Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba nkwiye gukina udukino two kuri orodinateri?

Noba nkwiye gukina udukino two kuri orodinateri?

IKIGABANE CA 30

Noba nkwiye gukina udukino two kuri orodinateri?

UMUSORE yitwa Brian avuga ati: “Udukino two kuri orodinateri turaryoshe cane. Uriko uradukina, urashobora gukora ibintu utokora mu buzima bwa misi yose ntugende utikwegeye ingorane.” Uwitwa Deborah na we nyene avuga ko akunda gukina utwo dukino. Ariko aca agabisha ati: “Turarya umwanya kandi turashobora kwizizira umuntu.”

Ata gukeka, udukino two kuri orodinateri si uburyo gusa bwo kwisamaza burimwo ubuhinga buhanitse. Turagufasha kwiyumvira, tukakumara irungu, tukanagukarihiriza ubwenge. Tumwetumwe muri two twoshobora no gutuma urushiriza kumenya ibiharuro canke gusoma. Vyongeye, iyo hasohotse agakino gashasha, uca usanga ari co kiyago kw’ishure. Waragakinye rero, nawe uca uronka ico uvuga.

Emwe, uhisemwo witonze, urashobora kuronka agakino karyoshe kandi kabereye. Ariko urakwiye kwiyubara. Uti kubera iki?

Ikibi catwo

Ikibabaje, udukino two kuri orodinateri twose ntitwama ari twiza. Muri iki gihe, twinshi muri two usanga duhayagiza ico Bibiliya yita “ibikorwa vy’umubiri,” ni ukuvuga ingeso zihumanye Imana yiyamiriza.​—Abagalatiya 5:19-21.

Ku bijanye n’agakino kamwe gakundwa cane, uwitwa Adrian w’imyaka 18 avuga ko karimwo “utugwi tuza turatana mu mitwe, ukunywa ibiyayuramutwe, ubuhumbu bweruye, imvugo iteye isoni, ubukazi bukomeye, ugusesa amaraso n’ubwicanyi buteye ikinya.” Udukino tumwetumwe turahayagiza ubupfumu. Iyo hasohotse gashasha na ho, kaza ari rurangiza mu bubi. Twinshi muri utwo dukino tw’ubukazi umuntu arashobora kudukina n’abandi kuri Internet. Ico kintu gituma benshi bahurumbira utwo dukino. Uwitwa James w’imyaka 19 agira ati: “Wibereye kuri orodinateri yawe muhira, urashobora gukina n’abantu bari iyo catawe.”

Udukino two kuri Internet abantu bashobora kugiramwo uruhara dusigaye dukundwa cane. Abakina utwo dukino barashobora kwihingurira ibikinisho bimeze nk’abantu canke ibikoko, kibure bifise akaranga k’igikoko n’ak’umuntu, bakabishira ku mihora abandi bakinyi ibihumbi bashobora gushikira. Iyo mihora iba irimwo amaduka, imiduga, amazu, ibirabo vyo gutambiramwo, amazu y’abamaraya, nka kurya nyene bimeze mu buzima bwa misi yose. Abakina utwo dukino barashobora kuza bararungikiranira ubutumwa mu gihe vya bikinisho vyabo biba biriko birakina.

Muri ivyo bikinisho bishisha haba harimwo imigwi y’ababandi, abamaraya, abapfungakiwani, abakora ivya magendo, abicanyi, n’ibindi. Abakina utwo dukino barashobora gukora ibintu batokwubahuka gukora mu buzima bwa misi yose. Bapfa gusa gufyonda ubuto bukeya, vya bikinisho bigaca bitangura gusambana, na bo bagaca baza barandikiranira ubutumwa bw’ubuhumbu. Mu dukino tumwetumwe, ivyo bikinisho usanga bisambana n’ibindi bikinisho bisa n’utwana. Ntibitangaje kuba abihweza utuntu n’utundi bahagaritswe umutima no kubona abantu bubahuka gutunganya udukino turimwo ibintu nk’ivyo.

Igituma ihitamwo ugira rihambaye

Abakina utwo dukino tw’ubukazi canke ubuhumbu bweruye boshobora kuvuga bati: “Nta co bitwaye! None si udukino gusa?” Ntuhendwe n’ivyo vyiyumviro bitari vyo!

Bibiliya ivuga iti: “Mbere biciye ku ngeso ziwe, umwana aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse.” (Imigani 20:11) Nimba none ukina udukino tw’ubukazi canke ubuhumbu, ubwo wovuga ko utyoroye kandi ugororotse? Ivyigwa bigirwa vyama vyerekana ko abantu bisamaza mu kuraba ibintu vy’ubukazi baca barushiriza gukaza ishavu. Mbere abahinga bamwebamwe bavuga ko udukino two kuri orodinateri dushobora kugira ingaruka kurusha televiziyo kuko abadukina batugiramwo uruhara.

