Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana—Wa mupfakazi w’umworo

Akarorero wokwigana—Wa mupfakazi w’umworo

Akarorero wokwigana—Wa mupfakazi w’umworo

Yezu ariko arihweza ingene abatunzi batiburira intererano mu gasandugu ko mu rusengero. Muri iryo sinzi, arabona umupfakazi umwe w’umukene atanze “uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane.” (Luka 21:2) Yezu arashima umutima wiwe wo gutanga cane. Uti kubera iki? Kubera yuko abandi batanze “ibivuye ku musesekara wabo, mugabo we, ku bukene bwiwe, [akaba] yatiburiyeyo ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose.”Mariko 12:44.

Woba ushira imbere ivyo uwo mupfakazi yashira imbere? Woba witeguriye gukoresha umwanya wawe n’amahera yawe mu gukorera Imana? Cokimwe n’uwo mupfakazi w’umworo, urashobora gutanga intererano zifasha kubungabunga ibibanza dusengeramwo. Urashobora kandi gukoresha umwanya wawe n’amahera yawe mu gufasha abandi kwiga ivyerekeye Yehova Imana. Yehova yarabonye yongera arakenguruka uduhera dukeyi uwo mupfakazi yatanze kugira ashigikire igikorwa ciwe. Na wewe Imana izogushima yongere igufashe nimba gukora ivyo igomba ari vyo ushira imbere y’ibindi vyose.Matayo 6:33.