Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amahinduka aba ku mubiri

Amahinduka aba ku mubiri

IGIHIMBA CA 2

Amahinduka aba ku mubiri

Woba udashima ukuntu umubiri wawe ugenda urahinduka?

□ Ego □ Oya

Amahinduka aba mu buyabaga yoba atuma wumva irungu, uzazanirwa canke ugira ubwoba?

□ Ego □ Oya

Woba uguma wiyumvira ibijanye n’abo mudasangiye igitsina?

□ Ego □ Oya

Nimba washize akamenyetso ahavuga ngo “ego” mu kwishura ikibazo ico ari co cose muri ivyo biri aho haruguru, ntugire ubwoba. Ntibisobanura ko ufise ingorane! Ico womenya co ni uko amahinduka agushikira mu buyabaga, haba ku mubiri canke mu bijanye n’inyiyumvo, ashobora gutuma ugira akamwemwe ariko kandi agatuma uzazanirwa canke ukagira izindi nyiyumvo zitandukanye. Nta gukeka ko wamye wipfuza kuba umuntu akuze. Ubu rero uratanguye gukura, ariko ivyo birashobora kugutera ubwoba! Ikigabane ca 6-8 biragufasha kumenya ingene wovyifatamwo mu mahinduka aba ku mubiri wawe.

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose ku rupapuro 56, 57]