Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokoresha neza gute amahera yanje?

Nokoresha neza gute amahera yanje?

IKIGABANE CA 19

Nokoresha neza gute amahera yanje?

Ni kangahe bishika ukumva ko ata mahera ahagije ufise?

□ Nta na rimwe

□ Rimwe na rimwe

□ Kenshi

Ni kangahe bishika ukagura ibintu birengeye uburyo ufise?

□ Nta na rimwe

□ Rimwe na rimwe

□ Kenshi

Ni kangahe bishika ukagura ikintu utari ukeneye, kubera gusa bagabanije ibiciro?

□ Nta na rimwe

□ Rimwe na rimwe

□ Kenshi

WOBA wumva umengo ntiwigera ugira amahera ahagije? Icoguha ayandi mahera, woca wigurira telefone iraho ukunda cane. Iyo uba wari ufise agashahara kisununuye, woguze birya birato wibaza ko ukeneye. Canke na ho, hari aho wosanga ufise ingorane nk’iya Joan, uwugira ati: “Rimwe na rimwe abagenzi barantumira ngo tujane kuryoherwa mu bintu bizimvye. Ndipfuza kwisamaza ndi kumwe n’abagenzi. Ntibiryoshe kuvuga ngo: ‘Murantunga, nta buryo mfise.’”

Aho kuririra amahera udafise, ubona gute wize gukoresha neza ayo ufise? Woshobora kurindira ukazovyiga umaze kuva i muhira. Ariko zirikana gatoyi: Woba wosimbira mu ruzi utabanje kwiga kwoga? Ego ni ko, umuntu yoshobora kwirwanako igihe umukuba uriko uramutwara. Ariko none, ubwo ntivyorushiriza kuba vyiza yize kwoga imbere y’uko asimbira muri urwo ruzi?

Muri ubwo buryo nyene, umwanya mwiza wo kwiga gukoresha neza amahera ni igihe ukiri i muhira, utaratangura kwibako muri ubu buzima bugoye. Umwami Salomo yanditse ati: “Amahera a[ra]kingira umuntu.” (Umusiguzi 7:12) Ariko rero amahera azogukingira gusa niwiga kuyakoresha neza. Ivyo bizotuma urushiriza kurema, abavyeyi bawe na bo barushirize kukwubaha.

Numenye ivyankenerwa

Woba urigera usaba abavyeyi bawe ngo bagusigurire ibikenerwa kugira batunge umuryango? Nk’akarorero, woba uzi amahera bariha amatara n’amazi buri kwezi, ayo bagura ibifungurwa canke bariha inzu? Wibuke ko na wewe uri mu bo barihira. Ariko niwamara kuva i muhira, ni wewe uzokwirihira. Urakwiye rero kumenya ingene amahera uzosohora azoba angana. Nusabe abavyeyi bawe bakubwire ingene amahera bakoresha angana, maze utege yompi igihe bagusigurira ukuntu bayakoresha.

Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye, kandi umuntu afise ugutegera ni we aronka ubuyobozi bw’ubuhanga.” (Imigani 1:5) Uwitwa Anna yarasavye abavyeyi biwe impanuro ngirakimazi. Avuga ati: “Dawe yaranyigishije ingene nogira urutonde rw’ukuntu nkoresha amahera, arongera aranyereka ingene bihambaye kuba umunyarutonde mu bijanye no gukoresha amahera y’umuryango.”

Nyina wiwe na we yaramwigishije ibindi vyigwa ngirakamaro. Anna avuga ati: “Yaranyeretse akamaro ko kugereranya ibiciro imbere yo kugura ikintu.” Yongerako ati: “Mawe yarashobora gukora ibintu vyinshi afise uduhera dukeyi.” None Anna yavyungukiyeko gute? Agira ati: “Ubu ndashobora kwitwararika ukuntu nkoresha amahera yanje. Kubera yuko ncungera neza ivyo ngura, ndafise umwidegemvyo n’amahoro yo mu muzirikanyi biva ku kuba nirinda amadeni adakenewe.”

