Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba ndi umuja w’ivyuma vy’ubuhinga bwa none?

Noba ndi umuja w’ivyuma vy’ubuhinga bwa none?

IKIGABANE CA 36

Noba ndi umuja w’ivyuma vy’ubuhinga bwa none?

“Ndakunda kwandika ubutumwa kuri telefone ga yemwe! Nta co nobigereranya. Ni nk’aho vyantwaye umutima.”—Alan.

IGIHE abavyeyi bawe bashika mu buyabaga, televiziyo n’iradiyo ni vyo vyari ibikoresho nyamukuru vyari bigezweho. Ico gihe, amatelefone yari ayo gutwara amajwi gusa, kandi yabwirizwa gucomekwa mu ruhome. Hari aho woca uvuga uti: Ivyo vyarataye igihe. Ukwo ni ko umukobwa umwe yitwa Anna abibona. Avuga ati: “Abavyeyi banje barutse ubuhinga butaratera imbere. Ni ho bagitangura kumenya gukoresha ibintu bimwebimwe biri muri telefone ngendanwa zabo!”

Ubu urashobora guterefona, kwumviriza umuziki, kuraba televiziyo, gukina agakino, kurungikira ubutumwa abagenzi, gufotora no gukoresha Internet, ivyo vyose ukabigira ukoresheje akuma kamwe gusa ushobora gutwara mu mupfuko. Kubera ko warutse hari orodinateri, telefone ngendanwa, televiziyo na Internet, woshobora kuba ubona ko ata nabi yo kubikoresha umwanya wose. Ariko abavyeyi bawe boshobora kubona ko wabaye umuja wavyo. Nimba baseruye ko bibaraje ishinga, ntuce wiyamiriza ivyo bavuze ngo baracari inyuma y’amajambere. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu.”—Imigani 18:13.

Woba wibaza igituma abavyeyi bawe barazwa ishinga n’ico kintu? Niwisuzume ukoresheje ibibazo bikurikira urabe ko hari ibimenyetso vyoba vyerekana ko uri umuja w’icuma kinaka c’ubuhinga bwa none.

Niwisuzume—‘Noba ndi umuja waco?’

Igitabu kimwe gisigura ko kuba umuja w’ikintu ari “ukugira akamenyero ko kugikora birenze urugero ku buryo udashobora canke utipfuza kugiheba naho coba kikugirako ingaruka mbi.” Reka tugaruke ku vyiyumviro bigize iyo nsobanuro. Soma ivyo abantu bakurikira bavuze, urabe ko woba warigeze kuvuga canke gukora ikintu gisa n’ico, uce wandika inyishu zawe.

Gukora ikintu birenze urugero. “Naramara amasaha n’ayandi ndiko nkina udukino nkoresheje icuma c’ubuhinga bwa none. Sinari nkiryama kandi twari dusigaye ari co kiyago canje. Naritandukanya n’umuryango ngacokera mu bintu bitari ivy’ukuri bikinwa muri utwo dukino.”Andrew.

Wewe ubona umwanya ugereranye womara buri musi ukoresha icuma c’ubuhinga bwa none woba ungana iki? ․․․․․

Abavyeyi bawe biyumvira ko ukwiye kumara umwanya ungana iki? ․․․․․

Umwanya umara buri musi urungika ubutumwa kuri telefone, uraba televiziyo, urungika kuri Internet amafoto n’utundi tujambo, ukina udukino ukoresheje icuma c’ubuhinga bwa none n’ibindi, wose hamwe ungana gute? ․․․․․

Uravye inyishu watanze aho haruguru, ubona wovuga ko ukoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none mu buryo burenze urugero?

□ Ego □ Oya

Kudashobora canke kutipfuza kugiheba. “Abavyeyi banje bama bambona ndungika ubutumwa umwanya wose maze bakambwira ko ndenza urugero muri ivyo. Mugabo ngereranije n’abandi bana tungana, ni nk’aho ata butumwa ndungika. Ni ivy’ukuri yuko ngereranije n’abavyeyi banje, ndungika bwinshi. Ariko kwigereranya na bo ntivyumvikana: bo bafise imyaka 40 nanje 15.”Alan.

Abavyeyi bawe canke abagenzi boba barakubwiye ko umara umwanya urenze urugero ukoresha icuma kinaka c’ubuhinga bwa none?

□ Ego □ Oya

Vyoba bishika ukumva utipfuza canke udashobora gucungera ukuntu ukoresha ico cuma?

□ Ego □ Oya

Ingaruka mbi. “Abagenzi banje baguma bandikiranira ubutumwa n’igihe bariko baratwara umuduga. Ese ukuntu birimwo akaga!”Julie.

“Nkironka telefone ngendanwa, nama ndiko ndaterefona canke ndiko ndandika ubutumwa. Nta kindi nakora. Ivyo vyarononye imigenderanire nari mfitaniye n’umuryango wanje, eka n’iyo nari mfitaniye na bamwebamwe mu bagenzi banje. Ubu mbona ko igihe nasohokanye n’abagenzi tukaba turiko turayaga, baguma banciramwo ngo: ‘Rindira gatoyi sha nishure ubu butumwa bandungikiye.’ Ico ni kimwe mu bituma ntakunda cane abagenzi nk’abo.”Shirley.

