Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

IKIGABANE CA 1

Noba ngeze kurondera uwo dukundana?

“Ibinyosha kurondera uwo dukundana biruzuye. Imisore myizamyiza na yo nyene iruzuye.”—Whitney.

“Hari abakobwa bandemera nkumva nokwemera. Ariko hamwe nobaza abavyeyi, inyishu bompa ndayizi.”—Phillip.

ICIPFUZO co kugira umuntu ukunda na we akagukunda kirashobora kuba igikomeye cane, mbere n’igihe umuntu aba akiri umwana. Uwitwa Jenifer yigana ati: “Natanguye kwumva icipfuzo co kurondera uwo dukundana mfise imyaka 11.” Uwitwa Brittany na we avuga ati: “Kw’ishure, umengo nturi umuntu igihe udafise uwo mukundana, uko yoba ari kwose!”

Weho bite? Woba ugeze kurondera uwo mukundana? Kugira turonke inyishu y’ico kibazo, turakeneye kubanza kwishura ikindi kibazo gihambaye cane:

Ni ryari wovuga ko mukundanye n’umuntu?

Shira akamenyetso ku nyishu wotanga ku bibazo bikurikira:

Wama usohokana n’umuntu kanaka mudasangiye igitsina. Wovuga ko mukundanye?

□ Ego

□ Oya

Hari umuntu mudasangiye igitsina mwiyumvanamwo. Muguma mwandikiranira ubutumwa canke muvugana kuri telefone kenshi ku musi. Wovuga ko mukundanye?

□ Ego

□ Oya

Igihe cose muhuriye hamwe n’abagenzi, uca wiyegereza wa muntu nyene mudasangiye igitsina. Wovuga ko mukundanye?

□ Ego

□ Oya

Birashoboka rwose ko bitakugoye kwishura ikibazo ca mbere. Ariko ushobora kuba wabanje gufata akanya kugira wishure ica kabiri n’ica gatatu. None neza na neza ugukundana ni iki? Mu bisanzwe, gukundana n’umuntu ni ukuba mufitaniye imigenderanire y’ivy’urukundo kandi mukaba mwiyumvanamwo bimwe bidasanzwe. Rero, inyishu kuri ivyo bibazo bitatu vyose ni ego. Nimba ufise umugenzi mudasangiye igitsina wiyumvamwo na we akakwiyumvamwo kandi mukama muyaga kuri telefone canke amaso mu yandi, haba ku mugaragaro canke mw’ibanga, muba mukundanye. None woba witeguriye kwemera iryo banga? Kwihweza ibibazo bitatu bikurikira biragufasha kumenya ko witeguye.

Ufise intumbero iyihe?

Mu mico kama itari mike, kugenderanira n’uwo mudasangiye igitsina ni uburyo bwemewe bufasha abantu babiri kurushiriza kumenyana. Ariko rero bikwiye kuba bifise intumbero iteye iteka, ni ukuvuga gufasha umusore n’inkumi kumenya ko bashaka kwubakana koko.

Ego ni ko, bamwebamwe mu runganwe rwawe boshobora kudafatana uburemere ico kintu. Hari aho boba baryoherwa gusa no kuba bari kumwe n’umugenzi adasanzwe badasangiye igitsina, ata ntumbero namba yo kwubakana bafise. Hari n’aboshobora kubona mwene uwo mugenzi nk’igisharizo gusa co kuryako ifyeri mu bantu kugira babemere. Ariko rero akenshi, ubucuti mwene ubwo budafashe bumara umwanya urume rumara. Umwigeme yitwa Alice avuga ati: “Abakiri bato benshi baja mu vyo gukundana baca bahebana mu ndwi imwe canke zibiri. Babona ko ubucuti mwene ubwo ari ubw’akanya gato, ivyo akaba ari nk’aho bibategurira kwahukana aho kubategurira kwubaka urwabo.”

Mu vy’ukuri, igihe ukundanye n’umuntu, biragira ico bikoze ku nyiyumvo ziwe. Ni co gituma ukwiye kwiyemeza neza ko umukunda ufise intumbero iteye iteka. Zirikana gatoyi: Woba woshima ko umuntu akinisha inyiyumvo zawe nka kurya umwana akinisha agakinisho umwanya mutoyi, bidatevye agaca agaheba? Uwukiri muto yitwa Cynthia avuga ati: “Hari igihe niyumvira ko gukundana n’umuntu ari ukwikinira gusa, ariko ntikuba ari ukwikinira namba igihe umwe abifatana uburemere uwundi na we akabifata minenegwe.”

