Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokora iki ngo mpimbarwe n’ugusenga Imana?

Nokora iki ngo mpimbarwe n’ugusenga Imana?

IKIGABANA CA 38

Nokora iki ngo mpimbarwe n’ugusenga Imana?

Josh afise imyaka 16, akaba yigaramiye ku gitanda. Nyina wiwe ahagaze mu muryango. Amubwira amukarira ati: “Josh, vyuka! Ntuzi ko mu kanya dufise amakoraniro!” Josh ari mu muryango w’Ivyabona vya Yehova, kandi kuja ku makoraniro ya gikirisu ni kimwe mu bintu bama bagira. Ariko rero, muri iyi misi yumva adashaka kuyajako.

Avuga yidoga ati: “Ariko ga ma, ubwo koko ni ngombwa ngo ngende?”

Nyina asubizayo ati: “Reka kwidoga, niwambare. Sinshaka gusubira gucererwa!” Aca ahindukira akigira.

Atarashika kure, Josh aca yaturuka ati: “Umva rero ndakubwire ma, iryo rishobora kuba ari idini ryawe, ariko ntibisobanura ko rica riba iryanje.” Arazi ko nyina yavyumvise kuko yumvise ko yaciye ahagarara. Mugabo nyina aca yibandaniriza, ata co asubijeyo.

Josh arumva yiyagirije gatoyi. Ntashaka vy’ukuri kubabaza nyina. Ariko kandi, ntashaka gusaba ikigongwe. Ico ashobora gukora gusa ni iki:

Araniha agaca atangura kwambara. Aca yibwira ati: “Bitebe bitebuke nzokwifatira ingingo. Ku Ngoro y’Ubwami simeze nk’abandi. Kuba umukirisu si ivyanje!”

WOBA umaze kwiyumva nk’ukwo kwa Josh? Vyoba bishika ukabona ko ukora imirimo ya gikirisu vyo guheza umwuga mu gihe abandi ibaryohera? Nk’akarorero:

● Kwiga Bibiliya woba ubibona nk’akandi gakorwa uhabwa kw’ishure ko gukorera i muhira?

● Woba utaryoherwa no kubwira abandi inkuru nziza inzu ku nzu?

● Woba ukunda kurambirwa ku makoraniro ya gikirisu?

Nimba wishuye ngo ego, ntucike intege. Urashobora kwiga guhimbarwa n’ugukorera Imana. Reka turabe ingene wobigenza.

INGORANE YA 1 Kwiga Bibiliya

Igituma bitoroshe. Ushobora kuba utiyumvamwo ivyo kwiga. Ntushobora kumara umwanya munini wituniye ku kintu; birakugora kuguma wicaye ukitunira ku kintu! Uretse n’ivyo, none ntusanzwe wifitiye vyinshi vyo kwiga bijanye n’ishure?

Igituma ukwiye kubigira. Bibiliya yahumetswe n’Imana kandi ni “ngirakamaro ku kwigisha abantu, kubafasha, kubakosora no kubereka ukuntu bobaho.” (2 Timoteyo 3:16, Contemporary English Version) Kwiga Bibiliya no kuzirikana ku vyo usoma birashobora gutuma umenya ibintu utari uzi. Erega nta wurya akatamugoye. Igihe ushaka gukina neza urukino runaka, utegerezwa kwiga amategeko yarwo no kurwimenyereza. Igihe ushaka kugira amagara meza, urakenera kwinonora imitsi. N’igihe nyene ushaka kumenya ivyerekeye Umuremyi wawe, urakenera kwiga Ijambo ryiwe.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga. “Igihe ninjira mw’ishure ryisumbuye, nabaye nk’uwushitse mu mayirabiri mu buzima bwanje. Abanyeshure barakora ibibi vyose bibaho, nkaba rero nabwirijwe kwibaza nti: ‘Ivyo vyoba ari vyo nshaka gukora? Abavyeyi banje boba koko banyigisha ukuri?’ Nabwirijwe rero kubironderera inyishu.”—Tshedza.

“Sinigeze nkekeranya ko ivyo nari narize ari ukuri, mugabo nari nkeneye kwiyemeza ko ari vyo koko. Nabwirizwa gusenga Imana kubera ndavyiyumvamwo atari ukubera ko abavyeyi banje ari vyo bashaka.”—Nelisa.

Ico wokora. Nugire urutonde rwo kwiyigisha ruhuje n’uko ivyawe vyifashe. Niwihitiremwo ivyo uzosuzuma. Wohera hehe? Ubona gute winjiye mu mizi Bibiliya yawe ugasuzuma ivyo wemera, kumbure ukoresheje nk’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? *

Jako rero! Mu vyiyumviro bishingiye kuri Bibiliya bikurikira, shira aka kamenyetso ✔ iruhande ya bibiri canke bitatu woshima kwinjira mu mizi, canke na ho wiyandikire ivyawe bwite.

□ Imana yoba ibaho?