Gukina udukino two kuri orodinateri tw’ubukazi canke ubuhumbu ni nko gukinisha ibintu birimwo ubumara: Ntibibura kugira ingaruka ku muntu naho zitoshoka zibonekeza. Uti gute? Agumye akinisha nya bintu amaherezo ararwara. Muri ubwo buryo nyene, kuguma uraba ubuhumbu bweruye n’ubukazi buteye ikinya birashobora gutuma ‘uba igiti,’ ivyiyumviro vyawe n’ibikorwa vyawe bigasigara vyiganziwe n’ivyipfuzo vy’umubiri.​—Abanyefeso 4:19; Abagalatiya 6:7, 8.

Nohitamwo udukino nyabaki?

Nimba abavyeyi bawe bakwemerera gukina utwo dukino, womenya gute utwo wohitamwo be n’umwanya woduhebera? Niwibaze ibibazo bikurikira:

Aka gakino mpisemwo gatuma Yehova ambona gute? Muri Zaburi 11:5 hagira hati: “Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha, kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko.” Ku bijanye n’abaja mu bupfumu, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwukora ivyo bintu wese [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Nimba ushaka kuba umukunzi w’Imana, ukwiye gukurikiza impanuro dusanga muri Zaburi 97:10, igira iti: “Nimwanke ikibi.”

Kazogira ingaruka izihe ku vyiyumviro vyanje? Niwibaze uti: ‘Gukina aka gakino vyoba bizotuma noroherwa no “[guhunga] ubusambanyi” canke bizotuma bingora?’ (1 Abakorinto 6:18) Udukino dutuma ubona amashusho canke wumva amajambo akabura inambu y’umubiri ntituzogufasha kugumiza umuzirikanyi wawe ku bintu bigororotse, bitanduye kandi birimwo ingeso nziza.​—Abafilipi 4:8.

Kazontwara umwanya ungana gute? Mbere n’agakino keza kuruta utundi twose karashobora gutwara umwanya munini cane. Nuze uraraba rero umwanya umara ukina udukino. Vyoba bikubuza gukora ibintu bihambaye kuruta? Kuguma usuzuma ibigutwara umwanya bizogufasha kugumiza imbere ibibereye.​—Abanyefeso 5:16.

Ariko ntiwumve, Bibiliya ntivuga ko umwanya wawe wose ukwiye kuwukoresha mu kwiga canke mu gukora udukorwa tw’i muhira. Ahubwo twese iratwibutsa ko hariho “igihe co gutwenga . . . n’igihe co kwikina amatavu.” (Umusiguzi 3:4) Yamara rero, urakwiye kumenya ko imvugo “kwikina amatavu” idasobanura gusa gukina. Irimwo n’iciyumviro co kwinonora imitsi. Ubona gute none ugiye uracishamwo ugakina inkino zisaba kunonora imitsi aho kuguma wicaye ukina udukino two kuri videwo?

Nuhitemwo neza

Ata gukeka, gukina udukino two kuri orodinateri birashobora kuba ibiryoshe, canecane igihe uzi kudukina neza. Ni co gituma ukwiye kuhagabira. Niwibaze uti: ‘Ni ivyigwa ibihe binyorohera kw’ishure?’ None si birya ukunda? Nkako, uko urushiriza gukunda icigwa, ni ko kirushiriza kukuguma mu bwenge. Ubu na ho, niwibaze uti: ‘Ni agakino akahe nkunda kuruta utundi? Kanyigisha iki mu bijanye no kwigenza runtu?’

Aho gukina agakino kubera gusa abagenzi bawe bagakunda, niwihitiremwo ubigiranye ubukerebutsi. Igihambaye kuruta vyose, nushire mu ngiro impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.”​—Abanyefeso 5:10.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Urakunda umuziki kandi ivyo ni ibisanzwe. Ariko none woba uri umuja wawo?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi.”​—Zaburi 97:10.

IMPANURO

Niwandike muri make ivyerekeye agakino kose wipfuza gukina, ushiremwo intumbero yako n’ubuhinga umuntu akoresha kugira ayishikeko. Nugereranye ivyo wanditse n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziri muri iki kigabane, uheze urabe ko kabereye.

WARI UBIZI . . . ?

Ibitaro vya mbere bijejwe kuvura gusa abiziziwe n’udukino two kuri Internet vyaruguruwe mu 2006 i Amsterdam mu Buholande.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Umugenzi niyansaba gukina agakino k’ubukazi canke k’ubuhumbu, nzovuga nti: ․․․․․

Ku ndwi, nzoza ndamara umwanya ungana na nkina udukino two kuri orodinateri. Kugira sindawurenze nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Udukino two kuri orodinateri dushobora kugira ingaruka izihe ku vyiyumviro vyawe n’umutima wawe?

Kubera iki bihambaye ko urimbura ingingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato runtu igihe uhitamwo agakino?

Wofasha gute mutoyi wawe yiziziwe n’agakino uzi ko ari kabi?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 249]

“Udukino twinshi dutuma umuntu abona ko ubukazi, imvugo iteye isoni be n’ubuhumbu ari ibisanzwe, kandi turashobora gutuma yijajara no mu yindi mice y’ubuzima. Uraraba neza utwo uhitamwo.”​—Amy

[Ifoto ku rup. 250]

Gukina udukino two kuri orodinateri tw’ubukazi canke ubuhumbu ni nko gukinisha ibintu birimwo ubumara: Ntibibura kugira ingaruka ku muntu naho zitoshoka zibonekeza