Numenye ingorane zishobora gushika

Tuvugishije ukuri, gukoresha neza amahera biroroshe kuvuga ariko ntivyoroshe gukora, na canecane igihe ukiba i muhira kandi ukaba ufise akazi. Uti kubera iki? Kubera yuko abavyeyi bawe ari bo baba bariha amahera nka yose mukoresha. Ivyo bituma ushobora gukoresha igice kinini c’amahera yawe uko wishakiye, kandi birashobora kukuryohera.

Ariko rero, ingorane irashobora kuvyuka igihe abo mu runganwe rwawe bakwoheje ngo usesagure. Uwitwa Ellena w’imyaka 21 avuga ati: “Abagenzi banje basigaye babona ko kugura ibintu ari uburyo nyamukuru bwo kwiryohera. Igihe dusohokanye, umengo dutegerezwa gusohora amahera kugira turyoherwe.”

Ni ibisanzwe kwumva ushaka kumera nk’abagenzi bawe. Ariko niwibaze uti: ‘Igihe ndi kumwe n’abagenzi, noba nsohora amahera kubera ndayafise canke kubera biteze ko ndabigira?’ Hari abantu benshi basohora amahera kugira abagenzi babo babemere. Bagerageza gutangaza abandi biciye ku vyo batunze aho kubatangaza biciye kuri kamere nziza bafise. Ivyo birashobora kuguteza ingorane zikomeye mu vy’ubutunzi, canecane nimba ugura ibintu ubanje gusaba ideni. None ivyo wovyirinda gute?

Niwige kuyakoresha neza

Aho gusesagura umushahara wawe wose ku musi umwe gusa, ubona gute ugerageje kwigana Ellena? Avuga ati: “Igihe dusohokanye n’abagenzi, ndategekanya ibintu ngaharura amahera ntashobora kurenza. Kubera ko umushahara wanje baca bawushira kuri konte yo muri banki, nza ndatora gusa ayo mba nkeneye. Nasanze kandi ari vyiza kuja kugura ibintu ndi kumwe n’abagenzi badasesagura kandi bandemesha kubanza kugereranya ibiciro aho kugura ikintu ca mbere nkubise ijisho.”

Ng’izi izindi nama woshobora kwisunga nimba ubwirizwa kugurana amahera.

● Nugume wandika ayo uguranye wongere wiyemeze neza ko ahuye n’ayo uwo wayaguranye yanditse.

● Ukimara kuronka amahera, nuce uriha amadeni ufise, bishobotse uyarihe yose.

● Niwirinde gupfa uko ufashe amadeni no gupfa uwo uguranye.

● Niwirinde gufata amadeni uzorihana inyungu. Amadeni nk’ayo yoshobora gutuma uja mu mukazo.

● Ntiwigere wemera ngo hagire uwufata ideni kw’izina ryawe, naho yoba ari umugenzi.

Ariko none uronse amahera yiyongereye, ubwo ingorane zose ufise mu vyo kuyakoresha ntizoba ziheze? Si ko biri! Tubitangire akarorero: Nka hamwe vyoba biriko birakugora gutwara umuduga canke ukaba ufise akamenyero ko kuwutwara usinziriye, ubwo kuwongeramwo igitoro vyoca bituma ushika amahoro iyo uriko uraja? Muri ubwo buryo nyene, utize gukoresha neza amahera, kuronka amahera yiyongereye nta co bizogufasha.

Hari aho woba ubona ko usanzwe ukoresha neza amahera. Ariko niwibaze uti: ‘Mu kwezi guheze nakoresheje amahera angana iki? Nayakoresheje mu biki?’ Nimba ata vyo uzi neza, raba intambwe wotera kugira ukoreshe neza amahera yawe.

1. Nugire aho wandika. N’imiburiburi mu kiringo c’ukwezi kumwe, niwandike amahera uza uraronka be n’itariki uyaronkeyeko. Niwandike ikintu cose uguze be n’amahera ukiguze. Ukwezi guheze, nuteranye amahera yose waronse hanyuma uteranye ayo wasohoye.

