Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokwirinda gute gukunda umuziki birenze?

Nokwirinda gute gukunda umuziki birenze?

IKIGABANE CA 31

Nokwirinda gute gukunda umuziki birenze?

Ukunda umuziki ukungana iki?

□ Ni ibisanzwe.

□ Wopfuma wica.

Wumviriza umuziki ryari?

□ Ndi ku rugendo

□ Ndiko ndiga

□ Umwanya wose

Ukunda umuziki bwoko ki, kandi kubera iki? ․․․․․

BISA n’uko twese twaremanywe ubushobozi bwo guhimbarirwa umuziki. Ku bakiri bato hoho, ni ibindi bindi. Uwitwa Ambre w’imyaka 21 avuga ati: “Ntaronse akaziki nopfuma mpfa. Umwanya wose mba ndiko ndawumviriza, mbere n’igihe ndiko ngira isuku, ndiko ndateka, ndiko ndagura utuntu, canke ndiko ndiga.”

Gutunganya umudiho coshobora kuba ari ikintu gisanzwe, ariko umuziki wowo ni ikintu gisiga ubwenge kandi uranyengetera ugashika no mu mutima wacu. Nka kurya nyene “ijambo rije ku gihe caryo . . . ari ryiza,” akaririmbo kavugijwe ku gihe kibereye karashobora kuruhurira umuntu cane! (Imigani 15:23) Uwitwa Jessica w’imyaka 16 avuga ati: “Birashika nkabona umengo nta n’umwe atahura ingene niyumva. Ariko iyo numvirije umuziki w’umugwi nkunda cane, nca mbona ko atari jenyene bishikira.”

Woba ubateranya canke urabahuza?

Ushobora kuba wifitiye umuziki ukunda, ariko abavyeyi bawe ugasanga ntibawukunda. Umuhungu umwe w’umuyabaga avuga ati: “Papa uza wumva ngo: ‘Zimya ivyo bintu! Biriko biramena amatwi!’” Ivyo vyoshobora kukurambira, ukumva umengo abavyeyi bawe bababazwa n’ubusa. Umwigeme umwe w’umuyabaga yidoga ati: “None bobo bakiri bato ntibumviriza imiziki abavyeyi babo batakunda?” Uwitwa Ingred w’imyaka 16, yidodomba ati: “Umengo ntibabona ko ibintu vyahindutse. Vyoba vyiza bibutse ko n’umuziki w’ubu uryoshe!”

Ico ciyumviro ca Ingred kirahambaye. Nk’uko ubizi, kuva kera na rindi abakiri bato ntibamye bahuza cane n’abakuze ku bintu umwe wese yikundira. Ariko ivyo ntibisobanura ko umuziki ukwiye kwama utera induru. Ikintu nyamukuru cobafasha, ni ukurondera ico mwohurizako n’abavyeyi bawe. Nimba abavyeyi bawe bubaha Bibiliya, ico ni ikintu ciza cane. Uti kubera iki? Kubera ko Ijambo ry’Imana rishobora kubafasha mwempi kubona imiziki itabereye iyo ari yo be n’iyo umuntu ashobora kwihitiramwo. Kugira mubishikeko, murakeneye kurimbura ibi bintu bibiri bihambaye: (1) ibivugwa mu miziki wumviriza, (2) umwanya umara uyumviriza. Reka duhere kuri iki kibazo:

Imiziki numviriza ivugwamwo ibiki?

Umuziki ni cokimwe n’ibifungurwa: Uhisemwo ubwoko bwiza ku rugero rubereye, bikumerera neza. Uhisemwo ubwoko bubi na ho, uko vyoba bingana kwose, bikumerera nabi. Ikibabaje ni uko usanga imiziki mibi ari yo umengo iraryoshe gusumba. Uwukiri muto yitwa Steve yidoga ati: “Kubera iki ga yemwe imiziki iryoshe yose usanga irimwo ibijambo bibi?”

