Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tuvuge iki ku bugenzi bwo kuri Internet?

Tuvuge iki ku bugenzi bwo kuri Internet?

IKIGABANE CA 11

Tuvuge iki ku bugenzi bwo kuri Internet?

Ushima kuganira n’abandi gute?

□ Amaso mu yandi

□ Kuri telefone

□ Kuri orodinateri

Ni bande bikworohera kuyagisha?

□ Abo mwigana

□ Abo mu muryango

□ Abo musangiye ukwemera

Ni hehe bikworohera kuganira n’abandi?

□ Kw’ishure

□ I muhira

□ Ku makoraniro y’ishengero

WISHUYE gute ikibazo ca mbere? Woba wavuze ko ushima kuganira n’abandi ukoresheje orodinateri aho kuganira na bo amaso mu yandi? Nimba ari vyo wavuze, nturi wenyene. Abakiri bato benshi barakoresha Internet kugira bunge ubugenzi n’abandi bongere babutsimbataze. Umwigeme umwe yitwa Elaine avuga ati: “Birashimishije kwumva ko ushobora kugiranira imigenderanire n’abantu bo hirya no hino kw’isi, abantu mutopfuye mumenyanye.” Uwitwa Tammy w’imyaka 19, aravuga ikindi gituma abantu bahurumbira ubwo buryo. Agira ati: “Urashobora gutuma abantu bakubona nk’uko ushaka. Iyo uri kumwe n’umuntu amaso mu yandi ntagushime, nta co ushobora guhindura.”

Ubu na ho tereza akajisho ku nyishu watanze ku kibazo ca kabiri n’ica gatatu. Ntutangare nimba kuganira n’abo mwigana ari vyo bikworohera kuruta kuganira n’abo musangiye ukwemera igihe muri ku makoraniro. Uwitwa Jasmine w’imyaka 18 avuga ati: “Kw’ishure biroroshe cane kuronka abantu muriko muca mu bintu bimwe. Ivyo birashobora gutuma vyoroha cane kubiyegereza.”

Uravye ivyo vyose, woshobora kubona ko ari ibisanzwe kuganira n’abo mwigana biciye kuri Internet. Tammy ariyemerera ko yigeze kumara igihe abigenza gutyo. Avuga ati: “Abo twigana bose baraganira biciye kuri Internet ibintu bitandukanye, nanje sinashaka gusigwa n’amajambere.” * Uwitwa Natalie w’imyaka 20 yaruguruje umuhora kugira ngo aze arahanahana amakuru n’abagenzi. Avuga ati: “Ubuhinga buguma butera imbere. Haguma haboneka uburyo bushasha bwo guhanahana amakuru. Ubwo ni bumwe muri bwo, kandi ndabukunda.”

Rimbura akaga birimwo

Nta wohakana ko hari abo vyorohera kwunga ubugenzi n’abandi be no kubutsimbataza biciye kuri Internet. Natalie avuga ati: “Internet ituma urushiriza kugira umutima mu nda kuruta igihe uyaga n’umuntu amaso mu yandi.” Tammy ivyo aravyemera. Avuga ati: “Igihe uri umunyamasoni, kuganira biciye kuri Internet bituma ushobora gupanga neza ivyo uza kuvuga.”

Ariko rero, kuganira biciye kuri Internet birimwo akaga, kandi vyoba bitaranga ubukerebutsi uvyiyobagije. Dufate akarorero: Woba wogendagenda mu mabarabara y’ahantu hari akaga wipfunze igitambara mu maso? Wumva none ukwiye kuza uramara umwanya kuri Internet utazi akaga birimwo?

Rimbura akaga kari mu kugerageza kuronderera abagenzi kuri Internet. Elaine, uwigeze kuza ariganirira biciye kuri Internet n’abantu atazi, avuga ati: “Biroroshe cane kugwa ku bantu badatomoye.” Yongerako ati: “Rimwe na rimwe, haciye gusa iminuta mikeya muvugana, hari igihe uza wumva umuntu yadukanye ibintu biteye isoni canke akakubaza ati: ‘Mbe uri isugi? Woba ukora ivy’uguhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka?’ Hari n’abagusaba ngo muzoze murayaga ibishegu.”

Tuvuge iki nimba wiganirira gusa n’umugenzi wizigiye? Na ho nyene, urakeneye kuba maso. Uwitwa Joan avuga ati: “Urashobora kumara umwanya munini cane uganira n’umuntu mudasangiye igitsina, naho woba witwaza ngo ni umugenzi gusa. Uko mumara umwanya murungikiranira ubutumwa ni ko ubucuti mufitaniye burushiriza gukomera, kandi murashobora guca mutangura guseruranira urukundo.”

“Abanyegeza ico bari”

Umwami Dawidi yari azi neza akamaro ko kwirinda abagenzi babi. Yanditse ati: “Sinicaranye n’abantu b’ababeshi; kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari.”—Zaburi 26:4.

Vyoba birashika uri kuri Internet ukabona abantu nk’abo Dawidi yavuze? Ni ryari abantu “banyegeza ico bari” igihe bari kuri Internet?

Vyoba na wewe bigushikira ukanyegeza ico uri igihe uri kuri Internet? Uwitwa Abigail, akaba yarigeze kuba akoresha ya mihora yo kuganirirako, avuga ati: “Naratangura kuganira n’abantu, ngaca niyambika ishusho ihuje n’ico kiyago.”

