Ni ibiki biriko birashikira umubiri wanje?
IKIGABANE CA 6
Ni ibiki biriko birashikira umubiri wanje?
“Naravumbutse mu gukura. Vyarambabaza cane. Naho kuba muremure vyampimbara, vyaratuma imbwa zimfata mu maguru no mu birenge. Naravyanka cane!”—Paul.
“Uba uzi ko umubiri wawe uriko urahinduka, ukibaza ngo nta n’umwe abibona. Mugabo ukaza wumva umuntu ata mutima mubi abigiranye akubwiye ngo ‘wasonze amabere.’ Emwe, uca wumva umengo wonyika!”—Chanelle.
VYOBA vyarashitse mwe n’umuryango wawe mukimukira ahandi hantu? Iryo hinduka ritegerezwa kuba ritari ryoroshe. Nkako, wari uhevye ibintu vyose wari umenyereye, nk’inzu mwabamwo, ishure wigako be n’abagenzi bawe. Bishobora kuba vyarafashe igihe kugira umenyere aho mwari mwimukiye.
Igihe winjiye mu buyabaga, ico kikaba ari igihe co kuba umuntu akuze ku mubiri, uba utanguye ikiringo c’amahinduka akomeye mu buzima. Ni nk’aho uba wimutse ukaja kuba
ahandi hantu. Nta gukeka ko ico ari ikintu gihimbaye. Ariko rero, guhinduka ukaba umuntu akuze birashobora gutuma ugira umunezero uvanze n’akoba, kandi vyoshobora kutakworohera kumenyera. None ni ibiki bishika muri ico kiringo c’ubuzima kirimwo umunezero n’ukuzazanirwa?Ibishikira abakobwa
Ubuyabaga ni ikiringo c’amahinduka akomeye. Amwamwe muri yo usanga yibonekeza. Nk’akarorero, inkabuzo ziratuma utangura kumera ubwoya bwo ku gihimba c’irondoka. Vyongeye, uratangura gusonga amabere, ukavyibuha ikiyunguyungu, amatako be n’ibisusu. Buhorobuhoro, umubiri wawe ugenda urahinduka ntube ukiboneka nk’umwana, ugasigara uboneka nk’umukenyezi. Nta na kimwe gikwiye kugutera ubwoba muri ivyo kuko ari ibisanzwe. Ni ivyerekana ko umubiri wawe uriko uritegurira igihe co kuba umuntu ashoboye kwibaruka!
Haciye igihe gitoyi winjiye mu buyabaga, uzotangura kuja mu butinyanka. Ico kintu gihambaye mu buzima bwawe coshobora kugutera ubwoba igihe utaciteguriye neza. Uwitwa Samanta yigana ati: “Igihe natangura kuja mu kwezi, nabaye nk’uwutewe atiteguye. Numvise umengo ndahumanye. Naraja mu bwogero nkinyukura, nkibwira nti: ‘Ndashisha.’ Nibutse ko ngiye kumara imyaka n’iyindi nza ndaja mu butinyanka buri kwezi vyarantera ubwoba!”
Ariko rero wibuke ko kuja mu butinyanka ari ikimenyamenya c’uko ubushobozi bwawe bwo kurondoka buriko
burakomera. Naho haba hagisigaye imyaka ngo ube inabibondo, uba uriko uregereza kuba umukenyezi. Mugabo rero, igihe utanguye kuja mu butinyanka birashobora kuguhagarika umutima. Uwitwa Kelli avuga ati: “Ikintu canecane cangora kwihanganira ni ukuntu inyiyumvo zanje zaguma zihindagurika. Vyaramvuruga umutwe cane kubona ntatahura igituma nashobora kwirirwa nezerewe cane ariko bugorovye ngasanga ndiko niyuha iryosozi.”Nimba ari ukwo nawe umerewe, niwihangane. Uzoteba umenyere. Uwitwa Annette w’imyaka 20 avuga ati: “Ndibuka igihe nateba ngatahura ko ivyo ari vyo vyotumye mba umukenyezi be n’uko Yehova yampaye ingabirano yo kwibaruka. Kubitahura bisaba umwanya, kandi abigeme bamwebamwe ntibiborohera na gato, ariko umuntu arateba akabimenyera.”
Woba umaze gutangura gushikirwa n’amwamwe muri ayo mahinduka duhejeje kuvuga? Andika kuri iyi mirongo ibibazo ivyo ari vyo vyose woba ufise ku bijanye n’amahinduka ariko aragushikira.