Nimba wikundira umudiho, ibivugwamwo hari ico bitwaye? Kugira uronke inyishu, niwibaze uti: ‘Hamwe umuntu yoba ashaka kumpa ishano, yokora iki kugira ndarirye bitagoranye? Yoba yorimpa mu bintu birura canke mu bisosa?’ Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yabajije ati: “Mbega ugutwi ntigucaca amajambo nk’uko amagage ahonja ibifungurwa?” (Yobu 12:11) Rero, aho gupfa kwumviriza umuziki kubera gusa ukunda umudundo canke umudiho wawo, uwo twogereranya na vya bintu bisosa, ‘nucace amajambo’ yawo mu kwihweza ibivugwamwo. Uti kubera iki? Kubera yuko ibivugwamwo bigira ingaruka ku vyiyumviro vyawe no ku nyifato yawe.

Ikibabaje, imiziki myinshi igezweho usanga ihayagiza ubushegabo, ubukazi n’ukunywa ibiyayuramutwe. Nimba wibaza ko kwumviriza ayo majambo ata ngaruka bikugirako, rya shano ryaratanguye kugufata.

Ntugendere ku vyiyumviro vy’abandi

Abagenzi bawe boshobora kukuremera cane ngo wumvirize imiziki mibi. N’abahingura imiziki ubwabo ntibaguha agahengwe. Kuva aho habonekeye iradiyo, Internet na televiziyo, umuziki usigaye ari urudandaza rukomeye rwinjiza amahera menshi cane. Abahinga karuhariwe mu vy’ukurata ibidandazwa barahabwa akazi kugira bagukundishe umuziki vyanka vyakunda.

Ariko rero, uretse abagenzi bawe n’ibimenyeshamakuru ngo abe ari vyo bigushingira ivyo wumviriza, uba ugendeye ku vyiyumviro vy’abandi. Uba ubaye nk’umushumba atiyumvira. (Abaroma 6:16) Bibiliya iguhimiriza kunanira akosho isi ikugirako muri uwo muce. (Abaroma 12:2) Vyoba vyiza rero ‘ububasha bwawe bwo gutegera ubumenyereje gutandukanya iciza n’ikibi.’ (Abaheburayo 5:14) None ubwo bubasha wobukoresha gute igihe uhitamwo umuziki? Raba inama tukugiriye:

Ihweze igipfukisho. Akenshi uravye ku gipfukisho urashobora guca umenya ibivugwamwo. Ubonye amashusho y’ubukazi, y’ubuhumbu canke y’ubupfumu, ukwiye guca ugaba. N’imiziki irimwo iba ari mibi.

Suzuma ibivugwamwo. Woba vy’ukuri woshima kwumviriza no kuza urasubiramwo ivyo vyiyumviro? Ivyo vyiyumviro vyoba ari vyiza kandi bikaba bihuye n’ingingo ngenderwako za gikirisu?​—Abanyefeso 5:3-5.

Zirikana ku ngaruka. Umusore yitwa Philip avuga ati: “Nasanze myinshi mu miziki numviriza ituma nihebura.” Ego ni ko, umuziki ntugira ingaruka zimwe ku bantu bose. Ariko none, imiziki wumviriza ituma wumva umerewe gute? Niwibaze uti: ‘Mpejeje kwumviriza iyo miziki, noba nca nguma niyumvira ibintu bibi? Noba ntanguye kuza ndakoresha imvugo mbi zo muri iyo miziki?’​—1 Abakorinto 15:33.

Iyumvire abandi. Abavyeyi bawe babona gute imiziki wumviriza? Nubabaze ukuntu bayibona. Ntiwirengagize kandi ukuntu abakirisu bagenzawe biyumva. Hoba hari abobabazwa n’imiziki wumviriza? Kwemera guhindura inyifato yawe kugira ntutsitaze abandi ni icerekana ko uri umuntu ahumuye.​—Abaroma 15:1, 2.

