akurikiza urutonde mufise mu bijanye n’ugusenga. Ariko uburuhiro, intumbero yawe ni iyo kwinjiza mu mutima w’umwana wawe ugukunda Yehova, si iyo gutuma abigira mu buryo bwo guheza umwuga. Kugira ufashe umwana wawe w’umuyabaga kwijukira ugusenga kw’ukuri, numwereke akarorero yokwigana. Ntiwitege ibirenze urugero. Numuronderere uwumufasha be n’abagenzi baremesha. Umusi uri izina, hari aho yoshobora kuvuga nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi ati: “Yehova ni we rutare rwanje, igihome canje gikomeye akaba na we ankiza.”Zaburi 18:2.

RABA IGITABU CA 1, IKIGABANE CA 39, BE  , BE N’IGITABU CA 2, IKIGABANE CA 37 N’ICA 38

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 23 Ariko kandi, ntutume umwana wawe w’umuyabaga yiyagiriza, ngo ni ho yogora ico akoze.

^ ing. 64 Umwana wawe w’umuyabaga ashobora kuba yitwararika cane ingene aboneka inyuma. Uraba maso rero ntutume yiyumvira ko hari ikitagenda neza ku mubiri wiwe.

^ ing. 168 Kugira tworoshe ibintu, tuza kwerekeza ku mwana w’umukobwa. Ariko ibiriko biravugwa biraba abahungu n’abakobwa.

^ ing. 188 Ikigabane ca 36 c’Igitabu ca 2 kirashobora gufasha abana b’imiyabaga gukoresha ububasha bwabo bwo kwiyumvira kugira bajijuke ko Imana ibaho.