․․․․․
Ibishikira abahungu
Nimba uri umuhungu, igihe c’ubuyabaga kiragira ikintu kinini gihinduye ku kuntu uboneka. Nk’akarorero, urukoba rwawe rurashobora kuza rurazamwo ibintu umengo ni amavuta, bigatuma ugira amahere. * Uwitwa Matt w’imyaka 18 avuga ati: “Biratera ishavu kandi biratesha umutwe igihe umuntu yuzuyeko mwene ayo mahere. Kuyarwanya ni urugamba rutoroshe. Ntuba uzi ko azoteba agahera, ko azosiga inkovu canke ko abantu bazoca bagucishamwo ijisho kubera yo.”
Ku rundi ruhande, woshobora kuvyibuha no kurushiriza gukomera, ibitugu vyawe na vyo bigatangura kwaguka. Mu gihe c’ubuyabaga, woshobora kandi kumera ubwoya ku maguru, ku gikiriza no mu kwaha, ukamera n’ubwanwa. Ariko ntiwumve, kugira ubwoya bwinshi si vyo vyerekana ko uri umugabo; bivana n’umuryango ukomokamwo.
Kubera yuko ibihimba vy’umubiri wawe bidakura ku rugero rumwe, woshobora kwumva umengo uri ikigonde. Uwitwa David avuga ati: “Nari nsigaye nikwega busiba. Wamengo bitwara indwi yose kugira ibihimba vy’umubiri wanje bikore ico ubwonko butegetse!”
Igihe ucagatije ikiringo c’ubuyabaga, ijwi ryawe rirahinduka, ariko ivyo biba intambwe ku yindi. Urashobora kumara igihe ufise ijwi ry’umuntu akuze mugabo riza rirahinduka rikamera nk’akajwi k’abana, ivyo bikaba bishobora kugutera isoni. Ariko rero, ntuhagarike umutima. Ijwi ryawe rizoteba rije ku rugero rumwe. Mu kurindira, niwiga kuza uritwenga igihe ivyo bigushikiye, bizotuma utagira ubuyega bwinshi.
Uko ibihimba vyawe vy’irondoka bigenda birakomera, bizotangura kwisununura, utangure no kumera ubwoya hirya no hino yavyo. Bica binatangura guhingura intanga. Izo ntanga ziba zirimwo imbuto amamiliyoni udashobora kubonesha amaso, zino zikaba zisohoka mu gihe c’ukurangura amabanga y’abubatse. Urubuto rw’umugabo rurashobora kunywana n’urubuto rw’umugore maze hakavamwo umwana.
Umubiri wawe uguma uhingura intanga. Hari izikamanganira mu mubiri, ariko hari n’izindi zisohoka mw’ijoro igihe bishitse ukarota nabi. Ivyo ni ibisanzwe. Na Bibiliya iravuga ikintu nk’ico. (Abalewi 15:16, 17) Vyerekana ko ibihimba vyawe vy’irondoka bikora neza be n’uko uriko uraba umugabo.
Woba umaze gutangura gushikirwa n’amwamwe muri ayo mahinduka duhejeje kuvuga? Andika kuri iyi mirongo ibibazo ivyo ari vyo vyose woba ufise ku bijanye n’amahinduka ariko aragushikira.
․․․․․
Inyiyumvo nshasha
Uko ibihimba vy’irondoka bigenda birakomera, abahungu n’abakobwa baca batangura kwiyumvamwo cane abo badasangiye igitsina. Matt avuga ati: “Igihe nashika mu buyabaga, naciye ntangura kubona ko hari abakobwa benshi bezabeza. Ivyo vyarambabaza cane, kuko natahura kandi ko ntashobora gukundana n’umukobwa ntaragera mu bigero.” Mu kigabane ca 29 tuzokwihweza twitonze uwo muce werekana ko umuntu ariko arakura. Ariko rero, ukwiye kuba uramenya ko bihambaye yuko wiga gucungera inambu y’umubiri. (Abakolosayi 3:5) Naho vyoshobora gusa n’ibigoye, urashobora kuyicungera!
Hariho izindi nyiyumvo woshobora kubwirizwa guhangana na zo mu kiringo c’ubuyabaga. Nk’akarorero, usanga vyoroshe kwumva wisuzuguye. Kwumva irungu ni ikintu gikunda gushikira abakiri bato, kandi kaza karacamwo bakumva akabonge gakomeye. Muri mwene ivyo bihe, ni vyiza kubiyagira umuvyeyi canke uwundi muntu akuze wizigira. Niwandike izina ry’umuntu akuze wewe woshobora kuyagira ukuntu wiyumva.
