Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana—Yozefu

Akarorero wokwigana—Yozefu

Akarorero wokwigana—Yozefu

Yozefu ntiyorohewe. Umugore wa shebuja amaze igihe amwinginga ngo baryamane. N’ubu arasubiriye! Ariko Yozefu ntarota amwemerera. Nkako, amwishura ashikamye ati: “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?” Uwo mugore ntagondozwa, ahubwo aca ashaka kumucakira, ariko Yozefu ntatinya guhunga. Aca yiruka akava muri iyo nzu! Yozefu arerekana ko ari umusore yigenza runtu.Itanguriro 39:7-12.

Na wewe vyoshobora gushika umuntu akakwosha ngo ugire nk’uko inambu y’umubiri wawe igize. Kuba ufise umwiyemezo vyonyene ntibihagije. Bisaba ko uba ufise icipfuzo co guhimbara Umuremyi wawe Yehova Imana. Mu bisanzwe, Yozefu vyarashika akagira inambu y’umubiri nk’uko na wewe bigushikira. Ariko rero, ntiyarota ahaza iyo nambu y’umubiri mu buryo bwobabaje Umuremyi wiwe. Na wewe nyene urakwiye kumenya udakeka ko ubuhumbu bubabaza Imana be n’uko amaherezo butuma umuntu agira intuntu mu mutima. Niwihatire rero gutsimbataza no kugumana inyifato runtu nka Yozefu.