Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nonanira gute akosho k’urunganwe?

Nonanira gute akosho k’urunganwe?

IKIGABANE CA 15

Nonanira gute akosho k’urunganwe?

“Kw’ishure uhangana na vyinshi: uri itabi, ibiyayuramutwe canke ubuhumbu. Uba uzi ko ivyo abandi bana bashaka ko ukora ari bibi. Ariko haragera igihe ukumva ko utabigiyemwo boca bakugaya ngo uri umunyabwoba.”—Eve.

KWIPFUZA ko abandi bakwemera ni ibisanzwe. Akosho k’urunganwe gafatira kuri ico cipfuzo. Nk’akarorero, nimba warezwe rukirisu, urazi ko ubusambanyi n’ukunywa inzoga zirenze urugero ari bibi. (Abagalatiya 5:19-21) Ariko rero benshi mu runganwe rwawe baguhimiriza ngo wifatanye na bo muri ivyo bintu. Boba barazirikanye kuri ivyo bintu maze barifatira ingingo? Kumbure si ko vyagenze. Muri rusangi, usanga boshwa n’abandi. Baba bashaka ko babemera, bagaca bisunga ivyiyumviro vyabo. Nawe woba umeze gutyo, canke uri n’umutima rugabo wo kuburanira ivyo wemera?

Aroni mwene wabo na Musa yarigeze gutwarwa n’akosho k’urunganwe, n’imiburiburi rimwe. Igihe Abisirayeli bamukikuza bakamusaba ngo abahingurire imana, emwe yarabigize! (Kuvayo 32:1-4) Iyumvire nawe: uwo mugabo yari yarahanganye na Farawo, aramubwira n’uburindutsi ubutumwa bw’Imana. (Kuvayo 7:1, 2, 16) Ariko igihe Abisirayeli bagenziwe bamushirako umukazo, yaremeye gukora ivyo bamusavye. Biboneka ko vyamworoheye guhangana n’umwami wa Misiri kuruta guhangana n’urunganwe rwiwe!

Weho bite? Vyoba bikugora kuburanira ivyo uzi ko bigororotse? Woba woshima kunanira akosho k’urunganwe utarinze guta umutwe no kugira ubwoba? Emwe wobishobora! Icogufasha ni ukubona akosho gashobora kugushikira ako ari ko maze ugategekanya ingene wovyifatamwo. Ibi bintu bine bizobigufashamwo:

1. Bibone imbere y’igihe. (Imigani 22:3) Akenshi, urashobora kubona imbere y’igihe ingorane ishobora kugushikira. Nk’akarorero, urabonye umugwi w’abo mwigana bari imbere yawe, bariko baranywa itabi. Vyoba bishoboka ko baza kuguha itabi? Iyo ubonye ingorane imbere y’igihe, urashobora guca witegurira kuyirinda canke guhangana na yo.

2. Iyumvire. (Abaheburayo 5:14) Woshobora kwibaza uti: ‘Ninakurikira agakuku, nzomererwa gute mu nyuma?’ Ego ni ko urunganwe rwawe rwoshobora kumara igihe gitoya rukwemera. Ariko none uzokwumva umerewe gute mu nyuma uri kumwe n’abavyeyi bawe canke abakirisu bagenzawe? Woba wokwemera kubonwa nabi n’Imana kugira gusa ushimishe abo mwigana?

3. Fata ingingo. (Gusubira mu vyagezwe 30:19) Bitebe bitebuke, abasavyi b’Imana bose babwirizwa guhitamwo hagati y’ukudahemuka n’imihezagiro bizana be n’uguhemuka n’ingaruka bizana. Abagabo nka Yozefu, Yobu na Yezu bahisemwo neza, mu gihe Kayini, Esawu na Yuda bahisemwo nabi. Ubu rero ni wewe ushikiriwe. None wewe uzokora iki?

4. Gira ico ukoze. Hari aho wobona ko ico ari co kigoye kuruta ibindi. Si ko biri! Nimba umaze kwiyumvira ingaruka vyozana maze ugafata ingingo, kuvuga aho uhagaze ushobora gusanga vyoroshe kuruta uko wavyibaza kandi bikavamwo ivyiza vyinshi. (Imigani 15:23) Ntugire ubwoba, si ngombwa ngo ubwire abo mu runganwe rwawe ibintu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya. Kuvuga gusa ngo “oya” ariko ushikamye birashobora kuba bihagije. Canke na ho, kugira ubereke neza ko udashobora guhindura impagararo yawe, woshobora kuvuga uti:

“Aho jewe sindimwo!”

“Ivyo jewe nta vyo nkora!”

“Bwa bundi munzi inusu!”

Igihambaye ni ukwishura udatebaganye kandi ujijutse. Ubigize, woshobora gutangara ubonye abo mu runganwe rwawe baciye baguha amahoro badatevye! Ariko none, bite ho nibaca bagutyekeza? Wokora iki baciye bavuga ngo “Nta vyawe! Uratinya?” Nutahure ko ako gacokoro ari akosho k’urunganwe. None wovyifatamwo gute? Urafise n’imiburiburi ibintu bitatu ushobora gukora.

Urashobora kwemera ivyo bavuze. (“Muvuze ukuri, ndatinya!” Nuce uvuga muri make igituma.)

Urashobora gukwepa ako kosho mu kuvuga aho uhagaze utiriwe urarandira kuri ico kintu.

Urashobora kubasubizako ako kosho. Nuvuge igituma uvyanse, uce ubafasha kuzirikana. (“Sinari nzi ko abantu baciye ubwenge nkamwe bokwubahuka kunywa itabi!”)

