Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba nkwiye guheba ishure?

Noba nkwiye guheba ishure?

IKIGABANE CA 19

Noba nkwiye guheba ishure?

Wibaza ko uzokwiga gushika mu wa kangahe? ․․․․․

Abavyeyi bawe bipfuza ko ugarukira mu wa kangahe? ․․․․․

IZO nyishu zibiri zoba zihuye? Naho zoba zihuye kandi ukaba ukiri ku ntebe y’ishure, vyoshika ukipfuza guheba ishure. Vyoba birashika ukiyumvira ivyiyumviro nk’ibi bikurikira?

“Vyarashika nkumva ndushe cane mu mutwe ku buryo ntipfuza kuva mu gitanda. Nariyumvira nti: ‘Bimariye iki kuja kw’ishure nkiga ibintu ntazokwigera nkoresha?’ ”—Rasheli.

“Akenshi narumva ishure rindambiye, nkumva noriheba nkironderera akazi. Nabona ko ishure ata co ryariko riramarira, ko nari gupfuma ndariheba nkaja kwicira amahera.”—John.

“Naragiye kwiga kw’ishure ryisumbuye ryo mw’ikaritiye y’abantu batobato ariko birangora kuronka abagenzi. Ibikorwa vyo kw’ishure nta ngorane nari ndabifisemwo, mugabo abandi barankumira bigatuma mara umwanya munini ndi jenyene. N’abakumirwa nkanje nta n’umwe yamvugisha! Narumva ko noheba ishure.”—Ryan.

“Namara amasaha ane ku musi ndiko nkora agakorwa baduhaye ngo dukorere i muhira! Ibikorwa vyo kw’ishure n’ibibazo vy’urutavanako vyarandemera cane ku buryo nabona ko ntobiva imbere, ngaca numva noheba ishure.”—Cindy.

“Igihe kimwe twarabwiwe ngo hagira haturike ikibombe, incuro zitatu hari abagerageje kwiyahura, incuro imwe hari uwiyahuye koko, utugwi na two turatana mu mitwe. Vyarashika nkumva ndengewe, ngaca nipfuza guheba ishure!”—Rose.

Woba urashikirwa n’ingorane nk’izo? Nimba zimaze kugushikira, ni iyihe yatumye wipfuza guheba ishure?

․․․․․

Ushobora kuba uriko uriyumvira ata gufyina guheba ishure. Ariko none womenya gute ko woba wipfuza guhagarika amashure kubera yuko hageze, canke kubera yuko akurambiye? Kugira twishure ico kibazo, turakeneye kubanza kumenya ico bisobanura guheba ishure.

Ni uguhagarika canke ni uguheba?

Guhagarika amashure no kuyaheba wovuga ko bitandukaniye hehe?

․․․․․

Wari uzi ko mu bihugu bimwebimwe ari ibisanzwe ko uwukiri muto aronka urupapuro rw’umutsindo amaze imyaka iri hagati y’itanu n’umunani yiga? Mu bindi bihugu na ho, vyitezwe ko abanyeshure biga n’imiburiburi imyaka cumi. Ku bw’ivyo, nta myaka ntabanduka iriho abantu bose kw’isi babwirizwa kwiga.

Vyongeye, ibihugu bimwebimwe vyoshobora kwemerera umunyeshure kwigira ivyigwa bimwebimwe canke vyose i muhira, atarinze kuja kw’ishure. Birumvikana rero ko abanyeshure bigira i muhira babirekuriwe n’abavyeyi babo kandi bakabibafashamwo, bataba bahevye ishure.

Ariko rero, nimba uriko wiyumvira guhagarika ishure imbere y’uko uronka urupapuro rw’umutsindo, ryaba ishure risanzwe canke iry’i muhira, urakwiye kurimbura ibi bibazo bikurikira:

Amategeko asaba iki? Nk’uko twabivuze, amategeko agenga imyaka y’amashure umunyeshure abwirizwa kwiga, usanga atandukanye bivanye n’ahantu. Aho iwanyu amategeko asaba ko umunyeshure yiga n’imiburiburi imyaka ingahe? Woba umaze kwiga iyo myaka? Wanse kwumvira impanuro Bibiliya itanga yo ‘kuyobokera abakuru bari hejuru’ ugahagarika amashure utararangiza iyo myaka, uba uhevye ishure.—Abaroma 13:1.

Noba maze gushika ku migambi yanje ijanye n’amashure? Ni imigambi iyihe wipfuza gushikako ubifashijwemwo n’amashure uriko uriga? Woba ata yo uzi neza? Urakeneye kuyimenya, ahandiho woba umeze nk’umuntu ari mu muduga canke mw’igariyamoshi mugabo atazi iyo ashaka kuja. Ku bw’ivyo, nufate akanya uri kumwe n’abavyeyi bawe maze mwuzuze uruzitiro ruvuga ngo “Imigambi yanje ijanye n’amashure,” ruri ku rupapuro rwa 139. Ivyo bizogufasha kudasamara vyongere bibafashe mwe n’abavyeyi bawe kumenya igihe ukwiye kumara ku ntebe y’ishure.—Imigani 21:5.