2. Tegekanya uko uzoyakoresha. Raba  igicapo kiri ku rupapuro rwa 163. Mu nkingi ya mbere, niwandike amahera witeze kuronka ku kwezi. Mu nkingi ya kabiri, niwandike ingene utegekanya kuyakoresha; niwisunge ivyo wanditse mu ntambwe ya 1. Uko imisi irengana, nuze urandika mu nkingi ya gatatu amahera uza urakoresha ku kintu cose wategekanije. Niwandike n’amahera yose wakoresheje ku bintu bitari bitegekanijwe.

3. Nuhindure ingendo. Nimba hariho ibintu ukoreshamwo amahera menshi kuruta ayo wari wategekanije bigatuma winjira mu madeni, nuhindure ingendo. Nurihe amadeni ufise. Nukoreshe neza amahera.

Amahera arashobora kuba ngirakamaro iyo akoreshejwe neza. Nkako, mu mico kama nka yose, kurondera amahera no kuyakoresha usanga ari ikintu gihambaye mu buzima. Ariko nugerageze kuguma uyabona mu buryo bubereye. Umusore yitwa Matthew avuga ati: “Amahera arakenewe, ariko si yo ahambaye kuruta ibindi vyose. Ntakwiye kwigera aja imbere y’umuryango wacu canke Yehova.”

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Umuryango wanyu woba ukenye? Nimba ari ko biri, wovyifatamwo neza gute?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Amahera a[ra]kingira umuntu; mugabo akarusho k’ubumenyi ni uko ubukerebutsi buzigamira ubuzima benebwo.”​—Umusiguzi 7:12.

IMPANURO

Imbere yo kuja kugura ibintu, nugire urutonde rw’ivyo ukeneye kugura. Nutware amahera ukeneye gusa, hanyuma ugure ivyo washize ku rutonde vyonyene.

WARI UBIZI . . . ?

Dufate ko watse umuntu ideni rya 100.000 mukumvikana ko uzomwungukira 15.000 ukwezi guheze, utevye kuyamuha ukaza uramuriha inyungu yiwe buri kwezi. Uyamuhaye haciye amezi umunani, uzosanga wamurishe 220.000, ni ukuvuga 100.000 vy’ingurane kwongerako 120.000 vy’inyungu.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nzokoresha neza amahera yanje mu kugira ibi: ․․․․․

Imbere yo kurya ideni, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Kubera iki ukwiye kwiga gukoresha neza amahera ukiri i muhira?

Kubera iki vyoshobora kutakworohera gukoresha neza amahera yawe?

Amahera yawe woyafashisha abandi gute?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 126]

“Iyo ntegekanije ingene nkoresha amahera, nca ndushiriza kuronka ayo nziganya. Bituma ntagura ibintu ntakeneye.”​—Leah

[Uruzitiro ku rup. 158]

Uyakoresha gute?

Amahera yawe uyakoresha mu biki? Nimba wama uyakoresha mu gufasha abandi, vyerekana ko ubitwararika bimwe bivuye ku mutima, atari ku karimi gusa. (Yakobo 2:14-17) Igihe wama utanga intererano zo gushigikira ugusenga kw’ukuri, uba “[uteye] iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro.” (Imigani 3:9) Ariko nimba wama uyakoresha mu vyawe gusa, wumva none vyerekana iki?

[Igicapo/​Amafoto ku rup. 163]

 Ivyiyumviro wokwifashisha

Ingene nkoresha amahera buri kwezi

Imura ibi!

Ayinjira

AYO ABAVYEYI BAMPA

AKAZI

AYANDI

Yose hamwe

F․․․․․

Ayo ntegekanya gukoresha

IBIFUNGUNRWA

․․․․․

IVYAMBARWA

․․․․․

TELEFONE

․․․․․

UKWISAMAZA

․․․․․

INTERERANO

․․․․․

KUZIGANYA

IBINDI

․․․․․

Yose hamwe

F․․․․․

Ayo nakoresheje

IBIFUNGUNRWA

․․․․․

IVYAMBARWA

․․․․․

TELEFONE

․․․․․

UKWISAMAZA

․․․․․

INTERERANO

․․․․․

KUZIGANYA

IBINDI

․․․․․

Yose hamwe

F․․․․․

[Ifoto ku rup. 160]

Gusesagura amahera ni nko gutwara umuduga uhumirije