Vyoba bishika ugasoma ubutumwa canke ukaburungika uriko uratwara umuduga, uri mw’ishure canke uri mu makoraniro ya gikirisu?

□ Ego □ Oya

Igihe uriko urayaga n’umuryango canke abagenzi, woba ukunda guhagarika ikiyago kugira wishure ababa bakurungikiye ubutumwa kuri Internet, ababa baguterefonye canke ababa bakurungikiye ubutumwa kuri telefone ngendanwa?

□ Ego □ Oya

Gukoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none vyoba bigutwara umwanya wo kuryama canke bikakubuza kwiga?

□ Ego □ Oya

Ubona hari ivyo ukeneye guhindura? Nimba biriho, raba inama zikurikira tukugiriye.

Ingene wobikoresha ku rugero

Nimba ukoresha icuma kinaka c’ubuhinga bwa none, yaba orodinateri, telefone ngendanwa canke ikindi cuma, niwibaze ibibazo bine bikurikira. Gukurikiza izi mpanuro zishingiye kuri Bibiliya be n’izi mpanuro nkeyi zibayabaye zikwereka ico wokora n’ico utokora, bizogufasha kwikingira no kuguma wifatiye ibintu mu minwe.

Harimwo ibiki? “Mwuzuze imizirikanyi yanyu ibintu vyiza kandi bibereye gushemezwa: ibintu vy’ukuri, vyo kwubahwa, bigororotse, bityoroye, vyo gukundwa kandi biteye iteka.”—Abafilipi 4:8, Today’s English Version.

✔ Ico wokora: Guma uhanahana amakuru n’abagenzi be n’umuryango, muyage inkuru n’ivyiyumviro vyubaka.—Imigani 25:25; Abanyefeso 4:29.

X Ico utokora: Ntukwiragize urusaku, ubutumwa canke amafoto vy’ubuhumbu, canke ngo urabe ibiganiro n’amasanamu vy’ubuhumbu.—Abakolosayi 3:5; 1 Petero 4:15.

Ndabikoresha ryari? “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.”—Umusiguzi 3:1.

✔ Ico wokora: Niwishingire umwanya ntarengwa uzomara uterefona canke witaba telefone, urungika ubutumwa wongera usoma ubwo bakurungikiye, uraba televiziyo canke ukina udukino.

X Ico utokora: Ntureke ngo gukoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none bigutware umwanya wishingiye wo kuba uri kumwe n’abagenzi n’umuryango, uwo kwiga canke wo gukora ibikorwa bijanye n’ugusenga.—Abanyefeso 5:15-17; Abafilipi 2:4.

Ndiko nifatanya na bande? “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”—1 Abakorinto 15:33.

✔ Ico wokora: Nukoreshe ivyuma vy’ubuhinga bwa none kugira ukomeze ubucuti ufitaniye n’abantu bakuremesha gutsimbataza ingeso nziza.—Imigani 22:17.

X Ico utokora: Ntiwihende; uzosanga uriko urakurikiza ingingo, imvugo n’ivyiyumviro vy’abo uhitamwo kwifatanya na bo biciye kuri telefone ngendanwa, kuri televiziyo, kuri videwo canke kuri Internet.Imigani 13:20.

Bintwara umwanya ungana gute? “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.

✔ Ico wokora: Nugume ucungera umwanya umara uriko urakoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none.

X Ico utokora: Igihe abagenzi bawe canke abavyeyi bawe bakubwiye ko umara umwanya munini cane ukoresha icuma kinaka c’ubuhinga bwa none, ntuvyirengagize.—Imigani 26:12.

Umwe Andrew twavuga mu ntango aravuga muri make ibijanye no gukoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none ku rugero, ati: “Ivyuma vy’ubuhinga bwa none ni vyiza igihe gusa umuntu abimarako umwanya muto. Narize kutareka ngo ubuhinga bwa none buntandukanye n’umuryango wanje be n’abagenzi.”

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 30

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Wokwumvisha gute abavyeyi bawe ngo bakureke wiryohere?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ntube inkerebutsi mu maso yawe bwite. Tinya Yehova, uce kure ikibi.”—Imigani 3:7.

IMPANURO

Kugira ucungere ukuntu ukoresha telefone, numenyeshe abagenzi bawe ko hariho ibihe utazoca ubishura bakurungikiye ubutumwa canke baguterefonye.

WARI UBIZI . . . ?

Igihe ushize amafoto yawe kuri Internet canke ukagira ico uhanditse ku bijanye n’ivyo ukora, harashobora guca imyaka myinshi aborondera kubikoresha be n’abandi bantu bashobora kubishikira.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nivyangora gucungera ingene nkoresha ․․․․․, nzokwiyemeza kumara umwanya utarenga ․․․․․ ku ndwi ndiko nkoresha ico cuma c’ubuhinga bwa none.

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki vyoshika bikakugora kubona ko uri umuja w’icuma kinaka c’ubuhinga bwa none?

● Ni ibiki vyoshika hamwe utocungera ukuntu ukoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 262]

“Hari ibintu nka bingahe vyamfashije kureka kuba umuja wa televiziyo. Narihase ndagabanya umwanya namara ndayiraba. Sinahengeshanya kuyaga na mama ingorane nari mfise. Vyongeye, narasenze cane.’’—Kathleen

[Ifoto ku rup. 263]

Ivyuma vyawe vy’ubuhinga bwa none, urabiganza canke ni vyo bikuganza?