Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Novyifatamwo gute mu mikazo yo kw’ishure?

Novyifatamwo gute mu mikazo yo kw’ishure?

IKIGABANE CA 18

Novyifatamwo gute mu mikazo yo kw’ishure?

“Kw’ishure narumva umukazo ukomeye ku buryo kenshi numva umengo norira ngakoma n’induru.”—Sharon.

“Uko ugenda urakura umukazo wo kw’ishure ntugabanuka, ahubwo ibiwutera ni vyo bihinduka.”—James.

WOBA ubona ko abavyeyi bawe badatahura ingene umukazo uba urimwo kw’ishure ungana? Boshobora kukubwira ko ata nzu uriha, ata muryango ugaburira, canke ata mukoresha ubwirizwa kunezereza. Ariko rero, hari aho woba ubona ko kw’ishure ushikirwa n’umukazo ungana n’uwushikira abavyeyi bawe, canke unawusumba.

Kuja kw’ishure canke kuvayo vyonyene birashobora gutera umukazo. Uwitwa Tara wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Amatati yarakunda kwaduka muri bisi itwara abanyeshure. Umushoferi yarahagarara, bikaba ngombwa ko twese twururuka. Vyaratuma twese ducerwa nk’iminuta 30 canke irenga.”

Ugira ngo ushitse kw’ishure umukazo uca uhera? Uwokubesha! Hari aho woba ushikirwa n’ibi bikurikira:

Umukazo uva ku bigisha.

“Abigisha banje bashaka ko mba uwa mbere nkaronka amanota meza ashoboka. Ivyo bituma nja mu mukazo wo kubashimisha.”Sandra.

“Abigisha barahindagiza abanyeshure ngo bakore neza cane, canecane igihe umunyeshure aba ari n’ububangukirwe bunaka.”April.

“Naho woba ufise imigambi myiza mu buzima, hari abigisha batuma wumva ko uri ubusa hamwe utokwiga amashure babona ko ukwiye kwiga.”  *Naomi.

Umukazo uva ku bigisha utuma wiyumva gute?

․․․․․

Umukazo uva ku runganwe.

“Mu mashure yisumbuye, abana baba bafise umwidegemvyo mwinshi kandi usanga ari abagarariji cane. Utifatanije na bo, babona ko uri igihwiji.”Kevin.

“Imisi yose nama noshwa kunywa inzoga no kuja mu buhumbu. Rimwe na rimwe usanga bitoroshe kunanira icipfuzo co kubijamwo.”Aroni.

“Ubu ku myaka 12 ngezeko, umukazo uruta iyindi yose unshikira ni akosho ko gusohokana n’abahungu. Kw’ishure bose bambwira ngo ‘Uzoguma uri inyakamwe gushika ryari?’ ”—Alexandria.

“Baguma bandemera ngo nsohokane n’umuhungu. Aho nankiye, baciye bavuga ko ndyamana n’abakobwa nkanje. Wumve nawe, kandi nari umwana w’imyaka cumi gusa!”Christa.

Umukazo uva ku runganwe utuma wiyumva gute?

․․․․․

Ibindi bintu bitera umukazo. Shira aka kamenyetso iruhande y’ikigutera umukazo kurusha ibindi muri ibi, canke wandike ikindi.

□ Ibibazo vyo kw’ishure biba vyimirije

□ Agakorwa ko gukorera i muhira

□ Ibintu bihanitse abavyeyi bakwitezeko

□ Ibintu bihanitse ubwawe ugomba gushikako

□ Gutotezwa canke kwoshwa ngo uje mu buhumbu

□ Ikindi ․․․․․

Ibintu bine vyotuma umukazo ugabanuka

Mu vy’ukuri, ntiwokwitega ko uzoheza amashure udashikiwe n’ubwoko bunaka bw’umukazo. Ego ni ko, umukazo urenze urashobora guhahaza umuntu. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Agahahazo gashobora gutuma umuntu w’inkerebutsi akora nk’umusazi.” (Umusiguzi 7:7) Mugabo si ngombwa ngo ivyo bigushikire. Ikintu nyamukuru cogufasha ni ukumenya kuvyifatamwo neza igihe uri mu mukazo.

Kwihanganira umukazo bimeze nko guterura vya vyuma biremereye (haltères). Kugira bigende neza, uwubiterura ategerezwa kwitegura neza imbere y’igihe. Ntaterura ivyo adashoboye, kandi ntapfa uko abiteruye. Abigenjeje gutyo, imirya yiwe irakomera atiriwe aronona umubiri wiwe. Ariko rero atabigenjeje gutyo, arashobora gutabuka imirya canke mbere akavunika igufa.

Muri ubwo buryo nyene, urashobora kuvyifatamwo neza mu mikazo igushikira maze ukarangura neza igikorwa ukeneye gukora utiriwe urigirira nabi. Uti gute? Nutere izi ntambwe zikurikira:

1. Numenye ibiwutera. Hari umugani uranga ubukerebutsi ugira uti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Ariko ntushobora kwihisha umukazo uhahaza kiretse ubanje kumenya ikintu canecane gishobora kuwutera. Subira rero urabe ico wari washizeko aka kamenyetso ✔. Ni ikintu ikihe gitera umukazo kikubangamiye cane?