․․․․․
Ikura rihambaye kuruta ayandi yose
Ikura rihambaye kuruta ayandi yose ntirijanye n’igihagararo ufise, imero ufise canke ukuntu usa mu maso, ahubwo rijanye n’ingene ukura mu bwenge, mu bijanye n’inyiyumvo, na canecane mu bijanye n’ubucuti ufitaniye n’Imana. Intumwa Paulo yavuze ati: “Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkazirikana nk’uruyoya; mugabo ubu ko 1 Abakorinto 13:11) Icigwa kiratomoye. Kuboneka nk’umuntu akuze vyonyene ntibihagije. Utegerezwa kwiga gukora, kuvuga no kwiyumvira nk’umuntu akuze. Ntiwitwararike cane amahinduka ariko araba ku mubiri wawe ku buryo wibagira kwitwararika kamere zawe!
nabaye umugabo, narakuyeho uturanga tw’uruyoya.” (Uribuka kandi ko Imana “[i]bona ico umutima uri.” (1 Samweli 16:7) Bibiliya ivuga ko Umwami Sauli yari muremure be n’uko yari mwiza, ariko ntiyabaye umwami mwiza canke umuntu ameze neza. (1 Samweli 9:2) Zakayo we yari “mugufi,” ariko yarashoboye guhindura ubuzima bwiwe aracika umwigishwa wa Yezu. (Luka 19:2-10) Biratomoye ko ico umuntu ari imbere ari co gihambaye kuruta ibindi vyose.
Ico womenya co, ntushobora kwihutisha canke gutevya ikura ryawe ryo ku mubiri. Ku bw’ivyo, aho kwakira nabi amahinduka ariko aragushikira canke ngo agutere ubwoba, nuyakire neza, mbere uze urajajura ku bijanye na yo. Ubuyabaga si indwara, kandi nturi uwa mbere abuciyemwo. Humura rero nta co uzoba. Igihuhusi c’ubuyabaga nicamara kurengana, uzoba umaze kuba umuntu akuze!
Iyo wiravye mu cirore, woba udashima ukuntu umeze? Wokora iki kugira ngo ugire uburimbane ku bijanye n’ukuntu uboneka?
[Akajambo k’epfo]
^ ing. 15 N’abakobwa ivyo birabashikira. Akenshi iyo ngorane irashobora gutorerwa umuti mu kwitwararika neza urukoba rwawe.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba.”—Zaburi 139:14.
IMPANURO
Igihe umubiri wawe utanguye guhinduka, niwirinde kwambara impuzu zivyurira abandi inambu y’umubiri. Niwame wambara iziranga ‘urupfasoni n’ukurorana kw’umuzirikanyi.’—1 Timoteyo 2:9.
WARI UBIZI . . . ?
Amahinduka yo ku mubiri arashobora gutangura umwana agifise imyaka 8 canke ageze mu myaka 14 kibure inarenga. Uko bigenda kwose biba ari ibisanzwe.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Uko ngenda ndakura, kamere nkeneye gutsimbataza canecane ni ․․․․․
Kugira ntere imbere mu vy’impwemu, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kubera iki amahinduka aba ku mubiri no mu vy’inyiyumvo mu gihe c’ubuyabaga usanga atoroshe kwihanganira?
● Ni igiki ubona ko kigoye kwihanganira kuruta ibindi vyose muri ico kiringo?
● Ni kubera iki urukundo ukunda Imana ruhakwa kugabanuka mu gihe c’ubuyabaga, ariko ivyo wovyirinda gute?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 61]
“Ikiringo c’ubuyabaga kirimwo ibintu vyinshi bihagarika umutima. Ntiwigera umenya amahinduka buca ashikira umubiri wawe. Ariko uko ugenda urakura, uriga kwemera ayo mahinduka mbere ukanayashima.”—Annette
[Uruzitiro ku rup. 63, 64]
Noganira gute na papa canke mama ibijanye n’igitsina?
“Hamwe noba mfise ikibazo ku bijanye n’igitsina, sinoruha ndakibaza abavyeyi banje.”—Beth.
“Sinokwubahuka no kubicisha mu kanwa.”—Dennis.
