Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nkwiye kumenya iki ku bugenzi bwo kw’ishure?

Nkwiye kumenya iki ku bugenzi bwo kw’ishure?

Ikigabane ca 17

Nkwiye kumenya iki ku bugenzi bwo kw’ishure?

“Rimwe na rimwe narabona umugwi w’abana nkaca nibwira nti: ‘Ehe yemwe ingene bakundana! Ese iconshira muri bo!’”—Joe.

“Kw’ishure ntivyangora kuronka abagenzi. Vyaranyorohera cane kandi iyo ni yo ngorane nari mfise.”—Maria.

TWESE turakeneye abagenzi, abantu dushobora gusangira amahirwe n’amagorwa. Yezu yari afise abagenzi kandi yarakunda kwifatanya na bo. (Yohani 15:15) Igihe rero yagira acikanire ku giti co kubabarizwako, umugenzi wiwe somambike Yohani, “wa mwigishwa yakunda,” ni ho yari ari. (Yohani 19:25-27; 21:20) Urakeneye abagenzi bameze gutyo, abagenzi badaca baguta ugeze mu ngorane!

Hari aho woba wumva ko umaze kuronka abagenzi mwene abo kw’ishure, nk’umunyeshure umwe canke babiri muhuza, mukunda bimwe kandi mwama mutera inkuru. Ushobora kubona utobaharura mu bitwa abagenzi “babi.” (1 Abakorinto 15:33) Uwitwa Anne avuga ati: “Mwama mubonana hafi imisi yose. Uri kumwe na bo rero wumva wisanze. Si cokimwe n’igihe uba uri kumwe n’abo musenga hamwe, aho ubwirizwa kuguma wiyubara ku kuntu wifata. Kw’ishure hoho urashobora kwisanzura.” Vyongeye, woshobora kuba ubona ibintu nk’uko Lois yabibona, akaba agira ati: “Nashaka kwereka abagenzi bo kw’ishure ko Ivyabona vya Yehova tudatandukanye n’abandi nk’uko benshi bavyiyumvira.” None izo zoba ari mvo zumvikana zotuma abo mwigana ubagira abagenzi somambike?

Kubera iki ukwiye kwiyubara?

Rimbura ivyashikiye umwe Maria twavuga mu ntango. Kuba yari umuntu ashikirana cane vyatuma bimworohera kuronka abagenzi, ariko vyaramugora kwishingira akarimbi. Yiyemerera ati: “Narakunda ko abandi banshima, baba abakobwa canke abahungu. Ivyo vyatumye nsanga ndiko ndacokera mu rushanga rw’iyi si.” Lois na we nyene yarashikiwe n’ikintu nk’ico. Avuga ati: “Ingeso z’abandi bana zaratanguye kunyandukira. Nahavuye ntangura kwigenza nka bo.”

Ivyo ntibitangaje. Nakare, kugira ugume uri umugenzi somambike w’umuntu, ubwirizwa gukunda ivyo akunda kandi ukagendera ingingo yisunga. Niwagiranira ubugenzi bukomeye n’abantu batisunga ivyo wemera be n’ingingo ngenderwako wisunga zishingiye ku Vyanditswe, ntibazobura kukugirako akosho kabi. (Imigani 13:20) Birabereye kubona intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye.”—2 Ab’i Korinto 6:14, BY.

Ico wokora

Iyo mpanuro ya Paulo yoba ishaka kuvuga ko ukwiye guhunga abo mwigana ukaba umuntu atiyegereza abandi? Oya namba! Kugira ngo abakirisu bashitse ibanga ryabo ryo “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa,” barakeneye kumenya ukuntu boyaga bahuza n’abantu bo mu moko yose, mu madini yose no mu mico kama itandukanye.—Matayo 28:19.

Intumwa Paulo yaradusigiye akarorero keza muri ivyo. Yari azi kuyaga n’“abantu b’uburyo bwose,” naho bataba bemera bimwe. (1 Abakorinto 9:22, 23) Urashobora kumwigana. Niwereke umutima mwiza abo mu runganwe rwawe. Niwige kuyaga neza na bo. Ariko rero, nunanire agatima ko kwigana imvugo yabo n’ingeso zabo. Ahubwo riho, nubasigurire mu rupfasoni igituma uhitamwo kubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kandi ubigire vuba bishoboka.—2 Timoteyo 2:25.

Ego ni ko, bizotuma uboneka ko utandukanye n’abandi, kandi ico si ikintu coroshe. (Yohani 15:19) Ariko, ubona gute ufashe ibintu muri ubu buryo: Nka hamwe woba uri mu bwato ukikujwe n’abantu baguye mu mazi, mbega wobatabara gute? Woba wobatabara mu guheba nya bwato ukiterera mu mazi ngo ubasangeyo? Oya nawe nu!

No kw’ishure nyene ukikujwe n’abantu badakingiwe na Yehova kubera yuko atari abagenzi biwe. (Zaburi 121:2-8) Hamwe woheba ingingo ngenderwako za Yehova kugira gusa wiyegereze abo mwigana, woba ushize mu kaga ubucuti ufitaniye n’Imana kandi vyokunyaga agahimbare kawe. (Abanyefeso 4:14, 15; Yakobo 4:4) Ese ingene vyorushiriza kuba vyiza ugerageje kubafasha ngo bagusange mu co twokwita ubwato burokora ubuzima, mu kubereka ingene bokorera Yehova. Vy’ukuri, nta bundi buryo wogaragazamwo ko uri umugenzi nyakuri bwoza buruta ubwo!

ICANDITSWE NYAMUKURU

Nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire n’abandi.1 Abakorinto 9:23.

IMPANURO

Nimba hari abo mwigana bipfuza kumenya ivyo wemera, bareke na bo nyene baserure uko babona ibintu. Nubumvirize witonze. Igihe na ho ugize ico uvuga, “[nubigirane] ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.”—1 Petero 3:15.

WARI UBIZI . . . ?

Abantu benshi bakorera Imana muri iki gihe usanga bigishijwe Bibiliya n’umunyeshure bigana yagize umutima rugabo akababwira ivyo yemera.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ninabona ko uwo twigana dutanguye kuba abagenzi birenze, nzoca nkora ibi: ․․․․․

Nihagira uwo twigana antwenga kubera ivyo nemera, nzovyifatamwo gutya: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Wibaza ko ari kubera iki vyoshobora gusa n’ivyoroshe kuronka abagenzi kw’ishure kuruta mw’ishengero rya gikirisu?

Ni akaga akahe kari mu kwisamaza inyuma y’ivyigwa uri kumwe n’uwo mwigana atizera?

Ni ivyiza ibihe biva ku kumenyesha abo mwigana ko uri Icabona ca Yehova?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 143]

“Kubera nahora nigenza nk’abandi bana bose kw’ishure, ntivyangora kuronka abagenzi. Ariko narabonye ko kwari ukwihenda. Ubu mfise abagenzi mw’ishengero, abagenzi nshobora kwizigira.”—Daniel

[Ifoto ku rup. 146]

Uburyo bwiza bwo gufasha umuntu yatwawe ni ubuhe? Kwoba ari ugusimbira mu mazi canke ni ukumuronsa ikintu kimufasha kutibira?