Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuki abavyeyi banje batandeka nkiryohera?

Kuki abavyeyi banje batandeka nkiryohera?

IKIGABANE CA 37

Kuki abavyeyi banje batandeka nkiryohera?

Umuyabaga yitwa Allison wo muri Ostraliya abona ko imisi yose ku wa mbere mu gitondo kw’ishure yama mu mukazo.

Avuga ati: “Bose baravuga ivyo bakoze mu mpera y’indwi. Baratera inkuru zisa n’iziryoshe cane, nk’iz’imanza bitavye uko zingana, abahungu basomanye uko bangana, mbere n’ingene bahunze abapolisi . . . Bisa n’ibiteye ubwoba cane, ariko biraryoshe! Bataha isaha cumi n’imwe z’igitondo, kandi abavyeyi babo nta co bibabwira. Jewe ngiye kuryama, bo buba bukeye!

“Bahejeje kuntera inkuru z’ivyo bakoze mu mpera y’indwi, baca bambaza ivyo nanje nakoze. . . . Jewe mba nagiye ku makoraniro ya gikirisu no kwamamaza inkuru nziza. Nca numva umengo narahomvye koko. Akenshi rero nca nivugira gusa ko ata na kimwe nakoze. Baca bambaza igituma ntajanye na bo.

“Umusi wa mbere uvuyemwo, wogira ngo umuntu aca aronka agahengwe. Ariko si ko biri. Kuva ku wa kabiri, bose baca batangura kuvuga ivy’impera y’indwi iba yimirije. Akenshi nca nicara nkumviriza gusa. Numva umenga ndi intabwa!”

WOBA nawe ari ko bikugendera kw’ishure ku wa mbere mu gitondo? Woshobora kwumva umengo hanze hari ibintu vyinshi cane vyo kwiryohera ariko umuryango ujayo abavyeyi bawe bakaba barawugaye baradadira, canke ukumva ari nk’aho uri ahantu ho kwisamariza mugabo ukaba utarekuriwe kugira ikintu na kimwe co kwiryohera. Si ukuvuga ko ushaka gukora ivyo abo mu runganwe rwawe bakora vyose. Ico ushaka gusa ni ukuza uracishamwo ukiryohera! Nk’akarorero, ni ikintu ikihe co kwisamaza wipfuza cane kujamwo mu mpera y’indwi iza?

□ gutamba

□ umusi mukuru

□ igiteramo c’imiziki

□ isenema

□ ikindi ․․․․․

Urakeneye kwisamaza. Nkako, Umuremyi wawe ashaka ko unezerererwa ubuto bwawe. (Umusiguzi 3:1, 4) Kandi naho rimwe na rimwe vyoshobora kukugora kwemera, n’abavyeyi bawe barashaka ko wiryohera. Ariko rero, birashoboka ko abavyeyi bawe bahagarikwa umutima n’ibintu bibiri vyumvikana: (1) ivyo uzokora (2) abo muzojana.

Ariko none, bite nimba abagenzi bagutumiye ngo musohokane mugabo ukaba utazi ingene abavyeyi bawe bazovyakira? Raba uburyo butatu ushobora kuvyifatamwo n’ingaruka zabwo.

UBURYO BWA 1 KUTABISABA, UGAPFA KUGENDA

Icotuma wiyumvira kubigenza gutyo: Ushaka gutangaza abagenzi bawe mu kubereka ko widegemvya. Wiyumvira ko uzi vyinshi kurusha abavyeyi bawe, canke ukaba utubahiriza uko babona ibintu.—Imigani 14:18.

Ingaruka: Abagenzi bawe boshobora gutangara, ariko kandi bazoca babona ko uri umubeshi. Nimba ubesha abavyeyi bawe, n’abagenzi bawe ntuzobagera umutwe. Abavyeyi bawe nibabimenya, bazobabara kandi bazobona ko wabahemukiye, kandi birashoboka ko uzoca ufatirwa ibihano vyo kudacaruka! Kugambararira abavyeyi bawe ugapfa kugenda si uburyo bwiza.—Imigani 12:15.