Nimba umeze nka Beth canke Dennis, ntiworohewe. Uripfuza kumenya ibijanye n’igitsina, ariko ugasanga abokuronsa inyishu ni bo kumbure utinya guturukira, ni ukuvuga abavyeyi bawe! Hari ibintu vyinshi utinya:
Bazonyiyumvira gute?
“Sinshaka ko banyikeka kubera ndababajije ibibazo.”—Jessica.
“Bashaka ko uguma uri umwana ata co azi. Iyo rero utanguye kubabwira ibijanye n’igitsina, baca batangura kukugirako amakenga.”—Beth.
Bazovyakira gute?
“Ndatinya ko abavyeyi banje boca bishiramwo ibindi vyiyumviro ntaraheza no kuvuga, bagaca batangura kunsomera.”—Gloria.
“Abavyeyi banje ntibazi guhisha ukuntu biyumva. Ndatinya rero yuko boca banyereka ko bibababaje. Nka papa wewe, ntaraheza no kuvuga yoba ariko arategura ukuntu aza kunsomera.”—Pam.
Boba bazontahura nabi?
“Boshobora gutwarwa n’ishavu, bagatangura kukubaza nk’akarorero ngo ‘Hoba hari uwakwoheje ngo mushurashure?’ canke ngo ‘Abo mu runganwe rwawe boba bariko bagushirako umukazo?’ Ariko wewe kumbure wishakira gusa kumenya utuntu n’utundi.”—Lisa.
“Igihe cose mvuze ibijanye n’umuhungu, papa aca ahinduka mu maso, agaca atangura kumbwira ibintu vyinshi bijanye n’igitsina. Nanje mu mutima nti: ‘Erega papa nari mvuze gusa ko ari mwiza. Nta vyo kwubakana canke kuryamana navuze!’”—Stacey.
Washaka, abavyeyi bawe boshobora kuba batoroherwa no kukuyagira ibijanye n’igitsina nk’uko na wewe bitakworohera! Ivyo ni vyo kumbure bisigura ivyavuye mw’itohoza rimwe aho ibice 65 kw’ijana vy’abavyeyi ari bo bavuze ko bayaze n’abana babo ibijanye n’igitsina, ariko ibice 41 gusa vy’abo bana akaba ari bo bashoboye kwibuka yuko bagiraniye ico kiyago n’abavyeyi babo.
Abavyeyi bawe boshobora gutinya kuvuga ibijanye n’ibitsina. Benshi muri bo usanga ari kubera gusa abavyeyi babo batigeze babibayagira! Ico vyoba bivako cose, nugerageze gutahura abavyeyi bawe. Kumbure uriye umutima amenyo woshobora gutanguza ico kiyago bikabagirira akamaro mwese. None wobigenza gute?
Ingene wotangura
Abavyeyi bawe bafise amakuru menshi n’impanuro nyinshi ku bijanye n’ico kibazo. Ico ukeneye gusa ni ukumenya ukuntu wotanguza ikiyago. Gerageza uburyo bukurikira:
1 Shira ahabona ubwoba ufise. “Ndatinya kuvuga ibijanye n’iki kintu kuko mwohava mwiyumvira ko . . .”
2 Nuce ubwira umuvyeyi wawe igituma wamwituye. “Ariko ndafise ikibazo, kandi noshima ko ari wewe wokinyishura.”
3 Ubu rero nuduge kw’ijambo. “Ikibazo mfise ni iki: . . .”
4 Muhejeje kuyaga, uribuka gusiga uciriye inzira ikiyago co mu nyuma. “Hamwe nogira ikindi kibazo, vyoba vyoshoboka ko dusubira kukiyaga?”
Naho woba uzi ko uwo muvyeyi wawe atazokwankira, kuvyumva bimwiviriye mu kanwa bizotuma inzira iguma yuguruye vyongere bitume utitinya kuyaga na we ikindi gihe uzoba ubikeneye. Gerageza rero ubwo buryo! Urashobora gusanga uhuje iciyumviro n’uwitwa Trina, ubu akaba afise imyaka 24. Avuga ati: “Igihe twariko turayaga na mama, ndibuka ko nibwiye nti: ‘Ese iyo dupfuma tureka kubiganira!’ Ariko ubu ndanezerewe kubona mama yaranyagiye atampisha. Ntiworaba ingene vyankingiye!”
[Ifoto ku rup. 59]
Kuva mu bwana ni nko kwimuka. Urateba ukamenyera