Ufise imyaka ingahe?

Wibaza ko umuntu akwiye gutangura kurondera uwo bakundana ku myaka ingahe? ․․․․․

Ubu na ho baza ico kibazo nyene umwe mu bavyeyi bawe canke bompi, maze wandike inyishu baguhaye. ․․․․․

Hari aho igitigiri ca mbere wanditse coba ari gitoyi ku ca kabiri, canke ugasanga si ko biri! Ushobora kuba uri umwe mu bakiri bato benshi b’inkerebutsi baba barabangiriye kurondera uwo bakundana gushika bamaze gukura bihagije ku buryo bimenya neza. Ivyo ni vyo uwitwa Danielle w’imyaka 17 yahisemwo gukora. Avuga ati: “Mu myaka ibiri iheze, ivyo nari kurondera mu wo twokwubakana vyari bitandukanye cane n’ivyo nomuronderamwo ubu. Mvugishije ukuri, n’ubu numva ntariyizigira ku buryo nofata iyo ngingo. Ninabona ivyiyumviro vyanje bimaze imyaka nk’ingahe bidahindagurika, nzoheza niyumvire ivyo kurondera uwo dukundana.”

Hariho iyindi mpamvu ituma kurindira biba ibiranga ubukerebutsi. Bibiliya ikoresha imvugo ngo “ishurika ry’ubuto” mu kudondora ikiringo inyiyumvo mu vy’igitsina no mu vy’urukundo zitangura kuba izikomeye. (1 Abakorinto 7:36) Kubandanya mufitaniye ubucuti bwa hafi n’umuntu kanaka mudasangiye igitsina kandi ukiri muri ico kiringo vyoshobora gutuma ivyipfuzo birurumba, bigatuma ugwa mu nyifato mbi. Ego ni ko, hari aho wosanga ivyo ata co bitwaye ku bo mu runganwe rwawe. Abenshi muri bo usanga bashashaye cane kuryamana n’abo badasangiye igitsina. Ariko rero, urashobora kurengera ivyiyumviro mwene ivyo! (Abaroma 12:2) Nkako, Bibiliya iguhimiriza ‘guhunga ubusambanyi.’ (1 Abakorinto 6:18) Urindiriye gushika urenganye ishurika ry’ubuto, urashobora ‘kwigiza ivyago kure’ yawe.—Umusiguzi 11:10.

Woba ugeze kwubaka urwawe?

Kugira tugufashe kwishura ico kibazo, niwisuzume utibesha. Rimbura ibintu bikurikira:

Imigenderanire. Ufata gute abavyeyi bawe be n’abo muvukana? Vyoba akenshi bikugora kubihanganira, kumbure ukarinda gukoresha amajambo akaze canke ababaza kugira userure iciyumviro? Uwobabaza bobivugako iki? Ukuntu ufata abo mu muryango birerekana ukuntu uzofata uwo muzokwubakana.—Soma Abanyefeso 4:31.

Inyifato. Woba uri umuntu yizigira canke yihebura ningoga? Woba ugira ibitegereka canke wama imisi yose usaba ushimitse ko ibintu bigenda nk’uko wewe ushaka? Woba ushobora kuguma utekanye igihe uri mu bintu bishusha umutwe? Woba uri umuntu yihangana? Gutsimbataza icamwa c’impwemu y’Imana bizogutegura kugira uzobe umunega canke umukenyezi abushitse.—Soma Abagalatiya 5:22, 23.

Amahera. Ukoresha gute amahera? Woba wama mu madeni? Woba ushobora kurambira mu kazi? Nimba utabishobora, bitumwa n’iki? Vyoba bitumwa n’ako kazi ubwako canke umukoresha wawe? Vyoba bitumwa n’ingeso kanaka ukeneye guhindura? Nimba bikugora gukoresha neza amahera yawe bwite, wumva uzoshobora gute gukoresha neza ay’umuryango?—Soma 1 Timoteyo 5:8.

Ibijanye n’ugusenga. Nimba uri Icabona ca Yehova, ubucuti ufitaniye n’Imana bumeze gute? Woba wibwiriza gusoma Ijambo ry’Imana, kuja kuvuga ubutumwa no kugira uruhara mu makoraniro ya gikirisu? Erega uwo muzokwubakana akeneye kubana n’umuntu akunda Imana cane.—Soma Umusiguzi 4:9, 10.

