Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki kw’ishure ntinya kubwira abandi ivyo nemera?

Kubera iki kw’ishure ntinya kubwira abandi ivyo nemera?

IKIGABANE CA 17

Kubera iki kw’ishure ntinya kubwira abandi ivyo nemera?

“Kw’ishure nararonse uturyo twiza two kubwira abandi ivyo nemera ariko ndatugisha.”—Kaleb.

“Mw’ishure umwigisha yaratubajije ico twiyumvira kw’ihindagurika. Nari nzi ko ako ari akaryo keza cane ko kubwira abandi ivyo nemera. Ariko naratekewe n’ubwoba ndabura ico mvuga. Mu nyuma numvise niyanse.”—Jasmine.

NIMBA uri umukirisu akiri muto, ushobora kuba umaze gushikirwa n’ivyashikiye Kaleb na Jasmine. Na wewe woshobora kuba ukunda ukuri wize gushingiye kuri Bibiliya, ukaba mbere wipfuza kukubwira abandi, ariko uvyiyumviriye honyene, ukumva umutima urarandutse. Mugabo urashobora kugira umutima rugabo. Uti gute? Mu gutera izi ntambwe zikurikira:

1. Numenye ibigutera ubwoba. Igihe wiyumviriye kubwira abandi ivyo wemera, biroroshe guca ubona ikintu kibi cane coshobora gushika! Ariko rero, rimwe na rimwe urashobora kugabanya ubwoba ufise mu kubuserura mu majambo.

Uzuza iri ryungane:

● Hamwe nobwira abandi ivyo nemera kw’ishure, ndatinya ko ․․․․․

Woshobora guhumurizwa no kumenya ko n’abandi bakirisu bakiri bato bafise ubwoba nkawe. Nk’akarorero, uwitwa Christophe w’imyaka 14 yiyemerera ati: “Ndatinya ko abandi bana bontwenga, bakavuga ko ntameze nk’abandi.” Umwe Kaleb twavuga mu ntango na we agira ati: “Naratinya ko hogira uwubaza ikibazo nkabura ico nishura.”

2. Nurwane urugamba. Ubwoba bwawe bwoba ata shingiro na ritoyi bufise? Si ngombwa. Uwitwa Ashley w’imyaka 20 yibuka ibi: “Hari abana wasanga bigira nk’abashimishwa n’ivyo nemera. Mugabo mu nyuma baca bagoreka ivyo navuze kugira bantyoze bongere bantwengere imbere y’abandi.” Uwitwa Nicole w’imyaka 17 yibuka ibi: “Hari umuhungu yagereranije umurongo wo muri Bibiliya yiwe n’ingene uvugwa muri Bibiliya yanje, asanga ntibivuzwe kumwe. Yavuze yuko Bibiliya yanje yagoretswe. Naramaramaye, ndabura ico mvuga.” *

Ibintu nk’ivyo birashobora gusa n’ibiteye ubwoba cane! Mugabo aho guhunga izo ngorane nuzemere, ubone ko ubwirizwa guhura na zo narirya uri umukirisu. (2 Timoteyo 3:12) Uwitwa Matayo w’imyaka 13 avuga ati: “Yezu yavuze ko abayoboke biwe bohamwe. Ntitwokwitega rero ko bose badushima kubera ivyo twemera.”—Yohani 15:20.

3. Niwiyumvire ivyiza vyovamwo. Ikintu gisa na kibi kidushikiye coba gishobora kuvamwo iciza? Uwitwa Amber w’imyaka 21, abona ko bishoboka. Avuga ati: “Abantu batubaha Bibiliya biragoye kubasigurira ivyo wemera, mugabo iyo ubigize biragufasha kurushiriza kubitahura.”—Abaroma 12:2.

Subira urabe ca kintu wandika mu ntambwe ya 1. Iyumvire n’imiburiburi ivyiza bibiri bishobora kuvamwo, uce uvyandika aha munsi.