□ Nokwemezwa n’iki ko abanditse Bibiliya bahumekewe n’Imana?

□ Kubera iki nkwiye kwemera irema aho kwemera ihindagurika?

□ Ubwami bw’Imana ni iki, kandi nokwerekana gute ko bubaho?

□ Nosigura gute ivyo nemera ku bijanye n’ingene bigenda iyo umuntu apfuye?

□ Kubera iki nkwiye kwemera ntakeka ko hazobaho izuka?

□ Nomenya gute idini ry’ukuri iryo ari ryo?

․․․․․

INGORANE YA 2 Kwamamaza inkuru nziza

Igituma bitoroshe. Kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya, canke guhura n’uwo mwigana igihe uriko urabigira, birashobora gutera ubwoba.

Igituma ukwiye kubigira. Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Muhindure abantu . . . abigishwa . . . , mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.” (Matayo 28:19, 20) Ariko hariho n’izindi mvo zotuma ubigira. Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko mu mihingo imwimwe benshi cane mu rwaruka bemera Imana na Bibiliya. Yamara, urwo rwaruka nyene nta cizigiro nyakuri rufise ku vyerekeye kazoza. Biciye ku kwiga Bibiliya, urafise amakuru benshi mu runganwe rwawe barondera kandi bakeneye! Niwabwira abandi ivyo wemera, wewe ubwawe uzorushiriza kwumva uryohewe, n’igihambaye kuruta, uzonezereza umutima wa Yehova.—Imigani 27:11.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga. “Twe n’umugenzi wanje twarateguye uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago, twongera turiga ingene twotsinda amajambo yo guhagarika ibiyago be n’ingene twosubira kuraba abo twayaze. Igihe natangura kwongereza umwanya mara namamaza inkuru nziza, vyaciye birushiriza kundyohera.”—Nelisa.

“Hari umukirisukazi mugenzanje yamfashije cane! Andusha imyaka itandatu. Twama tujana kwamamaza kandi rimwe na rimwe turajana gufata akayi. Yaranyeretse ivyanditswe biremesha vyamfashije kubogora ivyiyumviro. Ubu ndaryoherwa cane no gufasha abantu kubera akarorero keza cane yampaye. Sinokwigera ndonka ico ndamwishura!”—Shontay.

Ico wokora. Abavyeyi bawe babikwemereye, nurondere mw’ishengero urimwo umuntu akuruta mwoza murajana kwamamaza. (Ivyakozwe 16:1-3) Bibiliya ivuga iti: “Icuma gikarishwa n’icuma. Ni ko n’umuntu akarisha uwundi.” (Imigani 27:17) Kwifatanya n’abantu bakuruta bazi utuntu n’utundi birimwo ivyiza vyinshi. Uwitwa Alexis w’imyaka 19 avuga ati: “Kuba uri kumwe n’abantu bakuruta biraruhura koko.”

Jako rero! Andika aha munsi izina ry’uwundi muntu wo mw’ishengero ryanyu uretse abavyeyi bawe, yogufasha mu gikorwa co kubwira abandi inkuru nziza.

․․․․․

INGORANE YA 3 Kuja ku makoraniro ya gikirisu

Igituma bitoroshe. Iyo wamaze umusi wose wicaye mw’ishure, kumara isaha canke irenga wumviriza ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya womengo ni ibihe bidahera.

Igituma ukwiye kubigira. Bibiliya ihimiriza abakirisu iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.”—Abaheburayo 10:24, 25.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga. “Gutegura amakoraniro y’ishengero birakenewe cane. Rimwe na rimwe bisaba ko uvyishiramwo ukayategura. Iyo wateguye, uraryoherwa n’amakoraniro kuko uba uzi ibiza kuvugwa, ukaba mbere ushobora kuyagiramwo uruhara.”—Elda.

“Narashitse aho ntangura kubona ko igihe ntanze inyishu ku makoraniro aca arushiriza kundyohera.”—Jessica.

Ico wokora. Fata umwanya uyategure hakiri kare, kandi igihe bishoboka utange inyishu. Ivyo bizotuma urushiriza kwumva ko na wewe ufise uruhara mu biriko biraba.

Nk’akarorero, ni ikihe kiryoshe kurusha ikindi hagati yo kuraba urukino kuri televiziyo no kuja mu kibuga ukarukina? Biribonekeza ko kurugiramwo uruhara biryoshe kurusha kuba umurorerezi. Ubona gute amakoraniro ya gikirisu uyabonye muri ubwo buryo?

Jako rero! Mu kibanza kiri aha hepfo, andika igihe woshobora kumara iminuta 30 gusa ku ndwi ku ndwi utegura ikoraniro ry’ishengero.