UBURYO BWA 2 KUTABISABA KANDI NTUGENDE

Icotuma wiyumvira kubigenza gutyo: Urazirikanye kuri ubwo butumire maze ubona ko ivyo muzoba mugiyemwo biteye kubiri n’ingingo ngenderwako wisunga canke ko mu batumiwe hazoba harimwo abagenzi batari beza. (1 Abakorinto 15:33; Abafilipi 4:8) Canke na ho, hari aho woba ushaka kujayo ariko ukaba utinya kubisaba abavyeyi bawe.

Ingaruka: Uretse kugenda kubera uzi ko ari bibi, uzokwishura abagenzi bawe umutima uri mu nda. Ariko uretse kugenda kubera gusa utinya kubisaba abavyeyi bawe, woshobora gusanga wicaye i muhira wicurikiriye, wiyumvira ko ari wewe wenyene utariko uriryohera.

UBURYO BWA 3 KUBISABA, UKARABA UKO BIGENDA

Icotuma wiyumvira kubigenza gutyo: Uremera ubukuru abavyeyi bawe bagufiseko kandi urubahiriza uko babona ibintu. (Abakolosayi 3:20) Urabakunda kandi ntushaka kubababaza mu kugenda batabizi. (Imigani 10:1) Biranatuma uronka akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro vyawe.

Ingaruka: Abavyeyi bawe barabona ko ubakunda kandi ububaha. Vyongeye, baramutse babonye ko ico kintu usavye cumvikana, boshobora kukwemerera.

Ivyoshobora gutuma abavyeyi bawe bakwankira

Dufate ko abavyeyi bawe bakwankiye. Ivyo birashobora kubabaza. Ariko rero, gutahura uko babona ibintu vyoshobora gutuma utababazwa n’uturimbi bagushingira. Nk’akarorero, boshobora kukwankira babitumwe n’izi mvo zikurikira canke imwe muri zo.

Barazi vyinshi kukurusha. Igihe ugiye kwoga, hamwe vyoba bishoboka woshima kwogera ku nkengera ifise mwene ba bantu bajejwe gutabara abariko baroga. Kubera iki? Kubera ko igihe uriko uraryoherwa uri mu mazi bigoye cane ko ubona akaga. Ariko abo bantu bobo baba bari ahantu hatuma biborohera kubona ibintu biteye akaga.

N’abavyeyi bawe nyene, kubera ko bazi vyinshi kukurusha, boshobora kubona akaga utabona. Nka kumwe kwa ba bantu bajejwe gutabara abariko baroga, intumbero y’abavyeyi bawe si iyo kukubuza kwiryohera, ahubwo ni iyo kugufasha kwirinda akaga kotuma ubura umunezero mu buzima.

Baragukunda. Abavyeyi bawe baripfuza cane kugukingira. Urukundo bagukunda rutuma bakwemerera igihe bishoboka canke bakakwankira igihe bibaye ngombwa. Igihe ubasavye uruhusha rwo gukora ikintu, baribaza nimba batohava bicuza hamwe bokwemerera. Nibajijuka ku rugero rwumvikana ko utazogira ingorane ni ho gusa bazobona ko bibereye maze bakwemerere.

Ingene wokwongereza amahirwe yo guhabwa uruhusha

Hari ibintu bine bizogufasha.

Kuvugisha ukuri: Ubwa mbere, urakeneye kwibaza utibesha uti: ‘Mu vy’ukuri, kubera iki nshaka kujayo? Kwoba ari ukubera canecane ndyoherwa n’ico nzoba ngiye gukora, canke ni uko nshaka kwemerwa n’urunganwe rwanje? Kwoba ari ukubera hari uwo nkunda azoba ari yo?’ Nuce ubwiza ukuri abavyeyi bawe. Aho uri na bo nyene barahaciye, kandi barakuzi neza. Uko biri kwose rero, ntibazobura kubona imvo nyakuri zituma ushaka kujayo. Uvugishije ukuri bazobishima, kandi uzokwungukira ku bukerebutsi bwabo. (Imigani 7:1, 2) Ariko rero, utavugishije ukuri, biratuma abavyeyi bawe batakwizigira, bikagabanya n’amahirwe ufise yo guhabwa uruhusha.