1 ․․․․․

2 ․․․․․

Zirikana kuri ibi: Kumenyesha abandi ivyo wemera vyoshobora gute gutuma akosho urunganwe rwawe rukugirako kagabanuka? Gutinyuka ukavuga bizogufasha gute kwiyizigira? Bizotuma wiyumva gute ku vyerekeye Yehova Imana? Bizotuma Yehova na we yiyumva gute ku bikwerekeye?—Imigani 23:15.

4. Niwitegure. Mu Migani 15:28 havuga hati: “Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure.” Turetse ukuzirikana ivyo uzovuga, gerageza kwiyumvira ibibazo abandi boshobora kukubaza. Nugire ubushakashatsi kuri ivyo bibazo, utegure inyishu zizokworohera gutanga.—Raba igicapo kivuga ngo “Tegura ico uzokwishura,” kiri ku rupapuro rwa 127.

5. Jako rero. Umaze kwitegurira kubwira abandi ivyo wemera, wotangura gute? Urafise uburyo butandukanye. Kubwira abandi ivyo wemera hari ukuntu bimeze nk’ukwoga: Hari abinjira mu mazi buhorobuhoro, abandi na bo bagasimbirayo rimwe na rimwe. Na wewe woshobora gutanguza ikiyago mu kuvuga ikintu kitajanye n’idini, hanyuma ukamera nk’uwumviriza buhorobuhoro ingene amazi ameze. Ariko nimba uhagaritswe umutima cane n’ivyohava bitagenda neza, hari aho icokubera ciza kuruta ari uko wosimbirayo rimwe na rimwe. (Luka 12:11, 12) Uwitwa André w’imyaka 17 avuga ati: “Kwiyumvira kubwira abandi ivyo nemera ni vyo vyangora kuruta kubibabwira. Maze gutanguza ikiyago, nasanga vyoroshe kurusha uko navyibaza!” *

6. Nugire ubwenge. Salomo yanditse ati: “Abantu b’ubwenge bama biyumvira imbere yo kugira ico bakoze.” (Imigani 13:16, Today’s English Version) Kurya nyene utosimbira mu mazi makeyi utanguje umutwe, niwiyubare ntiwite mu mpari zitagira mvura. Ibuka yuko hari igihe co kuvuga n’igihe co kunuma. (Umusiguzi 3:1, 7) Mbere na Yezu vyarashika akanka kwishura ibibazo.—Matayo 26:62, 63.

Uhisemwo kwishura, nuce make kandi wiyubare. Nk’akarorero, nimba uwo mwigana agucokoye ati: ‘Kubera iki utanywa itabi?’, woshobora gusa kwivugira uti: ‘Kubera ntashaka kwonona umubiri wanje!’ Bivanye n’ingene avyakiriye, woshobora kuraba ko vyoba bikenewe yuko umusigurira n’ibindi.

Intambwe zitandatu ziri muri iki kigabane zirashobora kugufasha ‘kwitegurira kuburanira’ ukwizera kwawe. (1 Petero 3:15) Ariko ntiwumve, kuba witeguye ntibisobanura ko utazokwigera wumva ubwoba. Mugabo Alana w’imyaka 18 avuga ati: “Igihe usiguye ivyo wemera naho woba wumva ubwoba, bituma wiyumvamwo ko hari ico washitseko: uba watsinze ubwoba ukibwira uti biraca aho bishaka. Biramutse bigenze neza, uca wumva ibiro vyiyongereye! Uraryoherwa no kuba warindutse ukavuga.”

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba ushikirwa n’umukazo kw’ishure? Raba ingene wovyifatamwo.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 10 Amabibiliya aserura iciyumviro kimwe mu buryo butandukanye. Ariko rero, hari ayisunga kuruta ayandi indimi zo mu ntango Bibiliya yanditswemwo.

^ ing. 18 Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Ingene wotanguza ikiyago,” ku rupapuro rw’imbere y’uru.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.”—1 Petero 3:15.

IMPANURO

Aho kubwira abo mwigana ivyo bakwiye kwemera canke badakwiye kwemera, nuvugane ukujijuka ivyo wemera be n’igituma ubona ko vyumvikana.