Umwigeme yitwa Leanne yarakoresha ubundi bubeshi. Yigana ati: “Narakunda kuganira kuri Internet n’umuhungu yari mw’ishengero ribanyi. Ntitwatevye kuza turabwirana ko dukundana. Igihe abavyeyi baciye hafi, naca nyegeza ivyo ndiko ndandika. Ni co gituma ata co bigeze bamenya. Sinibaza ko biyumvira yuko bishoboka ko umukobwa wabo w’imyaka 13 yoba yariko yandikira amajambo y’urukundo umuhungu w’imyaka 14. Ntivyigeze bibaza mu mutwe.”

Uraba maso!

Ariko ntiwumve, hari igihe usanga guhanahana amakuru kuri Internet ari vyiza. Nk’akarorero, abantu benshi, harimwo n’abakuze, barakoresha Internet kugira bagume bahanahana amakuru n’abagenzi. Nimba na wewe ari ko ubigenza, mbega hoba hariho ibintu wokwiyubarako? Rimbura ivyiyumviro bikurikira.

Nucungere umwanya umara kuri Internet kandi ntureke ngo igutware umwanya wokozemwo ibintu bihambaye kuruta, tutibagiye n’ukuryama. Uwukiri muto yitwa Brian avuga ati: “Kw’ishure hari abana bahora bavuga ko bashikana isaha icenda z’ijoro bari kuri Internet.”Abanyefeso 5:15, 16.

Nuhanahane amakuru n’abantu uzi gusa canke abo ushobora kumenya abo ari bo. Abantu b’ibihumbu baguma barondera kuri Internet abakiri bato batiyubara bota mu rudubi.—Abaroma 16:18.

Niwiyubare igihe ugura canke ugurisha ikintu. Uriyubara cane igihe utanga amakuru akwerekeye. Ahandiho, boshobora kukunyaga utwawe canke bakakugirira ibiruta ivyo.—Matayo 10:16.

Igihe urungikira abagenzi amafoto yawe, niwibaze uti: ‘Iyi foto yoba vy’ukuri yerekana ko ndi umusavyi w’Imana nk’uko ndabivuga?’—Tito 2:7, 8.

Nka kurya bigenda uriko urayaga n’umuntu amaso mu yandi, nimba ikiyago muriko muragirana n’umuntu kuri Internet gitanguye kujamwo “ibintu bitabereye,” nugihagarike.—Abanyefeso 5:3, 4.

Ntiwigere ukoresha amayeri igihe uri kuri Internet. Nimba abavyeyi bawe ubwirizwa ‘kubahisha ico uri,’ haba hariho agahaze. Umuyabaga yitwa Kari avuga ati: “Mama nta co ndamuhisha. Ndamwereka ivyo ndiko ndakora kuri Internet.”Abaheburayo 13:18.

“Uwitonze amira ibinoze!”

Urakeneye abagenzi, kandi ivyo ni ibisanzwe. Abantu baremanywe icipfuzo co kubaho bari kumwe n’abandi. (Itanguriro 2:18) Niwumva rero wipfuje kugira abagenzi, uramenya ko ivyo bihuye n’ukuntu waremwe! Nube maso gusa ku kuntu ubahitamwo.

Numenye neza ko ushobora kuronka abagenzi beza igihe ubahisemwo wisunze ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana. Umwigeme umwe w’imyaka 15 abivuga muri aya majambo, ati: “Ntivyoroshe kuronka abagenzi bakunda Yehova kandi bagukunda. Ariko igihe ubaronse, uca ubona ko uwitonze amira ibinoze!”

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Amajambo tuvuga arashobora kubabaza abandi. Urusaku rurashobora gucumita nk’inkota. None woruhagarika gute?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 17 Ibijanye n’ubugenzi bwo kw’ishure bizorimburwa ido n’ido mu Kigabane ca 17.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Sinicaranye n’abantu b’ababeshi; kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari.”—Zaburi 26:4.

IMPANURO

Umwanya uraguruka igihe uri kuri Internet! Niwishingire rero umwanya uyimarako kandi ntuwurenze. Igihe bikenewe, nuregere isaha ice ivuga igihe umwanya wishingiye uheze.

WARI UBIZI . . . ?

Bisaba kwandika gusa utuntu dukeya kuri Internet, kumbure izina ryawe ry’iritazirano, iry’ishure wigako n’inomero zawe za telefone, ukaba utumye umuntu afise imigabo mibi agushikira.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ku ndwi, nipfuza kuza ndamara kuri “Internet” umwanya ungana na․․․․․ kandi kugira ndabishikeko, nzokora ibi: ․․․․․

Ninasanga ndiko ndayaga kuri Internet n’umuntu ntazi, nzoca nkora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ivyiza n’ibibi vyo guhanahana amakuru kuri Internet ni ibihe ubigereranije no kuyaga amaso mu yandi?

Kubera iki vyoroshe kwiyerekana uko utari igihe uyaga n’umuntu kuri Internet?

Woshobora gute gucungera umwanya umara kuri Internet?

Ni mu buryo ngirakamaro ubuhe umuntu yoshobora guhanahana amakuru n’abandi kuri Internet?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 103]

“Simpanahana amakuru kuri ‘Internet’ n’abantu tutazinanyi canke abo ntokwemera kwifatanya na bo mu buzima bwa misi yose.”—Joan

[Ifoto ku rup. 100, 101]

Woba wogendagenda mu mabarabara y’ahantu hari akaga wipfunze igitambara mu maso? Wumva none ukwiye kuza urahanahana amakuru n’abandi kuri “Internet” utazi akaga birimwo?