Abigisha bawe n’abandi bantu ntibazobura kuguha impanuro ku bijanye n’ukuntu amashure ukwiye kwiga yongana. Ariko rero, abavyeyi bawe ni bo bafise ijambo rya nyuma. (Imigani 1:8; Abakolosayi 3:20) Niwahagarika amashure utarashika ku migambi mwe n’abavyeyi bawe mwumvikanyeko, uzoba uhevye ishure.

Kubera iki nshaka guheba ishure? Uraba maso ntuhave wihenda. (Yeremiya 17:9) Abantu barakunda gukora ibintu vy’ubwikunzi ariko bakerekana ko babitumwe n’imvo nziza.—Yakobo 1:22.

Andika aha munsi imvo zumvikana ushobora kuba ufise zotuma uhagarika amashure hataragera.

․․․․․

Andika aha na ho imvo zimwezimwe z’ubwikunzi zotuma uheba ishure.

․․․․․

Ni imvo zumvikana izihe wanditse? Hari aho kwoba ari ukugira ngo ufashe abavyeyi bawe mu vy’amahera canke kugira ukore igikorwa co gufasha abandi kumenya ivyerekeye Imana. Imvo z’ubwikunzi zoshobora kuba uguhunga ibibazo canke udukorwa baguha kw’ishure two gukorera i muhira. Urugamba rero aho ruhagaze ni aha: kumenya imvo nyamukuru ibigutumye, ukamenya ko ari iyumvikana canke ko ari iy’ubwikunzi.

Subira wihweze ivyiyumviro wanditse, maze imvo watanze zituma wipfuza guheba ishure uzitondeke utibesha uhereye kuri 1 gushika kuri 5 (uhere ku yidahambaye, uhereze ku yihambaye). Niwaheba ishure urondera gusa guhunga ingorane, urahakwa kuzovunika umutima.

Ni ingorane izihe wogira uhevye ishure?

Guheba ishure ni nko gusimba ukava mw’igariyamoshi canke mu muduga utarashika iyo uja. Uwo muduga woshobora kuba utameze neza, n’abawurimwo bakaba batitwararikana. Ariko usimvye ukawuvamwo, ntuzoshika iyo uriko uraja kandi urahakwa gukomereka cane. Muri ubwo buryo nyene, uhevye ishure, woshobora kudashika ku migambi yawe ijanye n’amashure, kandi uzosanga wikwegeye ingorane zoshika ubwo nyene be n’izoshika haciye igihe, nk’izi zikurikira:

Ingorane zoshika ubwo nyene: Birashobora kutakworohera kuronka akazi. Uramutse ukaronse na ho, birashoboka ko uzohembwa make kuruta ayo woronse iyo uba warahejeje amashure. Kugira ushobore kubaho mbere n’ubuzima bubayabaye, hari aho vyoba ngombwa ko ukora amasaha menshi ukorera ahantu hashobora no kuba harusha ububi aho wiga ubu.

Ingorane zoshika haciye igihe: Ivyigwa vyagizwe vyerekana yuko abaheba ishure bishoboka rwose ko bazogira amagara mabi, ko bazotabwa mw’ibohero, be n’uko bazoruhira gutungwa n’imfashanyo zihabwa abatishoboye.

Ariko ntiwumve, kurangiza amashure si icemeza ko utazoshikirwa n’izo ngorane. Ariko none, kubera iki wokwirirwa uritera ingorane bidakenewe mu guheba ishure?

Ivyiza vyo kudaheba ishure

Ego ni ko, nimba uhejeje kunanirwa ikibazo canke ukaba wiriwe mu ngorane kw’ishure, hari aho wokwipfuza gutana n’akabando. Ingorane izo ari zo zose woshobora kugira muri kazoza uzigereranije n’ukuntu ivyawe vyifashe ubu, zoshobora gusa n’aho ata co zivuze. Ariko imbere y’uko ufata iyo nzira wibwira ko ikworohereza, banza wihweze ivyiza ba banyeshure twavuga mu ntango bavuga ko bironkeye kubera batahevye ishure.

“Narize kwihangana no kudahungabanywa mu bwenge n’akantu ako ari ko kose. Narize kandi yuko mu gihe umuntu yipfuza guhimbarwa n’igikorwa kinaka, abwirizwa kugikunda. Kubera yuko numiyeko, nararyohoye ubuhanga bwanje mu bijanye n’utugenegene, nkaba nzobwikorako ninarangiza amashure.”—Rasheli.