․․․․․

Abakiri bato benshi bariko baribonera ko amajambo yo muri Zaburi 34:8 ari ay’ukuri, akaba agira ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.” Mbega kwumva gusa ibijanye n’ibifungurwa biryoshe vyoba ari vyo bihimbaye? Ubwo kubifungura si vyo vyiza gusumba? N’ugusenga Imana ni ukwo. Honja wibonere ingene kugira uruhara mu mirimo ijanye n’ugusenga biryoshe. Bibiliya ivuga yuko umuntu atari uwumva gusa ico gikorwa ariko agikora ‘azoba ahiriwe mu kugikora.’—Yakobo 1:25.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Raba ingene wokwishingira imigambi ukongera ukayishikako.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 19 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”—Abaroma 12:2.

IMPANURO

Rondera agakaye, utangure kuza urandika ivyiyumviro nyamukuru ku makoraniro ya gikirisu. Ntuzorambirwa kandi kwiga bizorushiriza kukworohera!

WARI UBIZI . . . ?

Si bibi kwibaza ibibazo ku vyo wemera. Nkako, kwibaza ibibazo hanyuma ukabigirira ubushakashatsi ni uburyo bwiza bwo kumenya nimba ivyo wemera ku bijanye n’Imana ari ukuri koko.—Ivyakozwe 17:11.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nzotegekanya iminuta ․․․․․ yo gusoma Bibiliya ku musi ku musi kandi ku ndwi ku ndwi nzomara umwanya ungana na ․․․․․ ntegura amakoraniro ya gikirisu.

Kugira ndushirize gukurikira ku makoraniro ya gikirisu, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki vyoshika umwana w’umuyabaga akabona umengo imirimo ya gikirisu irarambira?

● Mu mice itatu ijanye n’ugusenga twihweje muri iki kigabane, ni uwuhe woshima kuryohora?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 278]

“Idini ndimwo ntirikiri iry’abavyeyi banje gusa, ahubwo ni iryanje. Yehova ni Imana yanje, kandi sinshaka gukora ikintu na kimwe cokwonona ubucuti mfitaniye na we.’’—Samantha

[Uzuritiro/​Amafoto ku rup. 280, 281]

Barishingiye imigambi

Bibiliya ivuga iti: “[Ntimuzi] uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.” (Yakobo 4:14) Hari igihe urupfu ruza giturumbuka, umuntu agapfa akiri muto. Uko usoma iyi nkuru ya Catrina n’iya Kyle, raba ukuntu bihesheje izina ryiza kuri Yehova Imana mu gihe gito babayeho, mu kwishingira imigambi yo gukorera Imana bakongera bakayishikako.—Umusiguzi 7:1.

Catrina yapfuye afise imyaka 18, ariko igihe yari afise imyaka 13 yari amaze kwandika ukuntu azokoresha ubuzima bwiwe, ni ukuvuga urutonde rw’imigambi yashaka gushikako. Mu migambi yari yarishingiye harimwo gukorera Imana mu gikorwa c’igihe cose, gukorera mu gihugu gikeneye abigisha Bibiliya, no gukorana na se wiwe mu gikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami. Yanditse ati: “Nareguriye ubuzima bwanje Yehova Imana!” Intumbero Catrina yari afise yari iyo “kubaho yisunga ingingo ngenderwako [za Yehova], mu buryo bumuhimbara.” Ku maziko yiwe, vyavuzwe ko yari “umwigeme mwiza yari yarashingiye ubuzima bwiwe bwose ku gukorera Yehova.”

Kuva Kyle akiri muto, yarigishijwe kwishingira imigambi. Inyuma y’aho isanganya ribabaje ry’umuduga rihitaniye ubuzima bwiwe afise imyaka 20, incuti ziwe zaratoye agatabu yanditsemwo imigambi nyina wiwe yari yaramufashije kwishingira igihe yari afise imyaka ine gusa. Mu migambi yiwe harimwo ukubatizwa, gushikiriza ibiganiro ku Ngoro y’Ubwami no gukorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, aho yashobora gufasha mu guhingura ibitabu vyofashije abantu kwiga ivyerekeye Imana. Nyina wiwe amaze kuraba mu gatabu k’imigambi Kyle yari yarishingiye, ako hari yaciye imyaka myinshi cane yanditse, yavuze ati: “Yarashitse kuri iyo migambi yose.”

Ni imigambi iyihe wewe wishingiye? Ntuzi uko ubuzima bwawe buzomera ejo. Rero, nukoreshe umusi umwumwe wose mu kurangura ivyo ushoboye vyose. Nk’ukwo kwa Catrina na Kyle, nukoreshe umwanya wawe mu buryo bwiza bushoboka. Niwigane intumwa Paulo, uwashoboye kuvuga mu mpera y’ubuzima bwiwe ati: “Nararwanye ya ndwano nziza, narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo, naragumije ukwizera.” (2 Timoteyo 4:7) Ikigabane gikurikira kiragufasha kubigira!

[Ifoto ku rup. 274, 275]

Igihe ushaka kugira amagara meza, urakenera kwinonora imitsi. N’igihe ushaka kugira amagara meza mu bijanye n’ugusenga, urakenera kwiga Ijambo ry’Imana