Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nkore iki ko ndi hagati y’imico kama idahuye?

Nkore iki ko ndi hagati y’imico kama idahuye?

IKIGABANE CA 22

Nkore iki ko ndi hagati y’imico kama idahuye?

So wawe canke nyoko wawe yoba aturuka mu kindi gihugu?

□ Ego □ Oya

Ururimi canke imico kama vyo kw’ishure wigako vyoba bitandukanye n’ivy’i muhira?

□ Ego □ Oya

“Umuryango wacu ni Abataliyano, kandi ntibitinya guserura urukundo n’igishika. Ubu tuba mu Bwongereza. Abantu baho baboneka ko ari abantu batekereza cane kandi b’urupfasoni. Simbona imico kama nokwisunga: sindi Umutaliyano canke ngo mbe Umwongereza.”—Giosuè, mu Bwongereza.

“Kw’ishure umwigisha yambwira ko noza ndamuraba ariko aravuga, mugabo naraba papa mu maso ariko aravuga, akambwira ngo singira indero. Sinabona ico nofata hagati y’iyo mico kama ibiri.”—Patrick, yavukiye mu Bufaransa ku bavyeyi baturuka muri Alijeriya.

IGIHE abavyeyi bawe bimukira mu gihugu murimwo, ntivyaboroheye na gato. Bagiye babona bakikujwe n’abantu badahuje na bo ururimi, imico kama n’inyambaro. Bari batandukanye n’abo bari babayemwo. Ivyo bishobora kuba vyaratumye batabubaha kandi bakabinuba.

Ivyo nawe vyoba vyaragushikiye? Ng’izi ingorane zimwezimwe urundi rwaruka ruri mu bintu nk’ivyo rwagize. Shira aka kamenyetso ✔ iruhande y’ico ubona ko kigoye kwihanganira kurusha ibindi.

Gutyekezwa. Uwitwa Noor yari agakobwa gatoyi igihe we n’umuryango wabo bava muri Yorodaniya bakaja kuba muri Amerika ya Ruguru. Avuga ati: “Impuzu zacu ntizasa n’iz’abandi; ni co gituma abantu badutwenga. Igihe Abanyamerika bavuze ibintu bitwenza, ntitwabona aho ugutwenza kwavyo guhagaze.”

Kutabona neza akaranga kawe ako ari ko. Umwigeme akiri muto yitwa Nadia avuga ati: “Navukiye mu Budagi. Kubera ko abavyeyi banje ari Abataliyano, navuga ikidagi ntacatura neza. Ivyo vyatumye abanyeshure banyita ngo ndi ‘ikijuju c’umunyamahanga.’ Igihe nakubitira mu Butaliyano, nasanze mvuga igitaliyano kimota ikidagi. Mbona rero ko ata karanga kanuni mfise. Aho nja hose mba ndi umunyamahanga.”

Kudahuza imico kama i muhira. Ana yari afise imyaka umunani igihe we n’umuryango wabo baja kuba mu Bwongereza. Avuga ati: “Twe na musanzanje ntivyatugoye na gato kumenyera i Londres. Mugabo abavyeyi banje bo ntivyaboroheye, kuko bari barabaye igihe kirekire cane mw’izinga ritoya rya Madeira ryegukira Porotigali.”

Uwitwa Vene yari afise imyaka itatu igihe we n’abavyeyi biwe b’Abanyakamboje bashika muri Ostraliya. Avuga ati: “Abavyeyi banje ntibahamenyere neza. Washaka, ni kenshi papa yababara akongera agashavuzwa n’uko ntatahura ukuntu abona ibintu.”

Kudahuza ururimi i muhira. Iyan yari afise imyaka umunani igihe we n’umuryango wabo bimukira i New York bavuye mu gihugu ca Équateur. Inyuma y’imyaka itandatu bamaze muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Ubu mvuga icongereza cane kuruta igisupanyoli. Kw’ishure abigisha bavuga icongereza, abagenzi banje bavuga icongereza, kandi murumunanje tuyaga mu congereza. Mu mutwe wanje icongereza kiriko kiramira igisupanyoli.”

Uwitwa Lee yavukiye muri Ostraliya ku bavyeyi b’Abanyakamboje. Avuga ati: “Iyo ndiko ndayaga n’abavyeyi banje nkaba nshaka gusigura neza ukuntu mbona ibintu, nsanga ntashoboye kuvuga ururimi rwabo neza.”