WARI UBIZI . . . ?

Bamwe mu bo mwigana boshobora kuba bagushima kubera wumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, ariko bagatinya cane kukubaza ivyo wemera.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Uwo twigana nobwira ivyo nemera ni [andika n’imiburiburi umwe]

Iciyumviro nibaza ko comushimisha cane ni ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Ubona ari igiki coba gituma abo mwigana banebagura ivyo wemera?

● Igihe uhisemwo kubwira abandi ivyo wemera, kubera iki bihambaye ko uvugana ukujijuka?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 126]

Nkiri mutoyi, sinashaka kuboneka ko ntameze nk’abandi bana. Ariko mu nyuma naratanguye gutahura ingene ukwizera kwanje kuryohora ubuzima bwanje. Ivyo vyaratumye ndushiriza gushira umutima mu nda, bituma numva nishimiye ivyo nemera.’’—Jason

[Uruzitiro ku rup. 124]

 Ingene wotanguza ikiyago

“Utegekanya gukora iki mu ci?” [Amaze kwishura, nuce umubwira ivyo utegekanya gukora mu bijanye no gusenga, nko kwitaba amahwaniro canke kwongereza umwanya umara wamamaza inkuru nziza.]

● Nuvuge ikintu cavuzwe mu makuru, uce ubaza uti: “Woba wumvise iyo nkuru? Uvyibazako iki?”

“Woba wiyumvira ko ingorane y’ivy’ubutunzi ihanze isi [canke iyindi ngorane] ishobora gutorerwa umuti? [Rindira yishure.] Kubera iki wiyumvira gutyo?”

“Woba ufise idini usengamwo?”

“Wibaza ko mu myaka itanu ubuzima bwawe buzoba bwifashe gute?” [Amaze kwishura, numubwire imigambi ufise mu bijanye no gukorera Imana.]

[Igicapo ku rup. 127]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Ivyiyumviro wokwifashisha

Tegura ico uzokwishura

Gira ikopi!

Inama tukugiriye: Nuganire n’abavyeyi bawe be n’abandi bakirisu bakiri bato ibiri muri iki gicapo. Uzuza iki gicapo, uce uraba ko wokwiyumvira ibindi bibazo abo mwigana bokubaza, hanyuma utegure inyishu zokworohera gutanga.

Kutagira aho uhengamiye

Ikibazo

Kubera iki utaramutsa idarapo?

Inyishu

Ndubaha igihugu mbamwo, mugabo sindagisenga.

Ikibazo gikurikira

Ntiworwanira rero igihugu cawe?

Inyishu

Oya, kandi n’Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bo mu bindi bihugu ntibogwanya iki gihugu.

Amaraso

Ikibazo

Kubera iki utemera guterwa amaraso?

Inyishu

Ndemera guterwa iyindi miti idateza ingorane, imiti itarimwo akaga ko kwandura SIDA canke indwara z’igitigu. Ariko Bibiliya itubwira ko dukwiye kwirinda amaraso. Nico gituma ntemera kuyaterwa.

Ikibazo gikurikira

None hamwe woba ugira upfe bakayagutera Imana ntiyokubabarira?

Inyishu

․․․․․

Amahitamwo

Ikibazo

Naka ni uwo mw’idini ryanyu, kandi yakoze ibi n’ibi. Kubera iki weho utabikora?

Inyishu

Turigishwa ivyo Imana, idusaba ariko ntidukoropwa ubwonko! Umwe wese arihitiramwo.

Ikibazo gikurikira

Umwe wese rero akora ibintu uko avyumva?

․․․․․

Irema

Kubera iki utemera ihindagurika?

Inyishu

Noryemera kubera iki? N’abanyasiyansi ntibarihurizako kandi bitwa ngo ni bo bahinga

Ikibazo gikurikira

․․․․․

Inyishu

․․․․․

[Ifoto ku rup. 125]

Kubwira abandi ivyo wemera ni nk’ukwoga. Urashobora gutangura buhorobuhoro canke ugasimbirayo rimwe na rimwe!