Guhitamwo umwanya: Ntugume ugora abavyeyi bawe ubasaba ivyo wipfuza igihe ari ho bagitaha bavuye ku kazi canke igihe bituniye ku bindi bintu. Nubegere igihe batekanye. Ariko nturindire ku munota wa nyuma ngo uce uguma ubaremera ngo baguhe inyishu. Abavyeyi bawe ntibazoshima gufata ingingo gihutihuti. Nubibasabe hakiri kare, ubahe umwanya wo kwiyumvira, kandi bazokenguruka kubona ubazirikana.

Ivyo uvuga: Ntuvuge ibintu bidatomoye. Basigurire neza ico wipfuza gukora. Abavyeyi ntibashima kwishurwa ngo: “Sinzi,” na canecane igihe bakubajije ngo: “Ni bande muzoba muri kumwe?”, “Hoba hari umuntu akuze kandi yitwararika ibintu azoba ahari?” canke ngo “Bizohera ryari?”

Uko uvyifatamwo: Abavyeyi bawe ntubabone nk’abansi. Nubone ko bari ku ruhande rwawe, kandi ubiravye neza, ni ko biri. Ubabonye muri ubwo buryo, vyoshoboka ko babona ko utabarwanya, kandi hari aho borushiriza kwemera ivyo ubasaba. Niwirinde kuvuga ngo “Ntimunyizigira,” “N’abandi bose bazojayo,” canke ngo “Abavyeyi b’abagenzi banje bo barabareka bakagenda!” Niwereke abavyeyi bawe ko ukuze ku buryo wemera ingingo bafashe kandi ukayubahiriza. Niwabigenza gutyo, bazokwubaha. Kandi ubutaha niwagira ico ubasavye, hari aho bobiraba bakakwemerera.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 32

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje.”—Imigani 27:11.

IMPANURO

Igihe uhava uhurira hamwe n’abandi kugira mwinezereze, nutegekanye ingene wova aho hantu ubonye ko ibintu bitanguye kugenda nabi. Imbere yo kujayo, banza umenye ivyo uza gukora canke kuvuga mu gihe vyoba ngombwa ko uva aho hantu, kugira uhave ufise ijwi ryo mu mutima ryiza.

WARI UBIZI . . . ?

Abavyeyi buzuye urukundo bariyubara cane. Nimba badatahura ivyo uriko urasaba canke bakaba babona ko hari amakuru ahambaye cane utababwiye mu vyo uriko urasaba, birashoboka rwose ko bazokwankira.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ijwi ryanje ryo mu mutima niryabuzwa amahoro n’ivyo mbonye canke ivyo numvise igihe ndiko ndaraba isenema canke igihe nahuriye hamwe n’abandi, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki hari aho wogonanwa kubwira abavyeyi bawe amakuru yose bakeneye kugira bafate ingingo?

● Ni ingaruka izihe zoshika hamwe abavyeyi bawe boguha uruhusha kandi hari amakuru ahambaye cane wabahishije?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 268]

“Nkiri muto nari akajuju gahebuje. Bimwe mu bintu nagira nibaza ko ari ukwiryohera nahavuye mbona ko atari ukwiryohera namba. Ivyo ukora biragukurikirana. Ese iyo numvira abavyeyi banje!’’—Brian

[Ifoto ku rup. 269]

Cokimwe na ba bantu bajejwe gutabara abariko baroga, abavyeyi bawe bari ahantu hatuma biborohera kubona akaga