Umwe Noor twavuga agira ati: “Dawe nta ko atagize ngo tuvuge ururimi rwiwe i muhira, ariko ntitwashaka kuvuga icarabu. Twabona ko kwiga icarabu ari nk’umuzigo wiyongereye. Abagenzi bacu bavuga icongereza. Ibiganiro twaraba kuri televiziyo vyose vyari mu congereza. Icarabu twakironderako iki?”

Wokora iki?

Nk’uko ivyavuzwe n’urwo rwaruka bivyerekana, si wewe wenyene uhanzwe n’izo ngorane zitoroshe. Aho kuzitorera umuti, woshobora kugerageza kwihoza rwose imico kama yo mu gihugu canyu ukisunga iyo mu gihugu ubamwo. Ariko rero, hari vyobabaza abavyeyi bawe bikanatuma ugira umujinya. Ubona gute wize ukuntu wovyifatamwo, ukagerageza kwungukira ku kuntu ivyawe vyifashe? Ng’izi inama tukugiriye:

Ingene wobona ugutyekezwa. Naho woraramwo, ntuzokwigera ukundwa na bose. Abantu bakunda gutyekeza abandi ntibazokwigera babura inyendamuvano yo kubigira. (Imigani 18:24) Ntiwirirwe rero urata umwanya urondera gukosora ivyiyumviro vyabo vy’ukwinubana. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Abatwengera abandi mw’ijigo ntibashima gukosorwa.” (Imigani 15:12, Contemporary English Version) Amajambo yo kwinubana aba yerekana gusa ukutamenya kwa nyene kuyavuga, ntaba yerekana ivyitwa ngo ni utunenge tw’uwuyabwirwa.

Ukuntu wovyifatamwo igihe utabona neza akaranga kawe ako ari ko. Kwipfuza kuba uwo mu mugwi munaka, nk’umuryango canke abantu b’imico kama yinaka, ni ibisanzwe cane. Ariko woba wihenze wiyumviriye ko agaciro kawe kavana n’imico kama y’iwanyu canke umuryango ukomokamwo. Abantu boshobora kuraba agaciro ufise bafatiye kuri ivyo bintu, ariko Imana yo si ukwo. Intumwa Petero yavuze ati: “Imana [ntigira] nkunzi. . . . Mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Niwakora uko ushoboye kwose ngo uhimbare Yehova Imana, azobona ko uri uwo mu muryango wiwe. (Yesaya 43:10; Mariko 10:29, 30) None hari akaranga woronka koza karuta ako?

Ingene wotorera umuti ingorane yo kudahuza imico kama i muhira. Mu miryango nka yose, abavyeyi n’abana usanga hariho ibintu batabona kumwe. Ku bikwerekeye, ivyo bintu vyoshobora kuba bikomeye kuruta: abavyeyi bawe bipfuza ko ubaho wisunga imico kama yo mu gihugu cabo kavukire, ariko weho ukaba wipfuza kwisunga imico kama yo mu gihugu mubamwo. Yamara rero, nimba wipfuza ko bikugendera neza mu buzima, utegerezwa “[gu]tera iteka so na nyoko.”—Abanyefeso 6:2, 3.

Aho kugarariza imico kama y’abavyeyi bawe ngo ni uko utayikunda, nugerageze gutahura igituma bayubahiriza. (Imigani 2:10, 11) Niwibaze uti: ‘Iyo mico kama yoba iteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Nimba idateye kubiri na zo, ni igiki neza na neza ntakunda muri iyo mico kama? Noshobora gute kubwira abavyeyi banje mu rupfasoni ukuntu niyumva?’ (Ivyakozwe 5:29) Birumvikana yuko bizorushiriza kukworohera gutera iteka abavyeyi bawe, ni ukuvuga ugatahura ivyiyumviro vyabo ukongera ukabaserurira ukuntu wiyumva, hamwe woba uzi neza ururimi rwabo.

Ingene wotorera umuti ukudahuza ururimi i muhira. Imiryango imwimwe yasanze kwihatira kuvuga gusa ururimi rwabo kavukire i muhira bifasha abana kumenya neza nya ndimi zompi. Ubona gute mugerageje ico kintu mu rugo iwanyu? Hari aho kandi woshima gusaba abavyeyi bawe ngo bagufashe kwiga kwandika urwo rurimi. Uwitwa Stelios yakuriye mu Budagi ariko ururimi rwiwe kavukire ni ikigiriki. Avuga ati: “Imisi yose twarasuzumira hamwe n’abavyeyi icanditswe co muri Bibiliya. Baragisoma n’ijwi ryumvikana, nanje ngaca ndacandika. Ubu ndazi gusoma no kwandika ikigiriki n’ikidagi.”