2. Nugire ubushakashatsi. Nk’akarorero, nimba urengewe n’udukorwa twinshi babaha kw’ishure ngo mukorere i muhira, nusuzume inama ugirwa mu kigabane ca 13 mu Gitabu ca 2. Nimba hari uwo mwigana akuremera ngo mukore ubuhumbu, na ho nyene woronka impanuro ngirakamaro mu   mu Gitabu ca 2. Nimba hari uwo mwigana akuremera ngo mukore ubuhumbu, na ho nyene woronka impanuro ngirakamaro mu   mu Gitabu ca 2. Nimba hari uwo mwigana akuremera ngo mukore ubuhumbu, na ho nyene woronka impanuro ngirakamaro mu kigabane ca 2, ica 5, be n’ica 15 vy’iki gitabu.

3. Ntuvyigize inyuma. Ni ingorane nke zizimangana igihe umuntu azihojeje. Aho kuzimangana, akenshi zirunyuka, zigatuma umukazo wiyongera. Umaze guhitamwo ukuntu uzovyifatamwo mu mukazo munaka, ntutebagane. Ca ubishira mu ngiro ubwo nyene. Nk’akarorero, nimba uri Icabona ca Yehova ukaba uriko ugerageza kubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, niwimenyekanishe ko uri Icabona ca Yehova vuba bishoboka. Ivyo birashobora kugabanya umukazo. Uwitwa Marchet w’imyaka 20 avuga ati: “Umwaka w’ishure umwumwe wose wapfa gutangura ngaca ntanguza ikiganiro cerekeye ikintu naba nzi yuko compaye akaryo ko gusigura ingingo ngenderwako nisunga zishingiye kuri Bibiliya. Uko nateba kwimenyekanisha ko ndi Icabona ni ko vyangora kubigira. Maze kumenyesha abandi aho mpagaze, uwo mwaka wose ngaca mbaho nisunga ivyo nemera, vyaramfasha koko.”

4. Nusabe imfashanyo. Mbere n’umuteruzi w’ivyuma akomeye kurusha abandi usanga ari n’aho agarukiriza. Na wewe ni ukwo. Mugabo si ngombwa ngo uwo muzigo uwutware wenyene. (Abagalatiya 6:2) Ubona gute uganiriye n’abavyeyi bawe canke uwundi mukirisu ahumuye? Nubereke inyishu wanditse muri iki kigabane. Basabe bakugire inama.

Hoba hariho iciza c’umukazo?

Naho vyokugora kwemera, kugira umukazo ku rugero runaka ni ikintu ciza. Uti gute? Vyerekana ko uri umunyabwira be n’uko ijwi ryawe ryo mu mutima rikora. Raba ingene Bibiliya idondora umuntu asa n’uwudafise umukazo na muke: “Uzogeza ryari ga wa kinebwe kuguma wiryamiye? Uzovyuka ryari mw’itiro ryawe? Isinzirire irindi tiro rikeyi, akandi gatiro gakeyi, uzinge amaboko kandi gatoyi mu kuryama, maze ubworo bwawe ntibuzobura kuza nk’umusahuzi, ubukene bwawe na bwo nk’umuntu yitwaje ikirwanisho.”—Imigani 6:9-11.

Uwitwa Heidi w’imyaka 16 aravuga ico ciyumviro muri make ati: “Kw’ishure hoshobora gusa n’ahantu habi koko, ariko imikazo igushikira kw’ishure ni yo izogushikira no ku kazi.” Ni ivy’ukuri yuko kuvyifatamwo neza igihe uri mu mukazo bitoroshe. Ariko uvyifashemwo neza, nta co uzokugira. Washaka, umukazo urashobora kugukomeza cane.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Guheba ishure woba ari wo muti w’ingorane ufise?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 20 c’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

‘Terera amaganya yawe yose ku Mana, kuko ikubabara.’—1 Petero 5:7.

IMPANURO

Ingorane zigutera umukazo nuzigabure mu migwi ibiri: izo ushobora kugira ico uzihinduyeko n’izo udashobora kugira ico uzihinduyeko. Nubanze witwararike ingorane ushobora kugira ico uzihinduyeko. Maze izo ngorane zose nizahera, nimba bizonashoboka, uzoronka umwanya uhagije wo kuzirikana kuri izo zindi udashobora gutunganya.

WARI UBIZI . . . ?

Gusinzira bihagije imisi yose mw’ijoro, n’imiburiburi amasaha umunani, ntibigufasha gusa kuvyifatamwo neza mu mukazo, ariko kandi birongereza ubushobozi bwawe bwo kwibuka.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ndavyifatemwo neza mu mukazo, niyemeje ko igihe bishoboka nzoza ndaja kuryama isaha ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki kurondera ko akantu kose kagenda neza ata gatosi ata kindi vyokora atari kukwongerereza umukazo?

● Urengewe n’umukazo, wobiyagira nde?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 132]

Imisi yose papa yaratura isengesho turi kumwe imbere yo kuntwara kw’ishure. Ivyo vyaratuma numva ntekaniwe.’’—Liz

[Ifoto ku rup. 131]

Nka kurya nyene guterura neza ivyuma bishobora gutuma urushiriza gukomera ku mubiri, ni ko no kuvyifatamwo neza mu mukazo bishobora gutuma urushiriza gukomera mu bwenge ntuhungabanywe n’ubusa