“Ubu ndazi yuko nkoze nivuye inyuma nshobora gushika ku migambi yanje. Ndiko ndiga ivyigwa bijanye n’imyuga mw’ishure ryisumbuye bizotuma nshobora gukora akazi nkunda ko gukanika imashini zicapura.”—John.

“Kubera yuko numiye kw’ibanga, naramenye neza gusoma no kwandika. Ishure ryaranyigishije kugira ico nigiye ku kunebagurwa riranyigisha no guserura ivyiyumviro vyanje mu buryo butomoye kandi bwumvikana, ivyo bikaba bimfasha mu murimo ndangurira Imana.”—Ryan.

“Ishure ryararyohoye ubushobozi bwanje bwo gutorera umuti ingorane, haba mw’ishure canke ahandi. Kumenya ico nokora igihe nshikiwe n’ingorane kw’ishure, mu migenderanire yanje n’abandi canke mu buzima, vyaramfashije vy’ukuri kuba umuntu ahumuye.”—Cindy.

“Ishure ryaramfashije kwitegurira ingorane zo ku kazi. N’ikindi kandi, narashikiwe n’ibintu vyinshi vyatumye mbwirizwa gusuzuma imvo zituma nemera Imana. Ishure ryaratumye rero ndushiriza kunyurwa n’ivyo nemera.”—Rose.

Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Iherezo ry’ikintu mu nyuma, riraruta intango yaco. Uwihangana araruta uw’umutima wibona.” (Umusiguzi 7:8) Rero, aho guheba ishure, niwihatire gutorera umuti wihanganye ingorane zigushikira kw’ishure. Niwabigenza gutyo, uzokwibonera yuko iherezo rizokubera ryiza kuruta intango.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Bite ho nimba wanka ishure kubera utumvikana n’umwigisha wawe?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.”—Imigani 21:5.

IMPANURO

Nimba ufise ingorane yo kumenyera kw’ishure, raba ko utokurikirana ivyigwa binyaruka bizotuma uheza kare.

WARI UBIZI . . . ?

Urwaruka ruza ruratoroka ivyigwa usanga bishoboka cane ko ruheba ishure.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nimba hari icigwa kingora, aho guheba ishure nzogira ibi: ․․․․․

Hamwe kuruha vyotuma numva nshaka guheba ishure, ikizomfasha kwihangana ni ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki bihambaye cane ko umenya gusoma neza, kwandika neza no guharura neza?

● Kuba ufise imigambi woshikako mu gihe gito ijanye n’amashure bishobora gute kugufasha gukurikira neza mw’ishure?

● Kubera iki kuba ufise mu bwenge akazi woshima gukora uhejeje amashure bihambaye?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 140]

Ntushobora guhunga ingorane. Guca ku ntebe y’ishure biragufasha kumenya ingene wirwanako, ivyo bikaba bizogufasha mu kazi n’ahandi.’’—Ramona

[Uruzitiro ku rup. 139]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Imigambi yanje ijanye n’amashure

Kimwe mu bintu nyamukuru ishure rimaze ni ukugutegura ngo uzoronke akazi kazogufasha kwitunga no gutunga umuryango ushobora kuzohava ugira. (2 Abatesalonike 3:10, 12) Woba umaze guhitamwo akazi wipfuza kuzokora no kumenya ukuntu ishure uriko uriga rishobora kugufasha kukitegurira? Kugira umenye ko uri mu nzira nziza, niwishure ibibazo bikurikira:

Ni ibiki nshoboye kuruta ibindi? (Nk’akarorero, woba uzi kubana neza n’abandi? Woba ukunda gukoresha amaboko yawe, gukora ibintu canke kubisanura? Woba uvyifatamwo neza mu gusuzuma ingorane no mu kuzitorera umuti?) ․․․․․

Ni ubuzi ubuhe nokora bwondonsa akaryo ko gukora ibintu nshoboye kuruta ibindi? ․․․․․

Ni ubuzi ubuhe buboneka mu karere mbamwo? ․․․․․

Ni ivyigwa ibihe ndiko ndiga bizomfasha kuronka akazi? ․․․․․

Ni ibindi vyigwa ibihe noshobora kwiga ubu vyomfasha gushika ku migambi yanje? ․․․․․

Uribuka yuko umugambi wawe ari uwo guheza amashure ufise ubumenyi ushobora gukoresha. Ku bw’ivyo, nturenze urugero mu bundi buryo mu kwiga udaheza, ukaguma muri ya gariyamoshi ibihe vyose, kugira gusa uhunge amabanga yega umuntu akuze. *

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 69 Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 38.

[Ifoto ku rup. 138, 139]

Guheba ishure ni nko gusimba ukava mw’igariyamoshi utarashika iyo uja