Ivyo bibazo birashobora kugufasha guhitamwo imiziki ikweza umutima itiriwe ironona ubucuti ufitaniye n’Imana. Ariko hariho n’ikindi ukwiye kurimbura.

Ni ryari uba warengeje urugero?

Umuziki mwiza urashobora kuba ngirakamaro nka kurya kw’ibifungurwa vyiza. Ariko rero, hari umugani urimwo ubukerebutsi utugabisha uti: “Waronse ubuki? Rya ubugukwiye, ntuhave wihereza uburenze urugero ukabwirizwa kubudahwa.” (Imigani 25:16) Birazwi ko ubuki bushobora kuvura indwara zimwezimwe. Yamara rero, mbere n’ikintu ciza kirashobora kukugirira nabi iyo kirenze urugero. None icigwa ni ikihe? Ibintu vyiza bikwiye gukoreshwa ku rugero.

Ariko rero, hari abakiri bato bareka umuziki ukabatwara umutima. Nk’akarorero, umwe Jessica twavuga, yiyemerera ati: “Umwanya wose nguma numviriza umuziki, mbere n’igihe ndiko ndiga Bibiliya. Abavyeyi banje ndababwira ko ari ho bica vyinjira neza, ariko ntibavyemera.” Woba umeze nka Jessica?

Womenya gute ko umuziki wumviriza urenze urugero? Niwibaze ibi bibazo:

Buri musi mara umwanya ungana gute numviriza umuziki? ․․․․․

Umuziki untwara amahera angana iki buri kwezi? ․․․․․

Umuziki numviriza woba utuma ntumvikana n’umuryango wanje? Nimba ari ko biri, andika aha hepfo ico wokora kugira ukosore ibintu. ․․․․․

Nuhindure ingendo

Nimba umuziki ugutwara umwanya munini, urakwiye kwishingira uturimbi kandi ukigerera mu kuntu uwumviriza. Nk’akarorero, woshobora kuba ukeneye kwirinda kumara umusi wose wumviriza umuziki ukoresheje twa twuma bashira mu matwi canke kwama ushikira ku muziki igihe utashe.

Ubona gute ugiye urafata akanya ukamara ibiringo kanaka witekaniye? Ivyo vyoshobora kugufasha igihe uriko uriga. Umwe Steve twavuga agira ati: “Igihe ata muziki uriko uravuga, biroroha cane kwiga.” Nugerageze kwiga utariko urumviriza umuziki, wirabire ingene uzobimiragura.

Vyoba vyiza kandi wishingiye umwanya wo gusoma no kwiga Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo. Rimwe na rimwe Yezu Kristu yararondera ahantu hatekanye kugira asenge yongere azirikane. (Mariko 1:35) Aho wigira hoba hatekanye? Nimba hadatekanye, vyoshobora kukubuza gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana.

Hitamwo neza

Vy’ukuri, umuziki ni ingabirano iva ku Mana, ariko utegerezwa kuba maso ntuyikoreshe nabi. Ntumere nk’umwigeme yitwa Marlène, uwiyemerera ati: “Ndafise imiziki nari nkwiye guta, ariko iraryoshe cane.” Iyumvire ntuze ukuntu ariko aronona umuzirikanyi wiwe mu kwumviriza imiziki mibi! Ntugwe muri uwo mutego. Ntureke ngo umuziki ukwonone canke ngo wiganzire ubuzima bwawe. Niwisunge ingingo ngenderwako za gikirisu igihe uhitamwo umuziki. Nusabe Imana ikuyobore yongere igufashe. Nurondere abagenzi musangiye ukwemera.