Nimba babandanije kugucokora, nuce ubabisa! Uko utebagana, ni ko umukazo urushiriza gukomera. Mbere naho vyoba ngombwa ko ukura meza, uribuka iki kintu: washoboye kwifatira ibintu mu minwe. Ntiwaretse ngo abo mu runganwe rwawe bagukoreshe ivyo bishakiye!

Bamwe mu bo mu runganwe rwawe boshobora kugutyekeza ngo ukora ivyo abandi bagutamitse. Ariko ivyo si vyo! Yehova ashaka ko wewe ubwawe wibonera ko gukora ivyo agomba ari vyo vyiza. (Abaroma 12:2) Kubera iki none woreka abo mu runganwe rwawe bakakugira igikinisho cabo? (Abaroma 6:16) Nuburanire ico uzi ko kibereye!

Tutabeshe, ntushobora guhunga akosho k’urunganwe. Ariko rero urashobora gufata impagararo, ukayimenyesha abandi, maze ukifatira ibintu mu minwe. Iyo bija hose, ni wewe wihitiramwo!—Yosuwa 24:15.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 9

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba ufise ubuzima burimwo tubiri? Hoba hari iciza vyovamwo abavyeyi bawe babimenye?

ICANDITSWE NYAMUKURU

Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.Imigani 13:20.

IMPANURO

Kugira ngo urushirize kugira umutima rugabo, nusome inkuru z’abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none bashoboye gushigikira ibigororotse.

WARI UBIZI . . . ?

Ni bake mu bo mwigana bazobandanya guhanahana amakuru nawe haciye umwaka uvuye kw’ishure. Benshi boshobora kuba batacibuka n’izina ryawe. Ariko abo mu muryango iwanyu, na canecane Yehova Imana, bazokwama bitwararika ineza yawe.—Zaburi 37:23-25.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Noshobora kwitegurira kunanira akosho k’urunganwe mu gikora ibi: ․․․․․

Urunganwe rwanje nirwagerageza kundemera ngo nkore ikintu kibi, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni ryari ibintu bine vyavuzwe muri iki kigabane vyoshobora kugufasha?

Ni ibiki vyoshika hamwe wokworohera akosho k’urunganwe?

Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe ushobora kunanira akosho k’urunganwe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 131]

“Abahungu benshi barazi ko ndi Icabona, kandi baranyubaha. Iyo bagira bavuge ibintu bibi, baca bambwira bati: ‘Mike, tugira tube turiganirira. Ushaka kugenda niwigire.’”—Mike

[Igicapo ku rup. 132, 133]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Guhangana n’akosho k’urunganwe

Akarorero

1 Bibone imbere y’igihe

Ikigeragezo: Kunywa itabi.

Aho twoshobora guhurira: Inyuma y’ishure canke kwa surwumwe.

2 Iyumvire

Ni ibiki bizoshika ninemera?

Nzobabaza Yehova n’abavyeyi banje. Nzogira ijwi ryo mu mutima ribi. Bizorushiriza kungora kwanka nibasubira kurimpa.

Ni ibiki bizoshika ninanka?

Boshobora kuncokora. Bamwebamwe mu bo twigana boshobora kunyinuba. Ariko nzohimbara Yehova, nongere ndushirize kugira umutima rugabo.

3 Fata ingingo

Ninemera, nzoba ndabitumwe n’uko

Ntiteguriye neza guhangana n’akosho k’uruganwe canke nshaka gushimwa n’urunganwe rwanje kuruta gushimwa na Yehova.

Nzokwanka kubera

Nzi yuko kunywa itabi bidahimbara Yehova be n’uko bishobora kunyononera amagara.

4 Gira ico ukoze

Nzokora ibi:

Nzokwanka nce nikurira meza

Agacokoro k’urunganwe

Nibambwira ngo: “Akira agatabi sha! Urashobora gutinya bigeze hiyo?”

Nshobora kuvyifatamwo gutya:

Kuvyemera

“Muvuze ukuri. Ndatinya itabi. Sinshaka kurwara kanseri y’amahaha.

Kubikwepa

”Ntimwirirwe murapfisha ubusa itabi ryanyu.”

Kubibasubizako

”Oya. Sinari nzi ko abantu baciye ubwenge nkamwe bokwubahuka kunywa itabi!”

MENYA NEZA: Kura meza hakiri kare nimba babandanije kukuremera. Uko utebagana, ni ko birushiriza kukugora kuguma ushikamye. Ubu rero nawe niwuzuze urupapuro rukurikira.

Guhangana n’akosho k’urunganwe

Imura ibi!

1 Bibone imbere y’igihe

Ikigeragezo: ․․․․․

Aho twoshobora guhurira: ․․․․․

2 Iyumvire

Ni ibiki bizoshika ninemera?

․․․․․

Ni ibiki bizoshika ninanka?

․․․․․

3 Fata ingingo

Ninemera, nzoba ndabitumwe n’uko . . .

․․․․․

Nzokwanka kubera . . .

․․․․․

4 Gira ico ukoze

․․․․․

Nzokora ibi: . . .

․․․․․

Agacokoro k’urunganwe

Nibambwira ngo: ․․․․․

Nshobora kuvyifatamwo gutya:

Kuvyemera

․․․․․

Kubikwepa

․․․․․

Kubibasubizako

․․․․․

Niwimenyereze uri kumwe n’umuvyeyi canke umugenzi ahumuye.

[Ifoto ku rup. 135]

Igihe woroheye akosho k’abo mu runganwe rwawe, uba ubaye igikinisho cabo