Ni ikindi ciza ikihe kivamwo? Umwe Giosuè twavuga, agira ati: “Narize ururimi rw’abavyeyi banje kubera nashaka ko turushiriza kwiyumvanamwo no kubera canecane nashaka ko turushirizaho gufadikanya gusenga Imana. Kwiga ururimi rwabo vyatumye ntahura ukuntu biyumva, kandi na bo vyarabafashije kuntahura.”

Ni ikiraro si intambamyi

Woba ubona imico kama y’iwanyu nk’ikintu kigutandukanya n’abandi canke nk’ikiraro kiguhuza na bo? Abakirisu benshi bakiri bato basanze hariho ikindi kintu cotuma batorera umuti ingorane yo kudahuza imico kama. Bipfuza kubwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana abandi bantu bimutse bakaja kuba mu kindi gihugu nka bo. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Uwitwa Salomão, uwagiye kuba i Londres igihe yari afise imyaka itanu, avuga ati: “Kuba ushoboye gusigura Ivyanditswe mu ndimi zibiri ni ikintu ciza utoraba! Nasa n’uwibagiye ururimi rwanje kavukire, ariko ubu ko ndi mw’ishengero rikoresha igiporotigali, ndashobora kuvuga neza icongereza n’igiporotigali.”

Umwe Noor twavuga yarabonye ko hakenewe abamamaji b’inkuru nziza bazi icarabu. Avuga ati: “Ubu ndiko ndakurikirana ivyigwa kugira ngerageze kwibuka ivyo nibagiye. Narahinduye ivyiyumviro. Ubu ndipfuza gukosorwa. Ndashaka kwiga.”

Nimba wakuriye mu mico kama y’ubwoko bubiri ukaba ushobora kuvuga indimi zibiri canke zirenga, nta nkeka ko ufise akarusho nyako. Kuba umenyereye imico kama ibiri biratuma urushiriza gutahura ukuntu abantu biyumva no kwishura ibibazo bafise ku bijanye n’Imana. (Imigani 15:23) Uwitwa Preeti yavukiye mu Bwongereza ku bavyeyi b’Abahindi, avuga ati: “Kubera ko menyereye imico kama ibiri, ndumva norohewe mu gikorwa co kubwira abandi inkuru nziza. Ndatahura abantu bo muri iyo mico kama ibiri: ndatahura ivyo bemera be n’ukuntu babona ibintu.”

Woba nawe ushobora kubona ukuntu ivyawe vyifashe nk’akarusho aho kubibona nk’ingorane? Ibuka ko Yehova agukundira ico uri, atagukundira amamuko yawe canke y’umuryango wanyu. Nk’uko kw’abo bakiri bato twavuze, ubona gute ukoresheje ubumenyi ufise kugira ufashe abandi bantu bo mu mico kama y’iwanyu kwiga ivyerekeye ya Mana yacu Yehova itagira nkuzi kandi yuzuye urukundo? Kubigenza gutyo birashobora gutuma uhimbarwa vy’ukuri!—Ivyakozwe 20:35.

ICANDITSWE NYAMUKURU

‘Imana ntigira nkunzi.’—Ivyakozwe 10:34.

IMPANURO

Bishitse urundi rwaruka rukagutwenga kubera imico kama uturukamwo, niwihoze ibitutsi vyabo ugume witwengera. Ubigize gutyo, hari aho borambirwa no kugutyekeza.

WARI UBIZI . . . ?

Kumenya neza indimi zibiri vyoshobora gutuma ugira amahirwe menshi yo kuronka akazi.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ngo ndushirize gutahura ururimi rw’abavyeyi banje, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kumenya imico kama y’abavyeyi bawe vyogufasha gute kurushiriza kwimenya wewe ubwawe?

● Ugereranije n’urwaruka rutakuriye mu mico kama itandukanye, ni uturusho utuhe ufise?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 160]

“Kuba nshoboye gufasha abandi birampimbara. Ndashobora gusigurira Bibiliya abantu bavuga ikirusiya, igifaransa canke ikinyamolodaviya.”—Oleg

[Ifoto ku rup. 161]

Imico kama y’iwanyu woshobora kuyibona nk’ikiraro kiguhuza n’abandi