Umuziki urashobora kugufasha kuruhuka. Urashobora kukumara irungu. Ariko rero, ntukuraho ingorane ufise. Vyongeye, umuziki ntushobora gusubirira abagenzi. Ntureke rero ngo umuziki wiganzire ubuzima bwawe. Nuwuhimbarirwe, ariko ntureke ngo ugutware umutima.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Urakeneye kuza uracishamwo ukisamaza. None ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zogufasha gute kwungukira ku biringo nk’ivyo?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Mbega ugutwi ntigucaca amajambo nk’uko amagage ahonja ibifungurwa?”​—Yobu 12:11.

IMPANURO

Nimba ushaka ko abavyeyi bawe batahura igituma ukunda umuziki canke umugwi kanaka, nubereke ko ukunda imiziki bakunda. Ivyo vyoshobora gutuma bagerageza kugutahura.

WARI UBIZI . . . ?

Nimba utinya ko abavyeyi bawe bumva imiziki ukunda, vyoshobora kwerekana ko imiziki wumviriza iri n’agahaze.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nzokwirinda gutwarwa n’umuziki mu gukora ibi: ․․․․․

Abagenzi nibampata ngo numvirize imiziki itabereye, nzovuga nti: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Kubera iki amahitamwo ugira mu bijanye n’umuziki ahambaye cane?

Womenya gute ko umuziki kanaka ubereye canke utabereye?

Wokora iki kugira ukunde n’imiziki y’ubundi bwoko?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 259]

“Hari igihe nsanga ndiko numviriza umuziki atari mwiza, ngaca ndawuzimya ubwo nyene. Ntawuzimije, nca ntangura kurondera ivyitwazo vyo kuwumviriza.”​—Cameron

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 258]

Niwige gukunda imiziki y’ubundi bwoko

Woba ukunda ubwoko bwinshi bw’ibifungurwa kuruta ubwo wakunda ugifise imyaka itanu? Nimba ari ko biri, ni uko wize gukunda ibindi bifungurwa. N’umuziki ni ukwo. Ntukunde ubwoko bumwe gusa. Niwige gukunda imiziki y’ubundi bwoko.

Kimwe mu bintu vyogufasha, ni ukwiga kuvuza igicurarangisho kanaka. Uretse ko bishobora kugusaba akigoro kandi bikakuryohera, birashobora gutuma umenya iyindi miziki utari umenyereye. None wokura he umwanya wo kuvyiga? Urashobora kugabanya umwanya umara kuri televiziyo canke ku dukino two kuri orodinateri. Raba ivyo aba bakiri bato bavuga:

“Kuvuza igicurarangisho biraryoshe cane kandi ni uburyo bwiza bwo guserura uko wiyumva. Kwiga kuvuza iyindi miziki vyaranyigishije gukunda ubwoko butandukanye bw’imiziki.”​—Brian, imyaka 18 (avuza igitari, ingoma n’ipiyano).

“Kugira umenye kuvuza neza igicurarangisho, bisaba imyimenyerezo kandi ntivyama vyoroshe. Ariko umaze kumenya kuvuza neza ururirimbo kanaka, uca wumva uryohewe kuko hari ico uba washitseko.”​—Jade, imyaka 13 (avuza ico bita violon).

“Iyo niriwe nabi canke igihe numva ncitse intege, kuvuza igitari biramfasha cane kworoherwa. Birahimbaye cane kuvuza umuziki uryoshe kandi uruhura.”​—Vanessa, imyaka 20 (avuza igitari, ipiyano n’umwironge).

“Narigeze kuba nibwira nti: ‘Sinzokwigera mvuza neza nka naka canke naka.’ Mugabo narumiyeko kandi ubu ndahimbarwa cane iyo mvugije neza ururirimbo kanaka. Vyongeye, ndarushiriza gutahura ubuhanga abandi bacuraranzi bafise.”​—Jacob, imyaka 20 (avuza igitari).

[Ifoto ku rup. 255]

Umuziki ni cokimwe n’ibifungurwa: Uhisemwo ubwoko bwiza ku rugero rubereye, bikumerera neza. Uhisemwo ubwoko bubi na ho, uko vyoba bingana kwose, bikumerera nabi