Ico ushobora gukora

Gushirwako umukazo ngo ukundane n’umuntu hataragera ni nko guhatwa ngo ukore ikibazo cerekeye icigwa ari ho ugitangura kuciga. Birumvikana ko ako koba ari akarenganyo! Urakeneye umwanya wo kwiga ico cigwa kugira ngo umenye ibintu ushobora kuzobazwa muri ico kibazo.

No gukundana n’umuntu ni ko bimeze. Nk’uko twamaze kubibona, si ikintu co gufyinisha. Ku bw’ivyo, imbere y’uko utangura gukundana n’umuntu kanaka, urakeneye gufata umwanya wo kwiga icigwa gihambaye cane co kugiranira ubugenzi n’abandi. Mu nyuma, niwaronka uwo muberanye, uzoba ushoboye kugiranira na we ubucuti buramba. Nakare umubano w’abubakanye mwiza uba ugizwe n’abantu babiri bakundana vy’ukuri.

Kuba uratenyenye ntibizokubuza umwidegemvyo. Ahubwo nyabuna bizotuma urushiriza kugira umwidegemvyo wo ‘kunezerwa mu buto bwawe.’ (Umusiguzi 11:9) Vyongeye, bizotuma uronka umwanya wo kwitegura mu kuryohora kamere zawe. Igihambaye kuruta, bizotuma ukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana.—Gucura intimba 3:27.

Mu kurindira, urashobora guhimbarwa no kwifatanya n’abo mudasangiye igitsina. None uburyo bwiza bwo kubigira ni ubuhe? Niwifatanye na bo muri mu migwi irimwo abahungu n’abakobwa kandi icungerewe neza. Umwigeme yitwa Tammy avuga ati: “Nibaza ko ari ho biryoshe kuruta. Ni vyiza kugira abagenzi benshi.” Monika ivyo aravyemera. Avuga ati: “Guhurira hamwe mu mugwi ni vyiza cane kubera ko bituma ubonana n’abantu bafise kamere zitandukanye.”

Ariko rero, niwatangura ivyo gukundana n’umuntu hataragera, uzoba uriko urikwegera kuvunika umutima. Ntiwihutagize rero. Nukoreshe iyo myaka urimwo mu kwiga kugiranira ubugenzi n’abandi no kubukomeza. Mu nyuma, niwashima kurondera uwo mukundana, uzoba uzi neza uko umeze be n’ico uzoba witeze kuri uwo muntu ushaka ko mubana ubuzima bwose.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 29 N’ICA 30

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba wumva woja mu vyo gukundana abavyeyi bawe batabizi? Ivyo birimwo imitego myinshi woshobora kuba utazi.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”—Imigani 14:15.

IMPANURO

Kugira witegurire kurondera uwo mukundana no kwubaka urwawe, soma 2 Petero 1:5-7 maze uhitemwo kamere imwe ukeneye kuryohora. Haciye ukwezi, nurabe ivyo umaze kumenya ku bijanye n’iyo kamere n’aho ugejeje mu kuyiryohora.

WARI UBIZI . . . ?

Ivyigwa vyinshi vyagizwe vyerekana ko abantu bubakana batarakwiza imyaka 20 bishoboka ko baba bahukanye mu myaka itanu.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira nitegurire kwubaka urwanje, nkwiye gutsimbataza kamere zikurikira: ․․․․․

Nzozitsimbataza mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni mu bihe bibereye ibihe ushobora kwifatanya n’abo mudasangiye igitsina?

Uwo muvukana ashaka kuja mu vyo gukundana ataragera womufasha gute kuzirikana?

Hamwe wokundana n’umuntu ata ntumbero yo kwubaka ufise, vyoshobora gute kugira ico bikoze ku nyiyumvo ziwe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 18]

“Niyumvira yuko ukwiye gukundana n’umuntu igihe umushima vy’ukuri ukaba kandi ubona ko mushobora kuzobana. Ico gihe uba ukunze umuntu, ntikuba ari ugufyina.”—Ambre

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Ugiye mu vyo gukundana ata mugambi ufise wo kwubaka, uba umeze nk’umwana akinisha agakinisho gashasha mu nyuma agaca agata